Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Woba ubwirizwa kwemera Ubutatu kugira ngo ube umukirisu?

Woba ubwirizwa kwemera Ubutatu kugira ngo ube umukirisu?

Igitabu kimwe gikoreshwa mw’ishure ryisumbuye (World Religions in Denmark) casohowe mu 2007, kivuga yuko Ivyabona vya Yehova ari umurwi mutoyi w’abakirisu bakurikiza Bibiliya ata guca ku ruhande. Nkako, Ivyabona vya Yehova ni umugwi w’abakirisu ugira gatatu mu bwinshi muri Danemarike.

Ariko rero, umusenyeri umwe wo mw’idini rimwe ryo muri Danemarike (Danish National Church) yaranebaguye bimwe bikomeye ingingo uwo mwanditsi yafashe yo gushira Ivyabona muri ico gitabu. Uti kubera iki? Uwo musenyeri yavuze ati: “Sinari bwabone umunyatewolojiya abona ko [Ivyabona vya Yehova] ari abakirisu. Ntibemera Ubutatu, iyo na yo ikaba ari yo nyigisho nyamukuru y’idini rya gikirisu.”

Umwanditsi w’ico gitabu, uwo na we akaba ari umuhinga mu vy’imibano ijanye n’idini yitwa Annika Hvithamar, yaravuze yuko igihe abantu babajijwe igituma babona ko ari abakirisu, ari gake cane bishura ko ari kubera yuko bemera ko Imana ari Ubutatu. Vyongeye, igice kimwe co muri ico gitabu gifise umutwe uvuga ngo “Woba uri umukirisu?”, kigira giti: “Inyigisho y’Ubutatu ni kimwe mu bintu bitera ingorane zikomeye kuruta izindi muri tewolojiya y’abakirisu.” Congerako giti: “Mu bihe vyose, vyamye bigoye gusigurira abakirisu batize ivya tewolojiya igituma Imana y’abakirisu ikiri imana imwe, atari imana zitatu.”

Ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Imana na Yezu biratomoye kandi biroroshe. Ntibigoye gutahura. Ijambo “Ubutatu” canke iciyumviro nk’ico ntikiboneka mw’Ijambo ry’Imana. Bibiliya iravuga itomora yuko Yezu Kristu ari Umwana w’imfura w’Imana. (Abakolosayi 1:15) Iravuga kandi ko Yezu ari “umuhuza . . . hagati y’Imana n’abantu.” (1 Timoteyo 2:5) Ku bijanye na Data, Bibiliya ivuga iti: “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18, NW.

Ivyabona vya Yehova baremera yuko kwizera Yezu bihambaye. (Yohani 3:16) Ku bw’iyo mpamvu, barafatana uburemere itegeko Yezu yatanze rigira riti: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.’” (Matayo 4:10) Mu vy’ukuri, umuntu ariko aragwa avyuka kugira ngo agamburuke amategeko ya Yezu arashobora kwitwa umukirisu.

“Inyigisho y’Ubutatu ni kimwe mu bintu bitera ingorane zikomeye kuruta izindi muri tewolojiya y’abakirisu”