Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni mu buryo ki Yezu na Se bari kimwe?

Ni mu buryo ki Yezu na Se bari kimwe?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ni mu buryo ki Yezu na Se bari kimwe?

Yezu yavuze ati: “Jewe na Data turi kimwe.” (Yohani 10:30) Hari abasubiramwo ico canditswe kugira berekane yuko Yezu na Se ari babiri mu baperesona batatu bagize Imana imwe. Ivyo vyoba ari vyo Yezu yashaka kuvuga igihe yavuga ayo majambo?

Reka turabe amakikuro y’ico canditswe. Ku murongo wa 25, Yezu yavuze yuko yakora ibikorwa mw’izina rya Se. Kuva ku murongo wa 27 gushika ku wa 29, yaravuze ivyerekeye intama z’ikigereranyo, izo Se yari yaramuhaye. Ayo majambo yavuzwe na Yezu nta co yari kuba avuze ku bariko baramwumviriza iyo we na Se baza kuba ari umuntu umwe. Ahubwo nyabuna, ni nk’aho Yezu yavuze ati: ‘Twe na Data turunze ubumwe cane ku buryo ata n’umwe ashobora kuntwara intama, nka kurya nyene ata n’umwe ashobora kuzitwara Data.’ Ni nka kurya nyene kw’umwana yobwira umwansi wa se ati: ‘Uteye dawe, uba unteye.’ Nta woca ashika ku ciyumviro c’uko uwo mwana na se wiwe ari umuntu umwe. Yamara bose barashobora guca babona ubumwe bukomeye buri hagati yabo.

Yezu na Se wiwe, Yehova Imana, na bo nyene bari “kimwe” mu buryo bw’uko bahuza ata gahaze ku bijanye n’imigambi bafise be n’ingingo mfatirwako bisunga. Mu buryo buhushanye na Shetani wa Mubesheranyi be na wa mugabo n’umugore ba mbere, Adamu na Eva, Yezu ntiyigeze yipfuza kutisunga Imana. Yavuze ati: “Umwana ntashobora gukora ikintu na kimwe avyigeneye, mugabo akora gusa ico abonye Se akora. Kuko ibintu vyose uwo akora. Kuko ibintu vyose Uwo akora, ivyo bintu n’Umwana abikora kuno nyene.”​—Yohani 5:19; 14:10; 17:8.

Ariko rero, ubwo bumwe bukomeye ntibuca butuma Imana n’Umwana wayo Yezu batagira ivyo batandukaniyeko. Ni abantu babiri. Umwe wese afise kamere yisangije. Yezu arafise inyiyumvo ziwe bwite, ivyiyumviro vyiwe bwite, ivyo yaciyemwo we ubwiwe, be n’uburenganzira bwo kwihitiramwo. Naho ari ukwo, yahisemwo kuyoboka ivyo Se wiwe agomba. Nk’uko muri Luka 22:42, havyerekana, Yezu yavuze ati: “Ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo ugomba.” Ayo majambo nta nsobanuro yobaye afise hamwe ivyo yagomba bitashobora kuba ibitandukanye n’ivyo Se wiwe yagomba. Iyaba Yezu na Se wiwe bari vy’ukuri umuntu umwe, ni kubera iki Yezu yari gusenga Imana akongera akemera yicishije bugufi ko hari ivyo atazi bizwi na Se wiwe gusa?​—Matayo 24:36.

Abantu bari mu madini menshi barasenga ibimana vyerekanwa biriko birashwana vyongera birwana n’abo mu miryango yavyo bwite. Nk’akarorero, mu bitito vy’Abagiriki, ikimana bita Cronus carakuye ku ngoma se waco Uranus congera kirarotsa abana baco bwite. Ese ukuntu ivyo bitandukanye rwose n’ukuba kimwe gushingiye ku rukundo nyakuri kuri hagati ya Yehova Imana n’Umwana wiwe Yezu! Ese kandi ukuntu ubwo bumwe butuma twumva tubakunze! Mu bisanzwe, turafise agateka kadasanzwe ko kwunga ubumwe n’abo Bantu babiri bahambaye kuruta abandi bose kw’isi no mw’ijuru! Ku bijanye n’abayoboke biwe, Yezu yasenze ati: “[Nsaba] . . . kugira ngo bose babe kimwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe.”​—Yohani 17:20, 21.

Igihe rero Yezu yavuga ngo “Jewe na Data turi kimwe,” ntiyariko avuga bwa Butatu busiga ubwenge, ahubwo yariko avuga ubumwe bwiza igitangaza bafitaniye, ni ukuvuga ubucuti somambike buri hagati y’abantu babiri.