Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana ibona gute ivyerekeye inzoga?

Imana ibona gute ivyerekeye inzoga?

Imana ibona gute ivyerekeye inzoga?

UMUREMYI wacu, uwutwipfuriza ibintu vyiza kuruta ibindi, ntabuza gukoresha inzoga mu buryo buri ku rugero. * Ahubwo nyabuna, yahaye umuntu ‘vino kugira ngo inezereze umutima wiwe, amavuta kugira ngo ayagayagishe mu maso hiwe n’umutsima kugira ngo uhe umutima wiwe amagara.’ (Zaburi 104:15) Igihe kimwe, Yezu Kristu yaragize ico aterereye kugira ngo abantu bahimbarwe mu bugeni mu guhindura amazi agacika “umuvinyu mwiza.”​—Yohani 2:3-10.

Ni ivyumvikana kwiyumvira yuko Umuremyi azi neza na neza ingene inzoga zigira ico zikoze ku kuntu umubiri be n’ubwonko bikora. Muri Bibiliya yose uko ingana, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ‘aratwigisha ibitugirira ikimazi,’ kandi aratugabisha ashimitse ku bijanye n’ukurenza urugero mu kunywa inzoga zikaze. (Yesaya 48:17) Raba izi ngabisho zidakikiriza atanga:

“Ntimuborerwe umuvinyu ari wo urimwo ubuhumbu.” (Abanyefeso 5:18) ‘Imborerwa ntizizotorana ubwami bw’Imana.’ (1 Abakorinto 6:9-11) Ijambo ry’Imana ririyamiriza “ukunywera akaborerwe, ukwidagadura, n’ibintu nk’ivyo.”​—Abagalatiya 5:19-21.

Reka ubu naho turimbure ingeramizi zimwezimwe ziri mu kunywa inzoga nyinshi.

Ingeramizi ziri mu kunywa ukarenza urugero

Naho inzoga zishobora kugira ibintu vyiza zikoze, zirimwo ibintu bikaze bigira ico bihinduye ku kuntu ubwenge be n’umubiri bikora. Kurenza urugero mu kunywa birashobora guteza iyo ari yo yose muri izi ngorane zikurikira:

Kunywa inzoga nyinshi biratuma umuntu ataba akibona ibintu mu buryo bubereye, ku buryo ‘adashobora kwiyumvira mu buryo butomoye.’ (Imigani 23:33, Today’s English Version) Allen, wa munywi wa cane twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, asigura ati: “Kwizizirwa n’inzoga si indwara y’umubiri gusa; ni indwara igira ico ikoze ku vyiyumviro vy’umuntu no ku ngeso ziwe. Usanga umuntu atitaho umubabaro bitera abandi.”

Kunywa inzoga nyinshi birashobora kandi kugabanya ubushobozi umuntu afise bwo kwigumya. Ivyanditswe bigabisha biti: “Umuvinyu be n’umuvinyu usosa ni vyo bikuraho imvo nziza.” (Hoseya 4:11, NW) Uti gute? Umuntu yohejwe n’inzoga, ivyiyumviro be n’ivyipfuzo usanga muri rusangi turwanya birashobora gutangura gusa n’ibisanzwe cane canke mbere bigasa n’ibikwegera. Umwiyemezo dufise wo kwumira ku bigororotse urashobora guca ugoyagoya. Inzoga zirashobora kugabanya ububasha dufise bwo kwikingira mu vyo kwigenza runtu, bigatuma ubucuti umuntu afitaniye n’Imana buja mu kaga.

Nk’akarorero, uwitwa John yari yatase n’umukenyezi wiwe aca agenda mu kabare riniga. Amaze kunywa uducupa dukeyi two kumutururuza umugore umwe yaramwegereye. John amaze kunywa utundi ducupa dukeyi, yaciye agenda ajanye na wa mugore maze aca akora icaha co kurenga ibigo. Mu nyuma, John yaricujije cane kuba yarakoze ikintu atopfuye yiyumviriye gukora iyo ubushobozi afise bwo kwigumya butaza kuba bwari bwagabanijwe n’inzoga.

Kunywa inzoga nyinshi birashobora gutuma umuntu avuga canke akora atabanje kwiyumvira. Bibiliya ibaza iti: “Ni nde agira ngw Angwē! Ni nde afise imitongano? Ni nde afise imyidodombo?” Ica yishura iti: “N’abatavīrīra vino.” (Imigani 23:29, 30) Kunywa ukarenza urugero birashobora gutuma “wumva umengo uriko urafata urugendo uri mw’ibahari, umerewe nabi, ugenda urayorwa kubera ubwato bugenda buragucekagura cane.” (Imigani 23:34, TEV) Umuntu yanyoye akaborerwa arashobora kuvyuka “yavunaguritse ahantu hose, atibuka mbere n’ingene ivyo vyose vyashitse.”​—Imigani 23:35, CEV.

Kunywa inzoga nyinshi birashobora kwonona amagara. “Uburuhiro [inzoga] iryana nk’inzoka, igakomora nk’imvuvyi.” (Imigani 23:32) Ubuhinga bw’ivy’ubuvuzi bwaremeje ubukerebutsi buri muri uwo mugani wa kera. Inzoga nyinshi ni ubumara bushobora kwica, umuntu bugashobora gushikana ku kurwara ubwoko butandukanye bwa kanseri, indwara z’igitigu (hépatites) ziterwa n’inzoga, indwara ituma igitigu gicika nk’ibuye (Cirrhose du foie), indwara z’urwagasha (Pancréatites), ugutuma urugero rw’isukari iri mu maraso rugabanuka ku bantu barwaye igisukari, ubumuga buvuye ku nzoga abana bagira kuva bakiri mu nda (Syndrome d’alcoolisation foetale), indwara yonona ubwonko canke indwara z’umutima, izo zikaba ari inkurikizi nkeyi gusa. Mbere no kurenza urugero rimwe gusa mu kunywa canke kumara igihe gito umuntu anywa akarenza urugero birashobora gutuma atakaza ubwenge canke agapfa. Ariko rero, inkurikizi zihambaye kuruta zo kunywa inzoga zirenze urugero ntizivugwa mu bitabu vy’ubuvuzi.

Ingeramizi ikomeye kuruta izindi zose. Naho umuntu yoba ataborewe, kunywa inzoga nyinshi biratera akaga mu bijanye n’ubucuti afitaniye n’Imana. Bibiliya ivuga mu buryo butomoye iti: “Bazobona ibara, abazindurwa mu gatondo no kwirukira ibiboreza, bakarāra kw ijoro gushitsa vino [‘ibarurumbitse,’ NW]!” Uti kubera iki? Yesaya arasigura ingaruka zishikira abantu mu bijanye n’ubucuti bafitaniye n’Imana kubera banywa inzoga nyinshi, ati: “Ntibītegereza igikorwa c’Uhoraho, ntibashira umutima ku gikorwa c’amaboko yiwe.”​—Yesaya 5:11, 12.

Ijambo ry’Imana riraduhanura ngo “[nti]tube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20, NW) Abatamakazi baragabishwa ngo ntibabe “abaja b’umuvinyu mwinshi.” (Tito 2:3) Uti kubera iki? Buhorobuhoro, akenshi abantu batabiciye n’ikanda, baratangura kuza baranywa utuyoga twinshi kuruta kandi ivyo bakarushiriza kubigira incuro nyinshi. Amaherezo, uwo munywi yoshobora “kurota ari maso abaza ati: ‘Mbega buza guca ryari, kugira ngo nshobore kunywa utundi dukeya?’” (Imigani 23:35, CEV) Abanywi baba bageze ahanyerera igihe usanga bavyuka bumva bipfuza cane inzoga yo kwihumura, ni ukuvuga akayoga banywa mu gitondo ngo ni kugira bikureko indarane.

Bibiliya iragabisha yuko abaja mu vyo “kunywa umuvinyu birenze urugero, mu kwidagadura, mu guhiganwa mu kunywa . . . bazogira ico babazwa n’umwe yiteguriye gucira urubanza abazima n’abapfuye.” (1 Petero 4:3, 5) Vyongeye, ku bijanye n’ibihe bigoye tubayemwo, Yezu yagabishije ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa no kurira agahokero no kunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi [umusi wa Yehova] ukabahwikira nk’umutego.”​—Luka 21:34, 35.

Ariko none, abanywa inzoga ntibigerere, ni igiki bokora kugira birinde ‘kuremerwa no kunywa birenze urugero’?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Muri iki kiganiro, ijambo “inzoga” ryerekeza muri rusangi ku biyeri, ku muvinyu be n’izindi nzoga zikaze.

[Amafoto ku rup. 4, 5]

Kunywa inzoga nyinshi birashobora gushikana ku ngorane nyinshi