Haba igitangaro kuri Pentekoti!
Ku bw’urwaruka rwacu
Haba igitangaro kuri Pentekoti!
Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.
NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.—SOMA IBIKORWA 2:1-21, 38-41.
Ni igiki uca ubona mu bwenge usomye iyo nkuru ivuga ivyerekeye “umuyaga ukomeye uhuhuta” be n’“indimi zimeze nk’iz’umuriro.”
_______
Wibaza ko abantu bavuze iki igihe bari batangajwe no kwumva abigishwa bavuga mu ndimi zavugwa n’abanyamahanga?
_______
Ugerageje kwiha ishusho, abo bantu batemera bavugwa mu murongo wa 13, ubona mu maso habo herekana iki?
_______
NURUSHIRIZE KWIMBA.
Umusi mukuru wa Pentekoti wari umeze gute, kandi ushobora kuba wagize ico ukoze gute ku gatima isinzi ryari rikoraniye i Yeruzalemu ryari rifise? (Gusubira mu vyagezwe 16:10-12)
_______
Petero yerekanye gute ko yubaha uravye amajambo yabwiye abariko baramwumviriza, kandi ni mu buryo ki yarondeye ivyo yohurizako na bo? (Ibikorwa 2:29)
_______
Ni gute uburindutsi Petero yagize kuri Pentekoti ataho bwasa busana n’ubwoba yagize imbere yaho, igihe yari mu rugo rw’umuherezi mukuru? (Matayo 26:69-75)
_______
NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .
Ukuba bikenewe kurondera ivyo duhurizako n’abatwumviriza kandi tukavugana na bo tubigiranye icubahiro igihe tubabwira ivyo twemera bishingiye kuri Bibiliya.
_______
Ubuhanga ufise bwo gushingira Yehova intahe ubigiranye uburindutsi, naho mbere ubu hoba hari ukuntu wumva ufise amasoni canke ubwoba.
_______
KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?
_______
Ugomba kugira ubundi bushakashatsi, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Nyakanga 1996, urupapuro rwa 8-9.