Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubutunzi Imana itanga

Ubutunzi Imana itanga

Ubutunzi Imana itanga

NIMBA uri umwizigirwa ku Mana, mbega yoba izoca iguhezagira mu kuguha ubutunzi? Kumbure. Ariko bwoshobora kuba atari ubutunzi wari witeze. Rimbura ibijanye na Mariya nyina wa Yezu. Umumarayika Gaburiyeli yaramubonekeye maze amubwira ko yari “uwagiriwe ubutoni budasanzwe” n’Imana be n’uko yovyaye Umwana w’Imana. (Luka 1:28, 30-32) Ariko rero, Mariya ntiyari umutunzi. Igihe Mariya yatanga ikimazi Yezu amaze kuvuka, yashikanye “intunguru zibiri canke inuma zibiri zikiri nto,” rino rikaba ryari ishikanwa abantu b’abakene bari basanzwe bashikanira Yehova.​—Luka 2:24; Abalewi 12:8.

None kuba Mariya yari umukene vyoba vyasigura yuko atari afise umuhezagiro w’Imana? Habe namba, kubera yuko igihe yagenda kuramutsa incuti yiwe Elizabeti, “Elizabeti [yaciye] yuzura impwemu nyeranda, aca yiha akamo n’ijwi rirenga ati: ‘Urahezagiwe [Mariya] mu bagore, kandi harahezagiwe n’icamwa co mu nda yawe!’” (Luka 1:41, 42) Mariya yaratewe agateka ko gucika nyina wo kw’isi w’Umwana mukundwa w’Imana.

Yezu ubwiwe ntiyari umuntu atunze. Uretse ko atavyawe ngo yongere arerwe n’abavyeyi batunze, yagumye kandi ari umukene mu buzima bwiwe bwose bwo ng’aha kw’isi. Igihe kimwe yarabwiye umugabo yashaka kuba umwigishwa wiwe, ati: “Imbwebwe zirafise imyobo n’inyoni zo mu kirere zikagira ubwikingo, mugabo Umwana w’umuntu we ntagira aho arambika umutwe.” (Luka 9:57, 58) Ariko rero, kuba Yezu Kristu yaraje kw’isi vyatumye abigishwa biwe bashobora kwironkera ubutunzi bwinshi. Intumwa Paulo yanditse ati: “Yacitse umworo ku bwanyu, ngo mucike abatunzi biciye ku bworo bwiwe.” (2 Abakorinto 8:9) Ni ubutunzi nyabaki Yezu yahaye abigishwa biwe? Kandi ni ubutunzi nyabaki dufise muri iki gihe?

Ni ubutunzi nyabaki?

Ubutunzi bw’ivy’umubiri akenshi burabangamira ukwizera, kubera yuko umutunzi yoshobora kwizigira amahera yiwe aho kwizigira Imana. Yezu yavuze ati: “Ese ukuntu kizoba ikigoye ku bari n’amahera kwinjira mu bwami bw’Imana!” (Mariko 10:23) Biragaragara rero ko ubutunzi Yezu yahaye abayoboke biwe butari ubw’umubiri.

Nkako, abenshi mu bakirisu bo mu kinjana ca mbere nta buryo bwinshi bari bafise. Igihe umugabo umwe yari yavutse amugaye yasaba Petero amahera, yamwishuye ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, mugabo ico mfise ni co nguha: Mw’izina rya Yezu Kristu Umunyanazareti, tambuka!”​—Ibikorwa 3:6.

Amajambo umwigishwa Yakobo yavuze na yo nyene arerekana ko ishengero rya gikirisu ryari rigizwe ahanini n’abantu bakenye. Yanditse ati: “Nimwumvirize, bavukanyi banje bakundwa. Mbega Imana ntiyatoye aboro mu vy’isi ngo babe abatunzi mu kwizera na ba samuragwa b’ubwami, ubwo yasezeraniye abayikunda?” (Yakobo 2:5) Vyongeye, intumwa Paulo yavuze kandi yuko atari ‘inkerebutsi zo mu buryo bw’umubiri’ nyinshi canke “abanyabubasha” benshi canke “abakomoka mu muryango uhambaye” benshi bahamagawe ngo babe abagize ishengero rya gikirisu.​—1 Abakorinto 1:26.

Nimba ubutunzi Yezu yahaye abayoboke biwe butari ubw’umubiri, none ni ubutunzi nyabaki yabahaye? Mw’ikete Yezu yarungikiye ishengero ry’i Simirina, yavuze ati: “Ndazi amakuba yawe n’ubworo bwawe​—mugabo uri umutunzi.” (Ivyahishuwe 2:8, 9) Naho abakirisu b’i Simirina bari bakenye, bari bafise ubutunzi bw’agaciro karengeye kure n’iyo ak’ifeza canke inzahabu. Bari abatunzi kubera yuko bizera Imana kandi bakaba intahemuka kuri yo. Ukwizera ubwakwo ni ikintu c’agaciro kanini kubera yuko “atari ikintu gifiswe na bose.” (2 Abanyatesalonika 3:2) Abadafise ukwizera baba mu vy’ukuri ari abakene mu nyonga z’Imana.​—Ivyahishuwe 3:17, 18.

Ubutunzi buva ku kwizera

Ariko none, ni mu buryo butandukanye ubuhe ukwizera ari ukw’agaciro kanini? Abizera Imana barungukira ku “butunzi bw’ubuntu bwayo n’ukwirengagiza kwayo n’ukwiyumanganya kwayo.” (Abaroma 2:4) Barironkera kandi “ukubabarirwa amakosa ya[bo]” kubera yuko bizera inkuka y’incungu ya Yezu. (Abanyefeso 1:7) Vyongeye, barironkera ubukerebutsi “ijambo rya Kristu” rizanira abafise ukwizera. (Abakolosayi 3:16) Uko basenga Imana mu kwizera, “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose” aca arinda imitima yabo n’ububasha bwabo bwo kwiyumvira, ivyo bigatuma bashira akanyota kandi bakagira agahimbare.​—Abafilipi 4:7.

Ikigeretse kuri ivyo vyiza vyose, abizera Imana biciye ku Mwana wayo Yezu Kristu, barafise icizigiro ciza igitangaza co kuzoronka ubuzima budahera. Amajambo akurikira Yezu Kristu yavuze aramenyerewe cane. Agira ati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Ico cizigiro ciza cane kirakomera igihe umuntu aronse ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Data n’Umwana, kubera yuko Yezu yavuze kandi ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Naho imihezagiro y’Imana ari iyijanye canecane n’ubucuti dufitaniye na yo, iratuma kandi twumva tumerewe neza tukaronka n’ivyiza mu buryo bw’umubiri. Fata nk’akarorero, uwitwa Dalídio wo muri Berezile. Imbere y’uko aronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye umugambi w’Imana, yari afise ingorane yo kunywa cane. Ivyo vyaratuma ubucuti afitaniye n’abo mu muryango wiwe butosekara cane. Ikindi kandi, ubutunzi bwiwe bwari bugeze aho umwansi ashaka. Yahavuye atangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze aragira ihinduka riboneka.

Ubumenyi Dalídio yari aherutse kuronka bwatumye aheba ingeso mbi. Yarateye imbere cane mu vyo kubaho yisunga ubwo bumenyi ku buryo yavuze ati: “Nahora nywa inzoga mva mu kabare nja mu kandi, none ubu namamaza mva ku nzu nja ku yindi.” Yaracitse umusuku w’igihe cose w’Ijambo ry’Imana. Iryo hinduka ntiryatumye agira amagara meza gusa ariko kandi ryaratumye ubutunzi bwiwe bwisununura. Dalídio yavuze ati: “Amahera nahora nsesagurira mu nzoga, ubu ndayakoresha mu gufasha abandi baba bari n’ivyo bakenye canke mu kugura ivyo nkeneye.” Yararonse kandi abagenzi nyakuri mu kwifatanya n’abantu babona ivyerekeye Imana nk’uko abibona. Ubu Dalídio arifitiye amahoro yo mu mutima be n’ugushira akanyota biruta kure n’iyo ikintu ico ari co cose yoba yariyumvira imbere y’uko aronka ubumenyi bwerekeye Imana.

Akandi karorero k’umuntu ubuzima bwiwe bwaryohowe kubera ko yizeye Yehova Imana ni ak’uwitwa Renato. Ubonye ukuntu ubu ahimbawe kandi akeye mu maso, biragoye kwemera ko yigeze gufatwa nabi bimwe vy’akamaramaza mu buzima. Igihe yari akayoya kakivuka, nyina wiwe yaramutaye. Yamushize mu gasaho amusiga munsi y’intebe ndende yakungaguritse bimwe bibi kandi yavyimbaganye, uruzogi rukiri kuri we. Abakenyezi babiri baraciye aho hantu maze barabona ikintu gikoma muri ka gasaho kari munsi ya nya ntebe ndende. Babanje kwiyumvira ko ari umuntu yari yasize aho hantu akana k’akayabu. Igihe basanga ari uruyoya, baciye barutwara badatebaganye ku bitaro vyari hafi y’aho kugira ngo baruvure.

Umwe muri abo bakenyezi yari Icabona ca Yehova, kandi yaciye yiganira ibijanye na rwa ruyoya uwitwa Rita, uno na we nyene akaba ari Icabona. Rita yari amaze kuruhira ubusa incuro zitari nke, kandi yari afise umukobwa umwe gusa. Yaripfuza cane kuronka umwana w’umuhungu, akaba ari co gituma yaciye afata ingingo yo kurera Renato.

Rita yarabwiye Renato kuva akiri muto ko atari we yari nyina wiwe w’ukuri. Ariko rero, yaramwitwararitse abigiranye urukundo n’ikibabarwe kandi yarakoze ukwo ashoboye kwose kugira ngo amwigishe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Renato amaze gukura, yaratanguye gushimishwa n’ivyerekeye Bibiliya. Ukuntu yakenguruka ingene yarokowe mu buryo busiga ubwenge na vyo nyene vyararushirije gukomera. Aca akorora amosozi igihe cose asomye amajambo umwanditsi wa zaburi Dawidi yavuze, ati: “N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.”​—Zaburi 27:10.

Mu kwerekana ko akenguruka ibintu vyose Yehova yamukoreye, Renato yarabatijwe mu 2002 maze mu mwaka wakurikiye aca aba umusuku mukirisu w’igihe cose. N’ubu ntazi se na nyina bamuvyaye kandi ashobora kutazokwigera abamenya. Yamara, Renato abona ko imwe mu ngabirano z’igiciro kinini gusumba izindi zose yaronse ari ukuba yaramenye Yehova akongera akamwizera nka we Se wiwe w’umunyarukundo kandi amwitwararika.

Kumbure uripfuza cane kugiranira n’Imana ubucuti bwa hafi kandi burangwa urukundo, buno bukaba bushobora gutuma vy’ukuri ugira ubuzima buhimbaye. Abantu bose, baba abatunzi canke abakene, barafise akaryo ko kugiranira mwene ubwo bucuti na Yehova Imana be n’Umwana wiwe Yezu Kristu. Hari aho ubwo bucuti butoca butuma uronka ubutunzi bw’umubiri, ariko buzotuma uronka amahoro yo mu mutima n’ugushira akanyota bitoshobora kugurwa n’amahera yose ari mw’isi. Rero, amajambo dusanga mu Migani 10:22 ni ay’ukuri koko, na yo akaba agira ati: “Umugisha w’Uhoraho uratungisha, kandi nta mubabaro awuvangamwo.”

Yehova Imana aritaho cane abantu baza kuri we. Avuga ati: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.” (Yesaya 48:18) Vyongeye, asezerana yuko abaza kuri we babigiranye imvo nziza kandi bafise agatima kabereye, bazohezagirwa cane. Avuga ati: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubugingo.”​—Imigani 22:4.

[Iciyumviro ku rup. 6]

Iyo umuntu yizeye Imana bituma aronka amahoro, agashira akanyota kandi agahimbarwa

[Ifoto ku rup. 5]

Naho umuryango Yezu yakuriyemwo kw’isi wari ukenye, Imana yarawuhezagiye cane