Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwizera ni iki?

Ukwizera ni iki?

Ukwizera ni iki?

WEWE wovuga ko ukwizera ari iki? Hari abiyumvira ko ukwizera ari ugupfa kwemera ibintu vyose ata n’ukwiyumvira. Umwanditsi umwe akaba n’umumenyeshamakuru w’Umunyamerika akomeye yitwa H. L. Mencken, igihe kimwe yavuze yuko ukwizera ari “ugupfa kwemera yuko ikintu gisa n’ikitoshoboka gishobora gushika.”

Igitandukanye n’ivyo, Bibiliya ntivuga yuko ukwizera ari ugupfa kwemera ata n’ukwiyumvira canke ko ari ukwemera mu buryo butumvikana. Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ukwizera ni ukwitega ata mazinda ibintu vyizigiwe, iyerekanwa riboneka ry’ibintu biriho koko naho bitabonwa.”​—Abaheburayo 11:1.

Ubu ko dufise ivyo vyiyumviro bitandukanye ku vyerekeye ukwizera, nimuze turondere inyishu z’ibi bibazo bikurikira:

Insobanuro Bibiliya iha ijambo ukwizera itandukanye gute n’ivyo abantu benshi bavuga ku bijanye n’ukwizera?

Ni kubera iki bihambaye ko dutsimbataza ukwizera nka kumwe Bibiliya ivuga?

Ushobora gute gukomeza ukwizera kwawe?

Icete cemeza uburenganzira umuntu afise ku kintu kinaka be n’ikimenyamenya gikomeye

Igihe igitabu ca Bibiliya c’Abaheburayo candikwa, imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “ukwitega ata mazinda” yari isanzwe ikoreshwa. Akenshi yaraboneka mu mpapuro zerekeye ivy’urudandaza, ikaba yari itekeye iciyumviro c’uko umuntu afise icemeza c’uko azokwegukira ikintu muri kazoza. Ni co gituma, igitabu kimwe gitanga iciyumviro c’uko mu Baheburayo 11:1 hari gushobora guhindurwa gutya: “Ukwizera ni icete cemeza uburenganzira umuntu afise bwo kwegukira ibintu yari yizigiye.”

Hamwe woba warigeze kugurira ikintu mw’ishirahamwe ryubahitse, ukaba warakirindiriye kugira ukironswe, waragaragaje mwene ukwo kwizera. Urupapuro wari ufise warihiyeko amahera yo kukigura rwatumye ugira imvo y’ukwizera iryo shirahamwe wakiguriyemwo. Mu yindi mvugo, urwo rupapuro cari icete cemeza uburenganzira ufise kuri ico kintu, ni ukuvuga ikikwemeza yuko woronse ico kintu waguze. Nimba warabuze urwo rupapuro canke ukaba wararutaye, woba watakaje ikimenyamenya cerekana ko ico kintu ari icawe. Muri ubwo buryo nyene, abizera yuko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye, barafise icemeza c’uko bazoronka ivyo bizigiye. Ariko rero, abatagira ukwizera, canke abagutaye, nta burenganzira bafise bwo kuzoronka ivyo Imana isezerana.​—Yakobo 1:5-8.

Imvugo igira kabiri dusanga mu Baheburayo 11:1 ihindurwa ngo “iyerekanwa riboneka,” itekeye iciyumviro co gutanga ikimenyamenya kivuguruza igisa n’ico womenga ni ic’ukuri. Nk’akarorero, izuba risa n’irizunguruka isi mu guserukira mu Buseruko, rikagendagenda kw’ijuru maze rikarengera mu Burengero. Ariko rero, hariho ibimenyamenya biva ku cigwa cerekeye ivy’imibumbe be n’ic’ibiharuro vyerekana ko isi itari hagati na hagati mu mugwi w’imibumbe izunguruka izuba, na ryo nyene ririmwo. Umaze kumenyera ivyo bimenyamenya kandi ukavyemera ko ari vyo, uca wizera yuko isi izunguruka izuba naho amaso atari vyo akwereka. Ukwo kwizera kwawe si ugupfa kwemera ibintu ata n’ukwiyumvira. Ahubwo riho, kuratuma ugira ubushobozi bwo kubona ibintu nk’uko biri koko, atari ibisa n’ivyo womenga n’ivy’ukuri.

Ukwizera gukomeye guhambaye ukungana iki?

Ukwo ni kwo kwizera Bibiliya ituremesha kugira, ni ukuvuga ukwizera gukomeye gushingiye ku kimenyamenya gikomeye, naho nyene vyoba bisaba ko duhindura ivyo twemera. Ukwizera nk’ukwo kurahambaye. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko icika iyihemba abayironderana ubwira.”​—Abaheburayo 11:6.

Hari ibintu vyinshi vyohava bikubuza gutsimbataza ukwizera gukomeye. Ariko ukurikije ibi bintu bine bigiye kurimburwa mu mpapuro zikurikira, woshobora kugira ukwizera gukomeye.