Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Vyoba bishoboka ko umuntu yizera yuko hariho Umuremyi?

Vyoba bishoboka ko umuntu yizera yuko hariho Umuremyi?

Vyoba bishoboka ko umuntu yizera yuko hariho Umuremyi?

“IGIHE naba nzirikanye ku vy’uko hoshobora kuba hariho Umuremyi, vyarambabaza cane kwiyumvira yuko hoba hariho umuntu afise ububasha bwo kubuza abantu gucumukura mugabo ntashake kubukoresha!” Ivyo ni ivyavuzwe n’umuntu umwe yahoze ari umuhakanamana yari yarabuze abagize umuryango wiwe muri kwa gutikiza Abayuda kwagirwa n’Abanazi. Birashoboka cane ko atari we wenyene yabona ibintu muri ubwo buryo.

Igihe abantu benshi bahanganye n’ibintu bibabaje, baca babona ko bigoye kwizera Imana, canke bagaca baronderera uguhumurizwa mu ciyumviro c’uko ngo Imana itabaho. None ni ibintu nyamukuru ibihe bituma abantu bamwebamwe batemera Imana? Mbega abantu boba borushiriza kuroranirwa batemera Imana canke batari mw’idini, nk’uko bamwebamwe bavyibaza? Vyoba bishoboka ko umuhakanamana yizera ko hariho Umuremyi w’umunyarukundo?

Ingene idini ryataye intumbero

Biratwengeje kubona idini ari co kintu nyamukuru gituma abantu batemera Imana. Umutohozakahise yitwa Alister McGrath asigura ati: “Ikintu gituma abantu batemera ko Imana iriho, ahanini ni uko basesemwa n’ingene idini usanga riza rirakora ibintu vy’agahomerabunwa kandi rikaza rirata intumbero.” Akenshi idini ribonwa ko ari co kintu nyamukuru gituma haba intambara n’ubukazi. Umuhakanamana umwe akaba n’umufilozofe yitwa Michel Onfray aribaza cane ingene bishoboka ko igitabu kimwe c’ivy’idini coshobora gushigikira abantu b’imice ibiri, umwe “wipfuza ubweranda,” uwundi na wo “ukora ibikorwa vy’ubunyamaswa,” ni ukuvuga iterabwoba.

Abantu benshi baribuka ibintu biteye ikinya babonye mw’idini bahoze barimwo. Igihe uwitwa Bertil, uno akaba ari umusore w’Umunyasuwede, yariko ararangura ibikorwa vya gisirikare, yarumvise umumenyeshamana wo mu gisirikare ariko arashigikira ukuba hariho ubukazi, yisunze ingabisho Yezu yatanze yuko abafata inkota bokwishwe n’inkota. Uwo mumenyeshamana yavuze yuko hategerezwa kubaho umuntu akoresha iyo nkota, akaba ari co gituma ngo uko biri kwose umusirikare ari umusuku w’Imana!​—Matayo 26:52. a

Uwitwa Bernadette, uno se wiwe akaba yiciwe mu Bufaransa muri ya ntambara ya kabiri y’isi yose, aribuka ingene yumvise ababajwe cane n’amajambo umupatiri yavugiye ku maziko ya kavyara kiwe kari gafise imyaka itatu. Uwo mupatiri yavuze ati: “Imana yahamagaye ako kana kugira ngo kaje kuba akamarayika.” Mu nyuma Bernadette yaravyaye umwana amugaye, kandi no muri ico gihe nta mpumurizo idini ryamuronkeje ku bijanye n’ico cago.

Uwitwa Ciarán, uno akaba yakuriye mu Buraruko bwa Irilande mu gihe c’ubukazi bwigeze kuhabera, yarababazwa cane n’inyigisho yerekeye umuriro udahera. Yarakunda kuvuga yuko yanka urunuka Imana iyo ari yo yose yoba yagirwa n’ubukozi bw’ikibi nk’ubwo maze agaca ahigisha Imana ngo nimwice nimba ibaho. Ciarán si we wenyene ababazwa n’inyigisho z’ubukazi mwene izo zigishwa mu madini. Nkako, inyigisho z’idini zoshobora kuba ari zo zaciriye inzira ya nyigisho y’ivy’ihindagurika. Nk’uko Alister McGrath abivuga, icavyuye inkeka mu muzirikanyi wa Darwin ku bijanye n’uko Imana yoba ibaho, si kubera yuko yemera inyigisho y’ivy’ihindagurika, ahubwo ni kubera yuko “yanka urunuka” inyigisho yerekeye umuriro udahera. McGrath abona kandi ko bishobora kuba vyatumwe n’ukuntu Darwin “yatuntujwe bimwe bigera kure n’urupfu rw’umukobwa wiwe.”

Abantu bamwebamwe babona ko kuja mw’idini ari ugukora ibintu udakoresheje ubwenge kandi ukaba werekanye ko uri umunyeshaka rirenze urugero. Uwitwa Irina, uno ukaba yari yarashegeshwe n’insiguro zitagira mvura zo mw’idini be n’ibisabisho vyaguma ari vya bindi nyene, yigana ati: “Nabona yuko abantu bari mw’idini bakora ibintu ata kwiyumvira.” Uwitwa Louis, amaze gushegeshwa n’ibikorwa vy’ubunyamaswa vyakorwa n’abanyamadini b’ishaka rirenze urugero, yaciye abona ibintu mu buryo burushirije kuba ubukomeye, ati: “Inyuma y’imyaka itari mike namaze mbona ko idini rirambira, nahavuye mbona ko riteye akaga. Naciye nanka urunuka amadini yose.”

Abantu boba borushiriza kuroranirwa batemera Imana?

Ntibitangaje rero kuba abantu benshi babona ko idini ribuza abantu gutera imbere no kuronka amahoro. Hari mbere abibajije nimba abantu batorushiriza kuroranirwa igihe boba batemera Imana kandi ntibabe bari mw’idini. Ariko none, mwene ukwo gushibura buhere ibijanye n’idini, kwoba na kwo nyene hari ingorane kwokwega?

Umufilozofe wo mu kinjana ca 18 yitwa Voltaire yariyamirije yivuye inyuma ukwimonogoza kw’idini ryo mu gihe ciwe ryari ryarataye umurongo. Yamara, yabona ko kuba hariho Ikinyabuzima kirengeye vyose, bihambaye mu bijanye n’ubushobozi dufise bwo kumenya ikibereye n’ikitabereye. Mu nyuma, umufilozofe w’Umudagi yitwa Friedrich Nietzsche yaratangaje amajambo yabaye rurangiranwa yuko ngo Imana yapfuye, ariko yari ahagaritswe umutima n’uko ivyiyumviro vy’abahakanamana vyari gushobora gutuma imico runtu izimangana bigashobora no guteza ingorane. None ukwo guhagarika umutima kwoba kwarumvikana?

Umwanditsi yitwa Keith Ward avuga yuko uko abantu bagiye barashika mu bihe vya none, ubunyamaswa butagabanutse ahubwo “bwashitse ku rugero bitari bwigere vyiyumvirwa ko bwoshitseko.” Eka mbere no kuba abantu baragerageje guhakana Imana ntivyatumye bareka gukora ibibi bamye bakora, nk’ukurya ibiturire n’ukwinubana. Ivyo bintu vyaratumye abantu benshi basanzwe bitaho ibintu, mbere n’abahakanamana, babona ko kwemera Imana biri n’akamaro mu bijanye n’inyifato runtu.

Keith Ward arashira ahabona ivyiza biva mu kwemera Imana, ati: “Ukwizera gutuma abantu baguma bumva ko bakeneye kugira inyifato runtu, bakitwararika gukingira isi Imana yaremye.” Ivyigwa vyinshi biherutse kugirwa vyerekanye ko abantu bakunda gusenga usanga barushiriza cane kwitwararika abandi. Hari ukuntu ukwo kwitwararika abandi guheza kukazana ugushira akanyota ku rugero runaka. Ivyo bintu vyabonywe biremeza agaciro k’ingingo ngenderwako Yezu yatanze igira iti: “Gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ibikorwa 20:35.

Umuntu umwe yahoze ahakana ko Imana ibaho, akaba akora ibijanye no gufasha abari n’ivyo bakeneye, yahavuye akorwa ku mutima n’ubushobozi Bibiliya ifise bwo guhindura ubuzima bw’abantu. Yavuze ati: “Maze kumara imyaka myinshi ata kintu kinini nshitseko ndiko ndagerageza gufasha abantu ngo bahindure inyifato wasanga ibagirira nabi ikagirira nabi n’abandi, nasanze bitangaje kubona ukuntu abantu bashobora guhinduka bimwe bikomeye bakaba abameze neza. Naratahuye kandi ko ayo mahinduka atagarukira aho.”

Yamara rero, nk’uko abahakanamana bamwebamwe babivuga, ivyo kwemera Imana vyatumye haba ubwicanyi bwinshi be n’amatati menshi kuruta kure n’iyo uko vyatumye haba ukumera neza n’ukwitwararika abandi. Boshobora kwemera ko ukwizera kugira iciza gukoze kuri bamwe, ariko bo ubwabo bakaguma bakekeranya bimwe bigera kure. Uti kubera iki?

Ibindi bintu bituma abantu batemera Imana

Abantu benshi bigishwa yuko inyigisho y’ivy’ihindagurika ari ikintu cemewe. Nk’akarorero uwitwa Anila, yize amashure mu gihugu ca Alubaniya kiterekwa ivy’Imana. Yigana ati: “Mw’ishure, twigishijwe yuko kwemera Imana ari uguhendwa ubona be n’ugusigwa n’amajambere. Nama nize ibintu bishimishije vyerekeye ubuzima bw’ibimera n’ubw’udukoko, mugabo ivyo vyose nabona ko vyabonetse biciye kw’ihindagurika, kubera yuko ivyo vyatuma tubona ko twiyumvira mu buryo buhuje na siyansi.” Muri kino gihe ariyemerera ko “ibimenyamenya vyatangwa bategerezwa kuvyemera ata co barinze kubaza.”

Umujinya woshobora kubera intambamyi bamwebamwe. Ivyabona vya Yehova barakunze guhura n’abantu bafise iyo nyiyumvo igihe bamamaza inzu ku nzu, berekana icizigiro Bibiliya itanga. Bertil, umwe twavuga, yaragendewe muri ubwo buryo n’Icabona akiri muto. Bertil aribuka ko yibwiye muri we ati: ‘Ewe wa muntu we w’ishaka rirenze urugero, genda uhende abandi!’ Avuga ati: “Naramuretse arinjira maze nca ntangura kumutako ibirake nari mfise ku vyerekeye Imana, Bibiliya be n’idini.”

Uwitwa Gus wo muri Ekose, yari ababajwe n’akarenganyo yabona. Mu ntango, yaraharira cane akongera akaba intagondwa mu biganiro yagirana n’Ivyabona vya Yehova. Yarabajije ibibazo vyasa n’ivya wa muhanuzi w’Umuheburayo Habakuki, uwabwiye Imana ati: “N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo?”​—Habakuki 1:3.

Ukuba ubukozi bw’ikibi buriho busa nk’aho ata co bubwiye Imana na vyo nyene biramaze igihe kinini bibabaza abantu. (Zaburi 73:2, 3) Uwitwa Simone de Beauvoir, uno akaba ari umwanditsi w’Umufaransa, yarigeze kuvuga ati: “Vyaranyorohera kwemera ko isi itagira umuremyi kuruta kwemera ko hariho umuremyi yobazwa imivurungano yose yo mw’isi.”

Ariko none, ukuba amadini menshi adashobora gusigura igituma hari iyo mivurungano vyoba bisobanura ko ata nsiguro iriho? Gus yavuze yuko yahavuye aronka “insobanuro ishimishije y’igituma Umuremyi ashobora vyose yaretse abantu bakamara igihe bacumukura.” Yavuze ati: “[Iyo] yari intambwe idasanzwe nari nteye.” b

Abantu bamwebamwe bivugisha ko ari abahakanamana boshobora mu vy’ukuri kuba bafise amakenga ku bijanye n’inyigisho y’ivy’ihindagurika, bagashobora kuba bumva ko bakeneye kugiranira ubucuti n’Imana, kandi bagashobora mbere kuba batura isengesho. Nimuze turabe ikintu catumye abahakanamana bamwebamwe be n’abantu bamwebamwe bakekeranya nimba Imana yoba iriho, bazirikana cane ku bijanye n’ico kibazo maze bahava barunga ubucuti bwa hafi n’Umuremyi wabo.

Ni igiki cabafashije kwizera ko hariho Umuremyi?

Akoresheje ubushobozi bwo kubona ikibereye, wa musore yagendera Bertil yaramweretse yuko hariho itandukaniro rinini hagati y’ubukirisu bw’ukuri be n’amadini y’abakirisu bo kw’izina gusa. Bertil arasigura icamukoze ku mutima kuruta n’ivyiyumviro yamushikirije amwereka ko hariho Umuremyi, ati: “Naratangariye ukuntu yagumye yihanganye naho nari mudakurwa kw’ijambo. . . . Yaguma atekanye cane, kandi imisi yose yaba afise ibisohokayandikiro anzaniye kandi yaba yiteguye neza.” c

Uwitwa Svetlana, uno inyigisho y’ivy’ihindagurika be n’ivyiyumviro vya gikomunisita bikaba vyari vyaramugizeko akosho, yari yarajijutse ko akaruta akandi kakamira. Ariko rero, yaravurugwa ubwenge n’ico kintu kibabaje cerekeye ubuzima. Ivyo yigishijwe mw’ishure ry’ivy’ubuganga vyarushirije kumuvuruga ubwenge. Avuga ati: “Igihe twaba turi mu vyigwa vyerekeye ubuhakanamana, batwigisha ko akaruta akandi kakamira. Ariko mu vyigwa bijanye n’ivy’ubuganga, twigishijwe ko dukwiye gufasha abagoyagoya.” Yaribaza kandi igituma abantu, abavugwa ko ari inguge zagiye zirahindagurika, batuntuzwa n’ingorane bafise mu vy’inyiyumvo ariko ivyo bikaba bidashikira inguge. Insobanuro y’ivyo bintu bivuguruzanya yayironse ivuye ahantu ataziga. Avuga ati: “Nyokuru yaransiguriye akoresheje Bibiliya yuko agasembwa dufise ari ko gatuma tugira inyiyumvo mbi.” Svetlana yarakozwe ku mutima kandi no kumenya inyishu Bibiliya itanga ku kibazo nk’iki kigira giti: ‘Ni kubera iki abantu b’inzirabugunge bacumukura?’

Uwitwa Leif aturuka muri Scandinavie, yaremera cane ibijanye n’ivy’ihindagurika kandi yabona ko Bibiliya ari igitabu c’inkuru z’ibitito. Ariko rero umusi umwe, hari umugenzi yamweretse ko ivyo yemera ata shingiro bifise mu kumubaza ati: “Woba uzi yuko uriko urasubiramwo gusa ivyo abandi bavuze, ata kintu na kimwe uzi ku bijanye na Bibiliya?” Mu gusigura ukuntu ayo majambo yagize ikintu amukozeko, Leif avuga ati: “Naciye ntahura ko nari napfuye kwemera ivy’ihindagurika ata kibazo mbajije. . . . Ndiyumvira ko mu bintu bishobora gufasha umuhakanamana kugira ngo atangure kuzirikana, harimwo ubumenyi bwerekeye ubuhanuzi bwo muri Bibiliya be n’iranguka ryabwo.”​—Yesaya 42:5, 9.

Ciarán, umwe twamara kuvuga, yaravunywe umutima n’imyaka yamaze yisuka mu vya politike. Igihe yariko arazirikana ku bijanye n’ubuzima, mu muzirikanyi wiwe haciye haza iciyumviro c’uko Imana y’inyabushobozi kandi y’inyarukundo ari yo yonyene yari gushobora gutorera umuti ibibazo bihanze isi ikongera ikamwereka ingene yari gushobora kuva mu makuba yarimwo. Yibwiye mu mutima n’akababaro kenshi ati: ‘Ese icompa nkamenya Imana imeze gutyo!’ Yarasenze afise intuntu itovugwa, ati: “Nimba unyumva, nugire ico ukoze maze unyereke ingene nova mu makuba jewe ubwanje ndimwo no mu mubabaro ushikira umuryango w’abantu.” Haheze imisi mikeya, hari Icabona ca Yehova yamugendeye. Ico Cabona yaramusiguriye ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’akosho kabi intwaro z’abantu zifise. (Abanyefeso 6:12) Iyo nsobanuro yaremeje ivyo Ciarán ubwiwe yari yariboneye maze ituma yipfuza kumenya n’ibindi. Amaze kwiga vyinshi ku vyerekeye Bibiliya, yaciye atangura kwizera bimwe bikomeye ko hariho Umuremyi w’umunyarukundo.

Umuremyi w’abantu hamwe n’ubucuti ugiranira na we

Ubwiyorobetsi bwo mu madini, inyigisho z’abahakanamana nk’iyerekeye ivy’ihindagurika, be n’ukuba ubukozi bw’ikibi bwiraye vyaratumye abantu benshi bakekeranya canke mbere bahakana ko hariho Umuremyi. Ariko rero, hamwe wovyemera, Bibiliya irashobora kukuronsa inyishu zimara akanyota ku bibazo ufise. Irahishura kandi ivyiyumviro vy’Imana, bino bikaba ari “ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ivy’ivyago, kugira ngo [igu]he [“kazoza n’icizigiro,” NW].” (Yeremiya 29:11) Kuri Bernadette, umwe yari yibarutse umwana amugaye kandi akaba yarakekeranya nimba hoba hariho Umuremyi, ico cizigiro cabaye nk’igitambara coroshe, gipfutse ibikomere yatezwa n’umubabaro yari yifitiye.

Insobanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’igituma Imana ireka abantu bagacumukura yarakoze cane ku mizirikanyi n’imitima y’abantu benshi bahoze bahakana ko Imana ibaho. Ufashe umwanya wo kurondera inyishu Bibiliya itanga ku bibazo bihambaye mwene ivyo, na wewe nyene woshobora kujijuka ko hariho Imana vy’ukuri “itari kure y’umwe wese muri twebwe.”​—Ibikorwa 17:27.

[Utujambo tw’epfo]

a Ku bijanye n’uko abakirisu b’ukuri boba bakwiye canke badakwiye kuja mu ntambara, raba ikiganiro kivuga ngo “Intambara yoba idateye kubiri n’ubukirisu?”, kiri ku rupapuro rwa 29-31.

b Ushaka kumenya insobanuro y’ido n’ido ku bijanye n’igituma Imana ireka hakabaho ubukozi bw’ikibi, raba igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, ku rupapuro rwa 106 gushika ku rwa 114, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

c Ushaka kumenya ivyiyumviro bishigikira ibijanye n’irema, raba Réveillez-vous! yo muri Nyakanga 2006 ifise umutwe uvuga ngo “Y a-t-il un Créateur?”, yasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 13]

Ibibazo inyigisho y’ivy’ihindagurika idashobora kwishura

• Vyari gushoboka gute ngo ubuzima buturuke ku kintu kitagira ubuzima?​—ZABURI 36:9.

• Ni kubera iki ibikoko be n’ibiterwa birondoka gusa vyisunze amoko yavyo?​—ITANGURIRO 1:11, 21, 24-28.

• Nimba abantu bakomoka ku nguge, ni kubera iki ata nguge n’imwe isigaje gato ngo icike umuntu turigera tubona?​—ZABURI 8:5, 6.

• Ukuba abantu bitwararika abandi vyoshobora gute gusigurwa n’inyigisho y’uko ngo akaruta akandi kakamira?​—ABAROMA 2:14, 15.

• Abantu boba bafise icizigiro nyakuri cerekeye kazoza?​—ZABURI 37:29.

[Ifoto ku rup. 12]

Imana y’inyarukundo yari gushobora gute kurema isi abana bacumukuriramwo?

[Ifoto ku rup. 13]

Ubwiyorobetsi bwo mu madini bwaratumye abantu benshi baja kure y’Imana