Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya

Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya

Niwigane ukwizera kwabo

Yararwanye urugamba kugira ngo atsinde ubwoba n’ugukekeranya

PETERO yariko aragwa inzura n’ingafe yongera yitegereza ikintu mu mwiza w’ijoro. None ikintu gisa n’umuco yabonye i buheramaso mu Buseruko coba cari ikimenyetso c’uko bwari bugiye bwatamanzura? Yumva arushe mu mugongo no mu bitugu kubera ko yari yamaze amasaha menshi ariko arasoza. Umuyaga wari watumye Ikiyaga c’i Galilaya gisuriranya wariko urahuhuta umushatsi wiwe. Imipfunda myinshi yaza irikubita ku mpanza y’ubwato bwo kuroba yarimwo, ikamujobekesha uruhuhwerezi rw’amazi akanye yaza aramutarukirako. Naho vyari ukwo, yarabandanije gusoza.

Petero na bagenziwe bari basize Yezu ari wenyene ku nkengera y’ico kiyaga. Kuri uwo musi, bari babonye ingene Yezu agaburira abantu ibihumbi bari bashonje akoresheje udukate dukeyi n’ifi nkeyi. Abo bantu baciye barondera kwimika Yezu, ariko we ntiyashaka kugira uruhara mu vya politike. Vyongeye, yari yiyemeje gutuma abayoboke biwe birinda gutsimbataza mwene ivyo vyipfuzo. Amaze kwikurako ayo masinzi, yaringinze abigishwa biwe ngo burire ubwato maze baje ku yindi nkengera, na we aca aja ku musozi ari wenyene gusenga.​—Mariko 6:35-45; Yohani 6:14, 15.

Abo bigishwa buriye ubwato igihe ukwezi, ukwari hafi kuba ukw’igisyo, kwari kugeze hagati mu kirekire; ariko muri uwo mwanya hoho kukaba kwariko kurarenga buhorobuhoro. Yamara, bari bamaze kugira urugendo rw’ibilometero bikeyi gusa. Uguhuhuta gukomeye kandi kudatezura kw’umuyaga be n’ugusuriranya kw’imipfunda ntivyaborohereza kuyaga. Bishoboka ko Petero yari yatwawe n’ivyiyumviro.

Urazi ukuntu yari afise ibintu vyinshi vyo kuzirikanako! Yari amaze imyaka irenga ibiri agendana na Yezu w’i Nazareti, ino ikaba yarabayemwo ibintu vyinshi bikomeye. Naho yari amaze kwiga ibintu bihambaye, yari agifise vyinshi vyo kwiga. Kuba yari afise umutima ukunze wo kubigira, ni ukuvuga kurwana urugamba kugira ngo atsinde intambamyi nk’ugukekeranya n’ubwoba, bituma atubera akarorero kadasanzwe twokwigana. Reka tubirabe.

“Twabonye Mesiya”!

Petero ntiyokwigeze yibagira umusi yahura na Yezu w’i Nazareti. Mwene wabo Andereya ni we yatanguye kumuzanira agakuru gatangaje, ati: “Twabonye Mesiya.” Ayo majambo yaratumye Petero atangura guhindura ubuzima bwiwe. Ntibwokwigeze busubira kuba nk’ubwo yahorana.​—Yohani 1:41.

Petero yaba i Kaperinawumu, igisagara co ku nkengera y’ikiyaga c’amazi apfutse citwa Ikiyaga c’i Galilaya. We hamwe na Andereya bakorana na Yakobo be na Yohani, abahungu ba Zebedayo mu gikorwa c’uburovyi. Petero ntiyabana gusa n’umukenyezi wiwe, ariko kandi yabana na inabukwe be na mwene wabo Andereya. Kuronsa umuryango nk’uwo ivyo ukeneye kandi ari umurovyi vyasaba ko akora agatama kandi agakoresha inguvu n’ubukerebutsi bwinshi. Turashobora kwiyumvira amajoro adaharurwa abo bagabo bamara bariko barakora, bakaza baraterera insenga zabo hagati y’ubwato bubiri bongera bazikwega kugira ngo bakuremwo ifi izo ari zo zose zaba zafashwe. Turashobora kandi kwiha ishusho y’amasaha y’umuruho bamara ku murango bariko barobanura amafi barovye kandi bayacuruza, basanura insenga bongera bazisukura.

Bibiliya itubwira yuko Andereya yari umwigishwa wa Yohani Umubatizi. Nta gukeka ko Petero yashimishwa cane no kwumviriza amakuru mwene wabo yamubwira yerekeye ubutumwa Yohani yashikiriza. Umusi umwe, Andereya yarabonye Yohani atunze urutoke Yezu w’i Nazareti maze aca avuga ati: “Raba, Umwagazi w’intama w’Imana!” Andereya yaciye ubwo nyene aba umuyoboke wa Yezu yongera arabwira Petero n’igishika cinshi ako gakuru gateye umunezero k’uko Mesiya yari amaze gushika! (Yohani 1:35-40) Inyuma y’aho habereye ubugarariji muri Edeni, aho hakaba hari haciye imyaka nka 4.000, Yehova Imana yari yarasezeranye ko hobonetse umuntu adasanzwe yohaye abantu icizigiro nyakuri. (Itanguriro 3:15) Andereya yari yabonye uwo Murokozi nyene, Mesiya ubwiwe! Petero yaciye agenda amaguru adakora hasi kuraba Yezu.

Gushika ico gihe, Petero yitwa Simoni. Ariko Yezu yaramwitegereje maze avuga ati: “‘Uri Simoni mwene Yohani; uzokwitwa Kefa’ (bikaba bihindurwa ngo: Petero).” (Yohani 1:42) “Kefa” ni izina ry’urusangi risobanura ngo “ibuye,” canke “igitandara.” Biboneka ko ayo majambo Yezu yavuze yari ay’ubuhanuzi. Yarabonye imbere y’igihe yuko Petero yobaye nk’igitandara, akaba umuntu ashikamye, akomeye cane kandi w’umwizigirwa yogize ico akoze ku bandi bayoboke ba Kristu. None Petero yoba yabona ibimwerekeye muri ubwo buryo? Bisa n’uko ata wovyemeza. Hari mbere n’abasomyi b’inkuru ziganwa mu Njili bo mu bihe vya none babona ko Petero ata kamere nk’iz’igitandara yari afise. Hari abavuze ko yaboneka yuko atari ashikamye, yari mahindagu kandi ata ngingo yafata.

Petero yari yifitiye ubugoyagoye. Yezu yari azi neza ubwo bugoyagoye. Ariko Yezu, nka kurya kwa Se wiwe Yehova, yama nantaryo arondera iciza mu bantu. Yezu yarabonye ko hari ibintu vyinshi Petero yari ashoboye, maze aca arondera kumufasha gutsimbataza kamere nziza. No muri iki gihe, Yehova n’Umwana wiwe baturonderamwo iciza. Hari aho vyotubera urugamba kwemera yuko hari ivyiza vyinshi bodusangamwo. Ariko rero, turakwiye kwizigira ukuntu babona ibintu kandi tukagaragaza ko dufise umutima ukunze wo kwemera kumenyerezwa no kubumbabumbwa, nk’uko Petero na we nyene yari ameze.​—1 Yohani 3:19, 20.

“Reka gutinya”

Bishoboka ko Petero yaherekeje Yezu mu rugendo rumwe yaciye agira rwo kwamamaza. Rero, ashobora kuba yarabonye Yezu igihe yakora igitangaro ciwe ca mbere, aho yahinduye amazi akaba umuvinyu mu bugeni bw’i Kana. Igihambaye kuruta, yariyumviye ubutumwa butangaje kandi burimwo icizigiro bwerekeye Ubwami bw’Imana Yezu yashikiriza. Yamara rero, yarahevye Yezu maze yisubirira kuroba. Ariko haciye amezi nk’angahe, Petero yarasubiye kwibonera Yezu amaso mu yandi, kandi ico gihe Yezu yaciye asaba Petero kumukurikira igihe cose, bikaba yo ngendo y’ubuzima bwiwe.

Petero yari yamaze ijoro ryose aroba ariko ntiyaronka namba. Abo barovyi bari batereye insenga zabo akatari gake, ariko bakazikwega zigaragara. Mu vy’ukuri, Petero yarakoresheje ubuhanga bwiwe bwose kugira ngo atorere umuti iyo ngorane, akagerageza guterera insenga mu bibanza bitandukanye muri ico kiyaga arondera aho ifi zoba ziri. Ata gukeka, vyoba vyarashitse na we, nk’uko bishikira n’abandi barovyi benshi cane, akipfuza ko iyaba bishoboka yoravye muri ayo mazi yiraburanye kubera umucafu akabona ahari imigwi y’amafi canke akaraba ingene yotuma yinjira mu nsenga ziwe. Ariko ntiwumve, mwene ivyo vyiyumviro vyatuma gusa arushiriza guta umutwe. Petero ntiyaroba kugira ngo yinezereze; hari abantu bari bazeye uburaro n’uburamuko kuri ubwo burovyi bwiwe. Amaherezo, yaravuye mu kiyaga, aza ari imbokoboko. Naho vyari ukwo, izo nsenga zategerezwa gusukurwa. Ni co gituma Petero atari areze amaboko igihe Yezu yaza aho ari.

Yezu yari akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko baramwumviriza babishashaye. Kubera yuko abantu bariko bamuhundarako, Yezu yaciye yurira mu bwato bwa Petero maze amusaba kubwigiza mu mazi gatoyi. Yezu yarigishije iryo sinzi ry’abantu bitumwe n’uko ijwi ryiwe ryumvikana neza kubera amazi. Petero be n’iryo sinzi ry’abantu barumvirije bitonze. Ntiyigeze arambirwa no kwumviriza Yezu igihe yariko aca irya n’ino ikintu nyamukuru igikorwa ciwe co kwamamaza cari gishingiyeko, na co kikaba ari Ubwami bw’Imana. Ese ukuntu kobaye ari agateka atewe afashije Kristu gukwiragiza hirya no hino muri ico gihugu ubwo butumwa buronsa abantu icizigiro! Ariko none ico cobaye ari ikintu kiranga ubukerebutsi? None bobayeho gute? Kumbure Petero yarasubiye kuzirikana kuri rya joro yakesha ariko araroba, ariko arabura n’iy’umuti.​—Luka 5:1-3.

Yezu arangije kuvuga, yaciye abwira Petero ati: “Igiza aho amazi agera kure, hanyuma muterere insenga zanyu murobe.” Petero yari afise ugukekeranya kwinshi. Yavuze ati: “Mwigisha, twacumukuye ijoro ryose ntitwafata namba, mugabo ko ubitegetse ndamanura insenga.” Mu vy’ukuri, Petero ntiyipfuza na gato gusubira kumanura izo nsenga, na canecane mu gihe aho hantu ata n’icaranga ko hariho amafi! Yamara, yaragamburutse, akaba kumbure yaragiriye ikimenyetso bagenziwe bo mu bundi bwato kugira ngo babakurikire.​—Luka 5:4, 5.

Petero atanguye gukwega insenga, yaciye yumva ziremereye kandi atari avyiteze. Kubera ko Petero yasa n’uwutavyemera, yaciye akwega nya nsenga n’inguvu nyinshi kuruta, kandi mu kanya isase, yarashoboye kubona ifi umuyoro ziriko zirataragurikira muri nya nsenga! Yaragiriye ikimenyetso n’ingoga na ningoga abarovyi bo mu bundi bwato kugira ngo baze kumufasha. Bamaze kuza, ntivyatevye kugaragara ko ubwo bwato bumwe butari gukwirwamwo ayo mafi yose. Barujuje amafi ayo mato yompi, kandi hari hagisigaye amafi menshi. Kubera yuko nya mato yari yanihiriye, yaciye atangura kunyika. Emwe, Petero bwari bwapfutse umunwa! Imbere y’aho yari yiboneye ingene Kristu akoresha ububasha bwiwe, ariko ico gihe ho ivyari bibaye vyari bigize ico bikoze kuri we no ku muryango wiwe! Uwo muntu yari ashoboye no gutuma ifi zinjira mu nsenga! Petero yaciye atangura gutekerwa n’ubwoba. Yaciye apfukama imbere ya Yezu, avuga ati: “Ja kure yanje, Mukama, kuko ndi umunyabicumuro.” None yoshoboye gute kwerekana ko abereye kwifatanya n’uwo Muntu yari ahejeje gukoresha ububasha bw’Imana muri ubwo buryo?​—Luka 5:6-9.

Yezu yamubwiranye umutima mwiza ati: “Reka gutinya. Guhera ubu uzohora uroba abantu ari bazima.” (Luka 5:10, 11) Ico nticari igihe co gukekeranya no gutinya. Ugukekeranya kwa Petero ku bijanye na mwene ivyo bibazo vyo mu buzima bwa misi yose nk’uburovyi ntikwari gufise ishingiro; ubwoba yari afise ku bijanye n’ubugoyagoye bwiwe be n’ivyo atari ashoboye na bwo nyene ntibwagira ishingiro. Yezu yari afise igikorwa gihambaye co gukora, ni ukuvuga ubusuku bwohinduye kazoza k’abantu. Yasukurira Imana “ikunda guharira.” (Yesaya 55:7) Yehova yokwitwararitse ivyo bakeneye, mu vy’umubiri be no mu bijanye no gusenga.​—Matayo 6:33.

Petero, Yakobo na Yohani baciye ubwo nyene bagira ico bakoze. “[Baragarukanye] bwa bwato i musozi, hanyuma baheba vyose baramukurikira.” (Luka 5:11) Petero yarizigiye Yezu be n’Uwamutumye. Iyo ni yo ngingo nziza kuruta izindi zose yari gufata. Muri iki gihe, abakirisu batsinda ugukekeranya be n’ubwoba kugira ngo basukurire Imana, na bo nyene baba bariko barerekana ko bafise ukwizera nk’ukwa Petero. Kwizera Yehova muri ubwo buryo ntikwigera kuba ukwihenda.​—Zaburi 22:4, 5.

“Kubera iki wakekeranije?”

Haciye nk’imyaka ibiri Petero abonanye na Yezu, ni ho yariko asoza mw’ijoro ririmwo umuyaga mwinshi muri ca Kiyaga c’i Galilaya twavuga mu ntango. Mu vy’ukuri, ntidushobora kumenya ibintu yibuka yoba yariko arazirikanako. Emwe, hari vyinshi cane yari guhitamwo! Yezu yari yarakijije inabukwe wa Petero. Yari yarashikirije ya Nsiguro yo ku Musozi. Biciye ku nyigisho ziwe no ku bikorwa vy’ububasha yakora, yari yaragaragaje akatari gake ko yari Uwatowe wa Yehova, ari we Mesiya. Uko amezi yagiye arahaca, nta gukeka ko ubugoyagoye bwa Petero, nk’impengamiro yari afise yo guca yihutira kugira ubwoba no gukekeranya, bwari bumaze kugabanuka ku rugero runaka. Yezu yari yaranatoye Petero kugira ngo abe umwe mu ntumwa ziwe 12. Ariko rero, nk’uko Petero yari agiye kubibona, ntiyari bwatsinde ubwoba n’ugukekeranya.

Mu gihe c’iterama rya kane ryo muri nya joro, ni ukuvuga mu kiringo kinaka co hagati y’isaha icenda z’ijoro n’igihe izuba riseruka, Petero yaciye bukwi na bukwi ahagarika gusoza maze aca aguma yicaye. Hari ikintu cariko kigendagendera mu mipfunda! Coba cari igitutu c’imipfunda gitewe n’umuco w’ukwezi? Oyaye, cari ikintu gihagaze kandi kigororotse. Yari umuntu! Emwe, yari umuntu, kandi yariko aragendera ku kiyaga! Uko nya muntu yegereza, yasa n’uwuriko agenda abagana. Abigishwa batekewe n’ubwoba, bibaza ko ari igihume. Nya muntu yavuze ati: “Nimureme, ni jewe; ntimutinye.” Yari Yezu!​—Matayo 14:25-28.

Petero yasubijeyo ati: “Mukama, nimba ari wewe, ntegeka nze aho uri ngendera ku mazi.” Hari ikintu kiranga uburindutsi caciye kibanza kumuzamwo. Kubera ko Petero yanezerejwe cane n’ico gitangaro kidasanzwe, yaciye arondera ikindi kintu cokwemeje ko afise ukwizera. Yashaka kugira uruhara mu vyariko biraba. Yezu abigiranye ubuntu, yaciye amwakura. Petero yaravuye mu bwato maze ahonyora ku kiyaga cari gitekanye. Iyumvire ukuntu Petero yumvise amerewe igihe yasanga ashinze ukuguru ahantu hagumye maze agahagarara ku mazi. Ategerezwa kuba yaratangaye cane uko yagenda agana iyo Yezu ari. Ariko rero, hari ikindi kintu caciye kimuzamwo.​—Matayo 14:29.

Petero yari akeneye kuguma ahanze amaso Yezu. Yezu akoresheje ububasha buva kuri Yehova, ni we yariko aratuma Petero aguma agendera ku mipfunda. N’ikindi kandi, ivyo Yezu yabigize kubera ko Petero yamwizigira. Ariko Petero yaratanguye gusamara. Dusoma duti: “Aravye igihuhusi c’umuyaga agira ubwoba.” Petero yahanze amaso iyo mipfunda yariko yisuka ku bwato, igatuma amazi asebagirika akamera nk’ifuro kubera umuyaga, maze aca ata umutwe. Kumbure yiyumviriye ko ariko aranyikira muri ico kiyaga, ko agire asome nturi. Uko yarushiriza kugira ubwoba, ni ko ukwizera kwiwe kwarushiriza kugoyagoya. Wa muntu yari yiswe Igitandara kubera ko yari ashoboye kuguma ashikamye, yaciye atangura kunyika nk’ibuye bitumwe n’uko ukwizera kwiwe kwari kwahungabanye. Naho Petero yari azi kwoga, ico gihe ntiyakoresheje ubwo bubangukirwe yari afise. Yaciye akoma induru ati: “Mukama, ntabara!” Yezu yaramufashe ukuboko maze aramukwega. Hanyuma, bakiri hejuru y’amazi, Yezu yarahaye Petero iki cigwa gihambaye ashimitse ati: “Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki wakekeranije?”​—Matayo 14:30, 31.

Ese ukuntu vyari bibereye kuba yaramubwiye ko ‘yakekeranije!’ Ugukekeranya kurashobora kuba inguvu y’ububasha yonona. Igihe twemeye tugatwarwa n’ugukekeranya, ivyo birashobora kugenda buhorobuhoro bironona ukwizera kwacu. Turakwiye kukurwanya twivuye inyuma! Uti gute? Mu kuguma duhanze amaso ibintu bihambaye. Nitwaguma twituniye ku bintu bituraje ishinga, biduca intege n’ibidusamaza ngo ntitugume duhanze amaso Yehova n’Umwana wiwe, tuzosanga ugukekeranya kwatugwiranye. Nitwaguma na ho duhanze amaso Yehova n’Umwana wiwe, ku vyo bakoze, ku vyo bariko barakora be n’ivyo bazokorera ababakunda, tuzokwirinda ugukekeranya gushobora kwonona ukwizera kwacu.

Uko Petero yakurikira Yezu bariko bagenda berekeza kuri bwa bwato, yarabonye ingene ca gihuhusi giturura. Ca Kiyaga c’i Galilaya caciye gitekana. Petero yarifatanije na ba bigishwa bagenziwe mu kuvuga ati: “Uri Umwana w’Imana vy’ukuri.” (Matayo 14:33) Igihe umutwenzi watambika kuri ico kiyaga, nta gukeka ko umutima wa Petero waciye ubogaboga ugukenguruka. Ugukekeranya be n’ubwoba ntivyari bikimwiganziye. Ego ni ko, yategerejwe kugira amahinduka menshi imbere y’uko aba umukirisu afise kamere nk’iz’igitandara nk’uko Yezu yari yarabivuze. Ariko yari yiyemeje kuguma agerageza kandi akaguma atera imbere. Woba ufise umwiyemezo nk’uwo? Niba ari uko bimeze, uzosanga ata gukeka bibereye ko wigana akarorero ka Petero.

[Ifoto ku rup. 22]

Yezu yarabonye ko uyu murovyi yicisha bugufi yoshoboye ibintu vyinshi

[Ifoto ku rup. 23]

‘Mukama, ndi umunyabicumuro’

[Ifoto ku rup. 24]

‘Yararavye igihuhusi c’umuyaga aca agira ubwoba’