Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?

Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?

Woba ukwiye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi?

MU MPERA z’imyaka ya 1980, hari utugwi tw’abametodisite twugarije i Suva, ku murwa mukuru wa Fiji. Abagabo, abagore n’abana, bose bambaye nk’abagiye mu rusengero, barazibiye amabarabara 70 kugira ntihagire uwuyacamwo. Barahagiritse imiduga yose yakora ivy’ubudandaji hamwe n’indege zunguruza abantu muri ico gihugu be no mu mahanga. Ni igiki catumye bagira ico kintu? Bariko basaba ko ico gihugu gisubira kwubahiriza Isabato ata guca ku ruhande.

Muri Isirayeli, inyubakwa yose nshasha y’amagorofa menshi yubatswe kuva mu 2001 itegerezwa kuba ifise n’imiburiburi kimwe muri bwa bwoko bw’ivyuma biduza abantu bikongera bikabamanura, gica cihagarika kigeze kw’igorofa imwimwe yose. Ku bw’iyihe ntumbero? Kugira ngo Abayahudi bakunda cane ivyo gusenga, abo usanga bubahiriza Isabato kuva ku wa gatanu ku mugoroba gushika ku wa gatandatu ku mugoroba, ntibagire ico bita ngo ni igikorwa co gupfyonda utubuto two muri ico cuma.

Mu mazinga ya Tonga, ano akaba agize ubwami buri mu Bumanuko bwa Pasifike, nta gikorwa na kimwe cemewe kurangurwa ku w’iyinga. Nta ndege yemererwa kugwa muri ico gihugu, kandi nta bwato na bumwe bwemererwa gushika ku kivuko caho. Amasezerano ayo ari yo yose ashizweko umukono kuri uwo musi abonwa ko ata co aba amaze. Ibwirizwa shingiro ryo muri ayo mazinga risaba ko abantu bose baguma babona ko ngo umusi w’iyinga ari mweranda, bataravye idini barimwo. Uti kubera iki? Kugira ngo biyemeze neza ko Isabato yubahirizwa mu gihugu cose.

Nk’uko ubwo burorero buvyerekana, abantu benshi biyumvira yuko Imana ibasaba kwubahiriza umusi w’Isabato buri ndwi. Nkako, hari abavuga yuko kwubahiriza Isabato bihambaye cane, bakemera yuko bifitaniye isano n’ubukiriro bwacu bw’ibihe bidahera. Abandi na bo bibaza yuko ibwirizwa rihambaye kuruta ayandi yose Imana yatanze ari ukwubahiriza Isabato. None Isabato ni iki? Vyongeye, Bibiliya yoba ihimiriza abakirisu kwubahiriza umusi w’Isabato buri ndwi?

Isabato ni iki?

Ijambo “Isabato” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “kuruhuka, kureka, guhagarika.” Naho inkuru yo mw’⁠Itanguriro ivuga yuko Yehova Imana yaruhutse ibikorwa vyayo vy’irema ku musi ugira indwi, mu gihe ca Musa ni ho abantu batanguye gusabwa kwubahiriza umusi w’akaruhuko w’amasaha 24, ari yo Sabato. (Itanguriro 2:2) Inyuma y’aho Abisirayeli baviriye mu Misiri mu 1513 B.G.C., Yehova yarabaronkeje mana mu buryo bw’igitangaro mu bugaragwa. Ku vyerekeye ukwegeranya iyo mana, yababwiye ati: “Mu misi itandatu muzokwama muvyegeranya, arik’ūgira indwi n’uw’isabato: kuri wo ntibizoboneka.” (Kuvayo 16:26) Tubwirwa rero yuko “ku w’indwi abantu baruhuka,” ico gihe hakaba hari guhera ku mugoroba wo ku wa gatanu izuba rirenze gushika ku wa gatandatu ku mugoroba.​—Kuvayo 16:30.

Haheze igihe gitoyi Abisirayeli basabwe ivyo bintu, Yehova yaratanze itegeko rijanye no kwubahiriza Isabato, rino akaba yarishize muri ya Mabwirizwa cumi yaha Musa. (Kuvayo 19:1) Igice kimwe c’ibwirizwa rigira kane muri yo cagira giti: “Wibuke kuziririza umusi w’isabato. Mu misi itandatu uz’ukore, abe ari yo ukoreramw’ibikorwa vyawe vyose: arik’umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe.” (Kuvayo 20:8-10) Kwubahiriza Isabato vyaciye rero bicika umuce nyamukuru mu yari igize ubuzima bw’Abisirayeli.​—Gusubira mu vyagezwe 5:12.

Yezu yoba yarubahiriza Isabato ya buri ndwi?

Egome, Yezu yarubahiriza Isabato. Ku bimwerekeye, tubwirwa duti: “Aho iherezo ry’igihe gikwiye rimariye gushika, Imana yaratumye Umwana wayo, uwahavuye avyarwa n’umugore kandi akagabwa n’itegeko.” (Abagalatiya 4:4) Yezu yari yavutse ari Umwisirayeli gutyo akaba yagengwa n’Itegeko, muri ryo hakaba harimwo itegeko rijanye n’Isabato. Aho Yezu amariye gupfa ni ho isezerano rya rya Tegeko ryakurwaho. (Abakolosayi 2:13, 14) Kumenya igihe ivyo bintu vyabereyeko mu rukurikirane rw’ibihe biradufasha gutahura ingene Imana ibona ico kintu.​—Raba igicapo kiri ku rupapuro rwa 15.

Ego ni ko, Yezu yaravuze ati: “Ntimwiyumvire ko naje gusenyura Itegeko canke Abahanuzi. Sinaje gusenyura, ahubwo naje gushitsa.” (Matayo 5:17) Ariko none iryo jambo ngo “gushitsa” risobanura iki? Reka tubitangire akarorero: Umwubatsi ashitsa amasezerano yagize yo kwubaka akarangiza inyubakwa, atari mu gutabagura urupapuro ruriko ayo masezerano, ariko ayashitsa mu kurangiza iyo nyubakwa. Mugabo rero, ico gikorwa kimaze gusozerwa nk’uko nyene kuyubakisha avyipfuza, ayo masezerano aba ashikijwe kandi wa mwubatsi ntaba akigengwa na yo. Muri ubwo buryo nyene, Yezu ntiyahonyanze rya Tegeko, ari kwo kuritabagura, ahubwo nyabuna yararishikije mu kurikurikiza ata guca ku ruhande. Iryo Tegeko, ari ryo twokwita amasezerano, rimaze gushitswa ntiryari rikigenga abasavyi b’Imana.

Coba ari ikintu abakirisu basabwa?

None ko Kristu yashikije rya Tegeko, abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato ya buri ndwi? Intumwa Paulo ahumekewe, yishura ati: “Ntihakagire rero umuntu abacira urubanza mu vy’ukurya n’ukunywa canke mu bijanye n’umusi mukuru canke ihimbazwa ry’imboneko y’ukwezi canke isabato; kuko ivyo bintu ari igitutu c’ibizoza, mugabo umutumba ni uwa Kristu.”​—Abakolosayi 2:16, 17.

Ayo majambo yahumetswe arerekana ko habaye ihinduka rikomeye mu vyo Imana yasaba abasavyi bayo. Ni kubera iki iryo hinduka ryabaye? Kubera yuko abakirisu bagengwa n’itegeko rishasha, ni ukuvuga “itegeko rya Kristu.” (Abagalatiya 6:2) Rya sezerano ry’Itegeko ryari ryarahawe Isirayeli biciye kuri Musa ryarangiye igihe urupfu rwa Yezu rwarishitsa. (Abaroma 10:4; Abanyefeso 2:15) None ibwirizwa rijanye no kwubahiriza Isabato ryoba na ryo nyene ryararangiye? Cane nyene. Paulo amaze kuvuga yuko ‘twabohowe Itegeko,’ yabandanije yerekeza kuri rimwe muri ya Mabwirizwa cumi. (Abaroma 7:6, 7) Ku bw’ivyo, ya Mabwirizwa cumi, harimwo n’ibwirizwa rijanye n’Isabato, ari mu bintu vyarangiye bigize rya Tegeko. Gutyo rero, abasenga Imana ntibagisabwa kwubahiriza Isabato ya buri ndwi.

Ihinduka ryabaye mu gukuraho uburyo Abisirayeli basenga hakajaho uburyo abakirisu basenga ryoshobora gutangirwa akarorero muri ubu buryo: Igihugu coshobora guhindura ibwirizwa shingiro ryaco. Iryo bwirizwa shingiro rishasha rimaze gutangura gukora mu buryo bwemewe n’amategeko, abantu ntibaba bagisabwa gukurikiza iryahahora. Naho nyene amwamwe mu mategeko agize iryo bwirizwa nshingiro rishasha yoshobora kuba asa n’ayo mw’ibwirizwa shingiro ryahahora, ayandi yoshobora kuba atandukanye na yo. Ku bw’ivyo, umuntu yokenera kwiga iryo bwirizwa nshingiro rishasha yitonze kugira ngo amenye amategeko aba akora muri ico gihe. Vyongeye, umunyagihugu yubahiriza amategeko yokwipfuza kumenya igihe iryo bwirizwa shingiro rishasha ryatanguriyeko gukora.

Muri ubwo buryo nyene, Yehova Imana yarahaye ihanga rya Isirayeli amategeko arenga 600, harimwo 10 nyamukuru. Muri ayo mategeko harimwo ayajanye n’inyifato runtu, ibimazi, amagara, be n’ivyo kwubahiriza Isabato. Ariko rero, Yezu yavuze yuko abayoboke biwe barobanujwe impwemu bobaye bagize “ihanga” rishasha. (Matayo 21:43) Kuva mu 33 G.C. kubandanya, iryo hanga ryari rifise ico twokwita ibwirizwa shingiro rishasha rishingiye ku mategeko nyamukuru abiri, ni ukuvuga gukunda Imana no gukunda mugenzawe. (Matayo 22:36-40) Naho “Itegeko rya Kristu” ririmwo ubuyobozi busa n’uburi muri rya Tegeko ryahawe Isirayeli, ntidukwiye gutangazwa n’uko amategeko amwamwe atandukanye cane na yo be n’uko hari ayandi tutagisabwa kwisunga. Itegeko risaba kwubahiriza isabato ya buri ndwi ni rimwe muri ayo mategeko atagikora.

Imana yoba yarahinduye ingingo mfatirwako zayo?

Iryo hinduka ryabaye mu gukuraho rya Tegeko rya Musa hakajaho itegeko rya Kristu ryoba risigura ko Imana yahinduye ingingo mfatirwako zayo? Uwokubesha. Nka kurya nyene umuvyeyi ahindura amategeko ashingira abana biwe yisunze imyaka bafise be n’ukuntu ibintu biba vyifashe, Yehova yarahinduye amategeko abasavyi biwe basabwa gukurikiza. Intumwa Paulo asigura ico kintu muri ubu buryo, ati: “Imbere y’uko ukwizera gushika, twari turindiwe munsi y’itegeko, twaratanzwe tukugaranirwa hamwe, duhanze amaso ukwizera kwabwirizwa guhishurwa. Itegeko rero ryacitse umurezi atujana kuri Kristu kugira ngo twitwe abagororotsi bivuye ku kwizera. Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse, ntitukigabwa n’umurezi.”​—Abagalatiya 3:23-25.

Ubwo buryo Paulo akoresha mu kuzirikana bujanye gute n’ivyerekeye Isabato? Rimbura iki kigereranyo: Igihe umunyeshure aba ari ku ntebe y’ishure, yoshobora gusabwa kwiga icigwa kinaka, nk’ububaji, ku musi munaka buri ndwi. Ariko rero, amaze gutangura akazi, yoshobora gukenera gukoresha ubwo buhanga yize, atari kuri wa musi umwe gusa mu ndwi, ahubwo imisi yose. Muri ubwo buryo nyene, igihe Abisirayeli bagengwa na rya Tegeko, basabwa gutegekanya umusi umwe buri indwi kugira ngo baruhuke bongere basenge. Ariko rero, abakirisu bobo ntibasabwa gusenga Imana ku musi umwe gusa ku ndwi, ahubwo basabwa kubigira imisi yose.

Vyoba none ari bibi gutegekanya umusi umwe buri ndwi wo kuruhuka no gusenga? Eka data! Ijambo ry’Imana rirareka umuntu uwo ari we wese akifatira iyo ngingo, mu kuvuga riti: “Umuntu umwe abona umusi umwe nk’uwuruta uwundi; uwundi muntu abona umusi umwe nk’iyindi yose; umuntu wese najijuke rwose mu muzirikanyi wiwe bwite.” (Abaroma 14:5) Naho bamwebamwe boshima kubona ko hari umusi umwe uruta iyindi, Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko Imana ititeze ko abakirisu bubahiriza Isabato ya buri ndwi.

[Iciyumviro nyamukuru/Ifoto ku rup. 12]

“Mu misi itandatu muzokwama muvyegeranya, arik’ūgira indwi n’uw’isabato: kuri wo ntibizoboneka.”​—KUVAYO 16:26

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 14]

“Itegeko . . . ryacitse umurezi atujana kuri Kristu kugira ngo twitwe abagororotsi bivuye ku kwizera. Mugabo ubu ko ukwizera kwashitse, ntitukigabwa n’umurezi.”​—ABAGALATIYA 3:24, 25

[Box/Igicapo ku rup. 13]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Wa murongo w’ikigereranyo bafatirako mu guharura amatariki be n’ivyerekeye Isabato

Wa murongo w’ikigereranyo bafatirako mu guharura amatariki uratuma abiyumvira ko bategerezwa kwubahiriza Isabato icarimwe buri ndwi bagira ingorane. Uwo murongo ahanini uca mw’Ibahari Pasifike uciye mu wundi murongo w’ikigereranyo bita méridien ugira 180. Ibihugu biri mu Burengero bw’uwo murongo bafatirako mu guharura amatariki usanga biri imbere umusi umwe ibiri mu Buseruko bwawo.

Nk’akarorero, igihe muri Fiji no muri Tonga haba ari ku w’iyinga, muri Samoa no muri Niue hoho aba ari ku wa gatandatu. Igihe rero umuntu yokwubahiriza Isabato muri Fiji ku wa gatandatu, abo basangiye idini bo muri Samoa, aho akaba ari ku bilometero 1.145 gusa, boba bariko barakora kubera yuko hoho aba ari ku wa gatanu.

Abadivantisite b’umusi w’indwi bo muri Tonga bubahiriza Isabato ku w’iyinga, bakaba bavuga ko ari kubera yuko babigenjeje gutyo baba bariko bubahiriza icarimwe Isabato n’abo basangiye idini bo muri Samoa, aho akaba ari ku bilometero birenga gatoya 850. Yamara rero, muri ico gihe nyene, Abadivantisite b’umusi w’indwi bo muri Fiji ku bilometero bidashika 800 ntibaba baruhutse kubera yuko haba ari ku w’iyinga, kandi bakaba bubahiriza Isabato ku wa gatandatu!

FIJI

TONGA

SAMOA

Ku wa gatandatu

Ku w’iyinga

[Igicapo ku rup. 15]

Ibintu dukwiye kwibuka ku bijanye n’Isabato:

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

Naho umurongo munaka wo muri Bibiliya woshobora kuba uvuga ko bikenewe yuko abantu bubahiriza Isabato ya buri ndwi, turakeneye kumenya neza igihe ayo majambo aba yaravugiwe.

IMBERE Y’IGIHE CA MUSA

Itegeko ryerekeye Isabato ntiryatanzwe imbere y’igihe ca Musa be n’Abisirayeli.​—Gusubira mu vyagezwe 5:1-3, 12-14.

4026 B.G.C. ADAMU AREMWA

ITEGEKO IMANA YAHAYE ISIRAYELI

Itegeko rijanye n’Isabato ntiryahawe ayandi mahanga. (Zaburi 147:19, 20) Ryatanzwe ngo ribe “ikimenyetso” hagati ya Yehova n’Abisirayeli.​—Kuvayo 31:16, 17.

Isabato ya buri ndwi yari imwe gusa mu masabato menshi Abisirayeli bari barategetswe kwubahiriza.​—Abalewi 16:29-31; 23:4-8; 25:4, 11; Guharūra 28:26.

1513 B.G.C. ISIRAYELI IHABWA RYA TEGEKO

ITEGEKO RYA KRISTU

Igihe intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu bariko barashinga mu 49 G.C. ivyo Imana yasaba abakirisu, ntibavuze ivy’uko bakeneye kwubahiriza Isabato ya buri ndwi.​—Ibikorwa 15:28, 29.

Intumwa Paulo yarahagarikwa umutima n’abakirisu bashimikira cane ku vyo kwubahiriza imisi idasanzwe.​—Abagalatiya 4:9-11.

33 G.C. RYA TEGEKO ISIRAYELI YAHAWE RIVAHO

2010 G.C.

[Ifoto ku rup. 14]

Ibinyamakuru vyerekana ya mabarabara yazibirwa n’utugwi tw’abametodisite bariko basaba ko muri Fiji hasubira kwubahiriza Isabato ata guca ku ruhande

[Abo dukesha ifoto]

Tuyikesha Fiji Times