Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushobora kuronka amahoro muri iyi si idurumbanye?

Woba ushobora kuronka amahoro muri iyi si idurumbanye?

Woba ushobora kuronka amahoro muri iyi si idurumbanye?

WOBA ufise amahoro mu buzima? Kuri benshi, inyishu itomoye ni oya. Usanga baba mu turere twatabagajwe n’intambara, imidurumbanyo y’ivya politike, ubukazi bushingiye ku moko, canke iterabwoba. No mu gihe woba udashikirwa n’ivyo bintu, woshobora gusanga amahoro ufise ahungabanijwe n’ubugizi bwa nabi, uguturubikwa be n’ukuza urashwana n’abo mukorana canke ababanyi. Akenshi mu miryango usanga na ho nyene ata mahoro aharangwa uretse imiryano.

Abantu benshi baripfuza cane kuronka amahoro yo mu mutima. Usanga boshobora kuyaronderera mw’idini, mu gukurikirana ivyigwa bijanye no kuzirikana, canke mu kuja mu migwi y’abagira bimwe bita yoga. Abandi bibaza ko boronkera amahoro mu bidukikije, nko gufata ingendo zo kwiruhura, gutembera mu misozi be no mu turere usanga turi ukwa twonyene, canke kugendera ibibanza birimwo amazi y’amashuha. Mbere n’igihe abarondera amahoro yo mu mutima bitwa ngo barayaronse, ntibateba kubona ko ayo mahoro adashemeye kandi amara umwanya urume rumara.

None wokura hehe amahoro nyakuri? Isôko ry’amahoro ni Umuremyi wacu Yehova Imana. Uti kubera iki? Ni we ya “Mana itanga amahoro.” (Abaroma 15:33) Mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami bwiwe bwimirije kuza, “hazosēndēra amahoro.” (Zaburi 72:7; Matayo 6:9, 10) Ayo mahoro rero ararengeye kure n’iyo ayazanwa n’amasezerano y’amahoro adafashe abantu bashirako umukono. Mwene ayo masezerano akenshi atuma amatati ahagarara akanya gatoyi gusa. Yamara amahoro Imana izotanga azokuraho buhere ibintu vyose bituma habaho indwano n’amatati. Nkako, ntawuzokwigera asubira kwiga kurwana. (Zaburi 46:8, 9) Amahoro nyakuri kuri bose azoba aza yashika!

Ariko rero naho ico cizigiro giteye igomwe, woshobora kuba wipfuza cane kuronka amahoro ku rugero runaka muri iki gihe. Hoba hariho uburyo bwo kuronka amahoro yo mu mutima ashobora kugufasha muri ibi bihe bidurumbanye turimwo? Birashimishije kubona Bibiliya itwereka ubwo buryo. Rimbura ubuyobozi bumwebumwe buri mu kigabane ca 4 c’ikete intumwa Paulo yandikiye Abafilipi. Turakwinginze usome umurongo wa 4 gushika ku wa 13 muri Bibiliya yawe.

“Amahoro y’Imana”

Ku murongo wa 7, dusoma duti: “Amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” Ayo mahoro ntaza biciye gusa ku kuzirikana canke ku gutsimbataza kamere kanaka. Ahubwo ava ku Mana. Ayo mahoro arakomeye cane ku buryo “arengeye ukwiyumvira kwose.” Nta gukeka ko arengeye imyitwarariko yacu yose, ubumenyi bwacu bwose be n’ivyiyumviro vyacu vyose. Twoshobora kubona ko katubanye tudashobora kuva mu ngorane turimwo, ariko amahoro y’Imana arashobora kutwuzuza icizigiro gifise ishingiro ryumvikana c’uko umusi uri izina ibituraje ishinga vyose bizohera.

Uti ubwo ivyo birashoboka? Ku bantu ntibishoboka; mugabo “vyose bi[ra]shoboka ku Mana.” (Mariko 10:27) Ukwizera Imana be n’ukuyizigira biradufasha gucungera imyitwarariko yacu. Fata nk’akarorero umwana akiri muto atakaye mu kaguriro kanini. Aba azi neza ko ata kindi akwiye gukora atari gutora aho nyina ari, maze vyose bigaca bisubira kugenda neza. Nk’uko nyene bigenda igihe uwo mwana atowe, turashobora kwizigira ko Imana izoca iduterura, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. Izoduhumuriza maze amaherezo idukuremwo imyitwarariko yacu yose.

Abantu benshi basenga Yehova barironkeye amahoro y’Imana mu gihe c’ibigeragezo bikomeye kuruta ibindi vyose. Nk’akarorero, rimbura ivyashikiye uwitwa Nadine, uno akaba yabuze uruyoya rwiwe rutaravuka. Yigana ati: “Birangora kuvuga ingene numva merewe, kandi nama nantaryo ngerageza kwiyumanganya. Yamara muri jewe, narumva ko nacitse intege. Hafi imisi yose, naracuncuburira Yehova ibiri ku mutima wanje mw’isengesho nkamutakambira ngo amfashe. Nariboneye ububasha bw’isengesho, kubera yuko igihe cose naba numva vyanse maze nkibwira nti: ‘Singishoboye kwihangana,’ naca numva ngize uguturura n’amahoro vyo mu mutima. Naca numva ntekaniwe.”

Ugukingirwa kw’umutima wawe n’ivyiyumviro vyawe

Reka dusubire twihweze Abafilipi 4:7. Havuga yuko amahoro y’Imana azorinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira. Nka kurya nyene umusirikare arinda ikirindiro akorerako, amahoro y’Imana ararinda umutima wacu kugira ngo ivyipfuzo vy’amaronko, imyitwarariko idakenewe be n’inyigisho zitava ku Mana, ntibiwinjiremwo. Rimbura akarorero.

Abantu benshi muri iyi si idurumbanye bibaza yuko kugira ngo bagire agahimbare kandi batekanirwe, bakeneye amatungo menshi. Bisunze impanuro bahabwa n’abahinga, boshobora gufata amwamwe mu mahera baziganije bakayashira mu mitahe izobazanira inyungu. Ubwo none vy’ukuri boba baca bumva bafise amahoro? Si ko vyama biri. Boshobora imisi yose kuguma basuzuma ya mitahe yabo bahagaritse umutima, bibaza nimba boyigurisha, niba bogura iyindi canke boyigumana. Bishitse iyo mitahe igahomba, boshobora guta umutwe. Nta gukeka ko Bibiliya itiyamiriza ivyo kugira imigambi yinjiza amahera, ariko rero iratanga iciyumviro kiranga ubukerebutsi kigira giti: “Inkunzi y’amahera ntizohāzwa n’amahera; bo n’ūkunda ibitayega ntazohāzwa n’inyungu: ivyo na vyo nyene n’ubusa. Agatiro k’umunyabikorwa kararyoha, n’iy’ariye bike canke vyinshi: ariko gufunereza kw’umutunzi kumubuza gusinzira.”​—Umusiguzi 5:10, 12.

Mu Bafilipi 4:7 haca hasozera havuga yuko amahoro y’Imana arinda imitima yacu n’ububasha bwacu bwo kwiyumvira “biciye kuri Kristu Yezu.” Ni isano irihe riri hagati ya Kristu Yezu be n’amahoro y’Imana? Yezu ararangura uruhara nyamukuru mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Yezu yaratanze ubuzima bwiwe kugira ngo dushobore gukizwa icaha n’urupfu. (Yohani 3:16) Vyongeye, ni Umwami yimitswe w’Ubwami bw’Imana. Kumenya uruhara Yezu arangura birashobora guterera ikintu kinini kugira ngo turonke amahoro mu bwenge no mu mutima. Uti gute?

Iyo twigaye ata buryarya tukongera tugasaba kubabarirwa ibicumuro vyacu twishimikije inkuka ya Yezu, Imana iratubabarira, ivyo bikaba bigira ico biterereye kugira ngo turonke amahoro yo mu bwenge no mu mutima. (Ibikorwa 3:19) Igihe dutahuye ko tudashobora guhimbarirwa ubuzima bimwe vyuzuye kugeza Ubwami bwa Kristu bushitse, duca twirinda kubaho turondera kuryimara nk’aho umenga vyose biherana n’ubu buzima. (1 Timoteyo 6:19) Ego ni ko ntidukingirwa ingorane zose, ariko turashobora guhumurizwa n’icizigiro ntakekeranywa c’uko ubuzima bwiza kuruta ubundi bwose ari ubwimirije.

Ukuntu ushobora kuronka amahoro y’Imana

None ushobora gute kuronka amahoro y’Imana? Turaronka ivyiyumviro bimwebimwe mu Bafilipi 4:4, 5, aho dusoma duti: “Mwame nantaryo munezerwa mu Mukama. Ndongeye kubivuga: Nimunezerwe! Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose. Umukama ari hafi.” Igihe Paulo yandika ayo majambo, yari apfungiwe i Roma ku karenganyo. (Abafilipi 1:13) Aho kwidoga kubera ukuntu yariko ararenganywa, yaremesheje abo basangiye ukwizera ngo bame banezerewe mu Mukama. Biragaragara ko umunezero wiwe utava ku kuntu ivyiwe vyaba vyifashe, ariko wava ku bucuti yari afitaniye n’Imana. Na twebwe nyene turakeneye kwiga kunezerererwa ugusukurira Imana uko ivyacu vyoba vyifashe kwose. Uko turushiriza kumenya Yehova tukongera tukarushiriza gukora bimwe vyuzuye igomba ryiwe, ni ko tuzorushiriza kunezerererwa ukumusukurira. Ivyo rero bizoheza bitume dushira akanyota vyongere bitume turonka amahoro yo mu mutima.

Ikindi kandi, turaremeshwa gukora ibitegereka. Nitwatsimbataza ugukora ibitegereka, ntituzokwitega ko twokora ibirengeye ivyo dushoboye. Turazi yuko turi abanyagasembwa; ntidushobora kuba abatagira agahonzi muri vyose. None ni kubera iki tworara tudasinziriye twibaza ukuntu twoshobora kuba abatagira agasembwa, canke ngo n’imiburiburi tube beza kuruta abandi bose? Vyongeye, ntidukwiye kwitega ko abandi baba abatagira agasembwa. Ku bw’ivyo, turashobora kuguma dutekanye igihe abandi badushayeko. Amajambo y’intango y’ikigiriki yahinduwe ngo “ukugira ibitegereka” ashobora kandi guhindurwa ngo “ukwiyorosha.” Igihe twiyorosha mu bintu bijanye n’ivyo twebwe ubwacu twikundira, turirinda amatati, ano akenshi akaba ata ciza atuzanira uretse ko ashobora kumara igihe yatunyaze amahoro dufitaniye n’abandi hamwe n’amahoro yacu yo mu mutima.

Iciyumviro gikurikira dusanga mu Bafilipi 4:5 ngo “Umukama ari hafi,” coshobora gusa n’ikitajanye n’ivyo twariko turavuga. Vuba, Imana igiye gusubiriza ivy’iyi si ishaje, ishireho isi nshasha itwarwa n’Ubwami bwayo. Ariko rero no muri iki gihe, Imana irashobora kuba hafi y’uwo ari we wese ayiyegereza. (Ibikorwa 17:27; Yakobo 4:8) Ukuba tuzi ko iri hafi yacu biradufasha kunezerwa, gukora ibitegereka no kutiganyira ku bijanye n’ingorane za kino gihe canke ibijanye na kazoza, nk’uko umurongo wa 6 ubishira ahabona.

Igihe twihweje umurongo wa 6 n’uwa 7, turatahura yuko isengesho rica ubwo nyene rituma turonka amahoro y’Imana. Hariho ababona isengesho nk’uburyo gusa bwo kuzirikana, bakibaza ko ubwoko ubwo ari bwo bwose bw’isengesho bushobora gutuma barushiriza gutekanirwa mu mutima. Ariko rero, Bibiliya iravuga ibijanye n’ukuyaga vy’ukuri na Yehova, ikiyago ca somambike nka kurya nyene umwana aganirira umuvyeyi w’umunyarukundo ibimunezereza be n’ibimuhagaritse umutima. Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko dushobora kwitura Imana “muri vyose.” Ibiri mu bwenge bwacu ivyo ari vyo vyose canke ibiri i bwina mu mitima yacu ivyo ari vyo vyose turashobora kubitura Dawe wa twese ari mw’ijuru.

Umurongo wa 8 uraturemesha kwibanda ku vyiyumviro vyiza. Mugabo rero, ntibihagije kwiyumvira gusa ibintu vyiza. Nk’uko umurongo wa 9 ubisigura, dutegerezwa kandi gushira mu ngiro impanuro nziza zo muri Bibiliya. Ukubigenza gutyo bizotuma twironkera ijwi ryo mu mutima ryiza. Mbega ukuntu umwibutsa umwe w’ikidagi uvuga ukuri, uno ukaba uvuga yuko Ijwi ryo mu mutima ryiza ari umusego woroshe!

Ego cane, urashobora kuronka amahoro yo mu mutima. Ayo mahoro ava kuri Yehova Imana, uno akaba ayaha abamwiyegereza kandi bipfuza gukurikiza ubuyobozi bwiwe. Wihweje Ijambo ryiwe Bibiliya, urashobora gutahura ivyiyumviro vyiwe. Gushira mu ngiro ubuyobozi atanga ntivyama vyoroshe. Mugabo utwigoro twose ugira si impfagusa kubera yuko “ya Mana y’amahoro . . . izobana na[we].”​—Abafilipi 4:9.

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 10]

“Amahoro y’Imana . . . azorinda imitima yanyu.”​—ABAFILIPI 4:7

[Iciyumviro ku rup. 12]

Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko dushobora kwitura Imana “muri vyose”