Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Nzogeza ryari kugutakambira?”

“Nzogeza ryari kugutakambira?”

“Nzogeza ryari kugutakambira?”

“Nishakira gusa yuko uwu mubabaro wohera!” Ukwo ni ko uwitwa Jayne yarize avuga. Yari arwaye kanseri kandi yariko irakwiragira mu mubiri wiwe wose. Ese ukuntu umuryango wiwe n’abagenzi biwe ata kindi bipfuza atari kumutabara iyo indwara be n’ako gahinda yari afise, iyo baza kuba babishoboye! Barasenze Imana bayisaba ngo imufashe. None yobumvirije? Yoba yarabitayeho?

IMANA ntiyobewe uko ivy’abantu vyifashe. Ijambo ryayo Bibiliya rivuga riti: “Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Abaroma 8:22) Imana irazi yuko hari abantu amamiliyoni amajana, nk’ukwo kwa Jayne, bababara ku musi ku musi, haba ku mubiri, mu vy’inyiyumvo canke mu bwenge. Imana irabona abantu imiliyoni 800 bama baja kuryama batubitse uwa vubi, abandi amamiliyoni bakaba bababajwe n’ubukazi bubera i muhira be n’abavyeyi benshi barajwe ishinga n’ivyerekeye kazoza be n’ukumererwa neza vy’abana babo. Woba urigera wibaza nimba Imana izogira ico ikoze? Mu vy’ukuri, nimba twebwe twipfuza gufasha abo twikundira, none Imana yo ntiyipfuza gufasha abantu yiremeye?

Hamwe woba waribajije ivyo bibazo nyene, si wewe wenyene. Mu myaka irenga 2.600 iheze, hari umugabo w’umwizigirwa yitwa Habakuki yumvise amerewe nk’uko abantu benshi bumva bamerewe muri iki gihe, maze abaza Imana ati: “Uhoraho we, nzogeza ryari kugutakambira, ntunyumve? Kandi nkuborogera kubg’umuryano uriho, nawe ntuwunkize? N’iki gituma unyereka ibigabitanyo, ukitegereza ivy’inzigo? Kuk’ubugesera n’umuryano bir’imbere yanje, hakaba n’imitongano, kandi havyutse n’ibihāri.” (Habakuki 1:2, 3) Habakuki, umuhanuzi w’Umuheburayo, yariboneye ibikorwa bibabaje vy’ubukazi burangwamwo ubupfu be n’agahahazo vyakorwa mu gihe ciwe. Muri iki gihe, ibikorwa nk’ivyo ni yo makuru avugwa buri musi atuntuza cane abantu b’abanyempuhwe.

Imana yoba yarasuzuguye imyitwarariko ya Habakuki? Ishwi da. Yarumvirije ivyo Habakuki yabajije bivuye ku mutima, maze ica irahumuriza uwo mugabo yari yavunitse umutima yongera iramuremesha. Yehova Imana yarakomeje ukwizera kwa Habakuki mu gutanga umuhango w’uko azokuraho imibabaro. Na wewe nyene, ubutumwa bw’Imana butanga icizigiro burashobora kugusubiriza umutima mu nda, nk’uko bwawusubirije mu nda Jayne n’umuryango wiwe. Ibiganiro bikurikira biraza kwishura kuri ibi bibazo: Twoshobora gute kwemera tudakeka yuko Imana itwitaho vy’ukuri? Ni igiki Imana izokora kugira ikureho imibabaro, kandi izobigira ryari?