Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivuka rishasha—Intumbero yaryo ni iyihe?

Ivuka rishasha—Intumbero yaryo ni iyihe?

Ivuka rishasha​—Intumbero yaryo ni iyihe?

ABENSHI bemera ko umuntu asabwa kwongera kuvuka kugira ngo aronke ubukiriro bw’ibihe bidahera. Ariko rero, raba ico Yezu ubwiwe yavuze ku bijanye n’intumbero y’ivuka rishasha. Yavuze ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” (Yohani 3:3) Ku bw’ivyo, bisabwa ko umuntu yongera kuvuka kugira ngo yinjire mu Bwami bw’Imana, atari kugira ngo aronke ubukiriro. Hari abovuga bati: ‘None izo mvugo zibiri, ni ukuvuga kwinjira mu Bwami be no kuronka ubukiriro, ntizerekeza ku mpembo imwe?’ Oya, ntizerekeza ku mpembo imwe. Kugira ngo dutahure itandukaniro ririho, reka tubanze turimbure insobanuro y’imvugo ngo “ubwami bw’Imana.”

Ubwami ni ubwoko bw’intwaro. Iyo mvugo rero ngo “ubwami bw’Imana” isobanura “intwaro y’Imana.” Bibiliya yigisha ko Yezu Kristu “Umwana w’umuntu,” ari Umwami w’Ubwami bw’Imana be n’uko Kristu afise abo bafadikanya gutegeka. (Daniyeli 7:1, 13, 14; Matayo 26:63, 64) Vyongeye, ivyo intumwa Yohani yeretswe vyarahishuye yuko abafadikanya na Kristu gutegeka ari abantu batowe “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose” kandi ko “[bazo]ganza isi nk’abami.” (Ivyahishuwe 5:9, 10; 20:6) Ijambo ry’Imana rirongera rikerekana yuko abazotegeka ari abami, bagize “ubusho buto” bw’abantu 144.000 “baguzwe bakuwe mw’isi.”​—Luka 12:32; Ivyahishuwe 14:1, 3.

Icicaro c’Ubwami bw’Imana kiri hehe? “Ubwami bw’Imana” bwitwa kandi “ubwami bwo mw’ijuru,” ivyo bikaba vyerekana ko Yezu hamwe n’abami bafadikanya na we bategeka bari mw’ijuru. (Luka 8:10; Matayo 13:11) Ku bw’ivyo, Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru igizwe na Yezu Kristu be n’umugwi w’abafadikanya na we gutegeka batowe mu bantu.

None, Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko umuntu ategerezwa kwongera kuvuka kugira ngo ashobore “kwinjira mu bwami bw’Imana”? Yashaka kuvuga yuko bisabwa ko umuntu yongera kuvuka kugira ngo afadikanye na Kristu gutegeka ari mw’ijuru. Tubivuze mu buryo bworoshe, ivuka rishasha rifise intumbero yo gutegura umugwi mutoya w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru.

Gushika aha, turamaze kubona yuko ivuka rishasha rihambaye cane, ko Imana ari yo ituma rishoboka be n’uko ririko rirategura umugwi w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru. Ariko none, neza na neza ivuka rishasha riba gute?

[Iciyumviro ku rup. 7]

Ivuka rishasha rifise intumbero yo gutegura umugwi mutoya w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru

[Ifoto ku rup. 7]

Yezu Kristu be n’umugwi w’abafadikanya na we gutegeka batowe mu bantu ni bo bagize Ubwami bw’Imana