Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ugukiza ku gitangaro kwose kugirwa kwoba kuva ku Mana?

Ugukiza ku gitangaro kwose kugirwa kwoba kuva ku Mana?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ugukiza ku gitangaro kwose kugirwa kwoba kuva ku Mana?

Nta gukeka ko Yehova Imana afise ububasha bwo gukiza. Vyongeye, nta gukeka ko ashobora guha ubwo bubasha abasavyi biwe. Nk’akarorero, mu gihe c’intumwa, ugukiza ku gitangaro yari imwe mu ngabirano zidasanzwe zava ku mpwemu yiwe nyeranda. Intumwa Paulo yandika ati: “Ukwigaragaza kw’impwemu guhabwa umwe wese ku bw’intumbero ngirakamaro. Nk’akarorero, umwe arahabwa biciye ku mpwemu ijambo ry’ubukerebutsi, . . . uwundi ingabirano z’ugukiza biciye kuri iyo mpwemu imwe, . . . uwundi ukuvuga ubuhanuzi, . . . uwundi indimi zitandukanye.”​—1 Abakorinto 12:4-11.

Ariko rero, muri iryo kete nyene Paulo yandikiye Abakorinto, yaranditse kandi yuko ingabirano zo gukora ibitangaro zava ku mpwemu nyeranda y’Imana zorangiye. Yavuze ati: “Zaba ingabirano z’ukuvuga ubuhanuzi, zizokurwaho; zaba indimi, zizohagarara; bwaba ubumenyi, buzokurwaho.”​—1 Abakorinto 13:8.

Mu kinjana ca mbere, Yezu Kristu be n’intumwa ziwe ni bo bakiza abantu ku gitangaro. Muri ico gihe c’intumwa, ingabirano z’impwemu, ushizemwo n’ubushobozi bwo gukiza ku gitangaro, zari zifise intumbero yo kuninahaza Imana kandi zarerekana ko Yehova yemera akongera agahezagira ishengero rya gikirisu ryari riherutse kuvuka. Mugabo rimaze gukomera canke gushinga imizi, abarigize, aho kwerekana yuko ingabirano zidasanzwe ari co kintu cerekana yuko bemerwa n’Imana, berekana nyabuna yuko ibemera biciye ku kugaragaza ukwizera, icizigiro be n’urukundo bikomeye. (Yohani 13:35; 1 Abakorinto 13:13) Ni co gituma nko mu mwaka ugira 100 G.C., Imana itasubiye guha abantu ububasha bwo gukiza ku gitangaro bwa kintu cerekana ko ibemera. a

Naho ari ukwo, woshobora kwibaza uti: ‘Ni kubera iki none nguma numva amakuru avuga ivyo gukiza ku gitangaro?’ Nk’akarorero, ikinyamakuru kimwe caravuze ibijanye n’umugabo umwe vyavugwa ko yari asinzikajwe na kanseri. Ngo yari afise ikivyimba ku mutwe, mu mafyigo mbere no mu magufa imbere. Kazoza kiwe kasa n’akadatomoye, ngo kugeza igihe Imana yavugana na we. Ico kinyamakuru cavuze yuko haheze imisi mikeyi, iyo kanseri yaciye izimangana.

Igihe wumvise amakuru nk’ayo, ni kubera iki utokwibaza uti: ‘Ubwo iyi nkuru ni yo? Hoba hariho ibimenyamenya vyasuzumwe neza canke vyatanzwe n’abaganga vyemeza ko ivyo uwo mugabo avuga ari ivy’ukuri? Mbere naho vyoboneka ko umengo yarakize iyo ndwara, Bibiliya yoba yigisha ko Imana ari yo ituma ibintu vyose bisa n’ugukiza ku gitangaro biba?’

Birahambaye bimwe bidasanzwe kumenya inyishu y’ico kibazo ca nyuma. Yezu yagabishije abayoboke biwe ati: “Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma . . . Benshi bazombwira kuri wa musi ngo: ‘Mukama, Mukama, ntitwavuga ubuhanuzi mw’izina ryawe, tukirukana amadayimoni mw’izina ryawe, tugakora n’ibikorwa vyinshi vy’ububasha [ni ukuvuga ibitangaro] mw’izina ryawe?’ Maze nanje nzoca ndababwira icese nti: Sinigeze ndabamenya! Mva mu maso, mwa bakora ivy’ubugarariji mwe.”​—Matayo 7:15, 21-23.

Biragaragara ko ivyitwa ngo ni ugukiza ku gitangaro bishobora kuva ku rindi sôko atari Imana. Kugira ngo twirinde kubeshwa n’abantu bivugisha ngo bakora ibitangaro mw’izina ry’Imana, turakeneye kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana, gukoresha ubushobozi bwo kwiyumvira Imana yaduhaye be no kwiga ukuntu twomenya abariko bakora ivyo igomba abo ari bo.​—Matayo 7:16-19; Yohani 17:3; Abaroma 12:1, 2.

[Akajambo k’epfo]

a Bigaragara ko intumwa zimaze gupfa, ivyo guhanahana ingabirano vyahagaze, kandi ingabirano zo gukora ibitangaro zava ku mpwemu nyeranda na zo nyene zarahagaze igihe abari barazihawe bapfa.