Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki Imana iha abantu ingabirano y’ubuzima budahera?

Ni kubera iki Imana iha abantu ingabirano y’ubuzima budahera?

Abasomyi bacu barabaza . . .

Ni kubera iki Imana iha abantu ingabirano y’ubuzima budahera?

▪ Bibiliya iravuga ko Imana iduha akaryo ko kuronka “ubuzima budahera.” (Yohani 6:40) Ariko none, ni igiki gituma iduha ico cizigiro? Coba ari ikibazo kijanye n’ubutungane gusa?

Kugira ubutungane birimwo kwisunga ibibereye n’ibigororotse mu buryo umuntu afata abandi. None twoba vy’ukuri tubereye kuronka ubuzima? Oya. Bibiliya ivuga iti: “Nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.” (Umusiguzi 7:20) Igicumuro gituma turonka igihano. Imana yaraburiye wa mugabo wa mbere Adamu ko umusi yocumuye yopfuye ata kabuza. (Itanguriro 2:17) Mu nyuma, intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ati: “Impembo igicumuro gitanga [ni] urupfu.” (Abaroma 6:23) Nimba none abakomoka kuri Adamu bose ata kindi bakwiriye atari urupfu, ni kubera iki Imana itanga akaryo ko kuronka ubuzima budahera?

Akaryo Imana itanga ko kuronka ubuzima budahera ni “ingabirano ya gusa.” Ni ikintu cerekana ingene urukundo be n’ubuntu ata wari abukwiriye vy’Imana bikomeye kandi bigera kure. Bibiliya ivuga iti: “Bose ba[ra]cumuye bakaba badashikira ubuninahazwa bw’Imana, kandi ni nk’ingabirano ya gusa kubona bariko bitwa abagororotsi ku buntu ata wari abukwiriye bwayo, mu kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.”​—Abaroma 3:23, 24.

Naho twese dukwiriye urupfu, Imana ihitamwo guha ubuzima budahera abayikunda. None ako koba ari akarenganyo? Bibiliya ivuga iti: “Tuvuge iki none? Mbega Imana irarenganya? Ntibikabe! Kuko ibwira Musa iti: ‘Nzogirira imbabazi uwo nzogirira imbabazi, kandi nzogirira impuhwe uwo nzogirira impuhwe.’ . . . Uri nde none ngo wishure nabi Imana?”​—Abaroma 9:14-20.

Mu mihingo imwimwe y’isi, umutegetsi ahambaye mu vy’intwaro canke umucamanza arashobora kugirira ikigongwe inkozi y’ikibi yaciriwe urubanza rukomeye. Igihe iyo nkozi y’ikibi ikoze n’umutima ukunze ivyo umucamanza asaba kandi ikerekana ko hari ivyo yahinduye mu ngeso no mu nyifato ifise, umucamanza canke umukuru w’igihugu yoshobora guhitamwo kuyigirira ikigongwe mu kugabanya igihano yari yaciriwe canke mu gukuraho ico gihano cose. Ico kintu na co nyene coshobora kuba kigaragaza ubuntu iyo nkozi y’ikibi itari ikwiriye.

Mu buryo busa n’ubwo, Yehova arashobora guhitamwo kudasaba ko abacumuzi bose baronka igihano bari bakwiye kuronka. Ahubwo, asunitswe n’urukundo, arashobora kuronsa ubuzima budahera abamukunda bakongera bakisunga ingingo mfatirwako ziwe. Bibiliya ivuga iti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ibikorwa 10:34, 35.

Ikintu Yehova yakoze cerekana kuruta ibindi vyose urukundo adukunda, ni ukuba yararungitse Umwana wiwe kugira ngo acumukure ku bwacu yongere adupfire. Yezu yavuze ku bijanye na Se ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.”​—Yohani 3:16.

Abantu bose bashika ku gukunda Yehova Imana bakongera bagakora ivyo agomba arabemera ku rugero rumwe, atiriwe araraba ivyo baciyemwo. Ku bw’ivyo rero, icizigiro c’ubuzima budahera, ahanini ni icerekana ubuntu ata wari abukwiriye tugirirwa, ikintu Imana yakoze kigaragaza urukundo ntangere.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 29]

Ahanini ni icerekana ubuntu ata wari abukwiriye tugirirwa, ikintu kigaragaza urukundo ntangere