Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ndazi neza imibabaro barimwo’

‘Ndazi neza imibabaro barimwo’

Niwiyegereze Imana

‘Ndazi neza imibabaro barimwo’

Kuvayo 3:1-10

“MWERANDA, mweranda, mweranda ni Yehova.” (Yesaya 6:3, NW) Ayo majambo yahumetswe yerekana ko Yehova Imana adahumanye kandi ko atyoroye ku rugero rwo hejuru. Woshobora guca ubaza uti: ‘None ubwo bweranda bwiwe ntibutuma aba uwutaco anezwe kandi adashobora kwegerwa? Ubwo Imana nyeranda nk’iyo yoba vy’ukuri imbabaye, jewe umuntu w’umucumuzi kandi adatunganye?’ Nimuze twihweze amajambo adusubiriza umutima mu nda Imana yabwiye Musa, nk’uko yanditse mu gitabu co Kuvayo 3:1-10.

Umusi umwe, igihe Musa yari aragiye intama, yarabonye ikintu c’imbonekarimwe: igisaka cariko kirarurumba umuriro, ariko “nticatemuka.” (Umurongo wa 2) Kubera ko yipfuza cane kumenya ivyariko biraba, yaregereye kugira ngo abisuzume. Biciye ku mumarayika, Yehova yaravuganye na Musa ari hagati muri uwo muriro, amubwira ati: “Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra.” (Umurongo wa 5) Niwiyumvire gatoyi: Kubera yuko ya Mana nyeranda yari aho hantu mu buryo bw’ikigereranyo, n’ubutaka ubwabwo bwaciye buba bweranda!

Iyo Mana nyeranda yari ifise impamvu zo kuvugana na Musa. Imana yavuze iti: “N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko [“nzi neza imibabaro barimwo,” NW].” (Umurongo wa 7) Imana ntiyirengagije amarushwa abasavyi bayo barimwo; eka kandi ntiyaretse kwumva ugutakamba kwabo. Ahubwo riho, yariyumvisemwo umubabaro bari bafise. Urabona ko Imana yavuze iti: “[Ndazi] neza imibabaro barimwo.” Ku bijanye n’ayo majambo ngo ‘ndazi neza,’ igitabu kimwe kivuga giti: “Iyo mvugo iserura iciyumviro co kwishira mu kibanza c’umuntu, kumwumvira ikibabarwe be n’impuhwe.” Amajambo Yehova yabwiye Musa arahishura ko ari Imana yitwararikana bimwe bigera kure.

None Imana yokoze iki? Ntiyitegereje gusa ibigiranye akagongwe canke ngo yumvirize gusa ibigiranye impuhwe. Yaravyuriwe umutima wo kugira ico ikoze. Yaciye ifata umugambi wo kurokora abasavyi bayo mu Misiri, maze ikabakurayo ikabajana “mu gihugu . . . gitemba amata n’ubūki.” (Umurongo wa 8) Ku bw’iyo ntumbero, Yehova yarashinze igikorwa Musa, amubwira ati: “Ukūre abantu banje . . . muri Egiputa.” (Umurongo wa 10) Musa yararanguye adahemuka ico gikorwa yashinzwe, maze arayobora Abisirayeli abakura mu Misiri mu 1513 B.G.C.

Yehova ntiyahindutse. Abamusenga muri kino gihe barashobora guhera amazinda yuko abona ingorane zibugarije be n’uko yumva ukuntu batakamba barondera gufashwa. Arazi neza imibabaro barimwo. Ariko Yehova ntiyumvira gusa impuhwe abasavyi biwe bamwihebeye. Iyo Mana y’ikibabarwe iravyurirwa umutima wo kugira ico ikoze ku bw’ineza yabo “kuko ibababara.”​—1 Petero 5:7.

Impuhwe z’Imana ziratuma tugira icizigiro. Tubifashijwemwo na yo, twebwe abantu badatunganye turashobora kuba aberanda ku rugero runaka maze tukemerwa na yo. (1 Petero 1:15, 16) Umugore umwe w’umukirisu yamaze igihe yihebuye kandi acitse intege yarahumurijwe n’iyo nkuru ivuga ibijanye n’ivyashikiye Musa kuri ca gisaka. Avuga ati: “Nimba Yehova ashobora gutuma mbere n’ivu riba ryeranda, numva rero na jewe nshobora kugira icizigiro na buhorobuhoro. Ico ciyumviro caramfashije cane.”

Woba wipfuza kwiga vyinshi ku vyerekeye ya Mana nyeranda, Yehova? Birashoboka ko ugiriranira na Yehova ubucuti bwa somambike kubera yuko “azi iremwa ryacu, yibuka ko tur’umukungugu.”​—Zaburi 103:14.