Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

3 Twosenga gute?

3 Twosenga gute?

KU BIJANYE n’isengesho, inyigisho nyinshi z’amadini usanga zishimika ku bintu umuntu ashobora kwumva canke kubona, nk’ingene twokwifata, amajambo twokoresha be n’imigirwa ijanye n’ugusenga. Mugabo rero, Bibiliya iradufasha gushira ivyo bintu ku ruhande maze tukitwararika canecane ibindi bintu bihambaye kuruta bijanye n’iki kibazo kigira giti: “Dukwiye gusenga gute?”

Bibiliya irerekana ko abasavyi b’Imana b’abizigirwa wasanga basengera ahantu hatandukanye kandi bifashe mu buryo butandukanye. Barasenga mu gacerere canke n’ijwi ryumvikana, bivanye n’uko ibintu vyaba vyifashe. Barasenga baraba mw’ijuru canke bunamye. Aho kwifashisha ibishusho, amashapure canke ibitabu birimwo ibisabisho mu gusenga, bobo basenga babikuye ku mutima mu majambo yabo bwite. Ni igiki none catuma amasengesho yabo yumvirwa?

Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, amasengesho yabo bayatura Imana imwe rudende ari yo Yehova. Hariho n’ikindi kintu gihambaye catuma yumvirwa. Muri 1 Yohani 5:14 dusoma duti: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise kuri yo: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.” Amasengesho dutura abwirizwa kuba ahuza n’ukugomba kw’Imana. Ivyo none bisobanura iki?

Kugira ngo dusenge duhuza n’ukugomba kw’Imana, turakeneye kumenya ukugomba kwayo ukwo ari kwo. Kwiga Bibiliya rero ni ikintu ntahara mu bijanye n’isengesho. Ivyo none vyoba bisobanura yuko mu gihe twoba tutari abahinga mu bijanye na Bibiliya, Imana itazokwigera itwumva? Oya, mugabo Imana yiteze ko turondera kumenya ivyo igomba, tukagerageza kubitahura no kuvyisunga. (Matayo 7:21-23) Turakeneye gusenga duhuza n’ivyo twiga.

Uko twiga ibijanye na Yehova be n’ivyo agomba, ukwizera kwacu kugenda kurakura, ico kikaba ari ikindi kintu gihambaye mu bijanye n’isengesho. Yezu yavuze ati: “Ibintu vyose muzosaba mu gusenga, mufise ukwizera, muzobironka.” (Matayo 21:22) Kwizera si ugupfa kwemera ivyo ari vyo vyose. Ahubwo riho, ni ukwemera ikintu kiba gishigikiwe n’ibimenyamenya bikomeye cane naho kiba kitaboneka. (Abaheburayo 11:1) Naho Yehova tudashobora kumubona, Bibiliya irimwo ibimenyamenya umuyoro vyerekana ko abaho koko, ari umwizigirwa kandi afise umutima ukunze wo kwishura amasengesho y’abamwizera. N’ikindi kandi, turashobora kwama dusaba kwongererezwa ukwizera kandi Yehova arahimbarwa no kuduha ivyo dukeneye.​—Luka 17:5; Yakobo 1:17.

Ng’iki ikindi kintu ntahara ku bijanye n’ukuntu twosenga. Yezu yavuze ati: “Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yohani 14:6) Yezu rero ni we ducako kugira dushikire Data, Yehova. Ni co gituma Yezu yabwiye abayoboke biwe gusenga mw’izina ryiwe. (Yohani 14:13; 15:16) Ivyo ntibisobanura yuko twosenga Yezu. Ahubwo riho, dusenga mw’izina rya Yezu, tukibuka yuko Yezu ari we atuma bishoboka ko dushikira Data wa twese atunganye kandi mweranda.

Igihe kimwe abayoboke somambike ba Yezu bamusavye bati: “Mukama, twigishe gusenga.” (Luka 11:1) Biboneka ko batariko babaza ibijanye n’ivyo bintu vy’ishimikiro duhejeje kuvuga. Mu vy’ukuri bashaka kumenya ibijanye n’ivyo boshira mw’isengesho, akaba ari nk’aho babajije bati: ‘Dukwiye gusenga dusaba iki?’

Amasengesho Imana yumva ni ayahuza n’ivyo igomba, agaturanwa ukwizera, kandi agaturwa mw’izina rya Yezu