Ingorane zikwiye kw’isi yose zizotorerwa umuti kw’isi yose
Ingorane zikwiye kw’isi yose zizotorerwa umuti kw’isi yose
IMIBABARO nta ho itari, kandi abenshi barumvira impuhwe abantu baba bari mu mibabaro. Nk’akarorero, abavuzi barakurakuranwa bagakora umwanya munini mu bitaro kugira bafashe abarwaye canke abakomeretse. Abazimya umuriro, abapolisi, abashinga amategeko be n’abahaseruka igihe hari uwuremvye canke hateye ivyago, barakora uko bashoboye kwose kugira batezurire abandi ibibababaza canke babibakingire. Bene utwo twigoro turagira ikintu kinini duterereye mu gufasha abantu umwumwe ku giti ciwe, ariko nta muntu n’umwe canke ishirahamwe na rimwe bishobora gukuraho imibabaro iri kw’isi yose. Imana yo irashoboye gutorera umuti ingorane ziri kw’isi yose kandi izobigira.
Mu gitabu ca nyuma co muri Bibiliya turahasanga amajambo adusubiriza umutima mu nda, agira ati: “[Imana] izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke Ivyahishuwe 21:4) Rimbura ukuntu abantu amasinzi bazokwungukira kuri uwo muhango. Urerekana muri make umugambi Imana ifise wo gukuraho imibabaro yose. Ivyo izobigira mu gukura kw’isi intambara, inzara, indwara n’akarenganyo, tudasize inyuma abantu babi bose. Nta muntu n’umwe ashobora gukora ivyo bintu.
ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye.” (Ivyo Ubwami bw’Imana buzokora
Imana izoshitsa ivyo yasezeranye biciye ku munyabubasha agira kabiri kw’isi no mw’ijuru, ni ukuvuga Yezu Kristu uwazuwe. Igihe c’uko Yezu azoganza isi yose ari Umwami atawumurwanya kiriko kiragera. Abantu ntibazosubira gutwarwa n’abami b’abantu, abaperezida canke abanyapolitike. Ahubwo, bazotwarwa n’Umwami umwe be n’intwaro imwe, ari bwo Bwami bw’Imana.
Ubwo Bwami buzokuraho buhere intwaro iyo ari yo yose y’abantu. Kuva kera, Bibiliya yari yaravuze iti: “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.” (Daniyeli 2:44) Abantu bo kw’isi yose bazoba bunze ubumwe batwarwa n’intwaro imwe igororotse, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana.
Igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu, yaravuze akatari gake ivyerekeye ubwo Bwami. Yarabwerekejeko muri rya sengesho ry’akarorero igihe yigisha abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Urabona ko Yezu yerekanye yuko ubwo Bwami bufitaniye isano n’ukuba ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi, kandi ico igomba ni ugukura kw’isi yose imibabaro.
Intwaro igororotse y’Imana izozana imihezagiro ata ntwaro n’imwe y’abantu yigeze kuzana. Uribuka ko Yehova yatanze Umwana wiwe ngo abe incungu kugira ngo abantu bashobore kuronka ubuzima budahera. Ku ntwaro nziza y’ubwo Bwami, abantu bazogenda buhorobuhoro baraba abatagira agasembwa. Uti none bizoca bigenda gute? Yehova, “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose.”—Yesaya 25:8.
Hari abokwibaza bati: ‘Ni kubera iki none ivyo Imana itabigize imbere y’igihe? None irindiriye iki?’ Yehova yari gushobora kuba yaragize ico akoze kugira akureho imibabaro canke mbere abuze ko ibaho. Yamara, yarakuretse kurabandanya, atari uko abitumwe n’imvo n’imwe y’ubwikunzi, ariko ku bw’ineza y’ibihe bidahera y’abana biwe bo kw’isi. Abavyeyi b’abanyarukundo barareka umwana wabo agashikirwa n’ibintu bibabaza igihe baba bazi ko ivyo bizomuviramwo ivyiza vy’igihe kirekire. Muri ubwo buryo nyene, hariho imvo nziza zatumye Yehova areka abantu baramara igihe kinaka bashikirwa n’imibabaro, kandi izo mvo zirasigurwa muri Bibiliya. Muri izo mvo harimwo ibintu nk’ibi: umwidegemvyo wo kwihitiramwo, igicumuro be n’ikibazo cerekeye uburenganzira Yehova afise bwo kuganza. Bibiliya kandi irasigura yuko hari ikiremwa c’impwemu kibi caretswe ngo kiganze isi mu kiringo gitoyi gusa. a
Naho izo mvo tutoshobora kuzikwiza kuri izi mpapuro, hariho ibintu bibiri bishobora gutuma tugira icizigiro kandi tukarema. Ica mbere: Yehova azoturonsa ivyiza biruta kure n’iyo imibabaro yose yoba yaradushikiye. N’ikindi kandi, Imana idukura amazinda iti: “Ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa.” (Yesaya 65:17) Imana izokuraho buhere kandi rimwe rizima amarushwa be n’imibabaro yose biva ku kuba ikibi cararetswe ngo kibe kirabandanya ku bw’ikiringo kinaka.
Ica kabiri: Imana yarashinze igihe ntabanduka co gukuraho imibabaro. Uribuka yuko umuhanuzi Habakuki yabajije igihe Yehova yomaze aretse ubukazi n’ugushihana bikabandanya. Yehova yishuye ati: “Ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe . . . ntibizoteba.” (Habakuki 2:3) Nk’uko tuza kubibona mu kiganiro gikurikira, ico “gihe vyashingiwe” kiri hafi.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’imvo zatumye Imana ireka imibabaro ikabaho, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro ku rup. 7]
Ivyanditswe vyerekeza kuri kazoza keza igitangaza
NTA NDWANO ZIZOBA ZIKIRIHO:
“Ni muze, murābe ibikorwa vy’Uhoraho, ingene [“yakoze ibintu vy’akajoreza,” NW] mw isi. Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi.”—Zaburi 46:8, 9.
ABACU BAPFUYE BAGARUKA:
“Hagiye kubaho izuka ry’abagororotse n’abatagororotse.”—Ibikorwa 24:15.
IBIFUNGURWA KURI BOSE:
“Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.”—Zaburi 72:16.
NTA NDWARA ZIZOBA ZIKIRIHO:
“Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye.”—Yesaya 33:24.
ABANTU BABI BAZOKURWAHO:
“Abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu, kand’abaguranyi bazorandurwa muri co.”—Imigani 2:22.
UBUTUNGANE BUZOSASAGARA:
“Rāba, umwami [Kristu Yezu] azoganza mu bugororotsi, n’abaganwa bazotwaza imanza ziroranye.”—Yesaya 32:1.
[Amafoto ku rup. 7]
Ubwami bw’Imana buzotorera umuti imibabaro yose yoba yaradushikiye