Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urwanko rubereye be n’urutabereye

Urwanko rubereye be n’urutabereye

Urwanko rubereye be n’urutabereye

MU VYANDITSWE, ijambo “urwanko” rifise insobanuro zitandukanye. Ryoshobora gusobanura ukudacana uwaka gukomeye, ukwama wipfuriza inabi uwundi akenshi bijana n’ubugizi bwa nabi. Mwene urwo rwanko rwoshobora gucika inyiyumvo zikomeye cane zituma nyene kugira urwo rwanko arondera kugirira nabi uwo arufitiye. Ijambo “urwanko” ryoshobora kandi gusobanura kwumva udashimye umuntu na gato mugabo ata ntumbero ufise yo kumugirira nabi, ahubwo ukaba urondera kumwirinda kubera yuko wumva utamwerekwa. Vyongeye, Bibiliya irakoresha ijambo “urwanko” ishaka kuvuga gukunda buhoro. (Itanguriro 29:31, 33; Gusubira mu vyagezwe 21:15, 16) Nk’akarorero, Yezu Kristu yavuze ati: “Nimba umuntu aje kuri jewe ntiyanke se na nyina n’umugore wiwe n’abana biwe na bene wabo na bashikiwe, emwe, mbere n’ubuzima bwiwe bwite, ntashobora kuba umwigishwa wanje.” (Luka 14:26) Birumvikana ko Yezu atariko ashaka kuvuga ko abayoboke biwe bategerezwa kudacana uwaka n’abagize imiryango yabo canke kutaberekwa, kibure ngo biyanke ubwabo, kubera yuko ivyo bitobaye bihuje n’ivyo ibindi Vyanditswe bivuga.​—Gereranya na Mariko 12:29-31; Abanyefeso 5:28, 29, 33.

Itegeko Imana yahaye Isirayeli ryavuga riti: “Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe.” (Abalewi 19:17) Kimwe mu bintu vyasabwa umuntu yavuga ko yishe uwundi atabishaka, akaba ariko arondera guhungira muri vya bisagara vy’ubuhungiro, cari ic’uko atari kuba yari afitiye urwanko uwo yaba yishe.​—Gusubira mu vyagezwe 19:4, 11-13.

Umuntu yoba akwiye kwanka abansi biwe?

Impanuro Yezu yatanze yuko umuntu akwiye gukunda abansi biwe irahuje neza n’iciyumviro giserurwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo. (Matayo 5:44) Wa muntu w’umwizigirwa Yobu yariyemereye ko yobaye agize nabi bishitse akumva mu buryo na bumwe anezerejwe n’uko umuntu amwanka bimwe bikomeye ashikiwe n’ivyago. (Yobu 31:29) Rya Tegeko rya Musa ryaributsa Abisirayeli ko bari bafise ibanga ryo gufasha Abisirayeli bagenzi babo bashobora kuba babona ko ari abansi babo. (Kuvayo 23:4, 5) Aho kuryoherwa n’uko umwansi ashikiwe n’ivyago, abasavyi b’Imana babwirwa bati: “Umwansi wawe ni yasonza umugaburire, ni yagira inyota umuhe amazi yo kunywa.”​—Imigani 24:17, 18; 25:21.

Iciyumviro c’uko ngo umuntu yari akwiye kwanka abansi biwe ni kimwe mu bintu abigisha b’imigenzo b’Abayuda bongeye kw’itegeko ry’Imana. Kubera yuko rya Tegeko ryahimiriza Abisirayeli gukunda bagenzi babo (Abalewi 19:18), abo bigisha baciye bakikiriza bavuga yuko ivyo vyasobanura kwanka abansi babo. Ijambo “umugenzi” ryahavuye ribonwa ko ryerekeza gusa ku Bayuda, maze abandi bose bagaca babonwa ko basanzwe ari abansi babo. Umuntu aravye ukuntu batahura ijambo “umugenzi” bisunze imigenzo yabo, akaraba n’umugenzo bakurikiza watuma bagirira urwanko abatari Abayuda, aca atahura bitagoranye igituma bongeye ku vyo itegeko ry’Imana ryavuga, amajambo atemewe avuga ngo ‘wanke umwansi wawe.’​—Matayo 5:43.

Umukirisu wewe ategerezwa gukunda abansi biwe, ni ukuvuga barya ubwabo bigira abansi biwe. Mwene urwo rukundo (mu kigiriki a·gaʹpe) si inyiyumvo gusa zishingiye ku kwifatanya n’umuntu nk’uko abantu basanzwe biyumvira ivy’urukundo; ahubwo ni urukundo abantu bategerezwa kugiriranira rushingiye ku kugira umutima ukunze wo gukora ikintu wisunze ingingo ngenderwako, ibanga be n’ibibereye, ukarondera bimwe bivuye ku mutima ineza y’uwundi muntu wisunze ibigororotse. Urukundo a·gaʹpe rurarengera urwanko abantu bagiranira; ntirwigera rureka ngo urwo rwanko rutume umuntu aheba ingingo ngenderwako zigororotse maze ngo asubirize uwundi mu nkoko. Igihe hari abantu barwanya ingendo ya gikirisu umusavyi w’Imana akurikirana bakongera bakamuhama, bakabigira kubera ukutamenya, uno aranasenga abasabira kugira ngo amaso yabo ahumuke maze bashobore kubona ukuri kwerekeye Imana be n’imigambi yayo.​—Matayo 5:44.

Urwanko rubereye

Naho biri ukwo, igihe ibintu vyifashe ukunaka be no mu bihe bimwebimwe, biraba ibibereye ko umuntu agira urwanko. Bibiliya igira iti: “Hariho . . . igihe co gukunda n’igihe co kwanka.” (Umusiguzi 3:1, 8, NW) Mbere bivugwa ko na Yehova yanse Esawu. (Malaki 1:2, 3) Ariko rero, nta wovuga ko Imana yapfuye kumwanka ata co ibikuyeko. Esawu ubwiwe yarerekanye ko atari abereye gukundwa na Yehova mu gufata minenegwe uburenganzira yari afise bwo kuba imfura maze arabugurisha, gutyo kandi aba ahevye imihango be n’imihezagiro y’Imana yari ijanye na bwo. N’ikindi kandi, yarigiriye inama yo kwica mwene wabo Yakobo. (Itanguriro 25:32-34; 27:41-43; Abaheburayo 12:14-16) Imana kandi iranka amaso y’ubwibone, ururimi rw’ibinyoma, amaboko avisha amaraso y’intungane, umutima ugera imigabo mibi, ibirenge vyihutira kwirukira ikibi, icabona c’ibinyoma, umuntu wese avyura imitongano mu bavukana; ni ukuvuga, umuntu wese n’ikintu cose kirwanya giherejeko Yehova be n’amategeko yiwe agororotse.​—Imigani 6:16-19; Gusubira mu vyagezwe 16:22; Yesaya 61:8; Zekariya 8:17; Malaki 2:16.

Ni urwanko bwoko ki abasavyi b’Imana babwirizwa gutsimbataza?

Kubera yuko abasavyi ba Yehova ari intadohoka kuri we vy’ukuri, baranka ivyo yanka be n’abo yanka. (2 Ngoma 19:2) Umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Uhoraho, mbega sinanka abakwanka? Kandi sinshavuzwa n’abagukūriye hasi? Mbanka urwanko rwuzuye: kuri jewe ni abansi.” (Zaburi 139:21, 22) Ariko rero, urwo rwanko ntirurondera kugirira nabi abandi kandi nta ho rusa rusana n’ubugizi bwa nabi canke agatima kabi. Ahubwo riho, rugaragarira mu kwerekana ko umuntu yanka urunuka ikibi, akirinda ibintu bibi be n’abantu banka Yehova bivuye inyuma. (Abaroma 12:9, 17, 19) Mu buryo bubereye, abakirisu baranka abiyemeje kuba abansi b’Imana, nka wa Mubesheranyi be n’amadayimoni yiwe, tutibagiye abantu bahisemwo n’ibigirankana kurwanya Yehova.

Naho abakirisu badakunda abantu bahindura ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana icitwazo co gukora ivy’ubushirasoni, ntibanka abantu baba bakoze ibibi ariko bakaba babereye kugirirwa imbabazi. Aho kwanka abakora ibibi baba bigaye, banka ivyo bibi baba bakoze, emwe bakanka “mbere n’impuzu y’imbere yandujwe n’umubiri.”​—Yuda 4, 23.

Twirinde urwanko rutabereye

Abantu bahoze bankana, igihe bacitse abakirisu ntibaba bacankana. (Tito 3:3) Uwanka umuvukanyi wiwe aba akigendera mu mwiza, kandi ahirahiriye akivugisha ngo arakunda Imana aba mu vy’ukuri ariko arabesha. Kwanka umuvukanyi ni co kimwe no kwica.​—1 Yohani 2:9, 11; 4:20; 3:15.

Gutwarwa n’inyiyumvo birashobora gutuma umuntu atakaza uburimbane mu bijanye n’ukuntu abona ivy’urukundo n’urwanko, nk’uko vyigaragaje kuri Dawidi, ku bijanye n’umuhungu wiwe Abusalomu. (2 Samweli 18:33; 19:1-6) Ku bw’ivyo, n’“ūrinda umwana inkoni aba amwanse, arik’ūmukunda amuhana hakiri kare.”​—Imigani 13:24.

Igihe umuntu yirinze kwinjira mu buzima bw’abandi akongera akagaragaza ko abitwararika mu buryo burangwa urukundo, arashobora kwirinda kwankwa bidakenewe. Ni co gituma Bibiliya itanga impanuro igira iti: “Ikirenge cawe ntigihore mu nzu kwa mugenzawe, kugira ngo ntahave akurambirwa, akakwanka.”​—Imigani 25:17.