Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Naho akenye arahimbawe kandi arafise icizigiro

Naho akenye arahimbawe kandi arafise icizigiro

Ikete rivuye muri Boliviya

Naho akenye arahimbawe kandi arafise icizigiro

KUBERA yuko nakoreye ubumisiyonari mu gihugu kikiri mu nzira y’amajambere, sinigeze mpimbarwa no kubona abantu bugarijwe n’ubukene kandi batagira icizigiro. Ndipfuza kubona uwo ari we wese aruhuriwe ubu nyene umubabaro arimwo. Ariko, ndazi yuko Ubwami bw’Imana bwonyene ari bwo buzotorera umuti izo ngorane. Yamara rero, narabonye kenshi yuko abantu bisunga Ijambo ry’Imana baronka agahimbare naho baba bari mu bintu biteye agahinda. Uwitwa Sabina ni umwe muri abo bantu.

Ubu haraciye imyaka itari mike, Sabina, afise udukobwa twiwe tubiri mu minwe, yitegereje umunega wiwe yuriye ibisi ishaje agiye mu mahanga kurondera akazi komuronsa umushahara wisununuye. Yararindiriye ko agaruka, amezi n’amezi arahaca, eka mbere n’imyaka irakunkumuka, ariko amaso yaheze mu nzira. Kuva agiye, Sabina yagumye buri musi arwana urugamba rwo kwitunga no gutunga udukobwa twiwe Milena na Ghelian.

Twahuye na Sabina ari bwo bwa mbere umusi umwe ku muhingamo mw’iduka rya murumunawe ariko arakira yihanganye abakiriya baguma bamutumagiza. Ndavye mu maso ya Sabina hagaragaza ko arushe, narashoboye kubona yuko yari yiriwe arakora cane uwo musi wose. Naramusavye ko nokwigana Bibiliya na we be n’abakobwa biwe. Yavuze ati: “Nari kubishima, ariko mfise utuntu twinshi ncurumbamwo. Mugabo, noshima ko mwigana n’abakobwa banje.” Naremeye. Uko abo bakobwa batera imbere mu vyo biga, narashoboye kumenya ivya Sabina, kandi naratahuye ukuntu atari yorohewe.

Sabina avyuka isaha cumi z’ijoro. Igihe abakobwa biwe baba bakiryamye mu nzu babamwo y’icumba kimwe gusa, Sabina aracana umuriro maze agaterekako isafuriya yama akoresha. Aca ateka inyama aza gukoresha mu masambusa agurisha kugira ngo arondere ibitunga umuryango wiwe. Sabina aba yaraye yateguye ivyapati aza kwikorako mu gukora izo sambusa ziryoshe z’inyama.

Sabina arapakira avyitondeye mu kintu aba yatiye kimeze nk’akaduga asunikisha iminwe ibikoresho vyose aza gukenera kuri uwo musi, ni ukuvuga umutaka, ishiga ry’ikizungu rimwe, icupa ririmwo umwuka witwa propane acanisha muri iryo shiga, akameza, udutebe, amasafuriya n’amavuta, hamwe n’inyama na vya vyapati be n’amalitiro atari make y’umutobe w’ivyamwa aba yakanyiye i muhira.

Isaha 12 zo mu gatondo, Sabina n’abakobwa biwe babiri baba biteguriye kugenda. Baca bugara umuryango bagashirako n’igufuri. Baba bijiriwe mu maso, ata wuvuga canke ngo atwenge. Inguvu zabo zose ziba zitumberejwe gusa ku kazi kaba kabarindiriye. Akenshi mu gatondo, ndabiye mw’idirisha ry’inzu yacu y’abamisiyonari, nama nabonye ibintu bisa n’ivyo. Ego cane, Sabina ni umwe gusa mu masinzi y’abakenyezi bava i muhira iwabo mu gaturuturu kugira ngo baje kugurisha udufungurwa be n’utunyobwa ku mabarabara yo muri Boliviya.

Isaha 12 n’igice zo mu gatondo, igihe izuba ritanguye guseruka ku misozi, Sabina n’abakobwa biwe baba bashitse mu kibanza bacururizamwo. Ata n’ugukurako umunwa, barapakurura ka kaduga maze bagaca bapanga ibikoresho vyabo vyo guteka bishobora kuza birunguruzwa. Ngiyo isambusa ya mbere irakorokeye mu mavuta yamaze gushuha maze ukaza wumva ngo shiririri! Akamoto keza gaca gatangura gukwiragira mu kayaga gakanye ko mu gatondo, kagakwegera bidatevye abaguzi baba bisonzeye.

Sabina arabaza umuguzi wa mbere ati: “Wipfuza zingahe?” Ata n’ukwunamuka, umugabo agifise ibitirotiro mu maso aca aduza intoke zibiri, maze Sabina agaca amuhereza isambusa zibiri zikayangana nk’inzahabu kandi zishushe cane. Aca yakira uduhera tw’intica ntikize amuhaye. Ibintu biza kugenda ukwo nyene incuro amajana n’amajana kuri uwo musi wose. Sabina n’abakobwa biwe bagurishije isambusa ya nyuma, baca batekera maze bagataha. Naho amaguru ya Sabina aba atonekara kubera arushe cane bivuye ku bikorwa aba yazindukiyemwo, aca aja kubandaniriza ku kandi kazi akorera kw’iduka rya murumunawe.

Igihe nashika kuri iryo duka ngiye kwiga Bibiliya n’abakobwa biwe ari bwo bwa mbere, udutebe tubiri tureture twari tumaze gushirwa ahantu hamwe mu mfuruka. Kuva mu ntango, Milena na Ghelian, ico gihe umwe akaba yari afise imyaka 9 uwundi na we 7, bararindirana umushasharo n’umunezero mwinshi igihe twokwigiye icigwa kimwekimwe cose kandi bagategura neza. Buhorobuhoro, abo bigeme b’abanyamasoni baranseruriye akari ku mutima bongera baremera ko ndabagira abagenzi. Sabina yarakozwe ku mutima no kubona ico kintu. Bidatevye, yarafashe ingingo yuko na we nyene twokwigana Bibiliya, naho yari afise ivyo acurumbamwo vyinshi.

Uko Sabina yatera imbere mu bumenyi ni ko n’urukundo akunda Yehova Imana rwongerekana. Yaratanguye kwumva ikintu cahora ari umugani kuri we, ico na co kikaba ari agahimbare! Uwo yahoze ari umudandaza wo kw’ibarabara yama arushe kandi yijiriwe, ico gihe yari asigaye asa ukundi. Ntiyari akiguma yunamitse umutwe canke yicurikiriye, kandi yari akeye mu maso. Murumunawe yavuze ati: “Sabina aguma amwenyura. Ivyo nta vyo yahorana.” N’abandi barabonye ko Sabina n’abakobwa biwe bahindutse cane. Icipfuzo yari amaze igihe kinini cane afise co kumenya ukuri kwerekeye Imana cariko kiraronka umuti.

Sabina yarahimbarwa n’inyigisho yagirirwa, ariko ibikorwa vyinshi cane yari asanzwe akora vyaratuma atitaba amakoraniro ya gikirisu. Amaherezo, yaremeye ubutumire namuhaye bw’uko yoza gutembera ku Ngoro y’Ubwami. Amaze kuza, ntiyigeze asubira gusiba. Sabina yararonse abagenzi nyakuri mw’ishengero. Yariboneye kandi ko vy’ukuri Yehova aronsa abamukunda ivyo bakeneye be n’abemera kugira ivyo bahevye kugira ngo bamukorere.​—Luka 12:22-24; 1 Timoteyo 6:8.

Sabina yarakunda ivyo yariko ariga, kandi yaripfuza kubibwira abandi. Ariko yavuze ati: “Ndajugumira igihe cose niyumviriye ibijanye no kwamamaza ku mugaragaro.” Yibwira ati: ‘Mbega jewe umukenyezi afise amasoni kandi atize, nzokwigera nshobora kwigisha uwundi muntu?’ Naho ari ukwo, ubuntu yagaragarijwe be n’ingene yari yariboneye ukuntu ubuzima bwiwe bwite buryohorwa mu buryo bwiza igitangaza vyaramusunikiye gutera iyo ntambwe ihambaye. Yaratahura kandi ko abakobwa biwe ari we barabirako akarorero. Ni co gituma yaciye atangura kubwira abandi inkuru nziza. Abakobwa biwe na bo nyene barifatanije na we bafise umunezero.

Muri iki gihe, Sabina ntakiri wa mugore yigorewe yama akora agasanzara ata munezero afise. Ubutunzi bwiwe ntibwahindutse cane. Icahindutse ni ukuntu abona ubuzima. Kubera yuko ubu ari umukirisu yabatijwe, arabwira abandi inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, uwo ukaba ari wo muti wonyene uramba w’ubukene n’umwiheburo biri mw’isi.​—Matayo 6:10.

Ni isaha 11 zo mu gaturuturu, n’ubu nyene Sabina ariteguriye kuva muri ya nzu abamwo y’icumba kimwe. Ariko muri iki gitondo, ntagomba kuja kudandaza isambusa. Agiye kwifatanya n’umugwi w’abakirisu bagenziwe kugira ngo baje gushinga intahe mu mabarabara. Gutanga umwanya wiwe avyishakiye buri ndwi kugira ngo afashe abandi, vyaratumye agira agahimbare kiyongereye mu buzima. Arugara umuryango n’igufuri maze akagenda kw’ibarabara akamwemwe kamusya. Aho kugenda arasunika akaduga, agenda yitwaje isakoshi. Iyo sakoshi irimwo Bibiliya yiwe be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo aza gukoresha kugira ngo aronse abandi icizigiro. Sabina aramwenyura ata co yinona maze akavuga ati: “Sinari bwigere niyumvira ko noshoboye kubwira abandi ibijanye na Bibiliya.” Aca yongerako ati: “Ntiworaba ukuntu ndabikunda!”