Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igiti ‘ibibabi vyaco bituma’

Igiti ‘ibibabi vyaco bituma’

Igiti ‘ibibabi vyaco bituma’

WOBA urigera ubona akarere ko mu gihugu hagati kuzuyemwo ibiti bitotahaye? Birashoboka ko wokwemera yuko ari ikintu kiryoheye ijisho cane. Ubonye ibiti vyinshi vy’inganzamarumbu bifise ibibabi vyinshi, woba wokwiyumvira ko muri ako karere hakenye amazi? Ahubwo riho, woca umenya ko hategerezwa kuba hariho amazi menshi atuma ivyo biti biguma bikura kandi bitotahaye.

Birabereye kubona abantu bafise ukwizera gukomeye kandi bafitaniye ubucuti bwiza n’Imana, Bibiliya ibagereranya n’ibiti vy’inganzamarumbu kandi bifise ibibabi vyinshi. Raba nk’akarorero iki gisomwa ciza cane dusanga mu mirongo itatu itangurira Zaburi ya mbere.

Dusoma duti: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi. Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, [“kandi itegeko ryiwe ararisoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro,” NW]. Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko.”

Muri ubwo buryo nyene, muri Yeremiya 17:7, 8, dusoma duti: “Arahiriwe umuntu yizigira Uhoraho, Uhoraho akaba ivyizigiro vyiwe. Kukw azoba nk’igiti gitewe i ruhande y’amazi, gishōrera imizi yaco i ruhande y’uruzi, kitumva izuba iyo ryatse, ariko kikāmana itōto; ntikizorinda kwiganyira mu mwaka w’uruzuba, kandi ntikizoharuruka kwama.”

Muri ivyo bisomwa vyompi, ibiti bikoreshwa bwa kigereranyo cerekana ibishikira umuntu akora ibigororotse, agahimbarwa n’amategeko y’Imana kandi iyo Mana ikaba ari yo yizigira aherejeko. Ivyo bica bituma twibaza iki kibazo: Ni mu buryo butandukanye ubuhe uwo muntu amera nk’igiti gitotahaye? Nimuze dusuzume iyo mirongo tuvyitondeye kuruta.

“Gitewe hafi y’imigezi y’amazi”

Ivyo biti bivugwa bidondorwa ko bitewe “hafi y’imigezi y’amazi” canke “i ruhande y’amazi,” atari iruhande y’uruzi rumwe gusa canke umugezi umwe gusa. Imvugo ngereranyo isa nk’iyo turayisanga muri Yesaya 44:3, 4, aho Yehova Imana yavuze ivyerekeye uburyo yokwitwararitse Abayuda bigaye bari bagarutse bavuye mu bunyagano i Babiloni. Abicishije ku muhanuzi Yesaya, Yehova yavuze ati: “Nzosuka amazi ku [“wunyotewe,” NW], n’imigezi kw isi yumye. . . . Bazomera hagati mu vyatsi nk’ibiti [“vy’imyarava,” NW] bimeze i ruhande y’inzūzi.” Hano “imigezi” be n’“inzūzi” bivugwa ko bifasha abahezagiwe gukura bakamera nk’ibiti vy’imyarava bifise ibibabi vyinshi.

Mbere no muri kino gihe mu turere usanga dukorerwamwo ivy’uburimyi, urashobora kubona imifurege y’amazi be n’imigezi bitemba biva mw’isôko rinini ry’amazi, nk’iriba rirerire, uruzi, ikiyaga canke urugomero. Muri rusangi, usanga ubwo ari uburyo bwo kuvomera imirima canke amatongo arimwo ibiti. Rimwe na rimwe, iyo migende y’amazi iba yerekejwe mu murima utewemwo ibiti vy’ivyamwa. Mu bihe bimwebimwe, iyo migezi usanga ivomera imirima ku ruhande rumwe, ku rundi ruhande na ho ikavomera umurongo w’ibiti bifise ibibabi vyinshi, kumbure bikaba ari vyo biba bigize urubibe rw’iryo tongo.

None ibiti bitewe hafi ya mwene iyo migezi bimererwa gute? Muri Zaburi 1:3 haravuga ivy’igiti “cama igihe caco.” Mu bihugu bivugwa muri Bibiliya, hariho ibiti vy’imisukoni, ivy’amakomamanga be n’ivy’ipome, hamwe n’ubwoko bw’ibigazi vyitwa dattier be n’ibiti vy’imyelayo. Naho igiti c’umusukoni gishobora gushikana uburebure bw’imetero icenda kikagira n’ibishami bitagaraye cane, ibindi biti vy’ivyamwa nka vyose ntibiba birebire cane. Ariko rero, birashobora gutotahara no gukomera maze bikama ivyamwa vyinshi ku gihe kibereye.

Mu bihe vya kera, ibiti vy’inganzamarumbu vy’imyarava vyaraterwa ku nkengera z’inzuzi n’imigezi muri Siriya no muri Palesitina. Mu mirongo itandukanye yo muri Bibiliya ivugwamwo ibiti vy’imyarava, akenshi usanga bivugwa biri ahantu hari amasôko y’amazi canke “i ruhande y’inzūzi.” (Abalewi 23:40) Ibiti vy’imisafusafu, bino bikaba ari ivyo mu bwoko bw’imyarava, na vyo nyene warashobora gusanga biterwa ahantu haba hari amazi menshi. (Ezekiyeli 17:5) Ivyo biti vy’inganzamarumbu bitotahaye, birerekana neza iciyumviro umwanditsi wa Zaburi be na Yeremiya bompi bashatse guserura, na co kikaba ari iki: Abagerageza gukurikiza amategeko y’Imana kandi ikaba ari yo bizigira baherejeko, bazoguma bafise ukwizera gukomeye kandi bafitaniye ubucuti bwiza n’Imana, kandi ‘ico bazokora cose kizobabera ko.’ None ico si co twipfuza, ni ukuvuga ukuroranirwa mu buzima?

Duhimbarwe n’itegeko rya Yehova

Muri kino gihe, abantu baragerageza kurondera ukuroranirwa mu buryo bwinshi. Barakurikirana cane ibintu biyumvira ko bizotuma baba ba rurangiranwa bakongera bakaronka ibihinda, bino akenshi bikaba biruhira kugaragara ko ari ivy’uruhendo kandi bivuna umutima. Ariko none, ni igiki gishobora gutuma umuntu ashira akanyota vy’ukuri akongera akagira agahimbare karamba mu buzima? Amajambo Yezu yavuze muri ya Nsiguro yo ku Musozi aratanga inyishu. Yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.” (Matayo 5:3) Ego cane, agahimbare nyakuri ntikava ku gutunga ibintu vyinshi vy’umubiri, ahubwo kava ku kumenya ko dukeneye kugiranira n’Imana ubucuti bwiza, maze tugakora ibikenewe vyose kugira dushike kuri ubwo bucuti, nka kumwe kw’ibiti bitotahaye vyama ivyamwa ku gihe kibereye. None dushobora gute gutsimbataza mwene ubwo bucuti bwiza n’Imana?

Twisunze ibivugwa n’umwanditsi wa Zaburi, hariho ibintu bimwebimwe dutegerezwa kubanza kwirinda. Yaravuze ibijanye n’“inama z’ababi,” “inzira y’abanyavyaha,” be n’‘ukwicarana n’abacokoranyi.’ Kugira ngo duhimbarwe, turakwiye gutera ibitugu abantu bavuga nabi amategeko y’Imana canke mbere bayirengagiza.

Ubukurikira, dukwiye guhimbarwa n’itegeko rya Yehova. None igihe duhimbarwa n’ikintu canke igikorwa kinaka, ntiturondera uturyo twose kugira ngo tukigiremwo uruhara? Guhimbarwa n’itegeko ry’Imana rero bisobanura guha agaciro cane Ijambo ry’Imana, ni ukuvuga kugira icipfuzo co kwiga vyinshi ku bijanye na ryo be no kurushiriza kuritahura.

Ubwa nyuma, turakeneye kurisoma “n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro.” Ivyo bisobanura yuko twosoma Bibiliya tudahorereza tukongera tukazirikana ku vyo dusoma. Ku bijanye n’Ijambo ry’Imana, dukwiye kwiyumva nk’uko umwanditsi wa Zaburi yiyumva, uno akaba yaririmvye ati: “Ewe kuntu nkunda ivyagezwe vyawe! Ni vyo ndimbūra bukarinda bgīra.”​—Zaburi 119:97.

Vy’ukuri, igihe twironsa ubumenyi butagira amakosa be n’ugutahura Yehova Imana atanga maze tugatsimbataza ukumwizigira bimwe vyuzuye, tukizigira n’imihango yiwe, nta gukeka ko tugiranira na we ubucuti bwiza. Muri ubwo buryo, tuzoba nka wa muntu ahimbawe adondorwa n’umwanditsi wa Zaburi, uwo “ic’azokora cose kizomubera ko.”