Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Uretse umuvinyu, ni izindi nzoga izihe zahingurwa mu bihe vya Bibiliya?

‘Umuvinyu n’inzoga ziboreza’ akenshi usanga bivugwa biri hamwe muri Bibiliya. (Gusubira mu vyagezwe 14:26, NW; Luka 1:15) Inzoga ntizahingurwa mu vyamwa nk’inzabibu, amatende, insukoni, amapome be n’amakomamanga gusa, ariko kandi zarahingurwa no mu buki.

Mu vy’ukuri, imvugo ngo ‘inzoga ziboreza’ yoshobora no kwerekeza ku nzoga zihinguwe mu ntete. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo ‘inzoga ziboreza’ rivuye mw’ijambo ry’ikinyakadi ryerekeza ku nzoga yahingurwa muri sayiri yari imenyerewe muri Mezopotamiya. Iyo nzoga ntiyari ikaze cane mugabo yarashobora kuboreza umuntu igihe yaba yanyoye nyinshi. (Imigani 20:1) Ibibumbano vy’ibumba vyerekana ibibanza vyahingurirwamwo inzoga be n’ibicapo vyerekana abazihingura vyaratowe mu mva zo muri Misiri ya kera. Muri Babiloni, inzoga zahingurwa mu ntete zari zimenyerewe, haba mu ngoro z’abami canke mu ngo z’abakene. Abafilisitiya na bo nyene barakunda mwene izo nzoga. Hirya no hino muri Palesitina, abacukuzi barubuye udukarabo dufise iminwa bacishamwo mu gusuka iriko utuyunguruzo. Utwo dukarabo twarayungurura inzoga kugira ngo abariko barazinywa ntibanywe ibikumbi vya sayiri iyo nzoga yaba ihinguwemwo.

Mu gihe c’intumwa Paulo, ni kubera iki gufata urugendo rwo mu bwato mu bihe bimwebimwe vy’umwaka vyarimwo akaga bimwe bidasanzwe?

Bitumwe n’imiyaga mibi, ubwato intumwa Paulo yarimwo bwaramaze umwanya utari muto buriko buragerageza gukomeza urugendo bwerekeza mu Burengero, bujana inkengera ya Aziya Ntoya. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ko hageze igihe ‘kugendera ku mazi bibamwo akaga kuko n’ukwisonzesha kw’umusi w’impongano kwari kwamaze kurengana.’ Paulo yabwiye abo bari bafatanije urugendo yuko uko bogerageza kwose kubandanya urwo rugendo vyobayemwo akaga n’uruhombo “atari ku mizigo n’ubwato gusa ariko no ku buzima bwa[bo].”​—Ibikorwa 27:4-10.

Ukwisonzesha kw’Umusi w’Impongano kwahurirana n’impera z’ukwezi kwa Nyakanga be n’intango y’ukwa Gitugutu. Abasozabwato b’Abaroma bari bazi ko muri rusangi gufata ingendo kuva ku wa 27 Rusama gushika ku wa 14 Nyakanga ata kaga vyari birimwo. Kuva ku wa 14 Nyakanga gushika ku wa 11 Munyonyo, vyiyumvirwa ko gufata ingendo zo mu bwato vyashobora kubamwo akaga, kandi kuva ku wa 11 Munyonyo gushika ku wa 10 Ntwarante, vyiyumvirwa ko ingendo nka zose zo mu kiyaga zaba ziteye akaga cane. Imvo imwe yabituma, nk’uko ivyahavuye bishikira Paulo bivyerekana neza, cari ikirere caguma gihindagurika. (Ibikorwa 27:13-44) Abasozabwato barashobora guhura n’ibihuhusi bikomeye hamwe n’ingorane ikomeye mu bijanye no kuyobora ubwato. Ibicu vyarakingira izuba ku murango, mw’ijoro na ho bigakingira inyenyeri. Igipfungu n’imvura na vyo nyene vyaratuma umuntu atabona neza, bigatuma hashobora kuba ibintu biteye akaga.

[Ifoto ku rup. 23]

Udukono dukozwe mu biti Abanyamisiri bashiramwo inzoga

[Abo dukesha ifoto]

Erich Lessing/Art Resource, NY

[Ifoto ku rup. 23]

Ubwato bw’Abaroma bwatwara imizigo bwo mu 100-200 G.C.

[Abo dukesha ifoto]

Pictorial Archive (Near Eastern History) Est.