Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

Niwigane Ukwizera Kwabo

‘Yabandanije gukurira imbere ya Yehova’

SAMWELI araravye mu maso abantu bo mw’ihanga ryiwe. Iryo hanga ryakoraniye mu gisagara ca Gilugali ritumweko n’uwo mugabo w’umwizigirwa amaze imyaka mirongo ari umuhanuzi n’umucamanza. Ni muri Rusama canke Ruheshi twisunze ikirangamisi co mu gihe ca none, ici rikaba rimaze guturika. Imirima yo muri ako karere uyiravye isa n’umuhondo wakaka kubera ingano zigeze kwimburwa. Iryo sinzi riciye ricereza. Mbega Samweli aza gushikira gute imitima yabo?

Abo bantu ntibatahura ukuntu ico bari bakoze cari gikomeye. Bari basavye bashimitse ko boronswa umwami w’umuntu abaganza. Ntibategera ko bari bakengereye bimwe bikomeye Imana yabo Yehova be n’umuhanuzi wayo. Mu vy’ukuri, bariko batera akagere Yehova ngo ntabe akibabera Umwami! None Samweli yari kubigenza gute kugira ngo abavyurire umutima wo kwigaya?

Samweli yarafashe ijambo. Yabwiye iryo sinzi ati: “Nashaje kandi nsigaye mfise imvi.” Imvi yari afise zatuma amajambo avuga arushiriza kugira uburemere. Yaciye avuga ati: “Nagendeye imbere yanyu kuva mu buto bwanje gushika uyu musi.” (1 Samweli 11:14, 15; 12:2) Naho Samweli yari ashaje, ntiyari yaribagiye imyaka yo mu buto bwiwe. Yari acibuka rwose iyo misi y’ubuto bwiwe. Ingingo yafashe ico gihe akiri agahungu kagikura zari zatumye abaho ari umuntu yizera kandi yihebeye Imana yiwe Yehova.

Incuro n’izindi, Samweli yabwirijwe gutsimbataza no kuzigama ukwizera, naho yari akikujwe n’abantu batagira ukwizera kandi b’ibihemu. No muri iki gihe, gutsimbataza ukwizera ni urugamba, narirya tubaye mw’isi itagira ukwizera kandi yononekaye. Reka turabe ivyo dushobora kwigira ku karorero ka Samweli, duhereye igihe yari akiri agahungu gatoyi.

“Yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu”

Samweli yagize ubuzima budasanzwe mu bwana bwiwe. Haciye igihe gito acutse, afise kumbure imyaka nk’ine, yaratanguye kubaho akorera kw’itaberenakulo nyeranda ya Yehova i Shilo, ku bilometero birenga 30 uvuye i muhira iwabo i Rama. Abavyeyi biwe, Elukana na Hana, bareguriye Yehova umuhungu wabo ngo amukorere umurimo udasanzwe, bica bituma aba Umunaziri ubuzima bwiwe bwose. * Ivyo none vyoba vyasobanura ko abavyeyi ba Samweli bari bamuhevye canke ko batamukunda?

Habe namba! Bari bazi ko aho i Shilo uwo muhungu wabo yokwitwararitswe. Nta gukeka ko Umuherezi Mukuru Eli yakurikirana ivya Samweli, kuko yakorana cane na we. Hariho n’abagore batari bake bakora ibikorwa bimwebimwe bifitaniye isano n’itaberenakulo, bikaba biboneka ko babikora mu buryo butunganijwe neza.​—Kuvayo 38:8.

Vyongeye, Hana na Elukana ntibigera bibagira uwo mwana wabo w’imfura bikundira, uwari yavutse ari uko Imana yishuye isengesho. Hana yari yarasavye Imana umwana w’umuhungu, asezerana yuko yomweguriye Imana akabaho akora umurimo mweranda. Uko umwaka utashe, Hana yaragenda kuraba Samweli amushiriye umwitero utagira amaboko mushasha yaba yamukoreye ku bw’igikorwa yarangurira kw’itaberenakulo. Nta gukeka ko ako kana k’agahungu kahimbarwa cane nyina akagendeye. Abwirizwa kuba yarakomezwa cane n’indemesho be n’ubuyobozi vyuzuye urukundo abavyeyi biwe bamuha uko bamufasha kubona ukuntu kari agateka gukorera Yehova muri ico kibanza kidasanzwe.

Muri iki gihe, abavyeyi barashobora kwigira vyinshi kuri Hana na Elukana. Birakunda gushika ugasanga abavyeyi bitwararika cane ivy’umubiri mu twigoro twose bagira two kurera abana babo, bakibagira ivyo abo bana bakeneye mu vy’Imana. Abavyeyi ba Samweli bobo bashira ivy’Imana mu kibanza ca mbere, kandi ivyo vyaragize ikintu gihambaye biterereye ku kuntu uwo muhungu wabo yahavuye amera amaze gukura.​—Imigani 22:6.

Turashobora kwiha ishusho uwo muhungu ariko arakura, yihweza imirambi iri hirya no hino y’i Shilo. Igihe yaba ariko aritegereza ico gisagara be n’ikiyaya cari gishashe hepfo yaco ku ruhande rumwe, umutima wiwe waruzura umunezero kandi akumva yishimye akubise ijisho itaberenakulo ya Yehova. Iyo taberenakulo cari ikibanza ceranda koko. * Ni yo yonyene yari intimatima y’insengo ityoroye ya Yehova kw’isi yose, ikaba yari yubatswe imyaka hafi 400 imbere y’aho, bihagarikiwe na Musa ubwiwe.

Uwo muhungu akiri muto Samweli yarabaye umuntu akunda cane itaberenakulo. Mu nkuru yanditse mu nyuma, dusoma duti: “Samweli yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu gakenyeye efodi y’ilino.” (1 Samweli 2:18) Iyo mpuzu itagira amaboko isanzwe, biboneka ko yerekana yuko Samweli yafasha abaherezi kw’itaberenakulo. Naho Samweli atari uwo mu baherezi, mu vyo yari ajejwe harimwo ukwugurura uko bukeye imiryango yinjira mu kigo c’itaberenakulo be n’ugufasha umutama Eli. Ariko naho yahimbarwa cane n’utwo dukeka, umutima wiwe ugororotse wahavuye ubura amahoro. Hari ikibi kibishe cariko gikorerwa mu nzu ya Yehova.

Yagumye atyoroye naho yari akikujwe n’abantu bahumanye

Samweli akiri muto, yariboneye ico bita ububisha n’ubuhumane. Eli yari afise abahungu babiri, Hofuni na Finehasi. Inkuru ya Samweli ivuga iti: “Bene Eli bari abantu b’imburakimazi; ntibemera icese Yehova.” (1 Samweli 2:12) Ivyiyumviro bibiri vyo muri uwo murongo birafitaniye isano. Hofuni na Finehasi bari “abantu b’imburakimazi,” bikaba bisobanura ijambo ku rindi ngo “abana b’impfagusa,” kubera ko bataha icubahiro Yehova na gato. Barakengera ivyo asaba be n’ingingo ngenderwako ziwe bigororotse. Ivyo ni vyo vyandurutsemwo ibindi bicumuro vyose bakora.

Itegeko ry’Imana ryaratomora ivyo abaherezi bari bajejwe be n’uburyo babwirizwa gushikana ibimazi kw’itaberenakulo yayo. Kandi vyarumvikana! Ivyo bimazi vyagereranya intunganyo Imana yashizeho kugira ngo iharire abantu ibicumuro maze bashobore kuba abatyoroye mu nyonga zayo, babe ababereye umuhezagiro wayo n’ubuyobozi bwayo. Ariko Hofuni na Finehasi batumye abaherezi bagenzi babo badafatana icubahiro na gikeyi amashikanwa yatangwa. *

Ibaze nawe uwo muhungu akiri muto Samweli ariko aritegereza yumiwe ukuntu ivyo bintu vy’agahomerabunwa biriko birakorwa ata camira. Mbega yabonye abantu bangana gute, ushizemwo abakene, ba nyarucari n’abakandamizwa, begera itaberenakulo nyeranda bizeye guhumurizwa no gukomezwa mu vy’Imana, ariko bagataha bavunitse umutima, bababaye canke bamaramaye? Vyongeye, yumvise amerewe gute igihe yumva ko Hofuni na Finehasi barenga no ku mategeko ya Yehova ajanye n’inyifato ibereye mu vy’igitsina, bakaryamana na bamwebamwe mu bagore bakorera ng’aho kw’itaberenakulo? (1 Samweli 2:22) Kumbure yari yizeye ko Eli yogize ico akoze.

Eli ni we yari ashoboye kuruta abandi bose gutorera umuti iyo ngorane yatera yongerekana. Kubera ko yari umuherezi mukuru, ni we yabazwa ivyabera kw’itaberenakulo. Kubera ko kandi yari umuvyeyi, yabwirizwa gukosora abahungu biwe. Nakare bariko bigirira nabi bongera bagirira nabi abandi banyagihugu batagira uko bangana. Ariko Eli ayo mabanga yompi yaramunaniye, ryaba iry’ubuvyeyi canke iry’ubuherezi bukuru. Nta kindi yakoze atari uguhambarira abahungu biwe mu buryo budafashe, budashemeye. (1 Samweli 2:23-25) Abo bahungu biwe bari bakeneye nyabuna gutozwa indero mu buryo bukomeye cane kuruta ubwo. Bariko bakora ibicumuro vy’agacamutwe!

Ibintu vyarakomeye gushika n’aho Yehova arungika “umuntu w’Imana,” uno akaba ari umuhanuzi atavuzwe izina, ngo aje gushikiriza Eli ubutumwa bukomeye bujanye n’urubanza. Yehova yabwiye Eli ati: “U[guma] utera iteka abahungu bawe kunduta.” Imana yaciye rero imenyesha ko abo bahungu babi ba Eli bopfuye ku musi umwe kandi ko umuryango wa Eli woshikiwe n’imibabaro ikomeye, ukanatakaza ikibanza c’iteka wari ufise mu muryango w’abaherezi. None iyo mburi ikomeye yoba yaratumye uwo muryango ugira ico uhinduye? Iyo nkuru ntiyerekana ko bahinduye umutima.​—1 Samweli 2:27–3:1.

None ukwo guhumana kwose hoba hari ingaruka kwagize kuri uwo muhungu yari akiri muto Samweli? Muri iyo nkuru ivuna umutima twogereranya n’umwiza, karacamwo tukabona ico twokwita imishwarara y’umuco, ni ukuvuga amakuru ahumuriza yerekeye ikura rya Samweli be n’iterambere ryiwe. Niwibuke yuko muri 1 Samweli 2:18 havuga yuko Samweli yari umwizigirwa mu gikorwa “yakorera imbere ya Yehova, ari agahungu.” Naho Samweli yari akiri muto, yakoresha ubuzima bwiwe ahanini mu gukorera Imana. Ku murongo wa 21 w’ico kigabane nyene, haravuga ikintu mbere ceza umutima kuruta ico. Dusoma duti: “Agahungu Samweli kabandanya gukurira imbere ya Yehova.” Uko yagiye arakura, ni ko ubucuti yari afitaniye na Se wiwe wo mw’ijuru bwagiye burushiriza gukomera. Ubucuti somambike mwene ubwo umuntu agiranira na Yehova ni bwo burinzi bwo kwizigirwa kuruta ubundi bwose bumurinda ubuhumane ubwo ari bwo bwose.

Vyari kworoha ko Samweli yibwira ati: ‘Ko n’umuherezi mukuru be n’abahungu biwe bakora ibicumuro uko bishakiye, na jewe rero ndashobora gukora ivyo nishakiye vyose.’ Yamara ubuhumane bw’abandi, harimwo n’abafise ubukuru, ntibukwiye kwigera buba icitwazo co gukora ibicumuro. Muri iki gihe, abakirisu bakiri bato benshi barigana akarorero ka Samweli bakabandanya “gukurira imbere ya Yehova,” n’igihe bamwebamwe mu babakikuje baba badatanga akarorero keza.

None iyo ngendo yatumye Samweli bimugendera gute? Dusoma duti: “Muri ico gihe, ako gahungu Samweli karushiriza gukura no gushimwa imbere ya Yehova n’imbere y’abantu.” (1 Samweli 2:26) Samweli rero yarashimwa, agashimwa n’imiburiburi n’abantu twovuga ko ukuntu bamubona kwari n’ico kuvuze kuri we. Yehova yarakunda cane uwo muhungu kubera ukuntu yari umwizigirwa. Vyongeye, nta gukeka ko Samweli yari azi yuko Imana yiwe yohagurukiye ivyo bibi vyose vyariko bikorerwa i Shilo, ariko akaba kumbure yaribaza ati: ‘None Imana izobihagurukira ryari?’

“Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza”

Umusi umwe mw’ijoro, mwene ivyo bibazo vyarishuwe. Bwari mu guca, ariko hakaba hari hakiri umwijima; umuco usa n’uwugomba kuzima w’itara rinini ryo mw’ihema wari ukiriko uraka. Muri ako gahwekere, Samweli yagiye yumva ijwi rimuhamagara mw’izina. Yibajije ko ari Eli amuhamagaye, uno akaba yari asigaye ashaje cane, asa n’uwahumye. Samweli ni kwo guca ahaguruka ‘akiruka’ iyo uwo mutama ari. Woba ubona mu bwenge ako gahungu kariko kariruka katambaye ibirato, kagiye kuraba ico Eli akeneye? Birakora ku mutima kubona ukuntu Samweli yafatana Eli icubahiro n’ubuntu. Naho Eli yakora ibicumuro, yari akiri umuherezi mukuru wa Yehova.​—1 Samweli 3:2-5.

Samweli yaravyuye Eli, amubwira ati: “Ndi hano, kuko umpamagaye.” Mugabo Eli yaciye avuga ko atari yahamagaye, maze abwira ako gahungu ngo gasubire kuryama. Emwe, ico kintu carabaye ubugira kabiri, eka n’ubugira gatatu! Vyakabaye kera, Eli yaratahuye ivyo ari vyo. Ico gihe wasanga ari gake Yehova agira ivyo yeretse abantu biwe canke ngo abarungikire ubutumwa bw’ubuhanuzi, kandi biroroshe gutahura icabituma. Mugabo Eli yaratahuye yuko Yehova yari asubiye kugira ico avuze, ico gihe akaba yariko abwira ako gahungu! Eli yabwiye Samweli ngo asubire kuryama yongera amubwira ukuntu yoca yishura mu buryo bubereye. Samweli yarumviye. Bidatevye, yarasubiye kwumva rya jwi rihamagara riti: “Samweli, Samweli!” Ako gahungu kaciye kishura gati: “Vuga, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza.”​—1 Samweli 3:1, 5-10.

Emwe, Yehova yaza yaronka i Shilo umusavyi amwumviriza. Ukwumviriza Yehova kwabaye ikintu kiranga Samweli mu buzima bwiwe bwose. Nawe vyoba ari ukwo biri? Si ngombwa ngo hagire ijwi ridasanzwe rivugana natwe mw’ijoro. Muri iki gihe, ijwi ry’Imana twovuga ko ryama rihari ku bwacu. Riri mw’Ijambo ryayo rikwiye, ari ryo Bibiliya. Uko turushiriza kwumviriza ijwi ry’Imana maze tukagira ico dukoze, ni ko ukwizera kwacu kurushiriza gukura. Ukwo ni ko vyagenze kuri Samweli.

Iryo joro Samweli yamaze i Shilo ryabaye intibagirwa mu buzima bwiwe, kubera ko ico gihe yatanguye kumenya Yehova mu buryo budasanzwe, acika umuhanuzi w’Imana ubwayo n’umuvugizi wayo. Ako gahungu kabanje gutinya gushikiriza Eli ubutumwa bwa Yehova, kuko Yehova yari yavumereye irya nyuma yuko ubuhanuzi bwo gucira urubanza uwo muryango bwari bugiye kuranguka vuba. Mugabo Samweli yarariye umutima amenyo aravuga, kandi Eli yaremeye yicishije bugufi urwo rubanza rw’Imana. Ivyo Yehova yari yaravuze vyose ntivyatevye guca biranguka. Abisirayeli baragiye kurwana n’Abafilisitiya, maze Hofuni na Finehasi bicwa ku musi umwe. Eli ubwiwe amenye ko isandugu nyeranda ya Yehova yafashwe, yaciye agwa bukumbi.​—1 Samweli 3:10-18; 4:1-18.

Ariko Samweli wewe yarushirije kumenyekana ko ari umuhanuzi w’umwizigirwa. Iyo nkuru ivuga yuko “Yehova ubwiwe [yabanye] na we,” ikongerako yuko Yehova ataretse ngo hagire ubuhanuzi na bumwe bwa Samweli bugenda butarangutse.​—1 Samweli 3:19.

‘Samweli ahamagara Yehova’

Ivyo none vyoba bisobanura ko Abisirayeli bakurikiye ubuyobozi bwa Samweli ku buryo baba abantu bayobokera Imana kandi b’abizigirwa? Haba namba. Mu nyuma, babonye yuko badakeneye umuhanuzi gusa abacira imanza. Bipfuza kumera nk’ayandi mahanga bakagira umwami w’umuntu abaganza. Samweli abibwiwe na Yehova, yarabashiriye aho bashaka. Mugabo yabwirizwa kwereka Abisirayeli ukuntu igicumuro cabo cari gikomeye cane. Ntibariko batera akagere umuntu buntu, ahubwo bariko batera akagere Yehova ubwiwe! Samweli ni kwo guca abatumako i Gilugali.

Reka tugaruke kuri Samweli ca gihe yagira ashikirize ijambo Abisirayeli i Gilugali, aho abantu bariko bibaza ingene bihava bigenda. Bari ng’aho, uwo mutama Samweli yaribukije Abisirayeli ukuntu yamye ari umuntu w’umwizigirwa kandi atunganye. Inkuru ica ivuga iti: “Samweli aca ahamagara Yehova.” Yasavye Yehova ngo agwishe imvura irimwo imituragaro.​—1 Samweli 12:17, 18.

Uti imvura irimwo imituragaro mu ci? Emwe, ivyo ntivyari bwakabeho! Nimba muri bo hari abakekeranije na gatoyi canke ngo banatwengere mw’ijigo, vyamaze umwanya urume rumara. Bagiye babona ijuru ryijimye, ryuzura ibicu. Imiyaga ng’iyo itanguye guhuhuta ikubita kuri za ngano zari mu mirima. Imituragaro ngo pwa, pwa, pwa! Imvura na yo iti natanzwe. None abantu baciye bakora iki? “Abantu bose [baciye] batinya cane Yehova na Samweli.” Emwe, barahevye baratahura ko bari bakoze igicumuro gikomeye.​—1 Samweli 12:18, 19.

Samweli si we yari akoze ku mutima abo bantu b’abagarariji, ahubwo ni Imana yiwe Yehova. Kuva Samweli akiri muto gushika ashaje, yagumye yizeye Imana yiwe. Kandi Yehova yaramuhaye impera. Gushika n’uno musi, Yehova ntiyahindutse. Aracashigikira abigana ukwizera kwa Samweli.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 8 Abanaziri barubahiriza indagano yabasaba kwirinda inzoga no kumwa umushatsi wabo. Abenshi bagira indagano yo kuba Abanaziri mu kiringo kanaka gusa, ariko bamwebamwe nka Samusoni, Samweli na Yohani Umubatizi, babaye Abanaziri ubuzima bwabo bwose.

^ ing. 12 Ico kibanza ceranda muri rusangi cari ikintu gifise imero y’urukiramende cubatse bwa nzu y’imbaho gipfutswe n’ihema rinini. Ariko rero, cari gikozwe mu bikoresho vyizavyiza, nk’inshato z’ivyogaruzi, impuzu zideshe bimwe biteye igomwe be n’imbaho zizimvye zometseko ifeza n’inzahabu. Ico kibanza ceranda cari cubatswe mu kigo gifise imero y’urukiramende kirimwo igicaniro c’agatangaza co gutangirako ibimazi. Uko igihe cagiye kirarengana, biboneka ko hari ibindi vyumba vyubatswe ku mpande z’iyo taberenakulo vyakoreshwa n’abaherezi. Bisa n’uko kimwe muri ivyo vyumba ari co Samweli yaryamamwo.

^ ing. 16 Iyo nkuru iratanga uburorero bubiri bwerekana ukwo kutubaha. Kimwe coco, Itegeko ryaratomora ibihimba vy’ikimazi vyabwirizwa kwegukira abaherezi kugira ngo babifungure. (Gusubira mu vyagezwe 18:3) Ariko kw’itaberenakulo, abo baherezi babi bari bamaze gushinga uwundi mugenzo: baratuma abasuku babo bagacumita ikanya nini mu gisafuriya caba kiriko gitogoteramwo inyama, bagatwara ibipande vyizavyiza vyose iyo kanya yaba idugije! Ikindi na co, igihe abantu baba bazanye ibimazi vyabo ngo vyoserezwe ku gicaniro, abo baherezi babi baca batuma umusuku agaturubika nyene gutanga ikimazi, akamusaba inyama mbisi naho ibinure vy’ico kimazi vyaba bitarashikanirwa Yehova.​—Abalewi 3:3-5; 1 Samweli 2:13-17.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 17]

Naho Samweli yagize ubwoba, yarashikirije Eli ubutumwa bwa Yehova bujanye n’urubanza, adacishije ku ruhande

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]

Samweli yarasenganye ukwizera, Yehova na we aramwishura mu kugwisha imvura irimwo imituragaro