Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivuka rishasha—Coba ari ikintu umuntu yihitiramwo?

Ivuka rishasha—Coba ari ikintu umuntu yihitiramwo?

Ivuka rishasha​—Coba ari ikintu umuntu yihitiramwo?

 NI NDE atuma ivuka rishasha rishoboka? Igihe abavugabutumwa bamwebamwe baba bariko barahimiriza ababumviriza ngo bacike abakirisu bongeye kuvuka, barasubiramwo amajambo Yezu yavuze agira ati: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.” (Yohani 3:7) Mwene abo bavugabutumwa bakoresha ayo majambo nk’itegeko, ku bwa ngingo bakaba baba bariko bavuga ngo “Nimwongere kuvuka!” Gutyo, baba bigishije yuko uwemera wese ari we ubwiwe yihitiramwo kugamburuka ayo majambo Yezu yavuze maze agatera intambwe zikenewe kugira ngo yongere kuvuka. Twisunze iciyumviro nk’ico, ivuka rishasha ryoca riba ikintu umuntu yihitiramwo ku giti ciwe. Ariko none, ico ciyumviro coba gihuza n’ivyo Yezu yabwiye Nikodemu?

Umuntu asomye yitonze ayo majambo Yezu yavuze aca abona yuko Yezu atigishije ko umuntu ari we yihitiramwo nimba yokwongera canke atokwongera kuvuka. Ni kubera iki tuvuze gutyo? Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “[yo]ngeye kuvuka” ishobora kandi guhindurwa ngo “arakwiye kuvuka aturutse hejuru.” a Ku bw’ivyo, twisunze ubwo bundi buryo ayo majambo yoshobora guhindurwamwo, ivuka rishasha rikomoka “hejuru,” ni ukuvuga mw’ijuru, canke ‘kuri Data.’ (Yohani 19:11; Yakobo 1:17) Ego cane, Imana ni yo ituma ivuka rishasha rishoboka.​—1 Yohani 3:9.

Tugumije ku muzirikanyi iyo mvugo ngo “aturutse hejuru,” bica bitworohera gutahura igituma umuntu ubwiwe adashobora gutuma yongera kuvuka. Nuzirikane ku bijanye n’ivuka ryawe risanzwe. Mbega ni wewe wihitiyemwo ibijanye n’ivuka ryawe? Birumvikana ko atari wewe! Wavutse kubera yuko so yakuvyaye. Muri ubwo buryo nyene, dushobora kwongera kuvuka igihe gusa Imana, Data wa twese wo mw’ijuru, itumye ivuka rishasha ryacu rishoboka. (Yohani 1:13) Ku bw’ivyo rero, birabereye kubona intumwa Petero yaravuze ati: “Hahezagirwe ya Mana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko, nk’uko imbabazi zayo nyinshi ziri, yaduhaye ivuka rishasha.”​—1 Petero 1:3.

Ryoba ari itegeko?

Ariko rero hari abokwibaza bati: ‘Nimba ari ivy’ukuri ko ata wushobora kwihitiramwo ivyo kwongera kuvuka, ni kubera iki none Yezu yatanze itegeko rigira riti: “Mutegerezwa kwongera kuvuka”?’ Ico ni ikibazo cumvikana. Nakare, nimba vy’ukuri amajambo Yezu yavuze ari itegeko yari atanze, yobaye ariko adutegeka gukora ikintu kiturengeye. Ivyo ntivyoba vyumvikana. None, ayo majambo ngo mutegerezwa “kwongera kuvuka” akwiye gutahurwa gute?

Twihweje twitonze ayo majambo mu rurimi yatanguye kwandikwamwo, dusanga atashikirijwe mu muvugire wa rubwiriza, canke mu buryo bw’itegeko. Ahubwo riho, ayo majambo ashikirizwa mu buryo bwo kumenyesha ikintu. Mu yandi majambo, igihe Yezu yavuga ngo mutegerezwa “kwongera kuvuka,” yariko aramenyesha ikintu, ntiyariko aratanga itegeko. Yavuze ati: “Murakeneye kuvuka muturutse hejuru.”​—Yohani 3:7, Modern Young’s Literal Translation.

Kugira ngo ubone akarorero kerekana itandukaniro riri hagati yo gutanga itegeko be n’ukumenyesha ikintu, zirikana kuri iki kigereranyo. Niwihe ishusho y’igisagara gifise amashure atari make. Rimwe muri yo ryagenewe kuba ishure ryigamwo abanyeshure b’imvukira baba mu karere kari kure yaco. Umusi umwe, umuhungu atari imvukira yo muri ico gisagara abwiye umuyobozi w’iryo shure ati: “Nashaka kwiyandikisha mw’ishure uyoboye.” Uwo muyobozi aciye amubwira ati: “Kugira ngo wiyandikishe, utegerezwa kuba uri imvukira.” Birumvikana ko ayo majambo y’uwo muyobozi atari itegeko atanze. Ntariko ategeka uwo munyeshure ngo “Nube imvukira!” Uwo muyobozi amenyesheje gusa ikintu, ni ukuvuga igisabwa kugira ngo umuntu yandikwe kuri iryo shure. Muri ubwo buryo nyene, igihe Yezu yavuga ngo “mutegerezwa kwongera kuvuka,” yariko gusa amenyesha ikintu, ni bukuvuga igisabwa kugira ngo umuntu ‘yinjire mu bwami bw’Imana.’

Ico kintu giherejweko, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, kirafitaniye isano n’uwundi muce w’ivuka rishasha. Uwo muce ujanye n’ikibazo kigira giti: Intumbero y’ivuka rishasha ni iyihe? Kumenya inyishu y’ico kibazo ni ikintu gihambaye kidufasha gutahura mu buryo butagiramwo amakosa ico bisobanura kwongera kuvuka.

[Akajambo k’epfo]

a Ukwo ni ko impinduro zitari nke za Bibiliya zihindura icanditswe co muri Yohani 3:3. Nk’akarorero, impinduro imwe (A Literal Translation of the Bible) igira iti: “Umuntu ataronse ivuka rituruka hejuru, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.”

[Ifoto ku rup. 6]

Ni isano irihe riri hagati y’ivuka rishasha be n’ivuka risanzwe?