Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?

Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?

Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?

Vyoba vyarigeze gushika ukumva uri inyakamwe kandi utagira gitabara, ukumva umenga nta muntu n’umwe atahura vy’ukuri ingorane zariko ziragushikira? Eka mbere naho boba bari bazizi, ushobora kuba wabona ko ata co vy’ukuri bibabwiye.

IGIHE dushikiwe n’ingorane, ubuzima bwacu burashobora guca busa n’igihuhusi kitazokwigera gihera. Rimwe na rimwe, twoshobora mbere gushika ku ciyumviro c’uko ivyo turiko turacamwo bibabaje cane kandi ari ivy’akarenganyo rwose ku buryo bitoba bigishoboka ko tuvyihanganira namba. Ivyo ni vyo bikunda gushika igihe dushikiwe n’umubabaro ukomeye wo mu mutima, intuntu, amasanganya atuma tuba goyigoyi, indwara zitaduha agahengwe canke ibindi bisa n’ivyo. Twoshobora kwumva tutagira gitabara namba kandi twihebuye cane ku buryo twibaza aho tworonderera uguhumurizwa. Hoba hari umuntu n’umwe vy’ukuri akwitaho?

“Imana y’uruhoza rwose” irakwitaho

Imana idondorwa muri Bibiliya ko ari “Se w’imbabazi zuzuye ikibabarwe ikaba n’Imana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3) Imana, iyitwa Yehova, irazi ko dukeneye guhozwa. Bibiliya irakoresha ijambo “uruhoza” mu buryo butandukanye incuro zirenga ijana, ikaba idusubiriza umutima mu nda yuko Imana idatahura gusa ibidushikira, ariko kandi ko yipfuza kuduhoza. Ukumenya ivyo biratujijura yuko mbere n’igihe abandi baba basa n’aho batabona, badatahura canke ngo biteho ingorane tuba turimwo, Yehova we abigira.

Ukuba Yehova yitaho abantu umwumwe ku giti ciwe biragaragarira neza mu Vyanditswe. Bibiliya ivuga iti: “Inyonga z’Uhoraho zir’ahantu hose, zītegereza ababi n’abeza.” (Imigani 15:3) Muri ubwo buryo nyene, muri Yobu 34:21 dusoma duti: “Inyonga zayo ziri ku nzira z’umuntu, kandi yitegereza urugendo rwiwe rwose.” Yehova arabona ivyo dukora, vyaba bibi canke vyiza, kandi aratahura neza uko ivyacu vyifashe, ku buryo ashobora kugira ico akoze mu buryo butandukanye abona ko bubereye. Ivyo biremezwa n’amajambo Hanani kamenyi, canke umuhanuzi, yabwiye Umwami Asa w’Ubuyuda, ati: “Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.”​—2 Ngoma 16:7, 9.

Yehova aguma adushinze ijisho ku bw’iyindi mvo. Yezu asigura ati: “Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.” (Yohani 6:44) Yehova aritaho umuntu bihagije ku buryo asuzuma umutima wiwe kugira ngo arabe niba wipfuza kumumenya neza. Igihe ari ukwo bimeze, arashobora kugira ico akoze mu buryo vy’ukuri bw’akumiza. Nk’akarorero, muri République Dominicaine, hari umukenyezi yari mu bitaro kugira ngo abagwe kubera yari arwaye kanseri. Yaratakambiye Imana ngo imufashe gutora idini ry’ukuri. Ico gihe nyene, umunega wiwe yaramuzaniye agatabu gafise umutwe uvuga ngo Ni Ibiki Imana Idusaba? a, akaba yari yakaronse muri ico gitondo nyene agahawe n’Icabona ca Yehova yari yamugendeye i muhira. Uwo mukenyezi yarasomye ako gatabu maze aca aratahura yuko Imana yari yishuye rya sengesho yatura. Yaremeye kwigishwa Bibiliya n’Icabona, kandi mu mezi adashika atandatu yareguriye Imana ubuzima bwiwe maze arabatizwa.

Mu gitabu co muri Bibiliya ca Zaburi, turahasanga imvugo nyinshi zeza umutima zakoreshejwe n’abanditsi ba Zaburi ba kera b’Abaheburayo, nk’Umwami Dawidi, zidondora ukuntu Yehova yitaho abasavyi biwe abigiranye urukundo. Muri Zaburi 56:8, tubona Umwami Dawidi atakambira Imana ati: “Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe; mbega ntiyanditswe mu gitabo cawe?” Nk’uko biboneka muri iyo mvugo ngereranyo, Dawidi yari azi ko Yehova atatahura gusa ukuntu yacumukura, ariko kandi ko yatahura ukuntu vyagira ico bikoze ku nyiyumvo ziwe. Yehova yari azi neza umubabaro Dawidi yarimwo kandi yaribuka ibintu yaciyemwo bibabaje bigatuma akorora amosozi. Vy’ukuri, Umuremyi wacu aritegereza abo bose bita ku rutare kugira ngo bakore ivyo agomba, ni ukuvuga “abafise imitima imutunganiye.”

Ahandi hantu muri Bibiliya hadondora ukuntu Imana yitaho abantu ibigiranye urukundo ni muri Zaburi imenyerewe ya 23. Amajambo ya mbere dusanga muri yo asanisha Yehova n’umwungere munyarukundo, akaba agira ati: “Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.” Umwungere wo mu karere k’ibihugu vy’Abarabu aritaho imwimwe mu ntama ziwe, mbere akayiha izina. Ku musi ku musi arahamagara intama imwimwe ngo ize kuri we, akayagaza abigiranye urukundo akongera akaraba ko hari aho yakomeretse. Asanze hari aho yakomeretse, arahasiga amavuta kugira ngo ico gikomere gishobore gukira. Igihe intama irwaye, uwo mwungere yoshobora kuyiramiza umuti kandi akayiyegeka kugira ntiryame ngo ihave ipfa. Nta gukeka ko iyo ari imvugo ngereranyo nziza yerekana ukuntu Yehova yitaho abaza kuri we.

Isengesho be n’izuka, ni ibimenyamenya vy’uko Imana itwitaho

Ayo Mazaburi ashimishije hamwe n’ayandi, ntiyanditswe muri Bibiliya kugira gusa tuyasome maze twiryoherererwe. Aratwereka ukuntu abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera basukiye Yehova ivyari mu mitima yabo kugira ngo baserure ukuntu bari bakeneye gufashwa n’Imana bongere baserure ingene bakenguruka ubuyobozi be n’imihezagiro yabaronkeje. Amajambo bavuze arerekana neza ko abo basavyi b’Imana ba kera bizera bashikamye ko Imana yabitaho. Gusoma no kuzirikana kuri ayo majambo bavuze babikuye ku mutima birashobora kudufasha kwumva tumerewe nka bo ku bijanye n’Imana. Indinganizo y’isengesho ni ikimenyamenya gikomeye c’uko Imana itwitaho.

Ariko rero rimwe na rimwe, turarengerwa cane n’ingorane ku buryo tutamenya n’ingene twosenga ku bijanye na yo. None ivyo vyoba bibuza Yehova kumenya umubabaro dufise? Mu Baroma 8:26 hishura hati: “N’impwemu . . . irahaseruka ngo ifashe mu bugoyagoye bwacu; kuko ingorane ari uko ico dukwiye gusaba Imana igihe tubikeneye tutakizi, mugabo impwemu ubwayo iratakamba ku bwacu mu miniho itavuzwe.” Ico canditswe kitubwira yuko amasengesho yahumetswe abasavyi b’Imana ba kera batuye yoshobora guserura ukwo twiyumva, gutyo rero Yehova, ‘Uwumva ivyo asabwa,’ agaca ayumviriza.​—Zaburi 65:2.

Icizigiro c’izuka ni ikindi kimenyamenya gikura amazinda c’uko Imana yitwararika umuntu umwumwe ukwiwe. Yezu Kristu yavuze ati: “Isaha iriko iragera aho abari mu mva [“z’icibutso,” akajambo k’epfo] bose bazokwumva ijwi ryiwe [rya Yezu] bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ng’aho rihindurwa mu buryo bwiza ngo “imva z’icibutso” atari gusa ngo “imva.” Riserura iciyumviro c’uko Imana yibuka ibintu vyaranze ubuzima bw’umuntu yapfuye.

Nuzirikane gatoya: kugira ngo Imana isubize umuntu ubuzima, ibwirizwa kuba izi akantu kose kamwerekeye, ushizemwo ukuntu yasa, kamere ndemanwa ziwe n’izo yagiye aratsimbataza be n’ivyari mu bwenge bwiwe vyose! (Mariko 10:27) Ivyo Imana iba yibuka ku bijanye n’uwo muntu ntivyigera bizimangana mbere naho hoca imyaka ibihumbi n’ibihumbi. (Yobu 14:13-15; Luka 20:38) Gutyo rero, Yehova Imana aribuka utuntu twose tw’ido n’ido twerekeye abantu amamiliyaridi bapfuye, ico kikaba ari ikimenyamenya kijijura c’uko Imana itwitaho umwumwe wese ukwiwe!

Yehova ni Umutanzi w’impera

None ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo Imana itwitwararike yongere itwiteho ibigiranye urukundo? Ubwa mbere na mbere, dutegerezwa kwerekana ko tuyizigira tukongera tukayigamburukira, tukerekana ko tuyizera. Intumwa Paulo arerekana isano riri hagati yo kugira ukwizera no kwungukira ku kuba Imana yitaho abantu. Yanditse ati: “Ata kwizera ntibishoboka kuyihimbara rwose, kuko uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko icika iyihemba abayironderana ubwira.”​—Abaheburayo 11:6.

Urabona yuko ukwizera guhimbara Imana kuri mu mice ibiri. Ubwa mbere, dutegerezwa “kwemera yuko iriho,” ni ukuvuga ko dutegerezwa kwizera yuko Imana ibaho be n’uko ari yo Mutegetsi wacu Ruheta, abereye ko tumugamburukira tukongera tukamusenga. Ubwa kabiri, dutegerezwa kwemera ko ari “iyihemba abayironderana ubwira.” Ukwizera nyakuri kurimwo ukwemera yuko Imana yitwararika ineza y’abantu bose baronderana ubwira gukora ivyo igomba be n’uko ibahemba. Wize Ijambo ry’Imana ukongera ukifatanya n’abayubaha, na wewe nyene urashobora kugira ukwizera kuzotuma Imana iguhemba ikongera ikakwitaho ibigiranye urukundo.

Abantu benshi muri kino gihe bemera yuko Imana ititwararika ibijanye n’ibibazo vy’abantu. Ariko nk’uko twabibonye, Bibiliya irerekana neza ko Imana yitaho cane abantu bagaragaza ko bayizera vy’ukuri. Naho ubuzima bwo muri kino gihe bwuzuyemwo ibintu bitera intuntu, bihagarika umutima, bivuna umutima kandi bibabaza, ntidukwiye kwihebura. Yehova Imana aratwitaho. Nkako, aradutera akamo abigiranye urukundo ngo abe ari we turondererako ugushigikirwa. Umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.”​—Zaburi 55:22.

[Akajambo k’epfo]

a Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 29]

Ivyanditswe vyogukomereza ukwizera ufise ku vy’uko Imana ikwitaho ibigiranye urukundo

“Inyonga z’Uhoraho zinyuranganya mw isi yose hirya no hino, kugira ngo yerekane ububasha bgiwe bgo gutabara abafise imitima imutunganiye.”​—2 NGOMA 16:9

“Ushire amosozi yanje mw icupa ryawe; mbega ntiyanditswe mu gitabo cawe?”​—ZABURI 56:8

“Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.”​—ZABURI 23:1

“Wewe wumva ivyo usabga, abafise umubiri bose bazoza kuri wewe.”​—ZABURI 65:2

“Wompamagaye nkakwitaba; wobaye wifuza igikorwa c’amaboko yawe.”​—YOBU 14:15

“Uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko icika iyihemba abayironderana ubwira.”​—ABAHEBURAYO 11:6

“Ukorere Uhoraho umutwaro wawe, na we azokuramira: ntazokwigera akundira umugororotsi kunyiganyizwa.”​—ZABURI 55:22