Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu cose kirafise igihe caco

Ikintu cose kirafise igihe caco

Ikintu cose kirafise igihe caco

Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco.” Uwanditse ayo majambo, ni ukuvuga wa Mwami w’inkerebutsi wa kera Salomo, yabandanije avuga yuko hariho igihe co kuvuka be n’igihe co gupfa, igihe co kwubaka be n’igihe co gusambura, igihe co gukunda be n’igihe co kwanka. Amaherezo, yavuze ati: “Mbeg’ūkora aronka inyungu ki mu vyamutamije?”​—Umusiguzi 3:1-9.

ABANTU bamwebamwe basomye ayo majambo baca bashika ku ciyumviro c’uko ngo vy’ukuri Bibiliya yigisha ko ikintu cose kiba carashingiwe igihe; ni ukuvuga, bakiyumvira ko Bibiliya ishigikira inyigisho y’uko ngo ibintu vyose bishika biba vyaranditswe. None vyoba ari ukwo biri koko? Bibiliya yoba ishigikira iciyumviro c’uko ibintu vyose bishika mu buzima biba vyaranditswe? Kubera yuko “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana,” ivyo dusoma mu gice kimwe ca Bibiliya bitegerezwa guhuza n’ivyo dusanga mu bindi bice vyayo. Ku bw’ivyo, nimuze turabe ico ibindi bihimba vy’Ijambo ry’Imana Bibiliya bivuga ku bijanye n’ico kibazo.​—2 Timoteyo 3:16.

Ibihe be n’ibiza ku muntu

Mu gitabu c’Umusiguzi, Salomo yaranditse kandi ati: “Ndasubīra, nitegereza musi y’izuba, yuko mu gusiganwa, impayamaguru atari zo zisiga abandi, kandi mu ntambara kw abanyenkomezi atari bo batsinda, kandi n’abanyabgenge kw atari bo baronka indya, kand’abakerebutse kw atari bo baronka itunga, kand’abahanga kw atari bo batona.” Kubera iki? Yasiguye ati: “Ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.”​—Umusiguzi 9:11.

Aho kuvuga yuko ikintu cose gishika mu buzima kiba caranditswe, Salomo yariko yerekana ko abantu badashobora kumenyesha imbere y’igihe batihenze ibizova mu kintu ico ari co cose bagerageza gukora, kuko “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” Akenshi, umuntu ashikirwa n’ikintu kanaka kibi kubera gusa yuko biba vyahuriranye n’uko muri uwo mwanya aba ari ahantu ico kintu cabereye.

Rimbura nk’akarorero amajambo agira ati: “Impayamaguru [si] zo zisiga abandi.” Woshobora kuba wibuka canke ukaba warasomye ibijanye na rya siganwa ryo kwiruka rizwi cane yamara ritangaje, aho abakenyezi bariko barasiganwa ku metero 3000 muri za nkino zitwa Jeux olympiques zo mu 1984 zabereye i Los Angeles muri Leta ya Kaliforoniya, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abirutsi babiri, umwe yaserukira Ubwongereza uwundi na we agaserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bompi bari bizigiye gutsindira umudari w’inzahabu. Ariko rero isiganwa rigeze hagati, barasekanye bari muri irya nzira bacamwo mu kwiruka. Umwe yaratemvye aca arava mw’ihiganwa, uwundi na we aracika intege cane ku buryo yarangije ari uw’indwi.

None ibintu vyoba vyagenze gutyo kubera yuko vyari vyaranditswe? Hari abovuga gutyo. Ariko biratomoye ko ukwo gusekana ari kwo kwatumye bompi badatsinda ihiganwa, iryo rikaba ryari isanganya ata wari gushobora kubona imbere y’igihe ko ryobaye. None, boba basekanye kubera yuko vyari vyaranditswe? N’aho nyene, hari abovuga gutyo. Ariko rero, abantu bagize ico bavuze kuri ivyo berekanye ko iryo sanganya ryabaye kuko abo birutsi babiri bakomeye bari bakoresheje inguvu nyinshi cane mu guhiganwa kubera yuko biruka babangabanganye, umwe wese agerageza kurusha uwundi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako bose.” Naho umuntu yoba yiteguye neza gute, hama nantaryo hariho ibintu bitari vyitezwe bishobora kugira ico bikoze ku twigoro aba yagize, kandi nta co bisa bisana n’ivyo ngo yoba yari yarandikiwe.

None, Bibiliya iba ishaka kuvuga iki igihe igira iti: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco”? Hoba hariho ikintu na kimwe dushobora gukora cogira ico gikoze ku buzima bwacu, ni ukuvuga ukuntu bizotugendera muri kazoza?

Igihe ciza gusumba ibindi ku bw’akigoro kose umuntu agira

Umwanditsi wa Bibiliya yahumekewe ntiyariko avuga na gato ibijanye n’ibibwirizwa gushikira umuntu uwo ari we wese canke ingene ubuzima bw’umuntu buzomera, ahubwo riho yariko avuga ibijanye n’ukuntu Imana iba yarateguye ibintu be n’ukuntu vyogize ico bikoze ku bantu. Ivyo tubizi gute? Ivyo ni vyo ahanini amakikuro atwereka. Salomo amaze kuvuga ibintu vyinshi biboneka ko bifise ‘igihe vyashingiwe,’ yaciye yandika ati: “[“Narabonye igikorwa Imana yahaye abana b’abantu ngo bakore,” NW]. Ikintu cose yakiremye ari ciza mu gihe caco.”​—Umusiguzi 3:10, 11.

Imana yarahaye abantu ibikorwa vyinshi, Salomo akaba yaravuze ibitari bike muri vyo. Imana kandi yaraduhaye ubushobozi bwo kwihitiramwo ico twokora. Ariko rero, igikorwa cose kirafise umwanya waco ubereye kugira ngo kivemwo ibintu vyiza kuruta. Rimbura nk’akarorero amajambo Salomo yavuze dusanga mu Musiguzi 3:2, yerekana yuko hariho “igihe co gutera n’igihe co kurandura ivyatewe.” Abarimyi barazi yuko igiterwa cose gifise igihe caco kibereye co kugitera. Mbega vyogenda gute umurimyi yirengagije ico kintu gisanzwe maze agatera igiterwa mu mwanya utabereye canke mu kiringo kitabereye? None bishitse ntaronke umwimbu mwiza naho yoba yakoze agatama, yoba yoca avuga yuko ngo vyavuye ku kuba vyari vyaranditswe? Oya nawe ntu! Ico biba vyavuyeko ni uko gusa aba atateye ico giterwa mu gihe kibereye. Uwo murimyi vyari gushobora kumugendera neza iyo aza kuba yarisunze urutonde rw’ukuntu ibintu bikwiye kumera rwashinzwe n’Umuremyi.

Ku bw’ivyo rero, ico Imana yashinze si ibibwirizwa gushikira abantu canke ingaruka z’ibintu vyose biba, ahubwo ni ingingo ngenderwako zinaka ziyobora ivyo abantu bakora mu buryo buhuye n’ukuntu iba yarateguye ibintu. Kugira ngo abantu bungukire ku biva mu twigoro bagira, bategerezwa kumenya ukuntu Imana iba yarateguye ibintu be n’igihe yashinze kandi bagakora bavyisunga. Icashinzwe imbere y’igihe kandi kidashobora guhindurwa si ibintu bibwirizwa gushikira abantu, ahubwo ni ivyo Imana yategekanije gukora. Yehova abicishije ku muhanuzi Yesaya, yavuze ati: “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye.”​—Yesaya 55:11.

None, iryo ‘jambo rizosozerwa’ Imana yavumereye ku bijanye n’isi be na kazoza k’abantu ni irihe?

Gutahura ibijanye n’igihe Imana yashinze

Salomo yaratanze ikintu gishobora kuduha iciyumviro. Amaze kuvuga ko “ikintu cose [Imana] yakiremye ari ciza mu gihe caco,” yabandanije avuga ati: “Kandi yashize ivyiyumviro vy’ibihoraho mu mitima yabo, nah’umuntu adashobora guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo.” Impinduro imwe (The NIV Kwiga Bible) ihindura uwo murongo iti: “Yarashize kandi mu mitima y’abantu icipfuzo c’ukubaho ibihe bidahera; yamara ntibashobora gutahura ivyo Imana yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.”​—Umusiguzi 3:11.

Haramaze kwandikwa ibintu vyinshi cane ku bijanye n’uwo murongo. Ariko ico tutoharirako co ni uko twese bimaze gushika tukibaza ibwina mu mutima wacu ibijanye n’intumbero y’ubuzima canke ibijanye n’iherezo ryacu. Muri kahise kose k’abantu, hari abasanze bigoye kwemera ko ubuzima bwoba bugizwe gusa n’ugucurumba mu bikorwa umuntu aba afise, kugira ngo urupfu ruce ruza rubigwize n’ubusa vyose. Twebwe abantu turatandukanye n’ibindi biremwa vyose bifise ubuzima, mu buryo bw’uko tutiyumvira ibijanye n’ubuzima bwa none gusa, ariko kandi twiyumvira ibijanye n’iherezo ry’ubuzima bwacu be n’ibizoca bikurikira. Mbere turipfuza cane kubaho ibihe vyose, tukabaho ibihe bidahera. Uti kubera iki? Nk’uko ico canditswe kibisigura, Imana ‘yarashize mu mitima y’abantu icipfuzo c’ukubaho ibihe bidahera.’

Kugira ngo abantu bimare amazinda ku bijanye n’ico cipfuzo, akatari gake baribajije nimba hariho ubuzima inyuma y’urupfu. Hari abaca bashika ku ciyumviro c’uko ngo hariho ikintu kiri muri twebwe kibandanya kubaho tumaze gupfa. Abandi na bo bemera yuko tuzoguma dupfa twongera tuvukira mu bindi biremwa. Hari n’abandi bibaza yuko ibintu vyose bishika mu buzima biba vyarashinzwe n’Imana imbere y’igihe, ko kandi ata na kimwe dushobora kubihindurako. Ikibabaje, ni uko ata n’imwe muri izo nsiguro yabaye iyimara akanyota mu buryo bushitse. Ivyo ni ko biri kubera yuko Bibiliya ivuga ko “umuntu [atazopfa ashoboye] guserangura igikorwa Imana yakoze uhereye kw itanguriro ugashitsa kw iherezo,” yisunze utwigoro twiwe bwite.

Iyo ngorane imaze gushinga imizi y’ukuba abantu bipfuza gutahura ibijanye n’ico kibazo mugabo bakaba badashoboye kukironkera inyishu, yarahagaritse umutima incabwenge be n’abafilozofe mu myaka n’iyindi. Ariko none, ko Imana yashize mu mutima wacu ico cipfuzo, wumva bitabereye ko ari yo duhanga amaso kugira ngo ituronse ibikenewe vyotuma duhera amazinda ku bijanye n’ico kibazo? Kira noneho, Bibiliya iravuga ku bijanye na Yehova iti: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza kw’ibiriho vyose.” (Zaburi 145:16) Duhindukiriye Ijambo ry’Imana Bibiliya, turashobora kuronka insobanuro zimara akanyota ku bijanye n’ubuzima be n’urupfu no ku bijanye n’umugambi w’ibihe vyose w’Imana werekeye isi be n’umuryango w’abantu.​—Abanyefeso 3:11.

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 5]

“Mu gusiganwa, impayamaguru [si] zo zisiga abandi.”​—Umusiguzi 9:11

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 6]

Bishitse umurimyi agatera igiterwa mu gihe kitabereye, yoba none akwiye kuvuga ngo yaronse umwimbu w’intica ntikize kubera yuko vyari vyaranditswe?

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 7]

Turiyumvira ibijanye n’ubuzima be n’urupfu kubera yuko Imana ‘yashize mu mitima y’abantu icipfuzo c’ukubaho ibihe bidahera’