Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye

Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye

Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye

TONY, umwe twavuga mu kiganiro gitangura, yari gushobora kuba yaragize ubuzima butandukanye cane n’ubwo yari afise, iyo aza kuba yaremera ko afise ingorane ijanye no kunywa. Ariko rero, kubera ko yasa n’uwushobora kunywa inzoga nyinshi ntihagire ibimenyetso biboneka vyigaragaza, yiyumvira yuko ata ngorane yari afise mu buzima bwiwe. Ni kubera iki ukwo kuntu yabona ibintu kwarimwo ukwihenda cane?

Uko yabona ibintu kwari kwaragoretswe n’inzoga nyinshi yanywa. Tony yaba yarabibona canke atabibona, igihimba nyezina c’umubiri cagira ico gikoze ku kuntu umubiri wiwe, ubwenge bwiwe be n’inyiyumvo ziwe vyifashe, ni ukuvuga ubwonko bwiwe, caca gikora nabi igihe caba kiremerewe n’inzoga. Uko yarushiriza kunywa, ni ko ubwonko bwiwe bwarushiriza kudashobora kurimbura neza uko ivyiwe vyifashe.

Impamvu igira kabiri yatuma Tony abona ibintu mu buryo butari bwo ni icipfuzo gikomeye cane yari afise co kugumana ingeso yiwe yo kunywa. Allen, umwe yavugwa mu biganiro vy’imbere y’iki, mu ntango yarahakana yuko afise ingorane ijanye n’inzoga. Yiyemerera ati: “Narahisha ingeso yanje yo kunywa, kandi narashobora kwisigura nkongera nkagerageza gufatira mu rwara ingeso nari mfise yo kunywa nkarenza urugero. Nari mfise intumbero imwe, iyo na yo ikaba yari iyo kudaheba ingeso yanje yo kunywa.” Naho abandi bantu bashobora kubona yuko ingeso yo kunywa yariko irizizira Tony na Allen, umwe wese muri bo yaguma yibwira yuko ata ngorane n’imwe afise. Abo bagabo bompi bari bakeneye kugira ico bakoze kugira ngo bacungere akamenyero kabo ko kunywa. Ariko none bari gukora iki?

Nugire ico ukoze!

Abantu benshi bahagaritse ivyo kunywa bakarenza urugero, baragize ico bakoze mu buryo buhuye n’amajambo Yezu yavuze agira ati: “Iryo jisho ryawe ry’iburyo rero nimba rigutsitaza, rinogore urite kure yawe. Kuko vyorushiriza kukugirira akamaro kimwe mu bihimba vyawe kibuze hako umubiri wawe wose utabwa muri Gehena.”​—Matayo 5:29.

Birumvikana ko Yezu atariko ashigikira ivyo kwikomeretsa. Ahubwo riho, yariko arashimika akoresheje imvugo ngereranyo yuko dukwiye kugira umutima ukunze wo kuvavanura mu buzima bwacu n’ikintu ico ari co cose kibangamiye ubucuti dufitaniye n’Imana. Mu vy’ukuri, kubigenza gutyo vyoshobora gutuma tugira umubabaro mwinshi ku mubiri. Ariko, bizodukingira ivyiyumviro be n’ibintu bishobora kudushikana ku kunywa tukarenza urugero. Ku bw’ivyo, nimba abandi baraguseruriye ko bafise amakenga ku bijanye n’uko uriko uragira akamenyero ko kurenza urugero mu kunywa inzoga, nugire ivyo ukoze kugira ngo ucungere ukuntu uzinywa. * Nimba bigaragara yuko udashobora gucungera akamenyero kawe ko kunywa, nugire umutima ukunze wo guheba inzoga burundu. Naho vyoba bibabaza gute, ntibinganya no kugira ubuzima bw’impfagusa.

Naho nyene woba utiziziwe n’inzoga, woba ufise impengamiro yo kunywa nyinshi? Nimba ari ukwo, ni intambwe ngirakamaro izihe ushobora gutera kugira zigufashe kuguma ubona ibijanye n’inzoga mu buryo bubereye?

Aho wokura imfashanyo

1. Niwizere ububasha bw’isengesho rituwe kenshi kandi rivuye ku mutima. Bibiliya iha abantu bose bipfuza guhimbara Yehova Imana iyi mpanuro igira iti: “Muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba bijana n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana; maze amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose azorinda imitima yanyu n’ububasha bwanyu bwo kwiyumvira biciye kuri Kristu Yezu.” (Abafilipi 4:6, 7) None ushobora gusenga usaba iki kugira ngo uronke ayo mahoro yo mu muzirikanyi?

Niwemere ata buryarya ubigiranye yuko ufise ingorane ijanye n’inzoga, iyo ngorane ikaba ari wewe ubwawe ivako. Kubwira Imana ivyo wipfuza gukora ku bijanye n’iyo ngorane bizotuma ihezagira utwigoro ugira kugira ngo uruhurirwe wongere wirinde ingorane zikomeye kuruta. Bibiliya ivuga iti: “Ūpfukapfuka ibigabitanyo vyiwe ntazoronka umugisha, arik’ūvyihana akabireka azogirirwa ikigongwe.” (Imigani 28:13) Yezu yavuze kandi yuko twoshobora gusenga dusaba duti: “Ntutujane mu kigeragezo, mugabo udutabare ikibi.” (Matayo 6:13; akajambo k’epfo muri Bible de référence) Ariko none, ushobora gute gukora uhuza na bene ayo masengesho kandi ni hehe ushobora gukura inyishu y’ugutakamba kwawe?

2. Nukure inkomezi mw’Ijambo ry’Imana. ‘Ijambo ry’Imana ni rizima kandi rifise ububasha kandi rirashobora gutahura ivyiyumviro n’imigabo vy’umutima.’ (Abaheburayo 4:12) Abantu benshi bahoze banywa inzoga nyinshi barafashijwe no gusoma buri musi imirongo yo muri Bibiliya hamwe no kuyizirikanako. Umwanditsi umwe wa zaburi yatinya Imana yanditse ati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi. . . . Arikw ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima ku murango no mw ijoro. . . . Ic’azokora cose kizomubera ko.”​—Zaburi 1:1-3.

Allen, uwagiriwe inyigisho ya Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova ikaba yaramuronkeje inkomezi zo gutsinda akamenyero ko kunywa inzoga akarenza urugero, avuga ati: “Ndemera ntakeka ko iyo Bibiliya be n’ingingo ngenderwako zo muri yo bitaza kumfasha guhagarika kunywa, mba narapfuye.”

3. Nutsimbataze ukwigumya. Bibiliya iravuga ko abantu bo mw’ishengero rya gikirisu bahoze ari imborerwa bari barogejwe n’“impwemu y’Imana yacu.” (1 Abakorinto 6:9-11) Uti gute? Kimwe coco, barafashijwe guheba ukunywera akaborerwe n’ukwidagadura mu gutsimbataza ukwigumya, ino ikaba ari kamere dutsimbataza tubifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana. Bibiliya ivuga iti: “Ntimuborerwe umuvinyu ari wo urimwo ubuhumbu, ahubwo mugume mwuzuzwa impwemu.” (Abanyefeso 5:18; Abagalatiya 5:21-23) Yezu Kristu yasezeranye yuko “Data ari mw’ijuru [yohaye] impwemu nyeranda abayimusaba.” Ku bw’ivyo, “mugume musaba, muzohabwa.”​—Luka 11:9, 13.

Abipfuza gusenga Yehova mu buryo yemera barashobora gutsimbataza ukwigumya mu gusoma no mu kwiga Bibiliya hamwe no mu gusenga kenshi kandi babikuye ku mutima. Aho kureka ngo ugucika intege gutume utana n’akabando, niwemere uyu muhango dusanga mw’Ijambo ry’Imana ugira uti: “Uwubiba ku bw’impwemu azoshwabura ubuzima budahera mu mpwemu. Ntiduhebe rero gukora iciza, kuko ikiringo nicagera tuzoshwabura nitutadebukirwa.”​—Abagalatiya 6:8, 9.

4. Nuhitemwo abagenzi beza. “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imigani 13:20) Nubwire abagenzi bawe ibijanye n’umwiyemezo ufise wo kuguma ucungereye ukuntu unywa inzoga. Ariko rero, Ijambo ry’Imana rirakuburira yuko igihe uhevye ‘kunywa umuvinyu birenze urugero, kwidagadura be no guhiganwa mu kunywa,’ bamwebamwe mu bahoze ari abagenzi bawe ‘bazozazanirwa bakabandanya kugutuka.’ (1 Petero 4:3, 4) Nugire umutima ukunze wo kuvavanura n’abagenzi babera intambamyi umwiyemezo ufise wo gucungera akamenyero kawe ko kunywa.

5. Niwishingire uturimbi ntabanduka. “Mureke gushushanywa n’iyi si, ahubwo muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye ukwo ari kwo.” (Abaroma 12:2) Niwareka ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana zikagufasha kwishingira uburimbi aho kubirekera abagenzi bawe canke “iyi si,” uzobaho mu buryo bwemerwa n’Imana. Yamara none, ushobora gute kumenya akarimbi katoguteza ingorane?

Inzoga uko yongana kwose, igihe yonona ubushobozi bwawe bwo kubona ibintu mu buryo bubere kandi ikagabanya ububasha bwawe bwo kwiyumvira, iba ari nyinshi cane kuri wewe. Ku bw’ivyo, nimba uhisemwo kunywa, ntibiranga ubukerebutsi kwishingira akarimbi kadatomoye kari hagati yo kutaborerwa no kuborerwa. Ntureke ngo ukwisigura kwonone ukwisuzuma kwawe ata buryarya mu bijanye n’akamenyero kawe ko kunywa. Nushinge akarimbi ntabanduka katagushira mu kaga, katarimwo uguhakwa kurenza urugero, kamwe katazotuma uta intumbero ukanywa nyinshi.

6. Niwige kuvuga oya. “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego, Oya yanyu ibe Oya.” (Matayo 5:37) Niwige kwanka ubigiranye urupfasoni ivyo umuntu afise umutima mwiza mugabo atabona ibintu mu buryo bwiza aguma aguha. “Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu, kugira ngo mumenye ingene mubwirizwa kwishura umuntu wese.”​—Abakolosayi 4:6.

7. Nurondere gufashwa. Nusabe imfashanyo abagenzi bagushigikira bashobora gukomeza umwiyemezo ufise wo gucungera akamenyero kawe ko kunywa kandi bashobora kugufasha mu bijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana. “Babiri baruta umwe, kuko baronka impēra kubg’ubutame bgabo. Kuk’ umwe ni yatemba mugenzi we azomuvyura.” (Umusiguzi 4:9, 10; Yakobo 5:14, 16) Urwego rw’igihugu rujejwe ivyo kwirinda kurenza urugero mu kunywa no kwizizirwa n’inzoga rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na rwo nyene ruhanura ruti: “Kugabanya inzoga wahora unywa vyoshobora rimwe na rimwe kuba ibigoye. Nusabe umuryango wawe n’abagenzi bagushigikire kugira ngo bagufashe gushikira iyo ntumbero.”

8. Niwumire ku mwiyemezo wawe. “Mucike abakora rya jambo, atari abumva gusa, mwibesha n’ivyiyumviro bitari vyo. Mugabo uwihweza yitonze muri rya tegeko ritunganye ry’umwidegemvyo kandi agakovya muri ryo, uwo muntu, kubera atacitse uwumva akibagira, mugabo uwukora igikorwa, azoba ahiriwe mu kubikora.”​—Yakobo 1:22, 25.

Nuvavanure n’ukwizizirwa n’inzoga

Umuntu wese anywa inzoga akarenza urugero si ngombwa ngo ace aba uwiziziwe na zo. Ariko hari abatangura kunywa nyinshi cane canke bakazinywa kenshi cane ku buryo baca bizizirwa na zo. Kubera yuko ukwizizirwa n’inzoga birimwo ukuba umubiri be n’ubwenge vy’umuntu bidakora neza adafashe ibintu bikaze, mwene abo bantu boshobora gukenera gukora ibindi bintu uretse gusa kugira umwiyemezo ukomeye no gufashwa mu bijanye n’ivy’Imana kugira ngo bavavanure n’ukwizizirwa n’inzoga. Allen yibuka ibi: “Igihe nariko ndagerageza guheba inzoga, naragize umubabaro ukomeye ku mubiri kubera ukutayinywa. Ico gihe ni ho naca ntahura yuko uretse imfashanyo nariko ndaronka mu bijanye n’ivy’Imana, nari nkeneye no gukurikiranwa n’umuganga.”

Abantu benshi banywa inzoga nyinshi barakenera gukurikiranwa n’umuganga kugira ngo bafashwe mu rugamba baba barimwo rwo kugiranira ubucuti bwiza n’Imana mu kuvavanura n’ukurenza urugero mu kunywa no mu kuguma bavyirinze. * Hari abakenera kuja mu bitaro kugira bashobore kwihanganira ibimenyetso bikomeye bishikira abantu baba bavavanuye n’inzoga ziba zarabiziziye canke bahabwe imiti igabanya icipfuzo gikomeye bagira co kunywa inzoga kandi ibafashe kuguma bazirinze. Wa Mwana w’Imana yakora ibitangaro yavuze ati: “Abakomeye ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Mariko 2:17.

Ivyiza biva ku gukurikiza ubuyobozi bw’Imana

Impanuro zumvikana Bibiliya itanga ku bijanye n’inzoga, ziva kuri ya Mana y’ukuri, iyitwipfuriza ibintu vyiza kuruta ibindi, atari kugira ngo duhimbarwe muri kino gihe gusa ariko kandi kugira ngo turonke ivyiza biramba. Haraheze imyaka mirongo ibiri n’ine Allen ahevye inzoga, akaba yibuka ibi: “Vyari biteye umunezero cane kumenya yuko nari gushobora kumera ukundi, kumenya yuko Yehova yashaka kumfasha gukosora ibintu mu buzima bwanje, yuko . . . ” Allen aca aruhuka gatoyi akigumya ngo ntakorore amosozi kuko arengewe n’ivyo yibutse. Aca abandanya ati: “Hum, . . . kumenya yuko Yehova antahura kandi anyitwararika be n’uko andonsa imfashanyo nkeneye, vyarankoze ku mutima cane.”

Ku bw’ivyo, nimba uriko uragerageza guheba gukoresha inzoga nabi canke kunywa ukarenza urugero, ntuce wihutira gutana n’akabando canke ngo ushike ku ciyumviro c’uko ata cizigiro co kuziheba gihari. Allen be n’abandi benshi bari bageze nk’aho uri ubu kandi baragabanije inzoga banywa canke mbere baraziheba rwose. Ntibicuza, eka na wewe ntuzokwicuza.

Waba uhisemwo ubwawe kunywa inzoga mu buryo buri ku burimbane canke kutazinywa, niwumvire iyi mpanuro irangwa urukundo Imana itanga iti: “Iy’uba warumviye ivyagezwe vyanje, uba waragize amahoro ameze nk’uruzi, kand’ukugororoka kwawe kuba kwarabaye nk’imipfunda y’ikiyaga.”​—Yesaya 48:18.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Inzoga zoba ziriko ziranyigarurira?” ku rupapuro rwa 8.

^ ing. 24 Hariho ibigo, ibitaro be n’imigambi bitari bike bivura bene abo bantu bishobora kubafasha. Ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi ntikiremesha gukurikirana uburyo ubu canke buriya bwo kuvurwa. Umuntu wese arakwiye kurimbura yitonze uburyo butandukanye bwo kuvurwa bushobora gukoreshwa, maze akihitiramwo ubudateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

[Uruzitiro ku rup. 8]

 Inzoga zoba ziriko ziranyigarurira?

Woshobora kwibaza uti:

• Noba nywa inzoga nyinshi kuruta uko nahora?

• Noba nywa kenshi kuruta uko nahora?

• Noba nsigaye nywa inzoga zikaze gusumba?

• Noba nywa inzoga kugira ngo nihanganire intuntu canke mpunge ingorane?

• Hoba hari umugenzi canke uwo mu bagize umuryango yambwiye ko atewe amakenga n’ingene nywa?

• Kunywa inzoga vyoba vyaratumye ngira ingorane i muhira, ku kazi canke ndi ku rugendo?

• Vyoba bingora kumara indwi ntakojeje inzoga mu kanwa?

• Noba ntaryoherwa igihe mbonye abandi birinze kunywa inzoga?

• Noba nyegeza abandi inzoga nywa ukuntu zingana?

Niba wishuye ego kuri kimwe canke kuri bingahe muri ivyo bibazo, woshobora kuba ukeneye kugira ico ukoze kugira ngo ucungere akamenyero kawe ko kunywa.

[Uruzitiro ku rup. 9]

Nufate ingingo ziranga ubukerebutsi ku bijanye n’inzoga

Imbere yo kunywa inzoga, nurimbure ibi:

Vyoba bibereye ko nywa inzoga, canke nkwiye kuziheba?

Impanuro: Umuntu adashobora kwigerera inzoga anywa akwiye kuziheba.

Nkwiye kunywa izingana iki?

Impanuro: Niwishingire akarimbi imbere yuko inzoga zituma ubona ibintu mu buryo butabereye.

Nkwiye kunywa ryari?

Impanuro: Ntukwiye kunywa ugira unyonge icuma canke ugira ukore ibintu bisaba ko uguma urikanuye, ugira ukore imirimo ijanye n’ivy’ugusenga, wibugenze be n’igihe uriko arafata imiti imwimwe.

Nkwiye kunywera hehe?

Impanuro: Ukwiye kunywera ahantu habereye, utari mu mwiherero kugira ngo uhishe akamenyero kawe ko kunywa, kandi utari imbere y’abantu batsitazwa n’inzoga.

Nkwiye kunywa ndi kumwe na nde?

Impanuro: Ukwiye kunywa uri kumwe n’abagenzi canke abo mu muryango batokugirako akosho; ntukwiye kunywa uri kumwe n’abafise ingorane ijanye no kunywa.

[Uruzitiro ku rup. 10]

Uwahoze ari imborerwa afashwa n’Ijambo ry’Imana

Uwitwa Supot wo muri Tayilande, yaranywa inzoga nyinshi. Mu ntango, yanywa ku migoroba gusa. Buhorobuhoro, yaratanguye kunywa mu gitondo, mu nyuma aratangura no kunywa mu gihe co kwivuna umusase. Akenshi yarashobora kunywa kugira gusa ngo aborerwe. Ariko rero, yahavuye atangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Supot amaze kumenya ko Yehova Imana atemera akaborerwe, yaciye aheba kunywa inzoga. Ariko rero haciye igihe, yarasubiye mu ngeso yahorana yo kunywa inzoga nyinshi. Umuryango wiwe warababaye cane.

Yamara, Supot yari agikunda Yehova kandi yaripfuza kumusenga mu buryo bubereye. Abagenzi ba Supot barabandanije kumufasha kandi bararemesheje abagize umuryango wiwe ngo barushirize kumarana umwanya na we be no kudatana n’akabando. Muri ico gihe, amajambo adakikiriza dusanga mu 1 Abakorinto 6:10 avuga yuko ‘imborerwa zitazotorana ubwami bw’Imana’ yarafashije Supot kubona ko ukuntu ivyiwe vyari vyifashe vyari bikomeye. Yaratahuye ko yari akeneye kugira akigoro gakomeye ngo atsinde ingorane yari afise mu bijanye no kunywa.

Ico gihe, Supot yari yiyemeje guheba inzoga burundu. Supot abifashijwemwo n’ububasha bw’impwemu nyeranda y’Imana, ubuyobozi bw’Ijambo ryayo be n’imfashanyo yahawe n’abagize umuryango wiwe hamwe n’abagize ishengero, yahavuye aronka inkomezi zo gusubira kwiyegereza Imana maze aratsinda icipfuzo yari afise co kunywa inzoga. Umuryango wiwe waranezerewe cane igihe yabatizwa mu kwerekana ko yiyeguriye Imana. Ubu Supot arafitaniye n’Imana ubucuti somambike yamye yipfuza kugiranira na yo, kandi arakoresha umwanya wiwe kugira ngo afashe abandi kugiranira ubucuti n’Imana.