Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abamisiyonari barungitswe “mu karere ka kure rwose k’isi”

Abamisiyonari barungitswe “mu karere ka kure rwose k’isi”

Umugwi ugira 127 w’abasohoka Ishure ry’i Gileyadi

Abamisiyonari barungitswe “mu karere ka kure rwose k’isi”

YEZU yarashinze abigishwa biwe igikorwa co kuba ivyabona “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibikorwa 1:8) Ivyabona vya Yehova barafatana uburemere iryo tegeko.

Kukaba nkako, mu myaka irenga 65 iheze, abamisiyonari bamenyerejwe muri rya Shure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower barafashije mu kuja imbere muri ico gikorwa mu bihugu birenga 200. Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 12 Nyakanga 2009, hari abandi basuku 56 bazi utuntu n’utundi baronse impapuro z’umutsindo inyuma y’amazi atanu bari bamaze bamenyererezwa kw’ishure ry’abamisiyonari riri i Patterson, mu gisagara ca New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ububasha bw’ukwiyumvira

Stephen Lett, umwe mu bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, akaba ari na we yari ahagarariye iyo porogarama yo gutanga impapuro z’umutsindo, yarashikirije abo banyeshure insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Nukoreshe mu buryo buranga ubukerebutsi ubushobozi bwawe bwo kwiyumvira.” Yabanje kugabisha abagira baronke impapuro z’umutsindo ku bijanye n’uburyo bune badakwiye gukoreshamwo ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira. Uburyo butatu bwa mbere bwari ubu: (1) Ntiwiyumvire yuko ibintu vy’umubiri bishobora kugukingira mu buryo buramba; (2) niwirinde kwiyumvira ibijanye n’ibikorwa vy’ubuhumbu; hamwe na (3) nureke guhagarika umutima birenze, wiyumvira ukuntu umusi w’ejo ushobora kuzoba ari mubi. (Imigani 18:11; Matayo 5:28; 6:34) Ku bijanye n’ico ciyumviro ca gatatu, uwo mushikirizansiguro yavuze yuko umuntu ahagarika umutima birenze usanga afata imyitwarariko y’ejo hahise akayirunda ku y’uno musi agaca ashika no ku gufata iy’ejo hazoza akayongera ku y’uno musi. Umuvukanyi Lett yaciye avuga ati: “Uwo ni umuzigo uremereye ugoye kwikorera.” None iciyumviro kigira kane cari ikihe? Abo banyeshure baragabishijwe ngo ntibiyumvire ko ubuzima bwabo bwari bwiza kuruta imbere y’uko batangura igikorwa c’ubumisiyonari mu vyibare barungitswemwo. Kubigenza gutyo vyotumye bahomba ibintu biteye umunezero boshoboye kwironkera muri ivyo bibanza bishasha bagira baje kubamwo.

Umuvukanyi Lett yaciye aremesha abo banyeshure gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira mu buryo bune bwiza. Yavuze ati: (1) Nubone imbere y’igihe ibintu vyoshobora gutera akaga mu vy’ugusenga Imana canke mu vy’umubiri, hanyuma wirinde ako kaga; (2) niwihe ishusho y’ivyo usoma muri Bibiliya maze ubone ko uriko uragira uruhara mu biba biriko biravugwa; (3) nubone ko umuntu wese uyagisha muri ico cibare cawe gishasha ashobora kuzoba umusavyi wa Yehova; wongere (4) utsimbataze ikibabarwe mu kwishira mu kibanza c’abo ubwira inkuru nziza.​—Imigani 22:3.

Agaciro ko kumenyereza abandi

David Splane, akaba ari mu bagize Inama Nyobozi, yashikirije insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa,” ishingiye kuri 2 Timoteyo 2:2. Igihe intumwa Paulo yabwira Timoteyo ngo amenyereze abagabo b’abizigirwa, intumbero yari afise ntiyari iy’uko Timoteyo yigisha gusa abo bagabo ukuri kw’intango ariko kandi yari iy’uko abaremesha kumenyereza abandi. Uwo mushikirizansiguro yabwiye abo banyeshure yuko hakenewe cane abagabo baja imbere abandi mu mirimo ya gikirisu. None abo bagabo bakwiye kumenyerezwa ryari kandi gute? Umuvukanyi Splane yaremesheje abo banyeshure gutangura kumenyereza abo bagabo kuva bagitangura kwigana na bo Bibiliya ari bwo bwa mbere.

None neza na neza, abo bamisiyonari bashobora gute kumenyereza abatohoji ba Bibiliya kugira ngo babere abandi uburorero mu bijanye no kwizigirwa? Uwo mushikirizansiguro yarerekanye uburyo butari buke. Abamisiyonari barakeneye kubamenyereza gutegura neza inyigisho ya Bibiliya bagirirwa. Mu nyuma, igihe abo batohoji batanguye kwitaba amakoraniro y’ishengero, baba bakeneye kwiga ukuntu botegura bo ubwabo amayagwa ashingiye kuri Bibiliya arimburwa kuri ayo makoraniro. Uwo mushikirizansiguro yavuze ati: “Nimba umuntu adashobora kwiyigisha Bibiliya, ntazokwigera ashobora kwigisha abandi.” Umuvukanyi Splane yavuze kandi yuko abamisiyonari bashobora gufasha abashasha kwubahiriza umwanya, gushigikira mu buryo bw’amahera igikorwa co kwamamaza be no kugamburukira abariko baratuja imbere. Yavuze yuko uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kwigisha ivyo vyigwa ari ugutanga akarorero keza.

Agateka ko kuba Ivyabona

Guy Pierce, na we nyene akaba ari mu bagize Inama Nyobozi, yarashikirije insiguro ifise umutwe ushingiye ku majambo Yezu yavuze dusanga mu Bikorwa 1:8, ukaba wavuga ngo “Muzombera ivyabona.” Yaribukije abo banyeshure yuko mu kinjana ca mbere G.C., ihanga rya Isirayeli ryatakaje agateka ko kuba ivyabona vya Yehova. Ako gateka kaciye gahabwa ihanga ryama ivyamwa vy’Ubwami. (Matayo 21:43) Ishengero ry’abakirisu barobanuwe ryaragaragaje ko ari ryo rigize iryo hanga. Uwo mushikirizansiguro yarasubiyemwo amajambo intumwa Petero yavuze, uwavuze yuko rya “hanga ryeranda” rigizwe n’abakirisu barobanuwe ‘ryomenyesheje hose’ kamere z’agahebuza za Yehova. (1 Petero 2:6-9) Ku bw’ivyo, Yezu ntiyariko avuga yuko abakirisu bobaye ivyabona vyiwe gusa ntibabe bakiri ivyabona vya Yehova. Nakare, Yezu yitwa “Icabona Cizigirwa.” (Ivyahishuwe 1:5; 3:14) Ni we Cabona ca Yehova asumba abandi bose akaba n’akarorero twigana.​—1 Petero 2:21.

Uwo mushikirizansiguro yabwiye abo banyeshure ko muri kino gihe amajambo Yezu yavuze dusanga mu Bikorwa 1:8 yagize insobanuro ikomeye kuruta. Uti kubera iki? Hari ikintu c’intibagirwa gikomeye mu bijanye n’ubuhanuzi carangutse nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 11:15! Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya bwarashinzwe. Muri kino gihe, igikorwa co gushinga intahe kiriko kirarangurwa nyakurangurwa “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibikorwa 1:8) Umuvukanyi Pierce yarashimitse ku vy’uko abamisiyonari bashingira intahe Yehova n’Ubwami bwiwe, ko batishingira intahe ubwabo canke ngo bayishinge ku bijanye n’ukuntu bahoze babayeho, imico kama yabo canke igihugu cabo. Yaremesheje abo banyeshure kwigisha “abantu benshi bashoboka muri kino gihe gisigaye.”

Ibindi bintu bikurubikuru vyaranze iyo porogarama

Uwitwa Alex Reinmueller, akaba afasha muri Komite ijejwe gusohora ibitabu, yarashikirije insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Yehova azobaronsa umutima rugabo.” Yavuze yuko abo bamisiyonari baramutse bihetse ku bubasha bwa Yehova, azobafasha gutahura aho bakomeye, kwemera ubugoyagoye bwabo, gutsinda ubwoba bafise maze bagaha Imana ivyo bashoboye vyose.

Babiri mu bigisha bo mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi, ari bo Sam Roberson hamwe na William Samuelson, na bo nyene barashikirije insiguro abo banyeshure. Umuvukanyi Roberson yashikirije insiguro ifise umutwe uvuga ngo “Ndi kumwe nawe,” ishingiye kuri Yesaya 41:10. Yavuze yuko abo bamisiyonari bazogira umunezero mwinshi. Ariko bazogira n’ingorane. Barashobora kuvyifatamwo neza biganye Umwami Dawidi, uwatakambira Umuvyeyi wiwe w’umunyarukundo mw’isengesho. (Zaburi 34:4, 6, 17, 19) Insiguro umuvukanyi Samuelson yashikirije yashimika ku vy’uko bikenewe kubandanya gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira. Abamisiyonari babigira barashobora kwirinda kwakira nabi amajambo ababaza babwiwe kandi ntibaca bihutira gushavura.​—Imigani 2:10, 11.

Uwitwa Jim Mantz, akaba afasha muri Komite ijejwe ivyo kwandika, yarabajije ibibazo umwe mu bagize Komite y’ishami yo muri Repubulika ya Jeworojiya, n’uwundi wo muri Komite y’ishami yo muri Honduras, be n’uwo mu bagize Komite y’igihugu yo muri Repubulika ya Tajikisitani. Abo bavukanyi bazi utuntu n’utundi barahaye abo bamisiyonari impanuro ku bijanye n’ukuntu bogira abagenzi, abantu boshoboye kubarwanya, biciye ku ‘gutsindisha ikibi iciza.’ (Abaroma 12:21) Mark Noumair, uno akaba ari uwundi mwigisha w’abo banyeshure, yarashikirije ikiganiro gishwangamura cerekeye ivyo abo banyeshure biboneye igihe bariko baramamaza mu kiringo c’ukumenyerezwa bari barimwo i Gileyadi. Ico kiganiro cari gifise umutwe utuma umuntu azirikana uvuga ngo “Egome ndavyemeye, none nofasha gute?”

Umuhagarikizi w’iyo porogarama yasozereye ico kiringo mu gusubiramwo amajambo yakuwe mu ruririmbo rushasha ruvuga ngo “Niwibone vyose vyagizwe bishasha.” Abantu 6.509 bari aho, batashe bafise umwiyemezo ukomeye kuruta wo gushingira intahe Yehova be n’Umwana wiwe, “gushika mu karere ka kure rwose k’isi.”

[Uruzitiro ku rup. 31]

IBIRANGA ABITAVYE IRYO SHURE

Ibihugu bavuyemwo 8

Abanyeshure 56

Imigwi y’abubakanye 28

Incahagati y’imyaka 33,6 y’amavuka

Incahagati y’imyaka 18,3 bamaze babatijwe

Incahagati y’imyaka 13,6 bamaze mu busuku bw’igihe cose

[Ikarata ku rup. 31]

AHO ABO BAMISIYONARI BARUNGITSWE

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Abo banyeshure barungitswe mu bihugu 22 vyerekanywe aho h’epfo

JAMAYIKE

NIKARAGWA

KOSTA RIKA

PANAMA

PERU

SHILI

HAYITI

CURAÇAO

GIYANA

CÔTE D’IVOIRE

BOLIVIYA

PARAGWE

SEREBIYA

ALUBANIYA

REP. DEM. KONGO

MOLODAVIYA

UGANDA

BURUNDI

TANZANIYA

MOZAMBIKE

NEPALE

KAMBOJE

[Ifoto ku rup. 31]

Umugwi ugira 127 w’abasohoka Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower

Mu rutonde rukurikira, imirongo iharurwa uhereye imbere uja inyuma, amazina na yo akaba atondetse uhereye ibubamfu uja iburyo ku murongo umwumwe wose.

(1) Marshall, T.; Prudent, L.; Mashburn, A.; Rosenström, S.; Testa, A.; Takeyama, M.; Sisk, M.

(2) Grooms, K.; Miura, S.; Camacho, M.; Rozas, S.; Burch, M.; Meza, I.; Young, G.; Geraghty, S.

(3) Bonilla, C.; Knaller, D.; Parrales, R.; Hotti, S.; Takada, A.; Tournade, M.; Sopel, C.

(4) Miura, Y.; Parrales, K.; Prudent, K.; Colburn, S.; Willis, L.; Vääränen, A.; Sisk, B.; Takada, R.

(5) Grooms, J.; Vääränen, M.; Geraghty, B.; Stackhouse, R.; Wilson, A.; Bonell, E.; Camacho, D.; Meza, R.; Bonell, M.

(6) Takeyama, S.; Testa, G.; Colburn, T.; Mashburn, C.; Willis, W.; Tournade, L.; Burch, J.; Stackhouse, J.

(7) Wilson, J.; Young, J.; Marshall, E.; Rozas, M.; Knaller, J.; Hotti, N.; Rosenström, A.; Sopel, J.; Bonilla, O.