Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikintu ca 5: Mariya ni nyina w’Imana

Ikintu ca 5: Mariya ni nyina w’Imana

Ikintu ca 5: Mariya ni nyina w’Imana

Ico kintu cakomotse hehe? “Ivyo gusenga nyina w’Imana vyatanguye gukwiragira cane igihe . . . amasinzi y’abapagani yasendanisha aja muri Ekeleziya. . . . Ishaka ryabo be n’ivyiyumviro bari bafise ku bijanye n’ivy’idini [ni ukuvuga ivy’abo bapagani bari bahindukiriye ubukirisu] vyari bimaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi bishingiye ku gusenga imanakazi bita ngo ‘umuvyeyi ahambaye’ bakayita kandi ngo ‘imanakazi y’isugi.’”​—Bivugwa n’igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The New Encyclopædia Britannica) (1988), Imbumbe ya 16, ku rupapuro rwa 326 n’urwa 327.

Bibiliya ibivugako iki? Igira iti: ‘Uzosama inda, uvyare umuhungu, kandi uze umwite YESU. Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.’​—Luka 1:31-35, Bibiliya Yera.

Iyo mirongo yo mu Vyanditswe iravuga mu buryo butomoye ko Mariya yari nyina w’“Umwana w’Imana,” atari nyina w’Imana ubwayo. Mbega yari gushobora kwibugenga mu nda yiwe Umwe ‘adashobora gukwirwa no mw’ijuru risumba ayandi’? (1 Abami 8:27) Ntiyigeze avuga ikintu mwene ico. Inyigisho y’Ubutatu ni yo yatumye abantu bavurugwa mu bwenge ku bijanye n’akaranga ka Mariya. Mu gutangaza ko Mariya ari Theotokos (ijambo ry’ikigiriki risobanura ngo “uwibarutse Imana”), canke “Nyina w’Imana,” ya Nama yabera i Efeso mu 431 G.C. ni yo yatumye haba ivyo gusenga Mariya. Igisagara ca Efeso aho iyo nama ya Ekeleziya yabereye cari kimaze ibinjana n’ibindi ari intimatima y’ugusenga ibigirwamana, kuno kukaba kwashemeza ikimanakazi c’ivy’irondoka citwa Arutemi.

Ukwo ni ko ibintu vyinshi vyagirwa mu gusenga igishusho ca Arutemi vyavugwa yuko ngo “cakorotse kivuye mw’ijuru,” nko kugira ingendo zo kugishengerera, vyahavuye bishirwa mu gusenga Mariya. (Ibikorwa 19:35) Uwundi mugenzo wanyengetereye mu nyigisho za gikirisu wari uwo gukoresha ibishusho vya Mariya be n’ibindi bishusho mu gusenga.

Gereranya iyi mirongo yo muri Bibiliya: Matayo 13:53-56; Mariko 3:31-35; Luka 11:27, 28

UKURI AHO KURI:

Mariya yari nyina w’Umwana w’Imana, ntiyari nyina w’Imana ubwayo. Inyigisho y’ikinyoma y’Ubutatu yatumye habaho ivyo gusenga Mariya ngo ni Nyina w’Imana

[Iciyumviro ku rup. 8]