Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Adamu na Eva boba ari abantu babayeho koko?

Adamu na Eva boba ari abantu babayeho koko?

Adamu na Eva boba ari abantu babayeho koko?

ABANTU benshi babona yuko ibivugwa mw’⁠Itanguriro ku bijanye na Adamu na Eva ari inkuru iryoheye amatwi gusa. Ikete rimwe ryandikiwe umwanditsi w’ikinyamakuru Time rigira riti: “Abantu bo mu madini akomakomeye y’abiyita abakirisu baramaze igihe babona ko inkuru zo mw’⁠Itanguriro nk’iya Adamu na Eva zoba ari ibigereranyo.” Incabwenge nyinshi z’abagatolika, iz’abaporotisanti be n’iz’Abayuda ziremera ico kintu. Bavuga yuko vyinshi mu bintu bivugwa mw’⁠Itanguriro bidahuza na gato n’ivyabayeho koko muri kahise canke ibijanye na siyansi.

Wewe uvyibazako iki? Woba wemera ko Adamu na Eva ari abantu babayeho koko? Hoba hari ikimenyamenya na kimwe cerekana ko babayeho koko? Ku rundi ruhande, kuvuga ko inkuru yo mw’⁠Itanguriro ari ibitito gusa bishobora kuba bigaragaza iki?

Inkuru yo mw’⁠Itanguriro yoba ihuza na siyansi?

Ubwa mbere, nimuze turimbure ibintu nyamukuru dusanga mu nkuru ivuga ibijanye n’ingene umuntu wa mbere yaremwe. Ku bijanye na Adamu, Bibiliya ivuga iti: “Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.” (Itanguriro 2:7) None ayo majambo yoba ahuza na siyansi?

Igitabu kimwe (Nanomédecine) kivuga yuko umubiri w’umuntu ugizwe n’ibintu 41 dusanga mu bidukikije. Ivyo bintu nyamukuru, ni ukuvuga ivyo bita karubone, icunyunyu bita fer, ogisijeni n’ibindi, vyose turabisanga mu “mukungugu” wo kw’isi. Ku bw’ivyo, nk’uko mw’⁠Itanguriro habivuga, abantu vy’ukuri baremwe bakuwe “mu mukungugu wo hasi.”

Ni gute none ivyo bintu bitagira ubuzima vyagiye hamwe kugira ngo bivemwo umuntu muzima? Kugira ngo tubone ingene ico kintu gisiga ubwenge, rimbura ivyerekeye ikigendajuru gikoreshwa n’urwego NASA, kino kikaba ari imwe mu mashini zihanitse kuruta izindi zose zimaze gukorwa. Iyo mashini itangaje yakoranywe ubuhinga igizwe n’ibihimba umuyoro bishika ku 2.500.000. Vyatwaye imyaka n’iyindi kugira ngo imigwi itandukanye y’abahinga ihingure iyo mashini yongere iyiterateranye. Ubu na ho, rimbura ibijanye n’umubiri w’umuntu. Ugizwe n’uduhimba dutoduto twitwa atome dushika ku miliyaridi ibihumbi indwi kugwiza imiliyaridi umuliyoni (ni ukuvuga igiharuro 7 gikurikiwe n’amazero 27), utugingo ngengabuzima imiliyaridi ibihumbi ijana (ni ukuvuga igiharuro 1 gikurikiwe n’amazero 14), ukagira ibihimba vyinshi cane, be n’imiburiburi uburyo nyamukuru 9 ivyo bihimba bigenda bikorera hamwe. None vyagenze gute ngo uwo mubiri twokwita imashini ihanitse bimwe bisiga ubwenge kandi uteye igomwe ubeho? Woba wabayeho ku gihamana canke hakoreshejwe ubwenge mu kuwushiraho?

Vyongeye, ni igiki gituma abantu babaho? Ubuzima bukomoka hehe? Abanyasiyansi bariyemerera yuko ata vyo bazi. Nkako, ntibashobora mbere no guhuza ku bijanye n’insobanuro y’ijambo ‘ubuzima.’ Ku bemera iciyumviro c’uko hariho Umuremyi, iciyumviro baca bashikako kiratomoye. Birumvikana ko Imana ari yo sôko ry’ubuzima. a

Tuvuge iki ku bivugwa mw’⁠Itanguriro yuko Eva yakuwe mu rubavu rwa Adamu? (Itanguriro 2:21-23) Imbere yo kwiyamiriza iyo nkuru ngo ni igitito canke ugushikuza, banza urimbure ibi bintu bikurikira: Muri Nzero 2008, abanyasiyansi bo muri Kaliforoniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, barahinguye umusoro wa mbere ukuze w’umuntu bakoresheje utugingo ngengabuzima tw’urukoba rw’umuntu akuze. Nkako, abanyasiyansi bakoresheje ubuhinga busa n’ubwo, baramaze guhingura n’imiburiburi ibikoko 20. Ikimenyerewe gusumba ibindi vyose muri ivyo, ni intama yitwa Dolly yahinguwe mu 1996 hakoreshejwe akagingo ngengabuzima k’intama ikuze gafasha mu guhingura amata. b

Ntituzi ico mwene ubwo buhinga buzohava buvamwo. Ariko rero, iciyumviro nyamukuru tuhakura ni iki: Nimba abantu bashobora gukoresha ibintu bakuye mu kinyabuzima kimwe kugira ngo bahingure ikindi gisa na co, none Umuremyi ashoboye vyose ni we atari gushobora kurema umuntu amukuye mu bintu bigize uwundi muntu? Biri n’ico bivuze kubona abaganga babaga bamenyereye ivyo gukoresha igufa ryo mu rubavu mu bijanye no kubaga abantu kugira ngo babanagure kubera yuko rifise ubushobozi bwo gusubira gukura no kwisubiriza.

Ibimenyamenya Bibiliya ubwayo itanga

Abantu bamwebamwe baratangazwa no kumenya ko Adamu na Eva bagenda bavugwa akatari gake muri Bibiliya. None ivyo bisomwa bitanga umuco uwuhe ku bijanye n’uko inkuru ivugwa mw’⁠Itanguriro ari iy’ukuri?

Rimbura nk’akarorero za ntonde zivuga ibijanye na ba sekuruza b’Abayuda, dusanga mu gitabu ca Bibiliya ca 1 Ngoma ikigabane ca 1 gushika ku ca 9, be no mu Njili ya Luka ikigabane ca 3. Muri izo nkuru zivuga bimwe biboneka ido n’ido ry’ibijanye n’amamuko y’abantu, muri 1 Ngoma dusangamwo amayaruka 48, muri Luka tugasangamwo amayaruka 75. Luka arerekana amamuko ya Yezu Kristu, mu Ngoma na ho hakavuga ivyerekeye imiryango abami hamwe n’abaherezi bakomokamwo mw’ihanga rya Isirayeli. Izo ntonde zose zirimwo amazina y’abantu bazwi cane nka Salomo, Dawidi, Yakobo, Izahaki, Aburahamu, Nowa, maze mu nyuma zigashika no kuri Adamu. Amazina yose ari muri izo ntonde zibiri yerekeza ku bantu babayeho koko, Adamu na we akaba ari we yabaye we muntu yatanguye kubaho koko avugwa muri rumwerumwe muri izo ntonde.

Ikindi kandi, Bibiliya irerekana incuro n’izindi ko Adamu na Eva ari abantu baremwe babayeho koko, ko atari abantu bavugwa mu bitito. Raba uburorero bumwebumwe:

• “[Imana] yakoze amahanga yose y’abantu iyakuye mu muntu umwe.”​—IBIKORWA 17:26.

• “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruza] biciye ku gicumuro, gutyo . . . urupfu rwaraganje nk’umwami kuva kuri Adamu gushika kuri Musa.”​—ABAROMA 5:12, 14.

• “Umuntu wa mbere Adamu yacitse umuntu muzima.”​—1 ABAKORINTO 15:45.

• “Adamu [ni] we yabanje kuremwa, hanyuma Eva.”​—1 TIMOTEYO 2:13.

• “Henoki umwe agira indwi guhera kuri Adamu, na we nyene yaravuze ubuhanuzi ku [vyerekeye abantu babi].”​—YUDA 14.

N’igihambaye kuruta ni uko Yezu Kristu, we cabona co kwizigirwa kuruta abandi bose bavugwa muri Bibiliya, yiyemereye icese ko Adamu na Eva babayeho koko. Igihe babaza Yezu bamugeza ku bijanye n’ukwahukana, yishuye ati: “Kuva mu ntango y’irema, ‘[Imana] yabagize umugabo n’umugore. Ni co gituma umugabo azosiga se na nyina, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe’ . . . Ku bw’ivyo rero, ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe umuntu ntakagitanye.” (Mariko 10:6-9) Ubwo none Yezu yoba yari gukoresha ikintu kitabayeho kugira ngo atange ikintu c’indorerwako cemewe n’amategeko? Oya nawe! Yezu yasubiyemwo ibivugwa mw’⁠Itanguriro bwa kintu cabayeho koko.

Igihe inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The New Bible Dictionary) ivuga muri make ico kimenyamenya co mu Vyanditswe, isozera igira iti: “Isezerano Rishasha riremeza ivy’uko inkuru ivugwa mu bigabane vya mbere vy’igitabu c’Itanguriro ari ivyabayeho koko.”

Ico kutemera ko Adamu na Eva babayeho koko bikwega

Abantu benshi b’inziraburyarya bo mu madini bibaza yuko kwemera ivyerekeye Adamu na Eva bidakenewe cane kugira ngo umuntu abe umukirisu nyawe. Ivyo utabiravye neza womenga ni ukuri. Ariko rero, nimuze twisunge ubu buryo bwo kuzirikana maze turabe aho ivyo bishobora kudushikana.

Rimbura nk’akarorero inyigisho yo muri Bibiliya abantu bo mu madini nka bose babona ko ihambaye, iyo na yo ikaba yerekeye incungu. Nk’uko iyo nyigisho ivyerekana, Yezu Kristu yaratanze ubuzima bwiwe bw’umuntu atunganye ngo bube incungu yo gukiza abantu ibicumuro vyabo. (Matayo 20:28; Yohani 3:16) Nk’uko tubizi, incungu ni indishi ifise agaciro gakwiranye n’ak’ikintu catakaye canke cazimiye itangwa kugira ngo igicungure canke ikirihe. Ni co gituma Bibiliya avuga ko Yezu ari “incungu ikwiranye.” (1 Timoteyo 2:6) Ariko rero, twobaza duti: ‘Ikwiranye ni iki?’ Bibiliya yishura iti: “Nk’uko muri Adamu bose bapfa, ni ko no muri Kristu bose bazogirwa bazima.” (1 Abakorinto 15:22) Ubuzima butunganye Yezu yatanze kugira ngo acungure abantu bagamburuka bukwiranye n’ubuzima butunganye Adamu yatakaje bivuye kuri ca gicumuro ca mbere co muri Edeni. (Abaroma 5:12) Biratomoye ko iyo Adamu yari kuba atabayeho, inkuka y’incungu ya Kristu yobaye ata co ivuze namba.

Guhakana canke kudafatana uburemere inkuru yo mw’⁠Itanguriro yerekeye Adamu na Eva bitesha agaciro hafi inyigisho zose nyamukuru zo muri Bibiliya! c Kwiyumvira muri mwene ubwo buryo bituma abantu bagira ibibazo vyinshi bitagira inyishu be n’ukwizera ata kintu na kimwe gushingiyeko.​—Abaheburayo 11:1.

Ubuzima bwoba bufise intumbero?

Ubwa nyuma, duca dushika ku kibazo gihambaye gikurikira: Mbega uguhakana inkuru ivugwa mw’⁠Itanguriro vyoba bituma abantu baronka insobanuro be n’intumbero bakeneye mu buzima? Twisunze ibivugwa na Richard Dawkins, uno akaba azwi cane ko ashigikira ya nyigisho y’ivy’ihindagurika akaba n’umuhakanamana akomeye, ibiriho vyose “ntibigira umugambi, ntibigira intumbero, ntibigira ikibi canke iciza, nta kindi birangwamwo atari ukutitaho ibintu gukomeye kubera ukutamenya.” Mbega ukuntu abona ibintu mu buryo buca intege, butandukanye cane n’ingene abantu dusanzwe tumeze!

Mu buryo butandukanye cane n’ukwo kuntu abona ibintu, Bibiliya iratanga inyishu zimara akanyota z’ibibazo bihambaye gusumba ibindi mu buzima, na vyo bikaba ari nk’ibi: Dukomoka hehe? Intumbero y’ubuzima ni iyihe? Ni kubera iki kw’isi hariho ibibi vyinshi n’ugucumukura cane? Ububi bwoba buzokwigera buhera? N’ibindi n’ibindi. Vyongeye, kwizera incungu ya Kristu biratuma tugira icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera mw’Iparadizo, tubeho nk’uko ibintu vyari vyifashe muri Edeni, aho Imana yari yashize ba bantu ba mbere, Adamu na Eva. (Zaburi 37:29; Ivyahishuwe 21:3-5) Mbega icizigiro ciza igitangaza! d

Naho inkuru yerekeye Adamu na Eva idahuza na ya nyigisho y’ivy’ihindagurika, irahuza n’ivyo siyansi ihishura. N’ikindi kandi, ivuga rumwe bimwe vyuzuye n’ibindi bintu bivugwa mw’Ijambo ry’Imana ryahumetswe Bibiliya, ino ikaba yerekana insobanuro n’intumbero bimara akanyota vy’ubuzima.

Ubona gute none urushirije gusuzuma Bibiliya wewe ubwawe? Ivyabona vya Yehova bariteguriye kugufasha kandi barafise umutima ukunze wo kubigira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ushaka kumenya ayandi makuru, raba igitabu Y a-t-il un Créateur qui se soucie de vous? be na La vie: comment est-elle apparue? Évolution ou création?, vyompi vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

b Birumvikana ko abo banyasiyansi bataba bariko bararema. Ahubwo nyabuna bakoresha ibintu baba bakuye mu tugingo ngengabuzima tuzima tuba dusanzwe turiho.

c Aho harimwo inyigisho yerekeye ubusegaba bw’Imana, ugutungana kw’abantu, iyerekeye iciza n’ikibi, ubushobozi bwo kwihitiramwo, ukuntu bigenda iyo umuntu apfuye, umubano w’ababiranye, Mesiya yasezeranywe, isi y’iparadizo, Ubwami bw’Imana be n’izindi nyinshi.

d Ushaka kuronka ayandi makuru y’ido n’ido, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova, mu kigabane ca 3 kivuga ngo “Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?,” be no mu kigabane ca 5 kivuga ngo “Incungu ni ingabirano Imana yatanze iruta izindi zose.”

[Iciyumviro ku rup. 14]

Biratomoye ko iyo Adamu yari kuba atabayeho, inkuka y’incungu ya Kristu yobaye ata co ivuze namba

[Ifoto ku rup. 13]

Nka kurya nyene ikigendajuru usanga gikozwe mu buryo bwitondewe, ni ko n’umubiri w’umuntu umeze

[Ifoto ku rup. 15]

Yezu yariyemereye icese yuko Adamu na Eva babayeho koko