Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urugendo rwatwibukije ivya kahise

Urugendo rwatwibukije ivya kahise

Ikete rivuye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Urugendo rwatwibukije ivya kahise

IYUMVIRE ukuntu vyoguhimbara ufashe urugendo kugira ngo uje kuraba ukuntu ba sokuruza bawe bari babayeho. Mu buryo bunaka, twaragize urugendo nk’urwo. Rwadukuye mu Busuwisi rudushikana muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Abantu benshi bibaza yuko Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziteye imbere cane mu mice yose, yamara urugendo twagize rwaratwibukije uko ibintu vyari vyifashe mu myaka amajana abiri iheze. Reka tubayagire ivyerekeye urwo rugendo.

Kubera ko tuvuga ururimi rw’ikidagi gikoreshwa mu Busuwisi, twaratumiwe ngo tuje kumara amezi atatu muri leta ya Indiana. Twari dufise intumbero yo kubwira inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana imiryango y’Abamishi (Amish) bazigamye urwo rurimi ba sekuruza bavuga. Imiryango amajana n’amajana muri yo iba muri Indiana.

Abamishi bakomoka ku mugwi w’Abanabatisita babayeho mu kinjana ca 17. Iryo zina ryabo rikomoka ku ndongozi yabo yitwa Jacob Amman, akaba yaba mu Busuwisi. Bafatiye ku vyo biga muri Bibiliya kuva ico gihe, abo bantu batinya Imana baremera yuko ukubatiza inzoya be n’ukuja mu vya gisirikare ari bibi. Leta yarabahamye ibahora impagararo yabo. Hari bamwe mbere bahasize ubuzima bazira ivyo bemera mu bijanye n’Imana. Uruhamo rwarabandanije kwongerekana, maze biba ngombwa ko benshi muri bo bahungira mu bindi bice vy’Ubusuwisi no mu Bufaransa. Ikinjana ca 19 kigeze hagati, abashika ibihumbi n’ibihumbi bari barahungiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bagiye bajanye imico kama yabo be na rwa rurimi rw’ikidagi kivugwa mu Busuwisi.

Igihe twagendera abo bantu b’umutima mwiza, ntiworaba ukuntu batangajwe no kutubona ku mihana yabo tuvuga ururimi rwabo! Umve ingene vyagenze.

Baratubaza mu kidagi kivugwa mu Busuwisi bati: “Bishoboka bite ngo muvuge nkatwe?”

Turishura duti: “Kubera ko duturuka mu Busuwisi.”

Baca bavuga bazazaniwe bati: “Ariko ntimuri Abamishi!”

Imiryango myinshi iraduha ikaze, maze tugahonja gatoyi ku buryo bwo kubaho busa n’ubwo muri kahise ka kera cane. Aho kubona amatara y’umuyagankuba, tubona ayakoresha peteroli; aho kubona imiduga, tubona amafarasi n’imikogote; aho kubona amabombo, tubona amariba n’urusyo rukoreshwa n’umuyaga; aho kwumva amaradiyo, twumva abaririmba.

Ikidukora ku mutima kurusha ibindi vyose ni ukwicisha bugufi be n’ukwifata ruto biranga abo tugendera. Abamishi benshi barihata bagasoma Bibiliya ku musi ku musi kandi baraha agaciro ibiyago bishingiye kuri Bibiliya bakongera bagahimbarwa na vyo. Ivyo biraturonsa akaryo ko kugiranira na bo ibiyago vyerekeye umugambi Imana ifitiye abantu be n’isi.

Ntibiteba gukwiragira hose yuko muri ako karere hari abashitsi bavuye mu Busuwisi. Benshi baradusaba yuko twotemberera incuti zabo, natwe tugaca tubibemerera tunezerewe. Ubutumire turonka bwo kuja gutemberera ishure rimwe ry’Abamishi buratuma turushiriza guhimbarwa no kwitegana umushasharo ibiza gukurikira. Mbega ni ibiki biza kudushikira?

Turadodora ku muryango w’iryo shure. Umwigisha arawugurura agaca ubwo nyene aduha ikaze mw’ishure, aho abanyeshure 38 bafise amatsiko baguma bitegereza abantu bane batari bazi. Amashure umunani arakoranirizwa mw’ishure rimwe, abanyeshure bakaba bafise imyaka iva ku 7 gushika kuri 15. Abakobwa bambaye niforome z’ubururu n’udukofero twera, abahungu na bo bambaye amabutura yirabura n’amashati y’ubururu buzize. Iryo shure rifise idari rikirurutse. Zitatu mu mpome zaryo zisize irangi ry’ubururu buzize gato, ku ruhome rw’imbere hakaba hari ikibaho cirabura. Iruhande yaco hari umubumbe w’isi n’amakarata y’isi nk’angahe azinze. Mu mfuruka hari icuma kinini gitanga ubushuhe.

Igihe dufata ivyicaro imbere y’abo banyeshure, abo bana baratwihweza bafise amatsiko menshi. Abagize ishure rimwerimwe ryose barasabwa guca imbere y’imeza y’umwigisha hanyuma akababaza ku bijanye n’igikorwa co gukorera i muhira yaraye abahaye. Turatangara turyohewe igihe uwo mwigisha abaza abo bana ku bijanye n’icigwa cerekeye urunani rw’imisozi yo mu Busuwisi. Ibitabu akoresha birashaje cane, kandi uwo mwigisha aratubaza nimba Ubusuwisi bukimeze nk’uko ivyo bitabu vyiwe bibudondora. Aratubaza ati: “Inka zoba zikiduga ku misozi iriko ubwatsi buremvye mu ci, canke imisozi yoba ikiriko ibibarafu?” Tuberetse amafoto dufise y’amabara ariko imisozi ipfutswe n’ibibarafu kugira yunganire amashusho ari muri ico gitabu akoresha y’ibara ryera n’iryirabura gusa, aca amwenyura.

Umukenyezi w’uwo mwigisha, akaba ari na we amufasha, aratubaza ikibazo gikunze kubazwa, ati: “Mwoba mushobora guhibongoza munyaraguritsa?” Turamwishura ko ata vyo dushobora. Ariko rero, kubera yuko tuzi ukuntu Abamishi bakanongoreye mu kuririmba no mu guhibongoza banyaraguritsa, turabasaba ngo baturirimbire akaririmbo. Barabitwemerera, maze tukabatega yompi dutamariye amajwi y’abo bantu 40 baririmbira hamwe. Ubukurikira, wa mwigisha aca arungika abanyeshure ngo basohoke gukina.

Umukenyezi w’uwo mwigisha aca adusaba ngo tubaririmbire. Kubera ko dusanzwe tuzi indirimbo zitari nke zo mu mico kama yacu mu kidagi kivugwa mu Busuwisi, turemera. Amajwi yacu arakwiragira mu kibuga ba bana bariko barakiniramwo, maze bose bagaca bagaruka mw’ishure nk’umuravyo. Duhagaze imbere muri iryo shure, turakora uko dushoboye kwose mu kubaririmbira.

Inyuma y’aho, baradutumira kwivunira umusase hamwe n’umuryango w’Abamishi ugizwe n’abantu 12. Imeza nini ikozwe mu mbaho iruzuzwako ibifungurwa binovera bigizwe n’ibiraya bicucumye, imisoso y’ingurube, ibigori, imikate, iforomaji, imboga, utuntu duhinguwe mw’ifarini be n’utundi turibwa tworoshe two kurenza ku bifungurwa. Imbere yo gufungura umwe wese arasenga mu gacerere. Igihe duhanahana ibifungurwa, turayaga ivyerekeye Ubusuwisi, kikaba ari igihugu ca ba sekuruza, hanyuma bakatuyagira ku bijanye n’ingene babayeho muri ako karere. Abana baguma bongorerana bongera batwenga mu gihe cose co gufungura. Igihe bose bahejeje gufungura, haca haturwa irindi sengesho, kandi ico kiba ari ikimenyetso c’uko abana bashobora kuva ku meza mugabo atari ukugira ngo baje gukina. Umwe wese aba afise igikorwa ajejwe mu bijanye no guhanagura ameza be no kwoza ivyombo, ivyo bikaba bisaba ko babanza kuvoma amazi biciye ku kuyapompa, hanyuma bakayashusha.

Magingo abo bana bariko baroza amasahani, abavyeyi baraduha ikaze muri salo. Nta diva n’imwe ihari, mugabo twicara ku ntebe nziza z’imbaho zinyoganyoga. Barakura mu kabati Bibiliya ishaje y’ikidagi, kandi nk’uko bisanzwe bimenyerewe mu ngo z’Abamishi, ntiduteba gutangura ikiyago c’ivy’Imana kiryoshe. Ni umugambi uwuhe Yehova Imana afitiye isi n’abantu? Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga yuko abitonda bazotorana isi? Imana yoba vy’ukuri ifise umugambi wo kubabariza abanyakibi mu muriro udahera? Ni bande bariko barashitsa itegeko Yezu yatanze ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose ibako abantu? Kuyaga kuri ivyo bibazo vyose be n’ibindi vyinshi n’abantu bakunda ivy’Imana bafise Bibiliya mu minwe, biratuma twumva duhimbawe mu mutima.

Ubu turibuka n’akamwemwe kenshi urwo rugendo rwatwibukije ivya kera, runo rukaba rwari rwuzuyemwo ibintu vyiza igitangaza twiboneye. Turizigiye kandi dusenga dusaba ko abantu twagendeye be n’ibiyago twagiraniye mu kidagi gikoreshwa mu Busuwisi, bitatumye abantu benshi baduha ikaze gusa, ariko kandi vyatumye abantu benshi baronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri dusanga mw’Ijambo ry’Imana, ari ryo Bibiliya.