Barahumurijwe inyuma y’ubwicanyi bwabereye mw’ishure
Barahumurijwe inyuma y’ubwicanyi bwabereye mw’ishure
Urupapuro rwa mbere rw’ikinyamakuru rwose rwarirabura. Kuri rwo hari handitse mu bidome bininibinini ijambo rimwe ngo: “Kuki?” Ico ni ikibazo cabajijwe incuro n’izindi inyuma y’aho umuyabaga umwe w’imyaka 17 amariye umwanya ariko ararasa i Winnenden mu Bumanuko bw’Ubudagi, akica abantu 15, amaherezo agaca arwirabishako akiyica. Mu Budagi hose, amabendera yaradugijwe kugeza hagati, amakuru yerekeye iryo bara arakwiragizwa n’ingoga na n’ingoga hirya no hino kw’isi.
Winnenden ni igisagara gitunze kandi giteye igomwe, ku mpande zaco zose hakaba hari imirima y’imizabibu be n’iy’ivyamwa. Ku wa 11 Ntwarante 2009, bwari bwakeye nk’uko bisanzwe kw’ishure ryisumbuye ry’i Albertville. Igihe c’isaha zitatu n’igice zo mu gitondo, haradutse bukwi na bukwi ubukazi be n’akajagari.
Umusore umwe yarinjiye yashangashiwe mw’ishure yahora yigamwo afise inkoho yakuye mu cumba abavyeyi biwe bararamwo. Yararashe yikurikiranya mu mwanya mutoya, yica abanyeshure icenda n’abigisha batatu mu mashure atatu no muri koridoro, arakomeretsa n’abandi batari bake. Mu minuta mikeya, igipolisi cari kihashitse. Uwo mwicanyi yahungiye mu kibuga c’ibitaro vy’abarwaye mu mutwe vyari hafi y’iryo shure. Ng’aho, yarishe umukozi yakora mu vyo kubungabunga ibikoresho. Yaciye anyuruza umuduga, afatiye inkoho ku mushoferi. Bageze nko ku bilometero 40 uvuye aho, nya mushoferi yarashoboye kumucika arayanyaga. Wa musore yari yitwaje inkoho ashitse kw’ihinguriro rigurisha imiduga, yarishe umugabo yariko aragurisha imiduga be n’umukiriya yongera arakomeretsa bimwe bibi babiri mu bapolisi bariko baragerageza kumufata. Igihe amaherezo abapolisi bagira bamufate, yaciye yirasa urwo mu mutwe.
Nk’uko abari bazi uwo musore babivuze, yari umuyabaga asanzwe, yishakira kwemerwa no kwironkera abagenzi. Uti none ni igiki kitagenda neza? Ashobora kuba yari yataye umutwe, kandi yarakinisha inkoho zirekura ivyuka bituragurika ariko bitica, akongera agakina udukino tw’ubukazi dukundwa na benshi two kuri orodinateri. Ariko rero, hari abavuga ko ivyo n’abandi bakiri bato benshi babikora. Abo yahitanye bo bite? Yoba yarahitamwo bamwebamwe, canke yarajaniranya? Harashikirijwe ivyiyumviro bijanye n’igituma yoba yarashe abakobwa umunani n’umuhungu umwe gusa. Nta n’umwe yashoboye gutanga insiguro n’imwe yumvikana.
Ukuntu abantu baciye bavyakira
Uwitwa Heike avuga ati: “Igihe umwana wacu yaterefona ambwira ivy’ayo masase yavuze kw’ishure, sinavyumva. Mugabo igihe numva imiduga myinshi y’igipolisi be na za rusehabaniha bigenda vyongera bigaruka vyihuta, narataye umutwe.” Kuba igipolisi caragize ico gikoze kidatebaganye, birashoboka ko vyatumye uwo musore yari yitwaje inkoho atica abandi bantu kuri iryo shure. Abantu bamaze gukurwa kuri iryo shure, abafasha b’abaganga, abahanuzi be n’abamenyeshamana baraje maze barakora gushika aho basigara basanzaye mu kwitwararika abo banyeshure.
Abamenyeshamakuru ntibatevye gushika kuri iryo shure, baragerageza kubaza ibibazo abanyeshure, benshi muri bo bakaba bari bagifise umubabaro. Umunyeshure umwe yaharuye imiduga 28 y’amateleviziyo 26 atandukanye ihagaze imbere y’iryo shure. Ihiganwa ryari rikomeye mu bimenyeshamakuru, ivyo bikaba vyatumye hatangwa amakuru y’ido n’ido ataremezwa neza. Kuri uwo musi nyene ubwicanyi bwari bwabereyeko, hari umumenyeshamakuru yaterefonye umuryango wari wabuze umwana w’umukobwa kugira awusabe ko yofata amafoto, abandi na bo baraha amahera abanyeshure ngo bahagarare neza babafotore. Kubera ko abamenyeshamakuru bamwe bari bataye umutwe bitumwe n’ivyo bintu vyari vyabaye, basa n’abatoroherwa kugira uburimbane hagati yo kuronka inkuru zidasanzwe imbere y’abandi be no kwitwararika abo ivyo vyashikiye kandi bakabubahiriza.
Nk’uko bikunda kugenda mu bihe nk’ivyo, abantu barahindukiriye idini kugira ribahumurize ryongere ribasigurire ivyo bintu. Ku musi haba ubwo bwicanyi, abantu bo mu madini atandukanye baragiriye hamwe igisabisho. Benshi barashimye
iyo mfashanyo. Yamara, abariko bararondera guhumurizwa biciye kw’Ijambo ry’Imana canke barondera inyishu z’ibibazo bitesha umutwe bagize, baravunitse umutima bimwe bibaje. Hari umuryango umwe wagiye ku maziko y’umwana yigana n’umwana wabo. Inabibondo yavuze ati: “Umupatiri yaravuze ivyerekeye amarushwa ya Yobu. Nararindiriye ko atwereka icigwa twohigira canke ngo atange impumurizo, ndabura. Nta jambo na rimwe yavuze ryerekeye imvo zatumye Yobu amererwa nabi canke ngo avuge ukuntu amaherezo ibintu vyagenze.”Umugabo umwe yarababajwe cane n’amajambo ata co avuze yumvise. Uwo mugabo yari yariganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova nk’imyaka 30 imbere y’aho ariko akaba yari yarahagaritse. Ico gihe yarasubiye kuza aritaba amakoraniro yabo.
Agakobwa k’imyaka 14 kitwa Valisa kigana Bibiliya n’Ivyabona kadahorereza, kari mw’ishure ryegeranye n’iryo amaraso yasesekeyemwo. Kamaze kwumva inkoho, kaciye gatangura gusenga Yehova. Mu nyuma, igihe kabazwa ukuntu kariko karavyifatamwo, kavuze yuko ivyo bintu vyabaye vyemeza ivyo kari karize muri Bibiliya ku bijanye n’iyi misi ya nyuma igoye. (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyabona babiri bariko baragira uruhara n’umwete mu gushikiriza amajambo amwamwe ahumuriza ababanyi babo. Inarugo umwe ageze mu zabukuru yarabegereye maze avuga ati: “N’abandi benshi bari bakwiye gukora ivyo muriko murakora.” Kubera ko ubwo bwicanyi bwari bubabaje kandi bukaba bwaravuna umutima, bwatumye bamwebamwe batega yompi icizigiro be n’impumurizo vyava mw’Ijambo ry’Imana.
Uguhahamuka kudahera kwabaye inyuma y’ubwo bwicanyi
Ariko ntiwumve, n’amajambo ahumuriza yoba akora ku mutima gute, ntashobora gukuraho umubabaro wose n’ukuvunika umutima bishikira abashikiwe n’ivyo bintu. Nta majambo n’amwe ashobora gukuraho buhere umubabaro umuvyeyi yabuze umwana wiwe yagize canke intuntu y’umupolisi yagiye anyaragasa kuri iryo shure agasanga umukenyezi wiwe ari muri abo bantu bari bishwe.
Abanyeshure barokotse ako kabi kabishe hamwe n’imiryango yabo, barahahamutse cane, umwe wese mu buryo yisangije. Uwo musore yari yitwaje inkoho agitangura kurasa, uwitwa Vassilios yarasimvye aciye mu kadirisha umuntu acamwo ahunga. Yibuka ibi: “Igihe nasimba nciye muri ako kadirisha, narasenze Yehova. Niyumvira yuko ngira mpfe. Nari nzi neza ko iryo ryari ryo sengesho ntuye ubwa nyuma.” Mu mishamvu yakurikiye, yarababazwa no kuza ararota indoto mbimbi, kandi ntiyashaka kuvugisha umuntu n’umwe. Yarababajwe ahanini no kubona ukuntu ibinyamakuru vyariko birironderera inyungu zavyo biciye kuri ubwo bwicanyi be n’ukubura ikigongwe kw’abariko barironderera amakuru y’ido n’ido. Mu nyuma, yarashoboye gusubira kubona ibintu nk’uko biri koko.
Jonas yari mw’ishure rimwe na Vassilios akaba yariboneye ingene batanu mu bo bigana bishwe. Yavuze ati: “Ivyo bintu bigiheza kuba, nta ngorane nagira mu kuvuga ukuntu vyagenze; kwari nk’ukuraba isenema yerekana ivy’ububisha. Ariko ubu, kuvuga ukuntu merewe ni urugamba. Ukuntu merewe kuza kurahindagurika. Igihe kimwe numva ntashaka kuvuga ibivyerekeye, ikindi gihe na ho nkabivuga nka gasuku.” Na we nyene aragira ingorane yo kuza ararota ibintu bibi no kubura itiro.
Haciye imisi mikeyi, abo banyeshure baragarukaniwe ibintu vyabo bikuwe mu mashure bigamwo. Abahinga mu vyo kuvura abahahamutse bavuze yuko kubona ibikoresho nk’ivyo vyari gushobora guca bibibutsa iryo bara ryari ryaguye. Mu ntango, Jonas ntiyashaka gukora ku kajaketi kiwe, ku gasakoshi yatwara kw’ishure be no ku nkofero yambara ari ku gapikipiki. N’ikindi kandi, yaragira ubwoba igihe cose yaba abonye umuntu asa na wa musore yari yitwaje inkoho canke afise agasakoshi
batwara ku mugongo kameze nk’akiwe. Igihe abavyeyi biwe baba baravye isenema hanyuma inkoho ikarasa, yaca aranduka umutima. Abaganga bavura ingorane zo mu mutwe baragerageje gufasha abashikiwe n’ingorane kwikuramwo ico kintu kibabaza cari cabaye.Se wa Jonas ari we Jürgen, akora kuri vya bitaro vyicirwako umukozi umwe. Yavuze yuko abavyeyi benshi be n’abo bakorana baguma bitera intuntu mu kwibaza ibibazo nk’ibi: Kubera iki? Mbega vyari kugenda gute iyo uwo muntu aba ari jewe yarashe? Nk’akarorero, umukozi umwe wo kuri ivyo bitaro yabonye ari mw’ibaraza wa musore yari yitwaje inkoho ariko aragenda, yarateshejwe umutwe cane no kwiyumvira ko uwo musore yari gushobora kumurasa, gushika n’aho ivyo vyiyumviro bituma akenera kuvurwa mu mutwe.
Ukuntu bamwe bafashijwe kwihangana
Ni igiki none bamwe basanze gifasha kwihanganira mwene ico kintu kibabaje cane cabashikiye? Jürgen avuga ati: “Naho rimwe na rimwe bigoye, ni vyiza kuba kumwe n’abandi. Kumenya yuko abandi bakwitwararika be n’uko utari wenyene, birafasha.”
Jonas na we nyene arakenguruka ivy’uko abandi bamwitwararika. Avuga ati: “Benshi barandungikira udukarata canke bakanyandikira kuri telefone. Bamwe barashiramwo ivyanditswe vyo muri Bibiliya, ivyo nca nsoma. Ico kintu ni ciza.” Ni igiki kindi kimufasha? Avuga kandi ati: “Igihe nikanguye mw’ijoro kandi nkaba ntashoboye kwihangana, ndasenga. Rimwe na rimwe ndumviriza umuziki canke Réveillez-vous! a yafashwe mu majwi.” Yongerako yuko Bibiliya itubwira igituma ivyo vyose bishika: Ni kubera yuko Shetani atwara iyi si kandi tukaba tubayeho mu gihe c’iherezo. Se wiwe avuga yuko kubona ibintu muri ubwo buryo bibafasha kwihangana.
Vuba ugucumukura kuzoba ari umugani
Mu misi mikeyi, amabuji, amashurwe be n’amakete vyari bimaze kwuzura imbere y’iryo shure. Uwitwa Kerstin yarabonye ko abantu batari bake banditse udukete babaza igituma ivyo vyashitse be n’igituma Imana yaretse bikaba. We hamwe n’ibindi Vyabona babiri, babonye yuko ivyo bibazo bikwiye kwishurwa, baranditse ikete barishira muri ayo yandi.
Ku musi wo kwibuka abo bantu barashwe watunganijwe kw’izina rya leta, hari televiziyo yerekanye iryo kete ryiwe ica isubiramwo imirongo ya mbere yavuga ngo: “Kubera iki? Muri iyi misi ya nyuma, ico kibazo kigenda kirarushiriza kwumvikana, na canecane ibibazo nk’ibi ngo: Imana yari he? Kandi ni kubera iki yaretse bikaba?” Ikibabaje, aho ni ho baciye bugarira twa mugina.
Ni kubera iki bibabaje? Ni kubera ko iryo kete ryabandanya risigura inkomoko y’imibabaro yose rikongera rikavuga yuko Imana “izokwitwararika ivy’uko ibintu bibabaza vyose abantu bakweze bikurwaho.” Rica ryongerako riti: “Mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya, Imana ivuga yuko izohanagura amosozi yose ku maso y’abantu, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera bizoba vyagiye.” Yehova Imana azogarukana mbere n’abapfuye. Ku ntwaro y’Ubwami bwiwe vuba igiye kuza, nta vyago, ubwicanyi canke ugucumukura bizoba bikihari. Imana yasezeranye iti: “Ehe! Ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha.”—Ivyahishuwe 21:4, 5.
[Akajambo k’epfo]
a Ikinyamakuru Réveillez-vous! gicapuwe canke gifashwe mu majwi, gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 12]
Jonas yararonse agakarata kanditseko ngo “Turakuzirikana”
[Abo dukesha ifoto ku rup. 9]
Focus Agency/WPN
[Abo dukesha ifoto ku rup. 9]
© imagebroker/Alamy
[Abo dukesha ifoto ku rup. 10]
Ifoto: picture alliance
[Abo dukesha ifoto ku rup. 11]
Ifoto: picture alliance