Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abapfuye boba bashobora gufasha abazima?

Abapfuye boba bashobora gufasha abazima?

Abapfuye boba bashobora gufasha abazima?

TAMBA, uno akaba ari umusore aba muri Afirika yo mu Burengero, yari yimirije gukora ikibazo kw’ishure. * Nyina yaramubwiye ashimitse yuko yari akeneye gufashwa n’incuti zabo zapfuye kugira ngo atore ico kibazo. I Palerme, mu gisagara ca Sicile, ingenzi zihora zigenda kuraba ahantu mu kuzimu bashinguye abapfuye, hano hakaba hari ibiziga amajana n’amajana biri ahabona vyazigamwe bimwe vyitondewe. Hari abiyumvira yuko ivyo biziga vyazigamwe bituma abazima bakingirwa n’Imana. Buri mwaka, abantu baragendera igisagara ca Lily Dale, kino kikaba kiri mu Burengero bwa Leta ya New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, kizwi kubera yuko kibamwo abapfumu benshi cane. Abo bantu bahora bajayo bizigiye ko bashobora kubonana n’incuti zabo canke abagenzi babo bapfuye kugira bafashwe na bo.

Hirya no hino kw’isi, inyigisho y’uko abapfuye bashobora gufasha abazima irabandanya. None wewe uvyiyumvirako iki? Kumbure warigishijwe inyigisho nk’iyo canke urabana n’abantu bamwebamwe bashigikira cane ico ciyumviro. Ni ibintu bisanzwe cane kwumva twipfuje rwose gusubira kubona abacu bapfuye. Abapfumu basezerana yuko bashobora gutuma ico kintu gishoboka. Mu kinyamakuru kimwe (Time) harasubiwemwo ivyo umupfumu umwe yavuze yuko ngo abantu bari mu karere k’impwemu “bama ari ho bari kugira ngo bagire ico bafashije igihe babisabwe.” Ivyo vyoba ari ivy’ukuri? Abapfuye boba vy’ukuri bashobora gufasha abazima? Inyishu itomoye Bibiliya itanga yoshobora kugutangaza.

Abapfuye boba bari ahantu kanaka ari bazima?

Bibiliya irasigura mu majambo asanzwe kandi yoroshe gutahura ukuntu abapfuye bamerewe. Raba ivyo mu Musiguzi 9:5 havuga: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” Vyoba bishoboka ko abapfuye bagira inyiyumvo? Umurongo wa 6 wishura uti: “Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarashize: kandi ntibaba bagifise umugabane ku kintu na kimwe gikorerwa musi y’izuba gushitsa ibihe bidashira.” Urabona kandi ko umurongo wa 10 w’ico kigabane nyene uvuga ko “ata gikorwa cank’inama cank’ukumenya cank’ubgenge i kuzimu ah’urāriye kuja.” Ijambo ry’igiheburayo “Sheoli” ryahinduwe ngo “i kuzimu” ryakoreshejwe muri uwo murongo mu rurimi rw’intango, risobanura “imva rusangi.” Igishimishije, ijambo ry’ikigiriki rihuye n’iryo, ari ryo “Hadesi,” rirakoreshwa mu Vyanditswe mu kwerekana aho Yezu Kristu yamaze igihe ari inyuma y’aho apfiriye.​—Ibikorwa 2:31.

Yezu yarafashije abantu benshi igihe yari akiri muzima, ariko yari azi yuko yobwirijwe gupfa. Yoba yari yiteze ko yobaye agishoboye gufasha abantu mu kiringo yomaze ari mu mva? Habe namba. Urupfu rwiwe bwite rwari rwimirije yarugereranije n’igihe co mw’ijoro aho bitoshobotse ko agira ico akora. (Yohani 9:4) Yezu yari azi neza yuko igihe abantu bahagiritse kubaho, baba “[a]ta co bashoboye mu rupfu.”​—Yesaya 26:14, NW.

Yezu kandi yarakoresheje ikigereranyo caseruye ico ciyumviro nyene ku bijanye n’urupfu. Igihe umugenzi wiwe Lazaro yapfa, Yezu yasanishije urupfu n’itiro. (Yohani 11:11-13) None ga yemwe twoba twitega ko umuntu asinziriye adufasha? Umuntu asinziriye nta co aba azi, nta co ashobora gukorera umuntu n’umwe.

Ubugingo bwoba bubandanya kubaho igihe umuntu apfuye?

Abantu benshi bigishijwe yuko ubugingo ari ikintu kitaboneka kibandanya kubaho igihe umuntu apfuye. Bibiliya yigisha ibitandukanye n’ivyo. Igitabu ca mbere ca Bibiliya, ari co c’Itanguriro, kiradusigurira ico ari co ubugingo. Mw’​Itanguriro 2:7 havuga yuko igihe umugabo wa mbere yaremwa, “yaciye aba ubugingo buzima.” (American Standard Version) Umuntu uko yakabaye ni ubugingo; ibikoko na vyo nyene ni ubugingo. (Itanguriro 1:20-25, NW) Birumvikana rero ko igihe umuntu canke igikoko gipfuye ari ubugingo buba bupfuye. Bibiliya iremeza ico kintu.​—Ezekiyeli 18:4, NW.

Ariko rero, hari abobaza bati: ‘Bite ho ku bijanye n’inkuru nyinshi zivuga ivyerekeye abantu bavugana n’abapfuye, bumva amajwi yabo canke mbere bakababona?’ Bene izo nkuru ziramenyerewe mu mihingo myinshi yo kw’isi. Ziratuma incuti canke abagenzi ba hafi baba batuntujwe n’ukubura ababo bagira ibizigizigi, zigatuma abenshi barondera abapfumu bivugisha yuko bashoboye kuvugana n’abapfuye.

None inkuru nk’izo zoba ari iz’ukuri? Nimba ari iz’ukuri, none ntizoba zivuguruza amajambo ashingiye kuri Bibiliya yavuzwe aho haruguru? Kristu Yezu yavuze ko Ijambo ry’Imana ari ryo kuri. (Yohani 17:17) Ukuri ntikwivuguruza. Mu vy’ukuri, muri Bibiliya harimwo ubuyobozi butomoye ku bijanye n’ukuntu dukwiye kubona ibivugwa yuko ngo abapfuye bashobora gufasha abazima. Bibiliya iratubwira ibijanye n’umuntu yagerageje kurondera gufashwa n’uwapfuye. Gusoma iyo nkuru twitonze biraza kuduhishurira ukuri.

Umwami arondera gufashwa n’uwapfuye

Ivyo vyabereye ahantu hariko harabera intambara mu Buraruko bwa Isirayeli. Umwami Sauli be n’ingabo ziwe bari bahanganye n’ingabo ziteye ubwoba z’Abafilisitiya. Igihe Sauli yakubita ijisho ikambi y’Abafilisitiya, yaciye “aranduka umutima.” Muri ico gihe c’ingoma ya Sauli, yari yarahevye ugusenga kw’ukuri. Ivyo vyatumye Yehova atishura ivyo yamutakambira amusaba. None Sauli yari kuronderera hehe imfashanyo? Umuhanuzi w’Imana Samweli yari yarapfuye.​—1 Samweli 28:3, 5, 6.

Sauli yaciye aronderera ubuyobozi ku mupfumukazi w’i Endori. Yaratakambiye uwo mupfumukazi ngo ‘azure Samweli’ mu bapfuye. Uwo mupfumukazi yaratumye haboneka umuntu. Uwo muntu yitwa ngo ni Samweli yabwiye Sauli yuko Abafilisitiya bomutsinze be n’uko Sauli n’abahungu biwe boguye ku rugamba. (1 Samweli 28:7-19) None uwo muntu yoba vy’ukuri yari Samweli yari yazuwe mu bapfuye?

Iyumvire ico kintu. Bibiliya ivuga yuko igihe umuntu apfuye ‘asubira mw’ivu ryiwe’ be n’uko ‘imigabo yiwe ica ishira.’ (Zaburi 146:4) Sauli na Samweli bompi bari bazi yuko Imana yiyamiriza ivyo kuja ku bapfumu. Kukaba nkako, imbere y’aho Sauli ni we yari yagiye imbere abandi mu guherengeteza mu gihugu imigenzo y’ubupfumu!​—Abalewi 19:31.

Zirikana kuri ico kintu. Iyo umwizigirwa Samweli aza kuba akiri muzima ari ikiremwa c’impwemu, yoba yari guhonyanga itegeko ry’Imana hanyuma akifatanya n’umupfumu kugira ngo abonane na Sauli? Yehova yari yanse kuvugana na Sauli. None vy’ukuri umupfumu yoba yari gushobora kugondoza Imana Mushoboravyose ngo ivugane na Sauli biciye kuri Samweli yari yarapfuye? Uwokubesha. Biragaragara ko uwo yiswe ngo ni Samweli atari na gato wa muhanuzi w’umwizigirwa w’Imana. Cari ikiremwa c’impwemu, ni ukuvuga idayimoni mbi yigira ngo ni Samweli uwari yarapfuye.

Amadayimoni ni abamarayika bagararije ubukuru bw’Imana kuva abantu bagitangura kubaho. (Itanguriro 6:1-4; Yuda 6) Ayo madayimoni arashobora kwitegereza abantu igihe baba bakiri bazima; aba azi ukuntu umuntu umwumwe wese yavuga, yasa be n’ivyo yakora. Aripfuza cane gutsimbataza iciyumviro c’uko ivyo Bibiliya ivuga atari vyo. Ntibitangaje kubona Bibiliya itugabisha ku bijanye no kuvugana mu buryo na bumwe na bene ivyo biremwa vy’impwemu! (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Ivyo biremwa vy’impwemu bibi n’ubu biracakora.

Ubu twoshobora kubona igituma abantu benshi usanga bavuga ngo barumva canke ngo barabona ababo bapfuye. Naho rimwe na rimwe bene ivyo biremwa vy’impwemu bibi biboneka umengo bigomba gufasha abantu, biba bishaka kubazimiza. * (Abanyefeso 6:12) Niwiyumvire kandi iki kintu: Yehova ni Imana y’urukundo itwitwararika. Iyo abapfuye baba bari ahantu kanaka ari bazima kandi bakaba bashobora gufasha abagenzi babo n’imiryango yabo, none Umuremyi wacu munyarukundo yotubujije kuvugana na bo akongera akavuga ko ico kintu ari ‘ubuyobe’? Nta gukeka ko ata vyo yogize! (1 Petero 5:7) None, hoba hari isôko ryo kwizigirwa na rimwe ryoturonsa imfashanyo?

Imfashanyo nyakuri ku bazima no ku bapfuye

Dufatiye kuri ivyo bihejeje kuvugwa, turatahura yuko abapfuye ata bubasha bafise bwo gufasha abazima. Vyongeye, ivyo umuntu agira arondera gufashwa n’abapfuye nta co bishikako gusa ariko kandi ni na bibi cane; ivyo bintu birateye akaga bimwe bidasanzwe, kuko birenga kw’itegeko ry’Imana bikongera bigatuma tugeramirwa n’akosho k’amadayimoni.

Bibiliya iratwereka Isôko ryiza gusumba ayandi yose twokurako imfashanyo, iryo na ryo akaba ari Umuremyi wacu Yehova. Arashobora kuturokora mu rupfu ubwarwo. (Zaburi 33:19, 20) Muri iki gihe, arahaseruka kugira adufashe. Aratanga rero icizigiro nyakuri, kidasa na vya vyizigiro bitari vyo abapfumu batanga.

Tamba, umwe twavuga mu ntangamarara, yariboneye ubwiwe itandukaniro riri hagati ya vya vyizigiro bitari vyo abapfumu batanga be n’ukuri Yehova aturonsa. Abapfumu bavuze yuko aramutse adahaye ibimazi ba sekuruza bapfuye, ca kibazo co kw’ishure cociye kimunanira. Tamba yari yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yari yarize uko mu vy’ukuri abapfuye bamerewe yongera aramenya inkomoko mbi y’abivugisha ko ari ba sogokuruza bapfuye. Naho nyina yamushizeko umukazo ukomeye ngo arondere gufashwa n’umupfumu, Tamba yaranse, amubwira ati: “Ninananirwa, nzosubira nihate mu mwaka uza.”

None vyahavuye bigenda gute? Ni we yaronse amanota meza gusumba abandi bose muri ico kibazo! Nyina yaratangaye, arareka kwizigira abapfumu, kandi ntiyigeze asubira kuvuga ibijanye n’ubwo bwoko bw’ibimazi. Tamba yaramenye ko Yehova atugabisha ngo twirinde ‘kubaza abapfuye ivy’abariho.’ (Yesaya 8:19) Kwiga Bibiliya vyaratumye Tamba yizigira adakeka yuko mu gihe yohimbarwa n’itegeko ry’Imana, yokwerewe.​—Zaburi 1:1-3.

Ariko none, tuvuge iki ku bijanye n’abacu bapfuye? Hoba hari icizigiro dufise ku biberekeye? Uretse ko Yehova adufasha twebwe turi bazima, yarasezeranye gufasha abari mu mva. Raba ivyo umuhanuzi Yesaya yamenyesheje mu kigabane ca 26, ku murongo wa 19, ahejeje kuvuga ukuntu abapfuye ata bubasha bafise. Yavuze ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima. . . . Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu.” Ubwo buhanuzi buravuga kandi yuko ‘abo ataco bashoboye mu rupfu’ bazosubira kubaho.

Iyumvire nawe ico kintu! Abantu amamiliyaridi atawushobora kubafasha bari mu mva bazozurwa basubire kuba bazima! Nkako, Bibiliya irahishura ko Yehova ‘ashashaye’ guha ubuzima abapfuye. (Yobu 14:14, 15, NW) None imihango nk’iyo yoba isa n’iyidashoboka? Yezu Kristu yaremera adakeka ico cizigiro ku buryo yavuze ko abapfuye bamaze kuba bazima mu nyonga za Yehova.​—Luka 20:37, 38.

Woba wipfuza kugira ico cizigiro? * Nubandanye kwironsa ubumenyi butagira amakosa bwo muri Bibiliya. Uko wiga, uzojijuka yuko Yehova ashobora gufasha abakiriho n’abapfuye be n’uko ivyo asezerana ari ivyo “kwizigirwa n’[ivy]’ukuri.”​—Ivyahishuwe 21:4, 5.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Si ko yitwa.

^ ing. 18 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo, raba agatabu Imizimu y’Abapfuye​—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ ing. 26 Ushaka kumenya ayandi makuru ku bijanye n’umuhango wo muri Bibiliya werekeye izuka, raba ikigabane ca 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’ Ivyabona vya Yehova.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]

Ni ibintu bisanzwe cane kwumva twipfuje rwose gusubira kubona abacu bapfuye

[Ifoto ku rup. 20]

Umuhanuzi Samweli yoba yarazutse mu bapfuye, akavugana n’Umwami Sauli?