Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene tumenya ko Imana itwitaho vy’ukuri

Ingene tumenya ko Imana itwitaho vy’ukuri

Ingene tumenya ko Imana itwitaho vy’ukuri

HARI ikibazo kimaze igihe kirekire ariko gihambaye, kikaba ari ikibazo haciye imyaka ibihumbi abantu bibajije. Kigira giti: Nimba Imana idukunda, ni kubera iki hari imibabaro ingana gutya? Birashoboka ko na wewe wemera yuko mu gihe ukunda umuntu utokwipfuza yuko ababara, kandi mu gihe yoba ari mu ngorane wogerageza kumufasha. Ku bw’ivyo, abantu benshi bibaza yuko, kubera ko hari imibabaro myinshi cane mw’isi, bidashoboka ko Imana yoba itwitaho. Birahambaye rero ko tubanza kurimbura ikintu kitwemeza yuko Imana idukunda vy’ukuri be n’uko itwitaho.

Ivyaremwe birerekana ko Imana idukunda

Yehova Imana ni we “[y]akoze ijuru n’isi n’ikiyaga n’ibintu vyose biri muri vyo.” (Ibikorwa 4:24) Igihe twihweje ivyo Yehova yaremye, nta nkeka ko duca dushika ku ciyumviro c’uko atwitaho. Nk’akarorero, iyumvire ivyerekeye ibintu bituma uhimbarwa. Woba ukunda ibifungurwa biryoshe? Yehova yari gushobora kuturonsa ubwoko bumwe gusa bw’ibifungurwa kugira tubeho. Ariko rero, yaremye ubwoko umuyoro bw’ibifungurwa kugira ngo tuvyinovore. Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarasharije isi akoresheje imigwi y’ibiti vyiza igitangaza, amashurwe be n’uturere tubereye ijisho kugira ngo atume ubuzima buturyohera kandi budushimisha.

Zirikana kandi ku kuntu turemwe. Agatima dufise k’urweze, ubushobozi bwacu bwo kuryoherwa n’umuziki be n’ububasha dufise bwo gushima ikintu ciza, si ivyo gushigikira ubuzima gusa; vyose ni ingabirano Imana yaduhaye zituma ubuzima bwacu burushirize kumera neza. N’ikindi kandi, iyumvire ivyerekeye ubucuti ugiranira n’abandi. Ni nde adahimbarwa n’ukwifatanya mu buryo buranga igishika n’abagenzi beza canke ngo ahimbarwe no kugumbirana n’umuntu akunda cane? Emwe, ubushobozi bwo gukunda ubwabwo ni ingabirano iva ku Mana ikundana! Kubera ko Imana yaremye mu bantu ubushobozi bwo gukunda, iyo kamere itegerezwa kuba ari umuce wa kamere zayo.

Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana idukunda

Bibiliya itubwira yuko Imana ari urukundo. (1 Yohani 4:8) Urukundo rwayo ntirubonekera mu vyo yaremye gusa, ariko kandi rurabonekera mw’Ijambo ryayo ari ryo Bibiliya. Nk’akarorero, Bibiliya iratanga ubuyobozi bugira ico buterereye mu bijanye no kugira amagara meza, ikaturemesha kugira uburimbane mu bintu vyose ikongera ikaduhanura kwirinda akaborerwe n’umunoho.​—1 Abakorinto 6:9, 10.

Bibiliya kandi iratanga impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye imigenderanire abantu bagiriranira, ikaduhimiriza gukunda abandi no kubafatana icubahiro, kubatera iteka no kubagaragariza ubuntu. (Matayo 7:12) Iriyamiriza ingeso be n’inyifato bitera imibabaro, aho hakaba harimwo umwina, urusaku, ukwipfuza ivy’abandi, ukurenga ibigo n’ukwica. Nka hamwe umuntu wese yogerageza kubaho yisunga izo mpanuro nziza dusanga mu Vyanditswe, nta nkeka ko imibabaro yogabanuka cane kw’isi iyo iva ikagera.

Ariko rero, uburyo buhambaye kuruta ubundi Imana yagaragajemwo yuko idukunda, ni ukuba yaratanze Umwana wayo Yezu kugira ngo acungure abantu. Muri Yohani 3:16 hagira hati: “Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” Yehova rero yaramaze gutunganya ivyo gukuraho rimwe rizima urupfu be n’imibabaro iyo ari yo yose.​—1 Yohani 3:8.

Biragaragara ko hariho ibintu umuyoro vyerekana ko Imana idukunda. Birumvikana rero ko idahimbarwa no kutubona turiko turacumukura. Izogira ico ikoze kugira ngo ikureho imibabaro. Ntidukwiye gukekeranya kuri ico kintu kuko Bibiliya itubwira neza ukuntu Imana izokuraho buhere imibabaro.

[Ifoto ku rup. 4]

Ubushobozi bwo gukunda ni ingabirano iva ku Mana ikundana