Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umugabo yari yizeye imihango y’Imana

Umugabo yari yizeye imihango y’Imana

Ku bw’urwaruka rwacu

Umugabo yari yizeye imihango y’Imana

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA ITANGURIRO 12:1-4; 18:1-15; 21:1-5; 22:15-18.

Dondora ukuntu Aburahamu ashobora kuba yarumvise amerewe igihe yumva umuhango w’Imana w’uko yobaye sekuruza w’“uruvyaro” rwozaniye ivyiza isi yose.

_______

Wibaza ko abo bashitsi batatu bavugwa mw’​Itanguriro 18:2 bari bameze gute?

_______

Wibaza ko ibikorwa bivugwa mw’​Itanguriro 18:6-8 vyari bimeze gute? (Nugumize mu muzirikanyi ko ico gihe Aburahamu yariko yegereza imyaka 100 y’amavuka.)

_______

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Haciye igihe kingana gute hagati y’aho Yehova yasezeraniye umuhungu Aburahamu be n’igihe Izahaki yavukiye? (Subira usome Itanguriro 12:4 na 21:5.)

_______

Ni ibintu bikura amazinda ibihe Yehova yagiye arabwira Aburahamu mu kiringo yari arindiriye ko imihango yamuhaye iranguka? (Soma Itanguriro 12:7; 13:14-17; 15:1-5, 12-21; 17:1, 2, 7, 8, 15, 16.)

_______

Ni igiki Yehova yagiriye Aburahamu igihe Aburahamu yagaragaza ko ku rugero runaka afise amakenga ku bijanye no kuronka umwana? (Subira usome Itanguriro 15:3-5, 12-21.)

_______

Ni gute Yehova yagiye buhorobuhoro arahishura ido n’ido ryerekeye rwa “ruvyaro”?

_______

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Igituma bikenewe ko twizera imihango y’Imana.

_______

Ukuntu Yehova ahishura umugambi wiwe intambwe ku yindi.

_______

NI UMUCE UWUHE W’IYI NKURU UHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______