Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni nde yari “umukuru w’abarinzi b’urusengero,” kandi yari ajejwe iki?

Umwe mu ndongozi z’idini ry’Abayuda zafashe intumwa Petero be n’intumwa Yohani igihe bariko baramamaza yari “umukuru w’abarinzi b’urusengero.” (Ibikorwa 4:1-3) Bibiliya ntidondora amabanga uwo mukuru w’abarinzi b’urusengero yari ajejwe, ariko inkuru zimwezimwe zo muri kahise ziratanga amakuru ashimishije.

Bisa n’uko mu gihe ca Yezu, ico kibanza cahabwa umuherezi yaba agira kabiri uvuye ku muherezi mukuru. Umukuru w’abarinzi b’urusengero yari ajejwe kuraba ko imbere no hanze y’urusengero rw’i Yeruzalemu haguma hari urutonde. Yaracungera ibijanye n’ugusenga kwabera ng’aho ku rusengero be n’umugwi w’abo twokwita abapolisi bo ku rusengero. Abakuru b’abarinzi bari munsi yiwe barahagirikira inderetsi zugurura amarembo y’urusengero mu gitondo zikayugara mw’ijoro, bakiyemeza neza ko ata muntu n’umwe yinjira mu bibanza atarekuriwe kwinjiramwo, bakongera bagakingira ububiko bw’urusengero.

Abaherezi n’Abalewi bakora ku rusengero bari batunganijwe mu mice 24, umuce umwumwe ugasukura mu kiringo c’indwi imwe mu kuza urabisikanya n’iyindi, ivyo bikaba kabiri mu mwaka. Bishoboka ko umuce umwumwe wose wari wifitiye umukuru wawo w’abarinzi.​—1 Ngoma 24:1-18.

Abo bakuru b’abarinzi b’urusengero bari abantu bakomakomeye. Bavugwa bari kumwe n’abakuru b’abaherezi bagiye inama yo kwicisha Yezu, kandi baranakoresheje abo bategeka kugira ngo bafate Yezu.​—Luka 22:4, 52.

Muri Matayo 3:4 havuga ko Yohani Umubatizi yafungura “inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.” None inzige zoba zari imfungurwa zari zimenyerewe muri ico gihe?

Hari abagize amakenga ko Yohani atoba mu vy’ukuri yafungura inzige, bakavuga ko Matayo yariko yerekeza ku ntete z’igiti co muri Palesitina citwa caroubier, ku vyamwa vyo mw’ishamba canke mbere ku bwoko bunaka bw’amafi. Ariko rero, ijambo ry’ikigiriki Matayo yakoresheje ryerekeza ku dukoko two mu bwoko bw’ibihori. Utwari tumenyerewe gusumba utundi twose muri Isirayeli, zari inzige zo mu bugaragwa, zino zikaba zizwi ko zikunze kugira imigwi mininiminini ishobora gutema igatongora imirima.​—Yoweli 1:4, 7; Nahumu 3:15.

Inzige zari imfungurwa zakundwa cane n’abantu bo mu gihe ca kera nk’Abashuri be n’Abanyetiyopiya, kandi no muri iki gihe ziracafungurwa n’Abarabu bo mu bwoko bw’aba Bédouins be n’Abayuda bakomoka mu gihugu ca Yémen. Muri Isirayeli, inzige zabonwa ko ari imfungurwa z’abakene. Bamaze kuzikurako umutwe, utuguru be n’igice co mu nda, baca bafungura igice co mu gikiriza, bakazirya ari mbisi, zokeje canke zanikiwe ku zuba. Rimwe na rimwe inzige barazirunga umunyu, bakazishira mu muvinyu ukarishe canke mu buki. Umutohozakahise umwe yitwa Henri Daniel-Rops avuga yuko uzifunguye zigomba kumera nk’inkara.

Kubera ko Yohani yamamaza mu bugaragwa, bishoboka ko yaronka inzige bitamugoye. (Mariko 1:4) Kubera ko inzige zirimwo ibice bishika kuri 75 kw’ijana vy’ingaburo ndemamubiri bita protéines, igihe umuntu aziriye akarya n’ububuki bwo mw’ishamba zica ziba imfungurwa zirimwo ingaburo nziza cane.

[Ifoto ku rup. 28]

Abasuku b’Abashuri bafise inzige n’amakomamanga

[Abo dukesha ifoto]

Vyakuwe mu gitabu Discoveries Among the Ruins of Nineveh and Babylon (1853)