Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba itwara abana mw’ijuru kugira ngo bacike abamarayika?

Imana yoba itwara abana mw’ijuru kugira ngo bacike abamarayika?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Imana yoba itwara abana mw’ijuru kugira ngo bacike abamarayika?

Igihe hari umwana apfuye, abagenzi b’umuryango uba wishwe n’intuntu boshobora kugerageza kuwirura mu kuvuga bati: “Burya, Imana yari ikeneye uwundi mumarayika mw’ijuru.” None wumva ivyo vyoba vyumvikana?

Iyaba vyari ivy’ukuri ko Imana ituma abana bapfa kubera yuko ikeneye abandi bamarayika mw’ijuru, vyoba bisobanura ko ata mpuhwe ifise, eka mbere ko ari ruburakigongwe. Ivyo si vyo Bibiliya ivuga. (Yobu 34:10) Umuvyeyi afise ikibabarwe ntiyotwara ku nguvu umwana amwivye abavyeyi biwe kugira ngo gusa yagure umuryango wiwe bwite. None, hari umuvyeyi n’umwe w’umuntu afise ikibabarwe gusumba Yehova, uwo kamere yiwe nyamukuru ari urukundo? (1 Yohani 4:8) Urukundo rwiwe rwinshi ntirwomukundira ko akora ikintu nk’ico kiranga ububisha.

Niwibaze uti: ‘Ubwo Imana yoba ikeneye abandi bamarayika mw’ijuru?’ Bibiliya ivuga yuko ibikorwa vy’Imana vyose ari vyiza kandi ko bitunganye. (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Igikorwa yakoze co kurema abamarayika amamiliyoni batabanje kuba abantu cari gitunganye, kandi ntiyaremye abadakwiye. (Daniyeli 7:10) Hoba hari ukuntu Imana yihenze mu kugenekereza igitigiri c’abamarayika yari ikeneye? Ivyo ntibishoboka! Ata gukeka, Imana Mushoboravyose ntiyari kwihenda muri ubwo buryo. Ni ivy’ukuri yuko Yehova yatoye abantu bamwebamwe kugira ngo bazohinduke abamarayika maze baze babe mu bazoganza mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru, ariko abo bantu ntibopfuye bakiri abana bato.​—Ivyahishuwe 5:9, 10.

Iyindi mpamvu yerekana igituma Imana itotwara abana ibakuye mw’isi kugira ngo baje kuba abamarayika mw’ijuru, ni iy’uko ivyo bitoba bihuye n’umugambi yari ifitiye abana mu ntango. Mw’itongo ryo muri Edeni, Imana yabwiye Adamu na Eva iti: “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Abana ni ingabire Imana itanga, bano bakaba bakenewe cane kugira ngo umugambi wayo wo mu ntango ujanye no kwuzuza isi umuryango w’abantu b’abagororotsi uranguke. Ntiyigeze igira umugambi w’uko abana bopfa kugira ngo bace bahindurwa ibiremwa vy’impwemu. Bibiliya iremeza ko abana ari “ingabire Uhoraho agaba.” (Zaburi 127:3) None wumva Yehova ya Mana y’urukundo yosubira ku ngabire yamaze guha abavyeyi? Birumvikana ko itobigira!

Igihe umwana akubiranijwe n’urupfu, biratera umubabaro mwinshi, intuntu be n’intimba. None ni icizigiro ikihe kiriho ku bavyeyi bishwe n’intuntu? Bibiliya isezerana yuko Imana izozura abantu amamiliyoni adaharurwa kugira ngo babe mw’Iparadizo ng’aha nyene kw’isi. Niwihe ishusho abana bazuwe bafise amagara meza basubiye kubonana n’ababo. (Yohani 5:28, 29) Imana ishaka ko abakiri bato bakura, bagahimbarirwa ubuzima, bakongera bakiga ibiyerekeye be n’ivyerekeye umugambi ifitiye isi. Gutyo rero, abana bapfuye si abamarayika mw’ijuru, ahubwo barindiriye kuzozukira kw’isi y’iparadizo. Muri ico gihe aho tuzoba twitwararikwa mu buryo burangwa urukundo n’Umuremyi wacu, abato n’abakuze bazohimbarwa n’ugusenga Yehova Imana ibihe bidahera.