Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubukene bwoba bwerekana ko umuntu adatoneshwa n’Imana?

Ubukene bwoba bwerekana ko umuntu adatoneshwa n’Imana?

Ubukene bwoba bwerekana ko umuntu adatoneshwa n’Imana?

IMANA yabariye Abisirayeli ba kera iti: “Nta bakene bazoba muri mwebge.” Ivyo vyari bimeze gutyo kubera yuko muri rya Tegeko yabahaye, harimwo amabwirizwa ajanye no kwitwararika abakene hamwe mbere no kubahebera imyenda. (Gusubira mu vyagezwe 15:1-4, 7-10) Ku bw’ivyo rero, mu Bisirayeli ntihari hakwiye kubaho abakene, kubera yuko Yehova yari yabasezeraniye ko yobahezagiye. Ariko rero, uwo muhezagiro Abisirayeli bowuronse ari uko bagamburutse rya Tegeko, ivyo na vyo bikaba vyarabananiye.

Yamara rero, ivyo ntivyasobanura yuko ababa bakenye batari batoneshejwe n’Imana, eka kandi ntivyasobanura na gato ko ababa bafise vyinshi babwirizwa kuba bahezagirwa n’Imana. Abenshi mu basavyi b’Imana b’abizigirwa bari abakene mu vy’umubiri. Umuhanuzi Amosi yari umwungere w’intama aciye bugufi akaba kandi yaza arisumamwo mu bijanye n’uburimyi mu biringo binaka vy’umwaka. (Amosi 1:1; 7:14) Mu gihe c’umuhanuzi Eliya, igihe ikigoyi catera muri Isirayeli, Eliya yabwirijwe kubaho atunzwe n’umupfakazi umwe w’umukene, agafu be n’utuvuta tw’intica ntikize yari afise tukaba twarabafashije mu buryo bw’igitangaro mu kiringo c’ico kigoyi. Yaba Eliya canke uwo mupfakazi, nta n’umwe yabaye umutunzi; Yehova yabaronkeje gusa ibintu nyamukuru bari bakeneye.​—1 Abami 17:8-16.

Ibintu bishika ata wari avyiteze vyoshobora gutuma abantu bagwa mu bukene. Impanuka be n’indwara vyoshobora gutuma umuntu amara igihe kinaka adakora canke bigatuma atazokwigera asubira gukora. Vyongeye, urupfu rwoshobora gutuma habaho impfuvyi n’abapfakazi. Ibintu bibabaje nk’ivyo na vyo nyene si ivyerekana ko umuntu adatoneshwa n’Imana. Inkuru ivuga ibijanye na Nawomi hamwe na Rusi ni akarorero gakora ku mutima kerekana ingene Yehova yitwararikana urukundo uwuri n’ivyo akenye. Naho Nawomi na Rusi bari basigaye batagira ic’epfo ca ruguru kubera ko bari barapfakaye, Yehova yarabahezagiye yongera aragira ivyo atunganije kugira ngo yitwararike ivyo bari bakeneye.​—Rusi 1:1-6; 2:2-12; 4:13-17.

Biratomoye ko ubukene atari ikimenyamenya c’uko umuntu adatoneshwa n’Imana. Abantu b’abizigirwa kuri Yehova Imana barashobora kwizera badakeka amajambo Umwami Dawidi yavuze, ati: “Uhereye nkiri muto, none ndashāje, ariko sinīgeze kubona umugororotsi yahebge, cank’uruvyaro rwiwe rusēgerereza ivyo kurya.”​—Zaburi 37:25.

[Ifoto ku rup. 8]

Naho Nawomi na Rusi bari basigaye batagira ic’epfo ca ruguru, Imana yarabahezagiye yongera irabitwararikana urukundo