Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwiyegereze Imana Irashitsa ivyo isezerana

Niwiyegereze Imana Irashitsa ivyo isezerana

Niwiyegereze Imana

Irashitsa ivyo isezerana

YOSUWA 23:14

VYOBA bikugora kwizigira abandi? Ikibabaje, tubaye mw’isi aho ukwizigirana kugenda kurakamangana bimwe bitangaje. Nimba waragiriwe nabi n’umuntu wari wizigiye, kumbure bivuye ku binyoma yakubwiye canke ku bintu yagusezeraniye atashikije, vyoshobora kuba vyaratumye utakaza ukwizigira. Ariko rero, hariho umuntu ushobora kwizigira ntiwigere uvunika umutima. Mu Migani 3:5 haduhimiriza hati: “Wizigize Uhoraho umutima wawe wose.” Ni kubera iki none bibereye ko twizigira Yehova muri ubwo buryo? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka turimbure amajambo Yosuwa yavuze, uno akaba ari umuntu yizigira Yehova bimwe vyuzuye, tukaba tuyasanga muri Yosuwa 23:14.

Rimbura uko ibintu vyari vyifashe. Yosuwa, uno akaba ari we yasubiriye Musa mu kuba indongozi ya Isirayeli, ariko aregereza imyaka 110 y’amavuka. Mu kiringo c’imyaka myinshi yamaze, yariboneye vyinshi mu bikorwa vy’ububasha Yehova yakoreye Isirayeli, harimwo na kwa kurokorwa ku gitangaro baciye mu Kiyaga Gitukura hari haheze nk’imyaka 60 kubaye. Ubu na ho Yosuwa, uno akaba azirikana cane ku vyabaye, arahamagara “abashingantahe . . . n’abakuru, n’abacamanza . . . n’abagabisha b’ingabo” bo muri Isirayeli. (Yosuwa 23:2) Amajambo aca avuga ntahishura gusa ubukerebutsi afise buva ku myaka myinshi amaze, ariko kandi arahishura ko azirikana ku bintu abigiranye umutima wuzuye ukwizera.

Yosuwa asigura ati: “Ngiye kugenda nk’ukw abandi bose bagenda.” Iryo ryungane ngo “nk’ukw abandi bose bagenda” ni imvugo ngereranyo yerekeza ku rupfu. Ku bwa ngingo, Yosuwa ariko avuga ati: “Nta gihe kinini nsigaje co kubaho.” Kubera yuko Yosuwa yari azi ko agiye gupfa, nta gukeka ko yamaze amasaha menshi ariko arazirikana ku buzima bwiwe. None ni amajambo yo gusezera ayahe agira abwire abo basangiye ugusenga?

Yosuwa abandanya ati: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.” Ayo majambo yerekana ko uwo mugabo yizigira Imana aherejeko. Ni kubera iki ayizigira? Yosuwa atereje amaso inyuma ku bintu vyose yabonye, yaratahuye ko Yehova yama nantaryo ashitsa ivyo yasezeranye. * Intumbero Yosuwa afise iratomoye: Ashaka ko Abisirayeli bagenziwe bizigira baherejeko yuko ivyo Yehova yasezeranye vyose vyerekeye kazoza kabo na vyo nyene bizoranguka.

Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya, mu kugira ico kivuze kuri Yosuwa 23:14, kigira giti: “Nufate umuhango wose wo muri Bibiliya; maze usuzume kahise k’isi; hanyuma urimbure witonze ibijanye n’ikiremwa cose kiri muri yo kugira ngo urabe ko wotora ahantu na hamwe Imana itashikije canke yibagiye ikintu yasezeranye.” Iyaba vyashoboka ko tugira mwene iryo suzuma, twoshitse ku ciyumviro gisa n’ico Yosuwa yashitseko c’uko ivyo Yehova asezerana bitigera bireka kuranguka.​—1 Abami 8:56; Yesaya 55:10, 11.

Bibiliya irimwo inkuru z’ibintu Imana yasezeranye vyarangutse, harimwo n’ibiriko biraranguka twebwe ubwacu tuvyibonera. Irimwo kandi n’ibintu vyiza igitangaza Yehova adusezeranira ku bijanye na kazoza kacu. * Ubona gute wewe ubwawe wisuzumiye izo nkuru? Kugirirwa inyigisho ya Bibiliya vyoshobora kukujijura yuko Umwe arangura ivyo yasezeranye abereye ko umwizigira.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Ibi ni bike mu vyo Yehova yasezeranye, canke yatangiye imihango, Yosuwa yabonye biranguka: Yehova yohaye Isirayeli igihugu yegukira. (Gereranya Itanguriro 12:7 na Yosuwa 11:23.) Yehova yorokoye Isirayeli akayikura mu Misiri. (Gereranya Kuvayo 3:8 na Kuvayo 12:29-32.) Yehova yoronkeje abasavyi biwe ivyo bakeneye.​—Gereranya Kuvayo 16:4, 13-15 no Gusubira mu vyagezwe 8:3, 4.

^ ing. 6 Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Imana isezerana ku vyerekeye kazoza kacu, raba ikigabane ca 3, ica 7 be n’ica 8 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.