Ni kubera iki Imana yarwanye intambara n’Abanyakanani?
Ni kubera iki Imana yarwanye intambara n’Abanyakanani?
“Muze murandure rwose ayo mahanga, ni bo Baheti, n’Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, nk’uk’Uhoraho Imana yanyu yababariye.”—GUSUBIRA MU VYAGEZWE 20:17.
“Mubane amahoro n’abantu bose.”—ABAROMA 12:18.
IYO mirongo yo muri Bibiliya yoba isa n’iyivuguruzanya kuri wewe? Abantu benshi birabagora guhuza itegeko Imana yatanze ryo gusangangura Abanyakanani be n’impanuro Bibiliya itanga idusaba kuba abanyamahoro. * (Yesaya 2:4; 2 Abakorinto 13:11) Babona ko ubwo buyobozi busa n’ubuvuguruzanya.
Iyaba vyashoboka ko uganira n’Imana kuri ico kintu, ni ibiki woyibaza? Rimbura ibibazo bitanu bikunze kubazwa be n’inyishu Bibiliya itanga.
1. Ni kubera iki Abanyakanani bomowe? Mu buryo bunaka, Abanyakanani baba mu gihugu kitari icabo kandi batabifitiye uburenganzira. Uti gute? Nk’imyaka 400 imbere y’aho, Imana yari yarasezeraniye wa mugabo w’umwizigirwa Aburahamu yuko abomukomotseko bokwigaruriye igihugu ca Kanani. (Itanguriro 15:18) Imana yarashikije iryo sezerano igihe yatuma ihanga rya Isirayeli, rino rikaba ryakomoka kuri Aburahamu, ryigarurira ako karere. Ego ni ko hari aboharira bavuga yuko Abanyakanani bari basanzwe baba aho hantu, gutyo bakaba bari bafise uburenganzira bwo kuba muri ico gihugu. Ariko rero ata gukeka, kubera yuko Imana ari yo Segaba w’ijuru n’isi, irafise uburenganzira ntaharirizwa bwo gushinga aho umuntu munaka akwiye kuba.—Ibikorwa 17:26; 1 Abakorinto 10:26.
2. Ni kubera iki Imana itaretse ngo Abanyakanani babane n’Abisirayeli? Imana yagabishije ku bijanye n’Abanyakanani iti: “Ntibaze bakomeze kuba mu gihugu canyu, kugira ngo ntibaze babacumuze kuri jewe; kuko muramutse musavye imana zabo bitobura kubabera umutego.” (Kuvayo 23:33) Umuhanuzi Musa mu nyuma yabwiye Isirayeli ati: “Ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana.” (Gusubira mu vyagezwe 9:5) Uti none abantu bo muri ayo mahanga bari ababisha gushika ku rugero uruhe?
Ubushegabo, ugusenga kwa gipagani be no gutanga abana kw’ibimazi, vyari vyariraye i Kanani. Umutohozakahise w’ivya Bibiliya yitwa Henry H. Halley avuga yuko abacukuzi bacukuye muri ako karere “batoye igitigiri kinini c’imibindi irimwo ibisigarira vy’abana bari baratanzwe bwa bimazi vyahabwa Bayali [ikimana gihambaye c’Abanyakanani].” Yongerako ati: “Ako karere kose karagaragaye ko ari akaburi k’inzoya zaba ziherutse kuvuka. . . . Abanyakanani mu gusenga baja mu vy’ubushegabo bwa birori vy’idini, bari imbere y’ibimana vyabo; hanyuma bakaja mu vy’ukwica abana babo b’imfura mu gushikanira ibimazi ivyo bimana nyene. Bisa n’uko ku rugero runini, ico gihugu cose
c’i Kanani cari carabaye nk’i Sodomu hamwe n’i Gomora. . . . Abacukuzi bacukuye ahahora ibisagara vy’i Kanani baratangara kubona Imana itabisanganguye hakiri kare.”3. None ico gihe nta bandi bantu b’abanyakibi bari bariho kw’isi? Ni kubera iki Abanyakanani bonyene ari bo basanganguwe? Imana yarashikije imanza zayo ku bacumuzi bamwebamwe mu bihe vyinshi. Igihe ‘isi yari yuzuye umuryano’ mu misi ya Nowa, Imana yarazanye umwuzure watikije abantu bose uretse umuryango umwe gusa, ni ukuvuga umuryango wa Nowa. (Itanguriro 6:11; 2 Petero 2:5) Imana yarasanganguye ibisagara vya Sodomu na Gomora igihe ibicumuro vy’abantu baho vyari vyabaye “ikirenga.” (Itanguriro 18:20; 2 Petero 2:6) Vyongeye, yaraciriye urubanza umurwa mukuru wa Asiriya ari wo Ninewe, kino kikaba cari “igisagara kivisha amaraso,” naho yaretse gusangangura ico gisagara igihe abantu baho bigaya bagaheba inzira zabo mbi. (Nahumu 3:1; Yona 1:1, 2; 3:2, 5-10) Ku bijanye n’Abanyakanani, Imana yabasanganguye kugira ngo ikingire Isirayeli, ihanga ryohavuye rivamwo Mesiya.—Zaburi 132:11, 12.
4. Ubwo ugusangangurwa kw’Abanyakanani ntikwari guteye kubiri n’urukundo rw’Imana? Umuntu atabiravye neza, kuba Imana yaraherengeteje Abanyakanani vyoshobora gusa n’ibidahuye n’urukundo rwayo. (1 Yohani 4:8) Ariko rero, urwo rukundo ruca rugaragara cane igihe turimbuye ico kintu twitonze.
Imana yari izi kuva hakiri kare cane yuko abantu b’i Kanani bari bafashe inzira mbi. Yamara, aho guca ibarandura ubwo nyene, yararetse yihanganye haraca imyaka 400 gushika ukugabitanya kwabo ‘kwuzuye.’—Itanguriro 15:16.
Igihe igicumuro c’Abanyakanani cashika ku rugero rw’uko ata cizigiro na gito cari kikiriho c’uko bogira ico bahinduye, Yehova yarabaranduye. Naho yabigize ukwo, ntiyajaniranije ngo arandure Abanyakanani bose. Kubera iki? Kubera yuko atari bose bari baragiye akagirire. Abari bafise umutima ukunze wo kugira ico bahinduye, nka Rahabu n’Abagibeyoni, baragaragarijwe imbabazi.—Yosuwa 9:3-11, 16-27; Abaheburayo 11:31.
5. Imana y’urukundo yari gushobora gute gusangangura umuntu uwo ari we wese? Ico kibazo kirumvikana, kuko bidahimbaye kurorera ingene abantu basangangurwa. Ariko rero, mu vy’ukuri urukundo rw’Imana ni rwo rwayisunikiye gufatira abanyakibi mwene izo ngingo ruhasha. Reka tubitangire akarorero: Igihe umurwayi arwaye ku kuguru canke ku kuboko
igisebe kiguma gikwiragira, akenshi usanga abaganga ata kundi bari bugire atari uguca ico gihimba kirwaye. Nta baganga bohimbarwa no kugira mwene ico kintu, ariko umuganga mwiza aba azi ko icoshika atabigize, ni ukuvuga ugukwiragira kw’ico gisebe, ari kibi kuruta. Kubera yuko aba yitaho uwo murwayi, arakora ico gikorwa kidahimbaye ku bw’ineza y’uwo ariko aravura.Muri ubwo buryo nyene, Yehova ntiyahimbawe no gusangangura Abanyakanani. We ubwiwe avuga ati: “Simpimbarwa n’uk’umunyavyaha apfa.” (Ezekiyeli 33:11) Muri ico gihe nyene, yari afise umugambi w’uko ihanga rya Isirayeli rivamwo Mesiya, uworonkeje abo bose bizeye akaryo ko kurokoka. (Yohani 3:16) Ku bw’ivyo, Imana ntiyari gushobora kureka ngo Isirayeli yandukirwe n’ingeso zishisha z’Abanyakanani. Yaciye rero itegeka ko Abanyakanani bakurwa mu gihugu, canke bacomorwamwo. Mu kubigenza gutyo, Imana yaragaragaje urukundo rudasanzwe, urukundo rwayisunikiye gukora ikintu kidahimbaye ku bw’ineza y’abasavyi bayo b’abizigirwa.
Akamaro iyo nkuru idufitiye
Iyo nkuru yigana ibijanye n’ugusangangurwa kw’Abanyakanani yoba idufitiye akamaro muri iki gihe? Ego cane, kuko mu Baroma 15:4 havuga hati: “Ibintu vyose vyanditswe kera vyanditswe kugira bitwigishe, kugira ngo biciye ku kwihangana kwacu no ku ruhoza ruva mu Vyanditswe tugire icizigiro.” None ivyashitse i Kanani ni gute bitwigisha bikongera bigatuma tugira icizigiro?
Izo nkuru ziratwigisha vyinshi. Nk’akarorero, Imana yararokoye Rahabu n’Abagibeyoni ibigiranye imbabazi igihe bayihindukirira bayizeye. Ivyo biratwibutsa yuko uwo ari we wese ashaka vy’ukuri guhimbara Imana ashobora kubigira, tutaravye ivyo yaciyemwo n’ibicumuro yakoze muri kahise.—Ibikorwa 17:30.
Inkuru zigana ibijanye n’ugusangangurwa kw’i Kanani ziraturonsa kandi icizigiro mu kuduha imponjo y’ivyo Imana igiye vuba gukora. Ziradukura amazinda yuko itazoreka ngo ikibi kinigire mu menshi iciza. Ahubwo riho, Bibiliya iremeza ko vuba Imana igiye kugira ico ikoze ngo isangangure abanyakibi bose, magingo izorokora abayikunda ikabashira mw’isi nshasha igororotse. (2 Petero 2:9; Ivyahishuwe 21:3, 4) Ico gihe, aya majambo ahumuriza azoca aranguka, akaba agira ati: “Urorēre Uhoraho, ugumye inzira yiwe, na we azogushira hejuru ng’uragwe igihugu: abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.”—Zaburi 37:34.
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 4 Muri iki kiganiro, imvugo ngo “Abanyakanani” yerekeza ku mahanga yose Imana yategetse Abisirayeli kwomora.
[Uruzitiro ku rup. 14]
Bibiliya yoba irenza uruho rw’amazi ku ntambara z’abantu?
Kuba Imana yarategetse Isirayeli ngo isangangure Abanyakanani vyoba bituma intambara z’abantu ziba izumvikana muri iki gihe? Habe namba, n’imiburiburi kubera imvo zitatu:
▪ Nta hanga na rimwe ryo kw’isi ritoneshwa n’Imana mu buryo budasanzwe muri kino gihe. Igihe Abisirayeli biyamiriza ko Yezu ari we Mesiya, ntibabaye bagiserukira Imana mu buryo ubwo ari bwo bwose bwemewe, harimwo n’ukuba abajejwe kuririka abo Imana yaba yaciriye urubanza rwo gupfa. (Matayo 21:42, 43) Ku bw’ivyo, Yehova yaciye afata Abisirayeli nk’uko afata ayandi mahanga. (Abalewi 18:24-28) Kuva ico gihe, nta hanga na rimwe ryo kw’isi ryashobora kuvuga mu buryo bwumvikana ko rishigikiwe n’Imana mu ntambara.
▪ Yehova ntagisaba abasavyi biwe kuba mu gihugu kinaka canke mu karere kanaka. Ahubwo riho, abasavyi biwe usanga bari “mu mahanga yose n’imiryango yose” vyo kw’isi.—Ivyahishuwe 7:9; Ibikorwa 10:34, 35.
▪ Yezu yarerekanye mu buryo butomoye ko abayoboke biwe batogize uruhara mu ntambara. Igihe yariko aragabisha abigishwa biwe ku bijanye n’igitero cagira kigirwe kuri Yeruzalemu, ntiyababwiye ngo bagumeho maze baje ku rugamba, ahubwo nyabuna yababwiye ngo bahunge, ivyo bikaba ari vyo bagize. (Matayo 24:15, 16) Aho gufata ibirwanisho, abakirisu b’ukuri barizigira baherejeko Ubwami bw’Imana, buno bukaba bugiye vuba gukura kuri iyi si ubukozi bw’ikibi bwose.—Daniyeli 2:44; Yohani 18:36.
[Ifoto ku rup. 15]
Akarorero ka Rahabu karerekana ko umuntu wese abishaka vy’ukuri ashobora guhimbara Imana