Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Naramuronderanye umwete

Naramuronderanye umwete

Ikete rivuye muri Irilande

Naramuronderanye umwete

ICO gihe hariko haragwa akavura ka nzomunoza katuma ku kiyo c’imbere c’umuduga hatondako utuma tw’amazi twambuza kubona neza ukuntu aho hantu nariko nca hari hameze. Maze kugenda ibilometero bitandatu n’imodoka, narashitse kw’isonga ry’agasozi gahanamiye igisagara gitoyi citwa Westport, kiri ku nkengera y’ikiyaga mu Burengero bwa Irilande. Mu nyuma, izuba ryaratse rituma igipfungu gikamangana maze utuzinga injojo duteye igomwe dusabagiye muri ico kigobe duca turaboneka. Dukeyi muri utwo tuzinga ni two tubamwo abantu, ariko abarimyi baho baraja kuragira amasho yabo muri tumwetumwe muri two bakoresheje ubwato.

Kuva kuri iyo nkengera gushika kure mu Burengero hariho urukurikirane rw’imisozi itari mike. Iyo misozi uyiravye yasa n’umujumpu wakaka urasiweko n’izuba ryo ku muhingamo. Nkiri kure narashobora kubona neza umusozi witwa Croagh Patrick ufise imero y’umubirikira wubitse, abantu bo muri ako karere bakaba bawita ngo Reek. Narabandanije kugenda n’umuduga ndawucisha mu tubarabara tw’i Westport ducamwo abantu benshi kandi twaga, ndarengana wa Musozi Reek, maze nshika mu karere Ivyabona vya Yehova badakunze kugendera.

Umuntu nari ngiye kuraba ntiyari azi ko nari kuza uwo musi. Nari nararonse ikete rimbarira yuko yari aherutse kwimukira aho hantu be n’uko yipfuza kubandanya kuyaga n’Ivyabona ku vyerekeye Bibiliya. Naribaza nti: ‘Mbega yoba afise imyaka ingahe? Yoba atarubaka canke aramaze kwubaka? Mbega ashimishwa n’ibiki?’ Naratereje akajisho kw’isakoshi yanje maze nsubira kwibaza nimba nari nazanye Bibiliya n’ibisohokayandikiro bitandukanye bishingiye kuri yo. Narazirikanye ku vyo nari kuvuga kugira ngo ntume arushiriza gushimishwa n’ubutumwa bw’Ubwami.

Ico gihe hoho nari maze kurengana wa Musozi Reek. Amatongo atandukanye ata kintu ateyemwo ava kuri uwo musozi agashika ku kiyaga yari akikujwe n’impome z’amabuye, nyinshi muri zo zikaba zubatswe mu kiringo ca ca Kigoyi gikomeye catera mu kinjana ca 19. Imbere yanje, hari inyoni y’inguriguri yo mu mazi yariko iratambatamba mu kirere idakubita amababa. Ndavye ibuheramaso, narabonye ibiti bifise amahwa vy’ubwoko bubiri vyari biteye hafi na hafi bihetamitswe n’umuyaga, bino rero bikaba vyari bihetamye nka kurya kw’umuntu ashaje kandi vyihotoye.

Muri ako karere ko hagati mu gihugu, amazu ntagira amanomero kandi amabarabara ntagira amazina. Aderese ya wa muntu narondera yari igizwe n’izina ry’inzu abamwo be n’akarere abamwo. Ariko rero intumbero ya mbere nari nishingiye, yari iyo kurondera umuntu yari ashoboye kuba azi neza aho umuntu wese aba, uwo na we akaba ari umukozi wa posita ajejwe ivyo gutororokanya amakete no kuyashira bene yo. Haciye iminuta mirongo itatu, naratoye aho ibiro vya posita biri, ino ikaba yari inzu iri mu murongo w’izindi nzu zifatanye, yahinduwe kugira ngo ibe ibiro. Ku muryango hari icapa cavuga ngo “Harugaye.” Naho vyari ukwo, naragiye kubaza mw’iduka ry’aho hantu maze bandangira ko noja kuronderera mu micungararo y’ako karere.

Maze kugenda n’umuduga ibindi bilometero umunani, narabonye ikimenyetso nariko ndarondera bambwiye ko comfashije gutora aho nariko ndaja, rikaba ryari ikorosi rikatira iburyo, ririko akayira gatoya kaja ibubamfu. Naradodoye ku muryango w’inzu yari hafi yaho. Umukenyezi umwe ageze mu zabukuru yaraje kwitaba maze ambwira avyishimiye yuko yari amaze ubuzima bwiwe bwose aba aho hantu ariko ko atari ashoboye kumenya aho uwo mugabo nariko ndarondera aba. Yavuze yuko hari umuntu yari gushobora guterefona kugira ngo amubaze, maze aca arampa ikaze ngo ninjire.

Igihe yari kuri telefone, yaguma ankubitizako akajisho, akaba ata gukeka yariko yibaza uwo ndi we be n’ico narondera. Ku muryango narahabonye agashusho ka Bikira Mariya, ku ruhome na ho ndahabona igishusho kinini ca Kristu. Ku meza yo mu gikoni hari ishapule. Kugira ngo ndamusubirize umutima mu nda, namubwiye gusa nti: “Ndamufitiye ubutumwa buhambaye bamwe mu bagenzi biwe bamurungikiye.”

Umunega wiwe yaraje aho twari turi maze atangura kunyiganira inkuru zo muri ako karere. Muri ico kiringo, umuntu uwo mukenyezi yabanje guterefona nta co yashoboye kumumenyesha ku bijanye na wa mugabo narondera, ni kwo guca angobera ngo ndindire aterefone abandi. Vyaba ibijanye n’uwo mugabo canke ibijanye n’iyo nzu narondera, vyaboneka ko ata muntu n’umwe yari abizi. Nararavye kw’isaha yanje nsanga bwari bumaze kwira. Naciye mbona yuko nosubiye kugerageza kumurondera ikindi gihe. Narakengurukiye uwo mukenyezi be n’umunega wiwe ku mfashanyo yabo, nca nsubira muri wa muduga wanje maze nca ntangura urugendo rurerure rwo gusubira i muhira.

Mu ndwi yakurikiye narasubiyeyo. Ico gihe, narabonanye na wa mukozi wa posita maze ndaronka ubuyobozi butomoye. Maze kugenda iminuta cumi n’itanu, narashitse ahantu mu mayirabiri yari yandondoreye. Narakatiye ibubamfu maze nguma ntwara umuduga, nduga nongera manuka akatari gake muri ako karere, ndondera ikimenyetso gikurikira yari yambwiye, kino kikaba cari ikiraro c’amabuye gishaje. Sinagitoye. Amaherezo, narashitse ku kimenyetso ca nyuma yari yambwiye, maze aho hantu kw’isonga ry’umusozi, ndahasanga ya nzu vyari vyantwaye umwanya munini cane be n’inguvu nyinshi mu kuyirondera.

Narafashe umwanya wo kwiyumvira ukuntu noshikirije inkuru nziza. Umugabo ageze mu zabukuru yaruguruye umuryango. Yaciye avuga ati: “Wihangane, inzu uriko urarondera iri hariya.” Yaciye atunga urutoke inzu yari ikingiriwe n’ibiti. N’umunezero mwinshi, naramanutse ndadodora kuri nya muryango. Nkirindiriye, narihweje Ibahari Atalantike yari iri nko ku metero amajana angahe gusa uvuye aho hantu. Umuyaga wari wabaye mwinshi, kandi imikuba yari ifise ibara ryera uko yaza iriseka kw’isesero rirerire riteye igomwe. Nta muntu n’umwe nabona mu micungararo yaho, ndetse nta n’uwari kuri uwo muhana.

Urwo rugendo nararugize izindi ncuro zibiri, mu nyuma nca ndahasanga umusore umwe. Yavuze ati: “Iyo nzu urondera ni iyi nyene, ariko uwahora ayibamwo, ari na we wariko urarondera, yarimutse kandi sinzi aho yimukiye.” Naramusiguriye igituma nariko ndarondera uwo mugabo maze nsanga uwo musore atari bwigere aganira n’Ivyabona vya Yehova. Yari yarigeze gusahurwa kandi yaribaza igituma Imana ireka ivyo hamwe n’ubundi bwoko bw’akarenganyo bigashika. Yaremeye ata kugonanwa ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi be na Réveillez-vous! vyaheruka gusohoka, bikaba vyavuga ibijanye n’ico kibazo nyene.

Ivyanditswe bidutegeka gukorana umwete mu kurondera abantu bameze nk’intama. Ikibabaje, sinabonye wa muntu nariko ndarondera. Naho ari ukwo, simbona mu buryo na bumwe ko utwigoro twanje twapfuye ubusa. Muri Irilande, abantu benshi barashashaye kumenya ivyerekeye ubutumwa bw’Ubwami, kandi bivuye ku muhezagiro wa Yehova, imbuto nkeya zerekeye ukuri zabibwe muri wa musore, umusi uri izina zoshobora kwama ivyamwa.