Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni ibiki Yehova adusaba?

Ni ibiki Yehova adusaba?

Niwiyegereze Imana

Ni ibiki Yehova adusaba?

Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13

KU BIJANYE no kugamburuka canke kutagamburuka, ntivyama vyoroshe gufata ingingo. Igihe umukuru ari inkazi canke atwaza amanyama, abo atwara boshobora kumwumvira mugabo bitavuye ku mutima. Ariko rero Yehova Imana, abamusenga bamugamburukira babikunze. Uti kubera iki? Kugira ngo twishure ico kibazo, nimuze turimbure amajambo Musa yavuze dusanga mu Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13. a

Igihe Musa yariko aravuga muri make ivyo Imana isaba, yaravyuye iki kibazo gishimishije ati: “Mbega har’ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako?” (Umurongo wa 12) Imana irafise uburenganzira bwo kudusaba ikintu cose ishaka. Nakare, ni yo Mukama Segaba, ikaba Isôko ry’ubuzima ikaba ari na yo ibubungabunga. (Zaburi 36:9; Yesaya 33:22) Yehova arafise uburenganzira bwose bwo kudusaba kumugamburukira. Yamara, ntashaka ko tumugamburukira ku gahato. None ni igiki adusaba? Adusaba kuba ‘abagamburuka bivuye ku mutima.’​—Abaroma 6:17.

Ni igiki cotuvyurira umutima wo kugamburukira Imana tubikunze? Musa aravuga ikintu kimwe, ati: “Ukumwubaha.” (Umurongo wa 12) Nimba twubaha Imana bimwe bigera kure, tuzogerageza kwirinda kutayihimbara.

Ariko none, ni igiki ahanini gikwiye gutuma tugamburukira Imana? Musa avuga ati: ‘Mukunde [Yehova] kandi mumukorere n’imitima yanyu yose n’ubugingo bwanyu bwose.’ (Umurongo wa 12) Gukunda Imana ntibigarukira gusa ku nyiyumvo. Igitabu kimwe gisigura giti: “Amavuga yo mu giheburayo yerekeye inyiyumvo rimwe na rimwe usanga yerekeza no ku bikorwa izo nyiyumvo zica zituma umuntu akora.” Ico gitabu nyene kivuga ko gukunda Imana bisobanura “gukora ubigiranye urukundo” ku bwayo. Mu yandi majambo, nimba dukunda vy’ukuri Imana, tuzokora ibintu mu buryo tuzi ko buyihimbara.​—Imigani 27:11.

None dukwiye kugamburukira Imana gushika ku rugero uruhe? Musa avuga ati: ‘Mugendere mu nzira z’Imana zose.” (Umurongo wa 12) Yehova ashaka ko dukora ikintu cose adusavye. None ukwo kumugamburukira bimwe vyuzuye, vyoba bishobora kubangamira inyungu zacu? Ivyo ntivyoshoboka.

Nitwagamburuka tubikunze, bizotuma turonka imihezagiro. Musa yandika ati: “[Mwitondere] ivyagezwe . . . mbageze uyu musi kugira ngo mumererwe neza.” (Umurongo wa 13) Ego cane, icagezwe cose ca Yehova, ni ukuvuga ikintu cose adusavye, agitanga ku bw’ineza yacu. None ivyo vyoba bitangaje? Bibiliya ivuga ko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ku bw’ivyo, yatanze gusa ivyagezwe bituma twironkera ukumererwa neza kuramba. (Yesaya 48:17) Nitwakora ivyo Yehova adusaba vyose, bizoturinda imibabaro myinshi muri kino gihe maze bituyobore ku mihezagiro y’ibihe bidahera tuzoronka igihe tuzoba dutegekwa n’Ubwami bwiwe. b

Ku bijanye n’ukugamburuka canke ukutagamburuka, igihe ari ibijanye n’ivyo Yehova adusaba, hari ingingo imwe rudende iranga ubukerebutsi twofata. Ikintu cama nantaryo ari ciza gusumba ibindi vyose twokora ni ukugamburuka bimwe vyuzuye kandi tubigiranye umutima ukunze. Ingendo nk’iyo y’ubwizigirwa ituma turushiriza kwiyegereza Yehova, ya Mana y’urukundo yama itwipfuriza ivyotubera vyiza kuruta ibindi vyose.

[Utujambo tw’epfo]

a Naho amajambo Musa yavuze yari yerekeye Isirayeli ya kera, ku bwa ngingo arerekeye abantu bose bipfuza guhimbara Imana muri iki gihe.​—Abaroma 15:4.

b Ushaka kumenya ibindi, raba ikigabane ca 3 kivuga ngo “Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye iyi si?,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.