Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri

Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri

Ivyo twigira kuri Yezu

Ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri

Imana yoba yemera uburyo bwose bwo gusenga?

▪ Yezu yarumvira impuhwe abantu bari barahenzwe n’idini ry’ikinyoma. Yaragabishije ku bijanye n’“abahanuzi b’ikinyoma baza . . . bambaye nk’intama mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara.” (Matayo 7:15) Woba umaze kubona ko hari abantu bakoresha idini mu gukora ibibi?

Yezu yavuze mw’isengesho yatuye Imana, ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Imana ntishimishwa rero n’ugusenga guteye kubiri n’ukuri kwo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, abanyamadini b’indyarya bamwe ni bo Yezu yerekejeko aya majambo y’Imana agira ati: “Bansengera ubusa, kuko inyigisho bigisha ari ivyategetswe n’abantu.”​—Matayo 15:9.

Hoba hariho idini ry’ukuri?

▪ Igihe Yezu yahura n’umugore umwe i Samariya yari yarahenzwe n’idini ry’ikinyoma, yamubwiye ati: “Musenga ico mutazi . . . abasenga b’ukuri bazosenga Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data vy’ukuri arondera mwene abo ngo bamusenge.” (Yohani 4:22, 23) Biragaragara ko umuntu ashobora gutora idini ry’ukuri.

Yezu yavuze ati: “[Nta] kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga ivyo bintu.” Yezu rero yari azi yuko idini yigisha ari ryo ryonyene ryari iry’ukuri. (Yohani 8:28) Ni co gituma yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Kubera ko abasenga b’ukuri bahurikiye hamwe mu kwiyegereza Data, bategerezwa kuba bahurikiye mw’idini rimwe ry’ukuri.

Ushobora gute kumenya abasenga b’ukuri?

▪ Umukirisu ni uwukurikira Yezu Kristu. Rimbura uburyo bune kwiganmwo akarorero Yezu yatanze bigaragaza neza abigishwa biwe abo ari bo.

1. Yezu Kristu yavuze mw’isengesho yatuye Yehova, ati: ‘Naramenyekanishije izina ryawe.’ (Yohani 17:26) Abakirisu b’ukuri n’ubu bakora gutyo nyene.

2. Yezu yarigisha ivyerekeye Ubwami bwa Yehova kandi yararungitse abigishwa biwe kubigenza gutyo nyene ku nzu no ku yindi. Yavuze ati: “Igisagara cose canke ikigwati cose muzokwinjiramwo, muharondere uwukwiriye.” Mu nyuma, yabwiye abayoboke biwe ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa.” (Matayo 10:7, 11; 28:19) Urashobora kumenya bitagoranye abakirisu b’ukuri muri iki gihe kubera ko babandanya gukora ico gikorwa nyene.

3. Yezu yaranse kugira aho ahengamiye mu vya politike. Ku bw’ivyo, yavuze ku bijanye n’abayoboke biwe ati: “[Si] ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:14) Abasenga b’ukuri bakwiye kuba bazwi neza ko batagira aho bahengamiye mu vya politike.

4. Yezu yaritanga mu kugaragariza abandi urukundo. Yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Abakirisu b’ukuri baritwararikana kandi ntibaja mu ntambara.

Ni gute ugusenga kw’ukuri gushobora kukugirira akamaro?

▪ Kugira ngo uburyo usenga bube ubw’ukuri, urakeneye kubanza kumenya neza Yehova. Ubumenyi bwerekeye Imana buzogufasha gukurikirana uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho bwongere butume urushiriza gukunda Imana bimwe bivuye ku mutima. Yehova yarasezeraniye abamukunda ubuzima butagira iherezo. Ku bw’ivyo, Yezu yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.”​—Yohani 17:3.

Ushaka kumenya ayandi makuru, raba ikigabane ca 15 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

“Mwiyubare abahanuzi b’ikinyoma baza kuri mwebwe bambaye nk’intama mugabo imbere muri bo ari amabingira y’amarara.”​—Matayo 7:15