Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Se w’impfuvyi

Se w’impfuvyi

Niwiyegereze Imana

Se w’impfuvyi

Kuvayo 22:22-24

“IMANA ir’ahayo hēra ni se w’impfuvyi.” (Zaburi 68:5) Ayo majambo yahumetswe arashira ahabona icigwa gikora ku mutima ku vyerekeye Yehova Imana, ico na co kikaba ari ukuba yitwararika ivyo ba ntahonikora bakeneye. Ukuba yitwararika abana babuze umuvyeyi, vyaragaragarira neza muri rya Tegeko yahaye Abisirayeli. Reka dusuzume ahantu ha mbere ijambo “impfuvyi” riboneka muri Bibiliya, aho na ho hakaba ari muri Kuvayo 22:22-24.

Imana igabisha iti: “Ntihaze hagire . . . impfuvyi mucuranguza.” (Umurongo wa 22) Aha abantu ntibariko baringingwa ngo bafashe abana batishoboye; ryari itegeko ry’Imana. Umwana yaba yabuze se, gutyo akaba adafise uwumukingira n’uwumuronsa ivyo akeneye, yarashobora kugirirwa nabi bitagoranye. Nta muntu n’umwe yari akwiye ‘gucuranguza’ umwana mwene uyo mu buryo na bumwe. Mu zindi mpinduro za Bibiliya, iryo jambo ‘gucuranguza’ rihindurwa ngo “gukorera amabi,” “gutoteza,” be no “kurondera kwungukira ku.” Kurenganya impfuvyi cari ikintu gikomeye mu nyonga z’Imana. None cari gikomeye ku rugero uruhe?

Rya Tegeko ribandanya riti: “Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo.” (Umurongo wa 23) Mu gisomwa co mu ntango co mu giheburayo, mu murongo wa 22 abo bantu bacuranguza impfuvyi bavugwa mu bwinshi, mugabo mu murongo wa 23 hagaca hakoresha rudende. Gutyo rero, ururimi rwo mu ntango rwerekana ko iryo tegeko ry’Imana ryategerezwa gukurikizwa n’umuntu ku giti ciwe hamwe n’ihanga ryose uko ryakabaye. Yehova yaba ariko aritegereza, akabangira ugutwi impfuvyi yiteguriye cane kwishura ugutakamba kwabo basaba gufashwa.​—Zaburi 10:14; Imigani 23:10, 11.

None vyogenze gute umuntu arenganije impfuvyi, bigatuma uwo mwana atakambira Imana? Yehova avuga ati: ‘Uburake bwanje buzoziriringa kandi nzobicisha inkota.’ (Umurongo wa 24) Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kivuga yuko ayo majambo “asigura ijambo ku rindi ngo ‘kandi izuru ryanje rizorurumba,’ iyo ikaba ari imvugo yerekeza ku kugira ishavu ryinshi cane.” Urabona ko ivyo kuraba ko iryo tegeko rikurikizwa Yehova atabirekeye abacamanza b’abantu bo muri Isirayeli. Imana ubwayo yociriye urubanza umuntu wese yarondera kwungukira ku mwana atagira gitabara.​—Gusubira mu vyagezwe 10:17, 18.

Yehova ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Arumvira ikibabarwe abana babuze umuvyeyi umwe canke bompi. (Yakobo 1:27) Ntiwihende, Se w’impfuvyi aragira ishavu rigororotse igihe abana ata co bazira barenganijwe. Aborondera gukoresha nabi umwana atagira gitabara ku bw’inyungu zabo, ntibazohunga “uburake bg’Uhoraho bg’inkazi.” (Zefaniya 2:2) Mwene abo bantu b’inkozi z’ikibi bazomenya ko “[ari] ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko ya ya Mana nzima.”​—Abaheburayo 10:31.