Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba ishobora kwicuza?

Imana yoba ishobora kwicuza?

Niwiyegereze Imana

Imana yoba ishobora kwicuza?

ABACAMANZA 2:11-18

KUBERA yuko turi abantu badatunganye, twese birashika tukicuza. Nk’akarorero, twoshobora kwumva twicujije igihe tumenye ko twakoze ikosa. Igitangaje, Bibiliya ivuga yuko Yehova ashobora kwicuza. Wovuga uti: ‘Mugabo Imana yoyo iratunganye, nta makosa ikora!’ Ni mu buryo ubuhe none Imana yicuza? Inyishu y’ico kibazo irashobora kudufasha gutahura ikintu gitangaje. Ico na co ni iki: Yehova arafise inyiyumvo, kandi ivyo dukora birashobora kugira ico bikoze ku kuntu yiyumva. Rimbura amajambo ari mu Bacamanza 2:11-18.

Igitabu co muri Bibiliya c’Abacamanza kiravuga ibintu vyagiye biraba mu kiringo kidurumbanye Abisirayeli baciyemwo. Ico gihe iryo hanga ryaba i Kanani, ca gihugu Imana yari yarasezeraniye Aburahamu. Mu binjana bitari bike vyakurikiye, ivyabaye mu buzima bw’Abisirayeli vyoshobora kuvugwa muri make muri izi ntambwe zine zagiye zirisubiriza: ubuhemu, ugucinyizwa, ugutakamba be n’ukurokorwa. *

Ubuhemu. Bohejwe n’Abanyakanani, Abisirayeli ‘baravuye k’Uhoraho’ maze batangura gukurikira izindi mana; neza na neza bakaba ‘barasavye Bayali na Ashitoreti.’ * Ubuhemu nk’ubwo nta ho bwari butandukaniye n’ubuhuni. Ntibitangaje na gato kubona Abisirayeli ‘bararakije Uhoraho,’ ya Mana yari yarabarokoye ibakura mu Misiri!​—Umurongo wa 11-13; Abacamanza 2:1.

Ugucinyizwa. Bitumwe n’ishavu rigororotse, Yehova yarareka gukingira abo bantu bari bamuteye umugongo. Abisirayeli baca bagwa “mu maboko y’abansi babo,” bano bakaba baraza mu gihugu cabo hanyuma bakakinyaga.​—Umurongo wa 14.

Ugutakamba. Igihe Abisirayeli baba bari mu mibabaro ikomeye, baricuza kubera ingendo mbi baba bafashe maze bagatakambira Imana ngo ibafashe. Ukwo gutakamba kwabo kwoshobora kugaragazwa n’iyi mvugo ngo “iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza.” (Umurongo wa 18) Ugutakambira Imana cari kimwe mu bintu baguma bagira bisubiriza. (Abacamanza 3:9, 15; 4:3; 6:6, 7; 10:10) None Imana yavyakira gute?

Ukurokorwa. Yehova yarumva iminiho y’Abisirayeli maze ‘akicuza’ (NW). Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘kwicuza’ rirashobora gusobanura “guhindura ivyiyumviro canke intumbero.” Igitabu kimwe kivuga giti: “Yehova abitumwe n’iminiho yabo, yarahinduye intumbero yari afise yo kubahana, arabarokora.” Abitumwe n’imbabazi afise, Yehova ‘yarabaha abacamanza,’ bano bakaba baratabara abasavyi biwe bakabakiza abansi babo.​—Umurongo wa 18.

Woba wabonye icatumye Imana yicuza, ni ukuvuga ihindura ivyiyumviro? Ni kubera ko abasavyi bayo baba bahinduye inyifato. Vyiyumvire muri ubu buryo: Sebibondo w’umunyarukundo yoshobora guhana umwana yakoze ikosa, kumbure mu kumwaka agateka kanaka. Ariko igihe abonye ko nya mwana yicujije vy’ukuri, uwo sebibondo arafata ingingo yo kumukurako ico gihano.

None twigira iki kuri Yehova dufatiye kuri iyo nkuru? Naho gukora igicumuro n’ibigirankana bituma agira ishavu ryinshi, kwigaya bivuye ku mutima biratuma agaragaza imbabazi. Kwiyumvira yuko ivyo dukora bishobora kugira ico bikoze ku kuntu Imana yiyumva biratuma umuntu azirikana cane. Ubona gute none wize ukuntu ushobora ‘kunezereza umutima’ wa Yehova? (Imigani 27:11) Niwabigira ntuzokwigera wicuza.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 2 Ibivugwa mu Bacamanza 2:11-18 ni intangamarara yerekana muri make ukuntu Abisirayeli bagiye barigenza, ivyo bikaba bisubirwamwo ido n’ido mu bigabane bikurikira.

^ ing. 3 Bayali ni yo yari imana nkuru y’Abanyakanani, Ashitoreti na yo yari imanakazi yabonwa ko ari ingore ya Bayali.