Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya inkuru itangaje y’ukuntu yazigamwe

Bibiliya inkuru itangaje y’ukuntu yazigamwe

BIBILIYA ni co gitabu cakwiragijwe gusumba ibindi vyose muri kahise k’abantu, hakaba hamaze gutangwa nk’izishika 4.800.000.000. Mu 2007 honyene, Bibiliya zirenga 64.600.000 zaracapuwe. Kugira ngo ubone ukuntu ico kintu gihambaye, numenye ko igitabu c’inkuru z’ibitito caguzwe gusumba ibindi vyose muri uwo mwaka, cabanje gucapurwa mu makopi imiliyoni 12 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Kugira ngo Bibiliya ibe co gitabu casohowe cane gusumba ibindi vyose kw’isi, yarazigamwe naho yashikiwe n’ibintu vyinshi vyayibangamiye. Kuva kera na rindi, abantu barabuzwa gutunga Bibiliya kandi yaraturiwe, vyongeye abahirahira ngo bayihindure barafatwa bunyamaswa bakongera bakicwa. Ariko rero, kimwe mu bintu bikomeye gusumba ibindi vyose vyatumye kuzigama Bibiliya biba urugamba, si uruhamo rukaze rwashikiye bukwi na bukwi abayikoresha n’abayihindura, ahubwo ni ukuntu yagenda buhorobuhoro irononekara. Uti gute?

Bibiliya igizwe n’ibitabu bitobito 66 vyashizwe hamwe, ivyanditswe kera cane gusumba ibindi bikaba bimaze imyaka irenga 3.000 vyanditswe canke bishizwe hamwe na bamwe mu bari bagize ihanga rya Isirayeli. Abanditse ivyo bitabu mu ntango be n’abimuye ivyo bisomwa, banditse ubutumwa bwahumetswe ku bintu bishobora kwononekara, nko ku nkorogoto canke ku nsato. Nta na kimwe muri ivyo bisomwa vyo mu ntango kiruburwa gushika ubu. Mugabo rero, amakopi ya kera ibihumbi n’ibihumbi y’ibihimba bitobito na bininibinini vy’ibitabu vyo muri Bibiliya yarubuwe. Igihimba ca kimwe muri ivyo bitabu, kino kikaba ari Injili ya Yohani, cimuwe haciye imyaka nka mirongo gusa intumwa Yohani yanditse ico gitabu ciwe co mu ntango.

Ni kubera iki bitangaje kubona amakopi ayo ari yo yose ya Bibiliya yarazigamwe? Vyongeye, ni ku rugero rungana iki Bibiliya zo muri kino gihe ziserura mu buryo butarimwo amakosa bwa butumwa bwanditswe n’abanditsi bo mu ntango?

Ni ibiki vyashikiye ibindi vyandiko vya kera?

Ukuzigamwa kwa Bibiliya kuratangaje umuntu aravye ivyashikiye ivyandiko vy’abantu bo mu mahanga babayeho mu kiringo kimwe n’Abisirayeli. Nk’akarorero, Abanyafenisiya bari ababanyi b’Abisirayeli mu kimpumbi ca mbere B.G.C. Abo badandaza bakorera mu mazi barakwiragije mu karere kose ka Mediterane ubuhinga bwabo bwo kwandika indome. Barungukiye kandi ku rudandaza rukomeye rw’inkorogoto bagirana na Misiri be n’uturere twatwarwa n’Ubugiriki. Naho vyari ukwo, ikinyamakuru kimwe (National Geographic) kivuga ku bijanye n’Abanyafenisiya giti: “Ivyo banditse, bino ukaba wasanga akenshi vyanditswe ku nkorogoto zoroshe, vyarasangangutse, ku buryo muri iki gihe ahanini tumenyera Abanyafenisiya ku bintu birangwa n’urwanko vyavuzwe n’abansi babo. Naho bivugwa ko Abanyafenisiya ubwabo bari bafise ibintu vyinshi vyiza bijanye n’inyandiko, vyarazimanganye buhere uhereye kera cane.”

Tuvuge iki ku bijanye n’ivyo Abanyamisiri ba kera banditse? Inyandiko bakoresha y’utumenyetso n’udushushanyo baharangatura canke bagacapa ku mpome z’urusengero canke ahandi hantu (ivyo bita hiéroglyphes) iramenyerewe cane. Abanyamisiri kandi barazwi kubera yuko bateje imbere ivyo kwandika ku nkorogoto. Ariko rero, ku bijanye n’ivyo banditse ku nkorogoto, umuhinga umwe mu bijanye n’igihugu ca Misiri yitwa K. A. Kitchen, avuga ati: “Vyagereranijwe yuko ibice bishika 99 kw’ijana vy’inkorogoto zose zanditswe kuva nko mu 3000 gushika ku ntwaro y’Abagiriki n’Abaroma, vyari vyarazimanganye buhere.”

Tuvuge iki ku bijanye n’ivyo Abaroma bari baranditse ku nkorogoto? Rimbura aka karorero. Twisunze ivyo igitabu kimwe (Roman Military Records on Papyrus) kivuga, biboneka ko abasoda b’Abaroma bahembwa incuro zitatu mu mwaka, kandi igihe baba bahembwe, vyaca vyandikwa ku nkorogoto zemeza ko baronse umushahara. Bigereranywa yuko mu myaka 300 yahaciye kuva ku ngoma ya Ogusito (27 B.G.C.–14 G.C.) gushika ku ngoma ya Dioclétien (284-305 G.C.), hoba hariho ivyandiko 225.000.000 vy’abantu baronse imishahara. None ni bingahe vyazigamwe? Bibiri vyonyene ni vyo vyatowe bigishoboka ko umuntu abisoma.

Ni kubera iki none ivyandiko bike cane vya kera vyanditswe ku nkorogoto ari vyo vyazigamwe? Ni kubera yuko ibintu bishobora kwononekara nk’inkorogoto canke ibindi bintu vyari bimenyerewe kwandikwako be n’insato, bidateba kwononekara igihe biri ahantu hakanye. Igitabu kimwe c’inyizamvugo (The Anchor Bible Dictionary) kivuga giti: “Kubera ukuntu ikirere cifashe, ivyandiko vyo ku nkorogoto vyo muri ico gihe [ni ukuvuga mu kimpumbi ca mbere B.G.C.] vyoshobora kuzigamwa igihe gusa biba bishizwe mu bugaragwa, mw’isenga canke ahantu hubakiye.”

Tuvuge iki ku bijanye n’ibisomwa vyo muri Bibiliya?

Ibitabu vyo muri Bibiliya vyo mu ntango biboneka ko vyanditswe ku bintu vyoroshe cokimwe n’ivyo Abanyafenisiya, Abanyamisiri be n’Abaroma bakoresheje. Ni kubera iki none ivyanditswe muri Bibiliya vyazigamwe gushika aho icika co gitabu casohowe gusumba ibindi kw’isi? Porofeseri James L. Kugel aratanga impamvu imwe. Avuga yuko ibisomwa vyo mu ntango vyimuwe “incuro nyinshi, nyinshi mbere no mu gihe abanditsi ba Bibiliya bari bakiriho.”

None impinduro za Bibiliya zo muri kino gihe zihuriye he n’ivyandikano vya kera vy’iminwe? Porofeseri Julio Trebolle Barrera, uno akaba ari umwe mu bagize umugwi w’abahinga bajejwe kwiga no gusohora ivyandikano vy’iminwe vya kera bikunze kwitwa ngo Imizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu, avuga ati: “Ukuntu igisomwa ca Bibiliya yo mu giheburayo cagiye kirahererekanwa ntikugiramwo amakosa bimwe bitangaje, bikaba ataho bisa bisana n’ibitabu vya kera vyanditswe mu kigiriki no mu kilatini.” Incabwenge yubahwa mu vya Bibiliya yitwa F. F. Bruce, avuga ati: “Ikimenyamenya c’uko ivyanditswe mu Bwuzure Bushasha dufise ari ivy’ukuri kirarengeye kure n’iyo ikimenyamenya c’uko ivyanditswe n’abanditsi ba kera bitagira amakosa, bino akaba atawigera anarota avuguruza ko ari ivy’ukuri.” Abandanya ati: “Iyaba Ubwuzure Bushasha bwari bugizwe n’ibintu vyanditswe n’abantu vyakoranirijwe hamwe, nta muntu n’umwe muri rusangi yokwigeze akekeranya ku vy’uko bitagiramwo amakosa.” Vy’ukuri, Bibiliya ni igitabu gitangaje. Woba ufata umwanya wo kuyisoma ku musi ku musi?​—1 Petero 1:24, 25.

“Ukuntu igisomwa ca Bibiliya yo mu giheburayo [Ubwuzure bwa kera] cagiye kirahererekanwa ntikugiramwo amakosa bimwe bitangaje, bikaba ata ho bisa bisana n’ibitabu vya kera vyanditswe mu kigiriki no mu kilatini.”​—Vyavuzwe na Porofeseri Julio Trebolle Barrera