Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Izuka rya Lazaro

Izuka rya Lazaro

Ku bw’urwaruka rwacu

Izuka rya Lazaro

Ibimenyeshejwe: Uwu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba. Niwumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA YOHANI 11:1-45.

Igihe wasoma umurongo wa 21, wabonye Marita yari afise inyiyumvo izihe kandi ni izihe wabonye ko Mariya afise igihe wasoma umurongo wa 32?

_______

Wihaye ishusho, wibaza ko Yezu yagaragaje gute inyiyumvo zikomeye nk’uko bidondorwa mu murongo wa 33 n’uwa 35?

_______

Nugerageze kwiha ishusho y’ukuntu bishobora kuba vyari bimeze kwibonera ibivugwa mu murongo wa 43 be n’uwa 44, waba wisunze ukuntu Lazaro yabona ibintu canke ukuntu abandi bari ng’aho babibona.

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Uvuye aho Yezu yari gushika i Betaniya rwari gushobora kuba urugendo rw’imisi ibiri. Ni kubera iki none Yezu yahisemwo kubanza kurindira? (Subira usome umurongo wa 6.)

_______

Bibiliya yerekana gute ko Mariya na Marita bompi bakunda ivy’Imana? (Luka 10:38, 39; Yohani 11:24)

_______

Ni kubera iki Yezu yazuye abantu naho n’ubundi boruhiye gusubira gupfa? (Mariko 1:41, 42; Yohani 5:28, 29; 11:45)

_______

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Ubushobozi be n’umutima ukunze Yezu yari afise wo kuzura abapfuye.

_______

Ukuntu Yezu yari afitiye impuhwe nyinshi abafise intuntu.

_______

NI NDE WOSHIMA KO MWOSUBIRA KUBONANA MU GIHE C’IZUKA?

_______

NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______