Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubutunzi bwo mu kiyaga kinini kuruta ibindi muri Amerika yo Hagati

Ubutunzi bwo mu kiyaga kinini kuruta ibindi muri Amerika yo Hagati

Ubutunzi bwo mu kiyaga kinini kuruta ibindi muri Amerika yo Hagati

NAHO Nikaragwa ari igihugu gitoyi, ni co kirimwo ikiyaga kinini kuruta ibindi muri Amerika yo Hagati, ico na co kikaba ari Ikiyaga Nikaragwa. Igitangaje ni uko Ikiyaga Nikaragwa ari co kumbure conyene kitarimwo umunyu yamara ugasangamwo ubwoko butandukanye bw’ibifi bisanzwe biba mu mabahari, nk’ivyitwa requin, espadon, na tarpon. Abanyasiyansi bavuga ko ico kiyaga cahora gifatanye n’Ibahari Pasifike, ariko ko ikirunga caturitse catumye ico kiyaga gitandukanywa n’ibahari. Uko umunyu wo muri ayo mazi wagenda uragabanuka ni ko amafi yo muri ico kiyaga yagenda aramenyera aho hantu.

Ico kiyaga, igifise uburebure bw’ibilometero nka 160 be n’ubwaguke bw’ibilometero nka 70 ufatiye ahagutse kuruta ahandi, kiri nko ku metero 30 hejuru y’urugero rw’ibahari. Mu Kiyaga Nikaragwa hariyo amazinga arenga 400, nka 300 muri yo akaba arundanye hirya no hino y’agace k’isi kinjira mu mazi kitwa Asese, hafi y’igisagara ca Granada kiri amaja mu Buraruko bw’ico kiyaga. Ayo mazinga yitwa utuzinga twa Granada.

Izinga rinini kuruta ayandi ari muri ico kiyaga, ni iriri hagati muri co, rikaba ryitwa Ometepe. Rifise uburebure bw’ibilometero nka 25 be n’ubwaguke bw’ibilometero nka 13. Iryo zinga rigizwe n’imisozi ibiri y’ibirunga ifatanijwe n’agahora kagizwe n’ubutaka. Muremure muri yo, uwitwa Concepción, ufise itaba ryibonekeza riri ku metero 1.610 hejuru y’urugero rw’ikiyaga. Uwo musozi uhora uturikamwo ibirunga kandi ni wo wibonekeza mu gice co mu Buraruko bw’iryo zinga. Uwundi musozi w’ikirunga witwa Madera, ukaba ufise uburebure bw’imetero 1.394, wowo ntugipfunduka ibirunga. Uwo musozi Madera, uwutwikiriwe n’ishamba ritotahaye, uriko ikiyaga gitoyi kiri mu runogo amahero rwaciwe n’ikirunga rutwikiriwe n’umwuka.

Ikiyaga Nikaragwa ni kimwe mu bintu bituma ingenzi zikwegerwa n’ako karere. Ziza kuraba ubwiza bwo muri ako karere gashushe be n’ibisigarira vyinshi cane biranga abantu babaye aho hantu kera. Ariko rero, hariho uwundi muce w’ubutunzi bwo mu Kiyaga Nikaragwa dukwiye kumenya.

Abantu baba ku mazi

Utuzinga twa Granada turimwo ibiterwa be n’ibikoko vyinshi vyo mu turere dushushe. Amashurwe y’ubwiza bw’akataraboneka arasambura muri ayo mashamba atotahaye atwikiriye ayo mazinga agizwe ahanini n’ibirunga. Ku nkengera y’ico kiyaga usanga haba inyoni nzizanziza, nk’izitwa héron bleus, grande aigrettes, balbuzards, anhingas, be na cormorants. Ku mpera z’iryo shamba, usanga hari ivyari vy’ibinyoni bininibinini bigomba gusa n’umuhondo vyitwa Montezuma oropendolas birekera ku biti amahero, bikaza birazungagizwa n’akayaga kava mu kiyaga.

Utuzinga tumwetumwe usanga hari abantu batubamwo. Usanga turimwo inzu zibamwo abarovyi baho be n’utuzu abantu batunze baza kumaramwo imisi bari mu buruhuko. Muri ayo mazinga kandi umuntu ahasanga amashure be n’itongo ry’abapfuye, hamwe n’amazu y’uburiro be n’ubunywero. Utwo tuzinga tumeze nk’ikigwati kiri ku mazi.

Imisi yose mu gitondo ubwato bw’ibara risa n’ubururu be n’iryera burava kw’izinga buja ku rindi bugahitana abana bubatwara kw’ishure. Hari akazu k’ibidandazwa kari ku kato kava ku kazinga kamwe kaja ku kandi gatwaye ivyamwa be n’imboga vyo kudandaza. Imisi yose usanga abarovyi bariko baratunganya insenga zabo, abakenyezi na bo bariko baramesura impuzu mu kiyaga.

Ivyabona vya Yehova bo muri ayo mazinga na bo nyene ntibicaye. Baragendera abantu baho bakoresheje ubwato kugira ngo bababwire inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. (Matayo 24:14) Ukuntu ako karere kameze vyarateye ingorane ijanye n’ikibanza amakoraniro yari kuberamwo kugira ngo abahaba bige Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya. Kugira ngo Ivyabona bagamburuke itegeko ryo muri Bibiliya ryo ‘kudaheba gukoranira hamwe,’ baratetse umutwe baraheza baratora umuti w’ico kibazo, uwo na wo ukaba wari ukwubaka Ingoro y’Ubwami ireremba ya mbere muri Nikaragwa!​—Abaheburayo 10:25.

Ingoro y’Ubwami ireremba

Hari umugore n’umugabo wiwe b’abasuku b’igihe cose b’Ivyabona vya Yehova bimukiye mu tuzinga twa Granada muri Munyonyo 2005. Inyuma y’amezi makeyi, igihe batumira abantu b’aho ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu gihimbazwa ku mwaka ku mwaka, barahimbawe bongera baratangazwa no kubona haje abantu 76. Ivyo vyarajijuye uwo mugore n’umugabo ko vyari bikenewe ko batangura kugira amakoraniro ya gikirisu badahorereza muri ako karere. Kubera ko kuronka ikibanza kibereye co kugiriramwo bene ayo makoraniro hatari aho gutuma umwana, abo batsimvyi baciye bateka umutwe mu bundi buryo. Uwo mugore n’umugabo b’abatsimvyi baciye bafata ingingo yo kwubaka Ingoro y’Ubwami ireremba ishobora kujanwa ahantu hatandukanye horohereza abo bantu.

Uwo mugore n’umugabo b’abanyamwete, abatari bwigere batunganya ipura y’ikintu na kimwe kireremba canke ngo bacubake, baratanguye igikorwa co kwubaka. Bo hamwe n’abandi batandatu baramaze ukwezi bariko barakora ico gikorwa. Ico kibanza gishasha c’amakoraniro cobaye ari ikintu kiringaniye gishashe kireremba. Ico kintu cobaye kigizwe n’imiringoti y’icuma isudiririwe hamwe ifashe ingunguru 12 zuzuye impemu, izotumye ireremba. Ico kintu cociye gisaswako utubaho duhwahutse kigaca gisakazwa ihema. Abo bubatsi barasenga buri joro ku bijanye n’ico gikorwa kubera ko batari bazi neza ko iyo ngoro yoreremvye. Erega yarareremvye!

Iyo Ngoro y’Ubwami nshasha yakoreshejwe ari bwo bwa mbere igihe yaberamwo Ikoraniro ry’icese ku wa 10 Ruheshi 2006. Ku musi ukurikira, iyo ngoro yaciye ijanwa ku rundi ruhande rw’ayo mazinga kugira ngo abantu baho bayigiriremwo ikoraniro nk’iryo. Abitavye ayo makoraniro uko ari abiri bose hamwe bari 48, naho hari ababwirijwe kugira urugendo rurenga urw’igice c’isaha baca mw’ishamba. Bose barahimbawe no kuronka ikibanza cabo bwite co gusengeramwo!

Mu gihe c’amakoraniro yabera muri iyo Ngoro y’Ubwami nta nkeka ko haba ibintu ako karere kisangije. Igihe umushikirizansiguro yaba ariko aratanga insiguro, ababa bariko barumviriza barashobora kwumva mu micungararo amazi asuma buhorobuhoro ariko arakubita ku bibuye canke bakaza barumva urwamo rw’inkende ziri kure. Abantu bo muri ayo mazinga ntibatevye kumenyera kubona iyo ngoro. Bayibonye iriko iragenda iva mu karere kamwe ija mu kandi, baca bamanika amaboko batanga indamukanyo. Ku ndwi ku ndwi, abantu barenga 20 baraza muri iyo Ngoro y’Ubwami ireremba baje kwifatanya n’abakirisu bagenzi babo be no kwiga Bibiliya. Emwe iyo ngoro yaracitse ubutunzi ntangere!

Kw’Izinga Ometepe

Izinga Ometepe riri nko ku bilometero 50 mu Bumanuko bwa Granada. Ubwiza bw’iryo zinga be n’isi yaho imera, vyaratumye haryoha cane kuba. Kukaba nkako, ibintu vya mbere vyerekana ko muri Nikaragwa hamye hakorerwa ivy’uburimyi ni ho vyatowe. Muri iki gihe, iryo zinga Ometepe ririmwo abantu bashika nka 42.000, abo na bo bakaba bakora umwuga wo kuroba no kurima ibigori, ibitoke, ikawa, be n’ibindi biterwa. Aho hantu na ho nyene hariho ibikoko vyo mw’ishamba bibereye ijisho. Usanga hariho za nyoni zitwa gasuku ziriko ziririmba ziri mu bigwibigwi, inyoni nini zo mu bwoko bw’ibikona zitwa pie-geais usanga zerekana amababa yazo asa n’ubururu be n’ayera igihe ziguruka bwampi ziva ku giti zija ku kindi be n’inkende zeragurika mu maso, zino abantu benshi bakaba bazikunda cane.

N’ikindi kandi, abamamaji barabwira cane abantu baba i Ometepe inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Igitigiri c’Ivyabona b’i Ometepe carongerekanye, kiva ku bantu 8 babatijwe mu 1966, gishika ku bantu 183, bari mu mashengero 4 atera imbere. Ishengero rimwerimwe ryose rirafise Ingoro y’Ubwami yaryo iri mu kibanza kibereye. Muri iki gihe, umuntu agize incahagati, muri iryo zinga Icabona 1 afise abantu 230 bo kubwira inkuru nziza.

Mu myaka itari mike iheze, Ivyabona vya Yehova bo muri Ometepe bari mu ngorane. Nk’akarorero, mu 1980 abarwanya Ivyabona baraturiye Ingoro y’Ubwami yari i Mérida. Mu 1984 harubatswe iyindi ngoro. Yarakoreshejwe gushika mu 2003 igihe hubakwa Ingoro y’Ubwami nziza cane, ikaba yarateye umunezero utagira uko ungana abantu 60 bagize ishengero ry’aho.

Ingoro y’Ubwami y’i Moyogalpa, yari igenewe kugirirwamwo amakoraniro maninimanini igihe vyaba bikenewe. Inyuma y’iyo ngoro harasakaye kandi hubatsemwo n’umukiruruko. Imbere y’uwo mukiruruko hariho intebe zipfutswe igitambara zipanzwe ziraba ku rundi ruhande inyuma y’ahagirirwa amakoraniro. Aho ni ho Ivyabona vya Yehova b’aho be n’abagenzi babo bo hirya no hino muri ico kiyaga bagirira amateraniro maninimanini uko haciye igihe kinaka. Kuri ayo materaniro, Ikiyaga Nikaragwa kiraba ahantu habereye ho kubatiririza abigishwa bashasha ba Yezu Kristu.​—Matayo 28:19.

Ubwo butunzi bwoba buzozigamwa?

Ikiyaga Nikaragwa camye kimeze nk’aho kitoshobora kuvaho, kumbure kubera ubunini bwaco. Mugabo muri iki gihe kirakeneye gukingirwa. Amazi yaco ariko arononwa n’ibicafu biva ku burimyi, ku mahinguriro be no ku nkukura ituruka ku guhonya amashamba.

Nta wuzi nimba utwigoro abanyagihugu baho be n’abo mu ntwaro bariko baragira hari ico tuzovamwo. Naho ari ukwo, Umuremyi azokwitwararika ivy’uko ubutunzi bwose bwo kw’isi, harimwo n’ibiyaga vyayo vyakaka, amazinga yayo abereye ijisho be n’ibikoko biri kuri yo bizigamwa kugira ngo abantu bagamburuka bazobiragwe. Bibiliya itubwira iti: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29.

[Ifoto ku rup. 26]

Ingoro y’Ubwami ireremba yo kugiriramwo amakoraniro ashingiye kuri Bibiliya