Izuka rya Lazaro
Ku bw’urwaruka rwacu
Izuka rya Lazaro
Ibimenyeshejwe: Uwu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba. Niwumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA YOHANI 11:1-45.
Igihe wasoma umurongo wa 21, wabonye Marita yari afise inyiyumvo izihe kandi ni izihe wabonye ko Mariya afise igihe wasoma umurongo wa 32?
_______
Wihaye ishusho, wibaza ko Yezu yagaragaje gute inyiyumvo zikomeye nk’uko bidondorwa mu murongo wa 33 n’uwa 35?
_______
Nugerageze kwiha ishusho y’ukuntu bishobora kuba vyari bimeze kwibonera ibivugwa mu murongo wa 43 be n’uwa 44, waba wisunze ukuntu Lazaro yabona ibintu canke ukuntu abandi bari ng’aho babibona.
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Uvuye aho Yezu yari gushika i Betaniya rwari gushobora kuba urugendo rw’imisi ibiri. Ni kubera iki none Yezu yahisemwo kubanza kurindira? (Subira usome umurongo wa 6.)
_______
Bibiliya yerekana gute ko Mariya na Marita bompi bakunda ivy’Imana? (Luka 10:38, 39; Yohani 11:24)
_______
Ni kubera iki Yezu yazuye abantu naho n’ubundi boruhiye gusubira gupfa? (Mariko 1:41, 42; Yohani 5:28, 29; 11:45)
_______
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ubushobozi be n’umutima ukunze Yezu yari afise wo kuzura abapfuye.
_______
Ukuntu Yezu yari afitiye impuhwe nyinshi abafise intuntu.
_______
NI NDE WOSHIMA KO MWOSUBIRA KUBONANA MU GIHE C’IZUKA?
_______
NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
_______