Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nararonse umunezero naho mfise ubumuga

Nararonse umunezero naho mfise ubumuga

Nararonse umunezero naho mfise ubumuga

Nk’uko vyavuzwe na Paulette Gaspar

Naho napima ibilo nka bitatu igihe navuka, umuganga yari azi yuko nari mfise ingorane ikomeye cane. Igihe nariko ndavuka, amwamwe mu magufa yanje yaravunaguritse. Mu bisanzwe, ndwaye indwara yitwa “osteogenesis imperfecta,” ino ikaba ikunze kuvugwa ko ari indwara ituma amagufa avunagurika. Naciye mbagwa bimwe vyihuta, mugabo abaganga babona ko ata kizovamwo. Bari biteze ko mu masaha 24 nobaye napfuye.

NAVUKIYE i Canberra, umurwa mukuru wa Ositaraliya, ku wa 14 Ruheshi 1972. Naho ata wari avyiteze, uwo musi wa mbere waraheze nkiri muzima. Mugabo naciye ndwara umusonga. Kubera yuko abaganga biyumvira ko n’ubundi nopfuye, nta muti n’umwe bampaye kandi baciye bafata ingingo yo ‘kureka ngo ibintu bigende nk’uko n’ubundi vyari kugenda.’ Nkako, ibintu vyagenze nk’uko n’ubundi vyari kugenda, maze ndarokoka.

Ico kiringo gitegerezwa kuba caragoye cane abavyeyi banje. Kubera yuko amahirwe yo kubaho vyaboneka ko ari make cane, abaganga babigiranye imvo nziza bahanuye abavyeyi banje kutarazwa ishinga cane n’ibinyerekeye. Nkako, mu kiringo c’amezi atatu ya mbere namaze mu bitaro, abavyeyi banje ntibari barekuriwe no kunkorako. Vyavugwa ko hagize uwunkorako noshoboye guca mererwa nabi cane. Igihe vyagaragara ko nobandanije kubaho, abaganga baciye bagira inama abavyeyi banje ngo banshire mu kigo c’abana bafise ubumuga.

Ariko rero, abavyeyi banje bafashe ingingo yo kuntwara i muhira. Mu bisanzwe, hari haciye igihe gito mawe atanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ivyo yize vyatumye arushiriza gufatana uburemere ibanga ajejwe ryo kunyitwararika. Mugabo bitegerezwa kuba bitamworoheye kugiranira nanje ubucuti bwa hafi, kubera yuko inkomezi ziwe zose be n’inyiyumvo ziwe zose yazikoresha mu kunyitwararika umwanya wose. Nama najanywe kwa muganga. Ikintu gisanzwe nko kunyoza carashobora gutuma amagufa yanje avunika. Mbere n’igihe naba nasamuye vyonyene, igufa ryarashobora kuvunika.

Nicwa n’akabonge

Uko nakura, nategerezwa kuguma ndi mu gakinga kanje k’ibimuga. Ivyo kwiga gutambuka vyari umugani. Naho abavyeyi banje bari bahanganye n’ingorane zitandukanye, baritwararitse neza mu buryo budasanzwe ivyo nari nkeneye mu vy’umubiri.

N’ikindi kandi, mawe yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo anyigishe ubutumwa buhumuriza bwo muri Bibiliya. Nk’akarorero, yaranyigishije yuko muri kazoza, Imana izohindura iyi si ikaba Iparadizo aho abantu bose bazoba bafitaniye na yo ubucuti butagira agahaze kandi bafise amagara atunganye haba mu bwenge canke ku mubiri. (Zaburi 37:10, 11; Yesaya 33:24) Ariko rero, mawe yariyemerera ata kurya umunwa yuko vyamugora kwiyumvira ko nshobora kugira ubuzima buhimbaye ico gihe kitarashika.

Mu ntango, niga kw’ishure ry’abafise ubumuga. Abigisha banje babona ko ata co nzoshikako, nanje ubwanje nta migambi nishingira. Mu vy’ukuri, kwihanganira ibijanye n’ishure vyonyene vyahavuye bicika urugamba rukomeye. Abana benshi bo kuri iryo shure baranturubika. Mu nyuma, narize kw’ishure risanzwe. Nabona ko kwiga kubana neza n’abandi vyandusha cane rwose ku mubiri, mu mutima be no mu bwenge. Naho vyari ukwo, nari niyemeje kwiga nkarangiza imyaka 12 y’ishure.

Igihe canecane nari mu mashure yisumbuye, ni ho nazirikanye ku kuntu abanyeshure twigana baboneka ko batagira icizigiro kandi ko ata ntumbero bagira mu buzima. Narazirikanye kandi ku vyo mawe yari yaranyigishije muri Bibiliya. Mu bwenge, nari nzi yuko ivyo yambwiye kwari ukuri. Ariko ico gihe inyigisho zo muri Bibiliya ntizankora ku mutima. Naramaze igihe ngerageza kwiberaho mu kwinezereza gusa, ata kwiyumvira namba ivy’ejo.

Igihe nari mfise imyaka 18, naravuye mu nzu y’abavyeyi banje nimukira mu nzu yabamwo umugwi w’abandi bantu bari bafise ubumuga. Ukwo kwimuka nabona ko guhimbaye ariko kandi kwarantera amakenga. Kuronka umwidegemvyo ntahorana, kubaho nigenga, kugira abagenzi be no kwifatanya n’abantu benshi, vyose vyari bihimbaye cane. Benshi mu bagenzi banje barubatse izabo. Na jewe naripfuje cane kuronka uwo twokubakana no gukundwa. Ariko rero kubera ubumuga bwanje, kuronka uwo twokwubakana vyari kure nk’ukwezi. Gutahura ivyo, vyarambabaza cane.

Yamara, sinigeze nta ishavu ku Mana kubera ukwo kuntu ivyanje vyari bimeze. Nari narize ibitari bike ku bijanye n’Imana ku buryo nari nzi yuko itokwigera ikora ikintu na kimwe c’ukurenganya. (Yobu 34:10) Naragerageje kwemera ubuzima bwanje nk’uko bwari buri. Naho ari ukwo, vyarashitse ndicwa n’akabonge.

Ngenda ndasubirana buhorobuhoro

Birashimishije kubona mawe yahavuye amenya ukuntu ivyanje vyari vyifashe maze arabibwira umwe mu bakurambere b’ishengero yaba hafi yaho naba. Uwo mukurambere yaranterefonye maze aca antumira ku makoraniro ya gikirisu ku Ngoro y’Ubwami y’Ivyabona vya Yehova yo muri ako karere. Vyongeye, umuvukanyikazi umwe wo muri iryo shengero yaciye atangura kwigana nanje Bibiliya buri ndwi.

Kubera yuko nari nibukijwe ukuri kwo muri Bibiliya mawe yari yaranyigishije imyaka nk’ingahe imbere y’aho, naciye ntangura kubona ubuzima mu buryo bwiza. Narahimbarwa no kwifatanya n’abakirisu bagenzanje. Ariko rero, nari narize kwirinda guserura inyiyumvo zanje kubera ko natinya yuko abandi bohava bantuntuza. Nibaza ko ivyo ari vyo vyatumye bingora gukunda Imana urukundo rugera ibwina. Naho ari ukwo, nari nzi yuko vyari bibereye ko ndayegurira ubuzima bwanje. Ni co gituma muri Kigarama 1991 nabatijwe, mba ngaragaje yuko niyeguye.

Nahavuye mva muri ya nzu nabanamwo n’abafise ubumuga bagenzanje, nja kuba mu nyubakwa ya jenyene. Iryo hinduka ryaranzaniye ivyiza n’ingorane. Nk’akarorero, naragira irungu ryinshi. Vyongeye, iciyumviro c’uko hariho abantu b’abagabo usanga biterera mu mazu y’abandi carantera ubwoba. Sinatevye gusubira kwicwa n’akabonge. Naho nakunda gutwenga kandi nkaboneka nk’umuntu ahimbawe, ibintu vyose ntivyagenda neza. Nari nkeneye cane umugenzi mwiza twogumanye.

Ndumva ko Yehova Imana yandonkeje uwo mugenzi nyene nari nkeneye. Abakurambere bo mw’ishengero ryo muri ako karere baratunganije babigiranye umutima mwiza ivy’uko uwitwa Suzie, uno akaba yari umuvukanyikazi yubatse, abandanya kunyigisha Bibiliya. Suzie ntiyari umwigisha wanje vyonyene. Yaracitse umugenzi wanje somambike, nkunda cane.

Suzie yaramenyereje kuyaga n’abandi ivyo nariko ndiga, haba mu busuku bw’inzu ku nzu canke akaryo kizanye. Ico gihe naciye ntangura guha agaciro cane kamere z’Imana. Ariko naho nari narabatijwe, sinari bwatsimbataze ugukunda Imana bimwe bigera ibwina. Igihe kimwe mbere nariyumviriye ivyo guhagarika umurimo ndayirangurira. Narituye Suzie kandi yaramfashije muri iyo ngorane ikomeye.

Suzie kandi yaramfashije gutahura yuko vyinshi mu vyatuma ntahimbarwa vyava ku kuba narifatanya n’abantu bamwebamwe batakunda cane Yehova. Naciye ntangura rero kugira abagenzi bakunda Imana cane, na canecane abageze mu zabukuru. Vyongeye, ubucuti nari mfitaniye na mawe ntibwari bucifashe neza, akaba ari co gituma naciye ntangura gusubira kugiranira na we be na musazanje ubucuti bwiza. Naratangajwe n’ukuntu nagize agahimbare ntari bwigere ngira. Abavukanyi n’abavukanyikazi banje, umuryango wanje, n’ikiruta vyose Yehova, barambereye isôko ry’umunezero n’inkomezi.​—Zaburi 28:7.

Umurimo mushasha

Maze kwitaba ihwaniro numviyemwo insiguro yashimika ku munezero abatari bake bironkera mu busuku bwa gikirisu bw’igihe cose, niyumviriye nti: ‘Erega nanje nobukora!’ Ego ni ko nari nzi yuko ivyo vyobaye urugamba kuri jewe. Mugabo maze kurimbura ico kibazo ndabijanishije n’isengesho, nafashe ingingo yo gusaba kuba umwigisha wa Bibiliya w’igihe cose, maze muri Ndamukiza 1998 nca ntangura uwo murimo.

None ngira uruhara gute mu gikorwa co kwamamaza kandi mugaye? Nsanzwe ndi umuntu adakunda kuzera inze kandi yanka kubera umuzigo abandi, ngo babe ari bo gusa banyunguruza canke bamfasha mu bindi. Ni co gituma Suzie be n’umunega wiwe Michael bamfashije ukuntu notorera umuti ico kibazo mu kungira inama yo kugura ipikipiki. Mugabo none noyitwaye gute? Nk’uko ubibona kw’ifoto, iyo pikipiki yahinguwe hisunzwe canecane uko ivyanje vyifashe. Kandi ntibinakenewe ko ndinda kwiterura ngo mve muri ka gakinga kanje k’ibimuga naho mfise ibilo 19!

Uwo mwidegemvyo mushasha naronse uratuma nshobora kugendera abantu no kwigana na bo Bibiliya ku gihe kitworohereza twempi. Sinoharira ko nkunda kugendesha iyo pikipiki maze nkumva akayaga gahuhuta mu maso, ako kakaba ari kamwe mu tuntu tumpimbara mu buzima!

Ndahimbarwa no gutanguza ibiyago n’abantu baba bari ku mabarabara kugira ngo tube turajajura, bano muri rusangi bakaba bangaragariza urupfasoni n’icubahiro. Ndahimbarwa kandi no gufasha abandi bantu kwiga ibijanye na Bibiliya. Ndibuka igihe kimwe nari mu busuku bw’inzu ku nzu ndiko nkorana n’umuntu muremure. Yararamukije umukenyezi twasanze ku muhana, uno akaba yaciye anyihweza yatamariwe, maze abaza uwo twari kumwe ati: “Mbega arashobora kuvuga?” Twempi twaciye twegurwa n’agatwengo. Igihe naheza kubwira ubutumwa uwo mukenyezi, yaramenye ata gukeka ko nshobora koko kuvuga!

Ubu ndahimbarirwa ubuzima kandi narize gukunda Yehova Imana. Ndakengurukira cane mawe kubona yaranyigishije ukuri kwo muri Bibiliya, kandi ndabigiranye ukwizigira nditeganye igishika cinshi igihe cimirije aho ‘ibintu vyose Imana izobigira bishasha,’ ushizemwo n’umubiri wanje mutoya.​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

[Iciyumviro ku rup. 30]

“Naragerageje kwemera ubuzima bwanje nk’uko bwari buri. Naho ari ukwo, vyarashitse ndicwa n’akabonge”