Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Abitwararika ibikorwa vyo mu rugo”

“Abitwararika ibikorwa vyo mu rugo”

Ukuntu abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari babayeho

“Abitwararika ibikorwa vyo mu rugo”

“Buno bariko baragenda yinjira mu kigwati kimwe. Nuko umugore umwe yitwa Marita amwakira mu nzu. Uwo mugore kandi yari afise mwene wabo yitwa Mariya, ariko rero uno we yicara imbere y’ibirenge vy’Umukama hanyuma aguma yumviriza ijambo ryiwe. Ariko Marita we yari yasamajwe no gukora udukorwa twinshi. Nuko, aregera, avuga ati: ‘Mukama, nta co bikubwiye kubona mwene wacu yantanye ibikorwa? Mubwire rero aze amfashe.’ Mu kwishura, Umukama amubwira ati: ‘Marita, Marita, uriganyira kandi ugahagarika umutima ku bintu vyinshi. Mugabo ibintu bikeyi ni vyo bikenewe, canke kimwe gusa. Kuko Mariya we yahisemwo umugabane mwiza, kandi ntazowakwa.’”​—LUKA 10:38-42.

BIRAGARAGARA ko Marita yari umwigeme w’umunyabikorwa. Nta gukeka ko n’abandi bantu bamwubaha. Twisunze imigenzo y’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, agaciro k’umukenyezi karabirwa ku kuntu yaba yitanga cane mu gukora udukorwa two mu rugo be no ku bushobozi yaba afise bwo kwitwararika ivyo umuryango wiwe waba ukeneye.

Abakenyezi bakirisu bo mu kinjana ca mbere bararemeshwa kandi kuba “abitwararika ibikorwa vyo mu rugo.” (Tito 2:5) Ariko bari bafise n’akandi gateka kakaba n’ibanga ryo kwigisha abandi ibijanye n’ukwizera kwabo kwa gikirisu. (Matayo 28:19, 20; Ibikorwa 2:18) None tumwetumwe mu “dukorwa twinshi” umukenyezi w’Umuyudakazi wo mu kinjana ca mbere yategerezwa kwitwararika ni utuhe? Kandi ni icigwa ikihe dushobora kwigira ku majambo Yezu yavuze ku vyerekeye Mariya?

“Gukora udukorwa twinshi” Umunarugo w’Umuyudakazi yatangura ibikorwa hakiri kare, bikaba bishoboka ko yabitangura izuba ritaraseruka. (Imigani 31:15) Amaze gutegurira umuryango wiwe udufungurwa dusanzwe tugizwe n’umusururu, yarashobora guca aherekeza abahungu biwe kw’ishure ryo kw’isinagogi. Abakobwa biwe baguma i muhira kugira ngo bigishwe ubuhinga bwasabwa kugira bazobe abakenyezi babishoboye.

Uwo inabibondo be n’abakobwa biwe batangura umusi mu gukora udukorwa nyamukuru two mu rugo, ni ukuvuga gushira amavuta mu matara (1), gukubura mu nzu (2) be no gukama impene umuryango waba utunze (3). Ubukurikira barashobora gutegura umukate wo kuri uwo musi. Ba bakobwa baragosora intete bakazikuramwo imicafu (4), bagaca bazisya n’iminwe bakoresheje urusyo rw’ibuye, zigacika ifu itanoze neza (5). Inabibondo yarafata iyo fu akayishiramwo amazi n’umwambiro. Yaracumba ico gikandu (6) maze agaca akireka ngo gikakame mu gihe yaba ariko arabandanya utundi dukorwa. Muri ico gihe, ba bakobwa barashobora kuba bariko baraterera ya mata y’impene baba bahejeje gukama kugira ngo bayakuremwo iforomaji (7).

Ku musase, inabibondo n’abakobwa biwe barashobora kuja mu kaguriro ko mu karere babamwo. Muri ako kaguriro, aho yakirwa n’akayaga kuzuyemwo akamoto k’ibirungo, urwamo rwinshi rw’ibikoko biriko birabira be n’uruyogoyogo rw’abantu bariko barumvikana ku biciro, ni ho yasumira ivyo yaba akeneye uwo musi (8). Imboga be n’ifi zumye vyarashobora kuba biri mu vyo yasuma. Igihe yaba ari umukirisu, yarashobora kandi gukoresha ako karyo kugira ngo abwire abandi baba bari muri ako kaguriro ibijanye n’ivyo yemera.​—Ibikorwa 17:17.

Inabibondo yitwararika ibintu yarashobora gukoresha bene utwo turyo igihe yaba ariko aragenda mu kaguriro canke avayo kugira ngo afashe abana biwe kwiga no guha agaciro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. (Gusubira mu vyagezwe 6:6, 7) Yarashobora kandi kuyaga n’abakobwa biwe ibijanye n’ibintu vyobafashije gucika abasumyi badasesagura.​—Imigani 31:14, 18.

Akandi gakorwa ko mu rugo abakenyezi bakora buri musi kwari ukuja kw’iriba (9). Barashobora kuvoma amazi kugira basubirize ayo baba bakoresheje kumbure bakabigira baganira n’abandi bakenyezi na bo nyene baba bariko baravoma. Bamaze gusubira i muhira, inabibondo n’abakobwa biwe baratangura kwotsa imikate. Ubwa mbere barafata ca gicumbe bakagikatamwo ibice vyinshi vy’umuzingi bibase, bagaca babishira mw’ifuru yaba yamaze gushushwa, (10) iyo wasanga akenshi iri hanze. Magingo baba bariko barinovora akamoto k’iyo mikate bongera baganira, barashobora kuza bararaba ko iriko irasha neza.

Mu nyuma barashobora guca baja kumesa impuzu ku ruzi rwaba ruri hafi yabo (11). Ubwa mbere abakenyezi baramesura izo mpuzu bitonze bakoresheje isabuni bahingura mu minyota y’ibiterwa bimwebimwe. Bamaze kurongorora izo mpuzu no kuzikanya, abo bakenyezi barazanikira ku bisaka no ku bitandara vyaba biri hafi y’aho hantu kugira zume.

Bamaze gushikana i muhira izo mpuzu baba bameshe, inabibondo n’abakobwa biwe barashobora kuduga ku gisenge c’inzu zabo caba kibase kugira ngo babarire (12) impuzu zose zaba zitabutse imbere yuko bazisubiza aho bazibika. Mu nyuma, ba bigeme barashobora kwigishwa ibijanye n’ukudesa be n’ukujisha (13). Haba hagira hagere ko abakenyezi batangura kurondera ivyo ku mugoroba (14). Ubwakiranyi cari ikintu bamenyereye, akaba ari co gituma umuryango washobora kuba witeguriye gusangira n’abashitsi abo ari bo bose, udufungurwa dusanzwe waba wateguye tugizwe n’umukate, imboga, iforomaji, ifi zumye hamwe n’amazi apfutse.

Mw’ijoro, igihe abana baba biteguriye kuja kuryama, uwaba yakungutse kw’ivi barashobora kumusiga amavuta agabanya ububabare. Abavyeyi barashobora guca basubiriramwo abo bana inkuru ivuye mu Vyanditswe bakongera bagasengera hamwe na bo, ivyo bakabigira bamurikiwe n’itara ryaba rigira rizime. Hamaze kuba agacerere muri urwo rugo rubayabaye, umunega yaba afise imvo yumvikana yo gusubiriramwo umukenyezi wiwe amajambo amenyerewe cane agira ati: “Umugore aroranye ni nde yomuronka? Kukw ar’uw’igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.”​—Imigani 31:10.

Guhitamwo “umugabane mwiza” Ata gukeka, abakenyezi bitwararika ibintu bo mu kinjana ca mbere bari bafise “udukorwa twinshi” baguma barangura. (Luka 10:40) Muri ubwo buryo nyene, abakenyezi bo muri iki gihe na canecane ba inabibondo, usanga bacurumba muri vyinshi. Ibikoresho vyahinguwe mu bihe vya none vyaratumye udukorwa tumwetumwe two mu rugo tworoha. Ariko bivuye ku kuntu ibintu vyifashe, usanga ba inabibondo benshi batabwirizwa gusa kwitwararika imiryango yabo ariko kandi babwirizwa gukora n’akandi kazi katari ako i muhira.

Naho bahangana n’intambamyi, abakenyezi bakirisu benshi bo muri kino gihe barakurikiza akarorero ka Mariya, uwavuzwe mu ntangamarara y’iki kiganiro. Baraha agaciro cane ibintu vyerekeye Imana. (Matayo 5:3) Baritwararika neza imiryango yabo nk’uko Ivyanditswe bibaremesha kubigira. (Imigani 31:11-31) Ariko kandi babaho bisunga ya ngingo ngenderwako Yezu yabwiye Marita. Kubera yuko Marita yari umwigeme akunda ivy’Imana, nta gukeka ko yafashe nka nkama iyo nkeburo iranga umutima mwiza. Abakenyezi bakirisu ntibareka ngo amabanga bajejwe mu rugo ababuze kwironsa uturyo two kwiga ibijanye n’Imana (15) canke two kubwira abandi ibijanye n’ivyo bemera. (Matayo 24:14; Abaheburayo 10:24, 25) Gutyo, barahitamwo “umugabane mwiza.” (Luka 10:42) Ivyo bica bituma Imana, Kristu hamwe n’abagize imiryango yabo babaha agaciro cane.​—Imigani 18:22.