Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abantu beza bose boba baja mw’ijuru?

Abantu beza bose boba baja mw’ijuru?

Abantu beza bose boba baja mw’ijuru?

INYUMA y’aho Yezu asangiriye n’intumwa ziwe imfungurwa za nyuma ku mugoroba w’imbere yuko yicwa, yarasezeranye ko azobaha impera mu kubaronsa ikibanza mw’ijuru. Yavuze ati: “Mu nzu ya Data hari ibibanza vyinshi. Ahandiho, mba narabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ikibanza.” (Yohani 14:2) None ni kubera iki Yezu yobahaye ikibanza mw’ijuru? Mbega bazokorayo iki?

Yezu yari afise mu muzirikanyi igikorwa kidasanzwe abo bigishwa biwe boshinzwe. Kuri uwo mugoroba nyene, yavuze ati: “Ni mwebwe mwumiye kuri jewe mu bigeragezo vyanje; nanje ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Data yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami.” (Luka 22:28, 29) Imana yari yarasezeraniye Yezu yuko yobaye Umwami yoronkeje abantu kimwe mu bintu bihambaye kuruta ibindi vyose bakeneye, ico na co kikaba ari intwaro ibereye. Yezu azokiza abantu imibabaro yongere arandure ababagunga. Naho Yezu azoba afise abatwarwa bakwiye hose “[gushika] ku mpera y’isi,” intebe yiwe y’ubwami izoba iri mw’ijuru.​—Zaburi 72:4, 8; Daniyeli 7:13, 14.

Ariko rero, Yezu ntazotegeka ari wenyene. Ku bw’ivyo, yarasezeraniye intumwa ziwe ikibanza mw’ijuru. Ni bo babaye aba mbere bacaguwe kugira ngo ‘baganze isi nk’abami.’​—Ivyahishuwe 5:10.

Ni bangahe baja mw’ijuru? Nk’uko bigenda mu ntwaro iyo ari yo yose, abategetsi bo mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru ni bake ubagereranije n’abantu bose bazotegekwa n’ubwo Bwami. Yezu yabwiye abazotegeka bari kumwe na we ati: “Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.” (Luka 12:32) Ubwo “busho buto” amaherezo buzoba bugizwe n’abantu 144.000. (Ivyahishuwe 14:1) Ico gitigiri ni gito ukigereranije n’abantu amamiliyoni bazokwibera kw’isi ibihe bidahera ari abatwarwa badahemuka b’ubwo Bwami.​—Ivyahishuwe 21:4.

Ku bw’ivyo, si abantu beza bose baja mw’ijuru. Ku bijanye na wa Mwami mwiza Dawidi, intumwa Petero yavuze atomoye ati: “Dawidi ntiyaduze mw’ijuru.” (Ibikorwa 2:34) Yohani Umubatizi yari umuntu mwiza. Yamara, Yezu yavuze yuko atoronse ubuninahazwa bwo gutegeka ari umwami mw’ijuru. Yezu yavuze ati: “Mu bavutse ku bagore ntihigeze guseruka uwuruta Yohani Umubatizi; mugabo umuto mu bwami bwo mw’ijuru aramuruta.”​—Matayo 11:11.

Woba uzoronka impera ibikiwe abantu beza?

None kugira ngo umuntu aze aronke impera yo kuba kw’isi ibihe bidahera, ategerezwa gukora iki? Yezu yavuze ati: “Imana yakunze isi cane ku buryo yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Urabona ko urukundo Imana yakunze isi rwatumye itunganya ivy’uko abantu bose bashobora kuronka ubuzima budahera, ariko ‘abizera’ bonyene ni bo mu vy’ukuri bazoronka iyo mpera.

Ukwizera gukwiye kuba gushingiye ku bumenyi butagira amakosa. (Yohani 17:3) Urashobora kwerekana ko uri umuntu mwiza mu kwiga vyinshi ku vyerekeye umugambi Yehova afitiye abantu. Nureke ukuba wizera ivyo wiga bitume ugira ico ukoze. Vyongeye, numenye udakeka yuko ufise vy’ukuri akaryo ko kuronka ubuzima butagira iherezo.

[Uruzitiro ku rup. 7]

Bibiliya ibivugako iki?

Ikibazo:

Ni igiki gishikira abantu beza igihe bapfuye?

Inyishu:

“Abapfuye nta co baba bakizi.”​UMUSIGUZI 9:5.

Ikibazo:

Ni icizigiro ikihe abantu beza bafise ku bijanye na kazoza?

Inyishu:

“Isaha iriko iragera aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe [rya Yezu] bakazivamwo.”​YOHANI 5:28, 29.

Ikibazo:

Benshi mu bantu beza bazoba hehe?

Inyishu:

“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”​ZABURI 37:29, NW.